Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 32

Nugendane n’Imana yawe wicishije bugufi kandi wifashe ruto

Nugendane n’Imana yawe wicishije bugufi kandi wifashe ruto

‘Nugendane n’Imana yawe wifashe ruto.’​—MIKA 6:8.

URURIRIMBO RWA 31 Gendana n’Imana!

INCAMAKE *

1. Dawidi yavuze iki ku bijanye n’ukwicisha bugufi kwa Yehova?

TWOBA dushobora kuvuga ko Yehova yicisha bugufi vy’ukuri? Neza cane. Igihe kimwe Dawidi yavuze ati: “Uzompa inkinzo yawe y’ubukiriro, kandi ukwicisha bugufi kwawe ni kwo kungira uwuhambaye.” (2 Sam. 22:36; Zab. 18:35) Igihe Dawidi yavuga ayo majambo, birashoboka ko yari afise mu bwenge igihe umuhanuzi Samweli yaza iwabo kugira arobanuze amavuta uwohavuye aba umwami wa Isirayeli. Naho Dawidi ari we yari umuhererezi mu bahungu umunani, ni we Yehova yatoye kugira azosubirire Umwami Sauli.​—1 Sam. 16:1, 10-13.

2. Muri iki kiganiro tuza kurimbura ibiki?

2 Nta gukeka ko Dawidi yabona ibintu nk’uwundi mwanditsi w’amazaburi, uwavuze ku bijanye na Yehova ati: “Arimanura ngo yitegereze ijuru n’isi, akaduza umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu; ashira hejuru umworo . . . [akamwicarika] hamwe n’abanyacubahiro.” (Zab. 113:6-8) Muri iki kiganiro, turaza kubanza kurimbura ivyigwa bimwebimwe bihambaye bijanye n’ukwicisha bugufi, mu gusuzuma ibihe bitandukanye Yehova yagaragaje iyo kamere. Mu nyuma, turaza kuraba ivyo twigira ku Mwami Sauli, ku muhanuzi Daniyeli no kuri Yezu ku bijanye n’ukwifata ruto.

TWOKWIGIRA IKI KURI YEHOVA?

3. Yehova adufata gute, kandi ivyo vyerekana iki?

3 Ukuntu Yehova afata abasavyi biwe badatunganye birerekana ko yicisha bugufi. Uretse ko yemera ugusenga kwacu, adufata kandi nk’abagenzi. (Zab. 25:14) Kugira Yehova atume tugiranira ubucuti na we, yaratanze Umwana wiwe kugira atubere incungu. Umve nawe ukuntu yatugaragarije imbabazi be n’impuhwe!

4. Ni igiki Yehova yaduhaye, kandi kubera iki?

4 Raba ikindi kintu cerekana ko Yehova yicisha bugufi. Kubera ko ari Umuremyi wacu, yari gushobora kutaduha ubushobozi bwo kwihitiramwo ingene dukoresha ubuzima bwacu. Ariko si ko yabigize. Yaturemye mw’ishusho yiwe yongera araduha ubushobozi bwo kwihitiramwo. Yipfuza ko twebwe abantu baciye bugufi tumukorera tubikuye ku mutima tubitumwe n’uko tumukunda, kandi turemera ko kumugamburukira bivamwo ivyiza. (Gus. 10:12; Yes. 48:17, 18) Ese ukuntu dukwiye gukenguruka cane ukwo kuntu Yehova yicisha bugufi!

Yezu yerekanywe ari mw’ijuru. Ari kumwe na bamwebamwe mu bazofadikanya na we kuganza. Bariko baritegereza isinzi ry’abamarayika. Bamwe muri abo bamarayika bagiye kw’isi kurangura ibikorwa bashinzwe. Yehova yarashinze ibikorwa abo bose berekanywe kuri iyo shusho (Raba inging ya 5)

5. Yehova atwigisha gute kwicisha bugufi? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

5 Yehova aratwigisha kwicisha bugufi biciye ku kuntu adufata. Ni we wenyene afise ubukerebutsi ntangere mw’ijuru no kw’isi. Naho ari ukwo, aremera ko abandi bamuterera ivyiyumviro. Nk’akarorero, Yehova yaremeye ko Umwana wiwe amufasha kurema ibintu vyose. (Imig. 8:27-30; Kol. 1:15, 16) Mbere naho ari Mushoboravyose, arashinga abandi amabanga. Nk’akarorero, yaragenye Yezu ngo abe Umwami w’Ubwami bwiwe, kandi azoha ubukuru ku rugero kanaka abantu 144.000 bazofadikanya na Yezu kuganza. (Luka 12:32) Ego ni ko Yehova yaramenyereje Yezu kugira abe Umwami n’Umuherezi mukuru. (Heb. 5:8, 9) Vyongeye, aramenyereza abazofadikanya na Yezu kuganza. Ariko rero, ntabashinga iryo banga hanyuma ngo ace agerageza gukontorora akantu kose bakora. Ahubwo riho, arizigira ko bazokora ivyo agomba.​—Ivyah. 5:10.

Turigana Yehova mu kumenyereza abandi no mu kubashinga igikorwa (Raba ingingo ya 6-7) *

6-7. Twokwigira iki ku Muvyeyi wacu wo mw’ijuru ku bijanye no gushinga abandi amabanga?

6 Nimba Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ashinga abandi amabanga naho adakenera ko abandi bamufasha, wumva tudakwiye kurushiriza kumwigana? Nk’akarorero, woba uri serugo canke umukurambere mw’ishengero? Niwigane Yehova mu gushinga abandi ibikorwa kandi wirinde kuza urabakontorora mu vyo bakora vyose. Niwigana Yehova, ibikorwa ushinga abandi bizogenda neza. Vyongeye, uzoba uriko urabamenyereza kandi utume bakora umutima uri mu nda. (Yes. 41:10) Ni ikindi kintu ikihe abafise ubukuru bokwigira kuri Yehova?

7 Bibiliya irerekana yuko Yehova aha agaciro ivyiyumviro vy’abamarayika biwe. (1 Abm. 22:19-22) Yemwe bavyeyi, mwokwigana gute akarorero ka Yehova? Igihe mubona ko bibereye, nimusabe abana banyu batange ivyiyumviro vy’ukuntu igikorwa kanaka cokorwa. Igihe mubona ko ata co bitwaye, nimukurikize ivyo vyiyumviro vyabo.

8. Yehova yihanganiye gute Aburahamu na Sara?

8 Ukwihangana kwa Yehova na kwo nyene kurerekana ko yicisha bugufi. Nk’akarorero, Yehova arihangana igihe abasavyi biwe baseruye amakenga babigiranye icubahiro ku bijanye n’ingingo aba yafashe. Yarumvirije Aburahamu igihe yaserura amakenga ku bijanye n’ingingo yari yafashe yo guhonya Sodomu na Gomora. (Ita. 18:22-33) Niwibuke kandi ingene Yehova yafashe Sara umugore wa Aburahamu. Igihe Sara yatwenga Yehova amubwiye ko yokwibungenze kandi ashaje, Yehova ntiyaciye amushavurira. (Ita. 18:10-14) Aho kumushavurira yaramuteye iteka.

9. Abavyeyi be n’abakurambere bokwigira iki ku karorero ka Yehova?

9 Yemwe bavyeyi namwe bakurambere, mwokwigira iki kuri ako karorero ka Yehova? Uhora uvyifatamwo gute igihe abo ujejwe baseruye amakenga ku ngingo uba wafashe? Woba uca wihutira kubakosora? Canke na ho, woba ugerageza gutahura ivyiyumviro vyabo? Igihe abavyeyi be n’abakurambere bigana Yehova, nta nkeka ko imiryango be n’amashengero bimererwa neza. Gushika aha, turabonye ivyo twokwigira kuri Yehova ku bijanye no kwicisha bugufi. Ubu na ho, nimuze turabe ivyo twigira ku burorero buvugwa mw’Ijambo ry’Imana ku bijanye n’ukwifata ruto.

NI IBIKI TWOKWIGIRA KU BANDI BANTU?

10. Yehova akoresha gute uburorero bw’abandi bantu kugira atwigishe?

10 Kubera ko Yehova ari ‘Umwigisha wacu Ahambaye,’ yarashize mw’Ijambo ryiwe uburorero butwigisha. (Yes. 30:20, 21) Igihe tuzirikana ku nkuru zo muri Bibiliya zerekeye abagaragaje kamere zishimwa n’Imana, ushizemwo n’ukwifata ruto, turagira ico tuhigiye. Vyongeye, iyo turimbuye ingaruka zashikiye abananiwe no kugaragaza izo kamere nziza, na ho nyene turagira ico tuhigiye.​—Zab. 37:37; 1 Kor. 10:11.

11. Ni icigwa ikihe dukura kuri Sauli?

11 Zirikana ivyashikiye Umwami Sauli. Mu ntango, yari umusore yifata ruto. Yarikengera, mbere akanagonanwa gushingwa amabanga yiyongereye. (1 Sam. 9:21; 10:20-22) Ariko mu nyuma, Sauli yahavuye agira agatima ko kwita imbere. Haciye igihe gito abaye umwami, ako gatima ntikatevye kwigaragaza. Igihe kimwe, vyaramunaniye kwihangana ngo arindire umuhanuzi Samweli. Aho kwifata ruto ngo yizigire ko Yehova yogize ico akoreye abasavyi biwe, Sauli yarashikanye ikimazi giturirwa naho atari abirekuriwe. Ivyo vyatumye Yehova amuraba ribi, mu nyuma na ho aramukura ku ngoma. (1 Sam. 13:8-14) Vyoba vyiza tugize ico twigira kuri ako karorero ko kutuburira, maze tukirinda gukora ivyo tudafitiye uburenganzira.

12. Daniyeli yerekanye gute ko yifata ruto?

12 Mu buryo butandukanye n’akarorero kabi ka Sauli, rimbura akarorero keza k’umuhanuzi Daniyeli. Mu buzima bwiwe bwose, Daniyeli yagumye ari umusavyi w’Imana yicisha bugufi kandi yifata ruto, yama yiheka kuri Yehova ngo amuronse ubuyobozi. Nk’akarorero, igihe Yehova yamushoboza gusobanura indoto ya Nebukadinezari, Daniyeli ntiyaciye avyiyitirira. Ahubwo yarifashe ruto, yerekeza ubuninahazwa bwose kuri Yehova. (Dan. 2:26-28) None ni igiki tumwigirako? Nimba abavukanyi bama bashima insiguro dushikiriza canke na ho tukaba twama turoranirwa mu gikorwa co mu ndimiro, turakwiye kwibuka ko ivyo vyose ari Yehova abidushoboza. Turakwiye kwemera twifashe ruto yuko tutari kubishobora atadufashije. (Flp. 4:13) Igihe tubona ibintu gutyo, tuba twiganye kandi akarorero keza ka Yezu. Uti gute?

13. Ivyo Yezu yavuze muri Yohani 5:19, 30 bitwigisha iki ku bijanye n’ukwifata ruto?

13 Naho Yezu yari Umwana w’Imana atunganye, yama yiheka kuri Yehova. (Soma Yohani 5:19, 30.) Ntiyigeze agerageza kunyaga ubukuru bwa Se wiwe wo mw’ijuru. Mu Bafilipi 2:6 havuga ko Yezu “[ati]yumviriye kunyaga ubukuru, ngo arondere kungana n’Imana.” Kubera ko Yezu yari Umwana agamburuka, yaratahura ko ubukuru bwiwe buri n’aho bugarukira, akaba ari co gituma yubahiriza ubukuru bwa Se.

Yezu yari azi aho ubukuru bwiwe bugarukira kandi yaravyubahiriza (Raba ingingo ya 14)

14. Yezu yavyifashemwo gute igihe yasabwa gukora ivyo adafitiye uburenganzira?

14 Rimbura ingene Yezu yavyifashemwo igihe abigishwa Yakobo na Yohani hamwe na nyina wabo bamwegera, maze bakamusaba agateka atari arekuriwe gutanga. Ubwo nyene, Yezu yaciye ababwira ko Se wiwe wo mw’ijuru ari we wenyene yari afise uburenganzira bwo guhitamwo uwokwicaye iburyo bwa Yezu n’ibubamfu bwiwe mu Bwami bwiwe. (Mat. 20:20-23) Yezu yarerekanye ko hari ivyo atari ashoboye. Yarifata ruto. Ntiyigeze akora ivyo Yehova atamuhereye uburenganzira. (Yoh. 12:49) Twokwigana gute none ako karorero ka Yezu?

Twokwigana gute akarorero ka Yezu ko kwifata ruto? (Raba ingingo ya 15-16) *

15-16. Twokurikiza gute impanuro Bibiliya itanga mu 1 Abakorinto 4:6?

15 Iyo dushize mu ngiro impanuro Bibiliya itanga mu 1 Abakorinto 4:6, tuba twiganye akarorero ka Yezu ko kwifata ruto. Hagira hati: “Ntimurenge ku bintu vyanditswe.” Igihe rero abandi badusavye impanuro, turirinda kubabwira ivyiyumviro vyacu gusa canke ngo tuvuge ikitujemwo cose. Ahubwo, dukwiye kubereka impanuro Bibiliya itanga kuri ico kintu, tukabereka n’ico ibitabu vyacu bikivugako. Gutyo, tuba twemeye ko turi n’aho tugarukiriza. Ukwo kwifata ruto, kurerekana ko dutahura yuko ‘ingingo zigororotse’ za Mushoboravyose ari zo nziza kuruta.​—Ivyah. 15:3, 4.

16 Turafise n’izindi mvo zotuma twifata ruto, uretse gusa gutera iteka Yehova. Ubu na ho, nimuze turabe ingene ukwicisha bugufi be n’ukwifata ruto bishobora gutuma tugira umunezero bikongera bigatuma twumvikana n’abandi.

INGENE TWUNGUKIRA KU KWICISHA BUGUFI N’UKWIFATA RUTO

17. Kubera iki abantu bicisha bugufi kandi bifata ruto bagira umunezero?

17 Ukwicisha bugufi n’ukwifata ruto birashobora gutuma tugira umunezero. Uti kubera iki? Iyo tuzi ko hari ivyo tudashoboye, turakenguruka imfashanyo iyo ari yo yose abandi baduha. Nk’akarorero, zirikana ivyabaye igihe Yezu yakiza abanyamibembe cumi. Umwe gusa, ni we yagarutse gushimira Yezu kuba yaramukijije iyo ngwara isesereza, akaba atari gushobora kwikiza ubwiwe. Uwo mugabo yicisha bugufi kandi yifata ruto, yarakengurutse ico kintu yakorewe, bituma aninahaza Imana.​—Luka 17:11-19.

18. Kwicisha bugufi no kwifata ruto bidufasha gute kwumvikana n’abandi? (Abaroma 12:10)

18 Abantu bicisha bugufi kandi bifata ruto usanga bumvikana n’abandi, kandi bikoroha ko baronka abagenzi somambike. Uti kubera iki? Baremera babikunze yuko abandi bafise kamere nziza kandi bakabizigira. Abantu bicisha bugufi kandi bifata ruto barahimbarwa igihe abandi baroraniwe mu gikorwa baba bashinzwe, kandi barihutira kubakeza no kubatera iteka.​—Soma Abaroma 12:10.

19. Ni imvo zimwezimwe izihe zikwiye gutuma twirinda ubwibone?

19 Abantu bibona bobo usanga bibagora gukeza abandi, kuko baba babona ko ari bo bakwiye gukezwa. Usanga bakunda kwigereranya n’abandi bakongera bakaremesha agatima ko guhiganwa. Aho kumenyereza abandi no kubashinga ibikorwa, usanga biyumvira bati: “Nimba wipfuza ko igikorwa gikorwa neza, [ni ukuvuga uko bo bashaka ko gikorwa], utegerezwa kucikorera ubwawe.” Umuntu w’ubwibone, usanga akenshi arondera kuja hejuru y’abandi kandi akabagirira ishari. (Gal. 5:26) Abantu nk’abo usanga batagiranira n’abandi ubugenzi burama. Igihe twisuzumye tugasanga dufise agatima k’ubwibone, turakwiye gutakambira Yehova ngo adufashe guhindura umuzirikanyi wacu kugira ngo ako gatima kabi ntikadutsimbataremwo.​—Rom. 12:2.

20. Kubera iki dukwiye kwicisha bugufi kandi tukifata ruto?

20 Ese ukuntu dukenguruka akarorero ka Yehova! Turibonera ingene yicisha bugufi mu kuntu afata abasavyi biwe, akaba ari co gituma twipfuza kumwigana. Vyongeye, twipfuza kwigana uburorero bwiza bw’abantu bavugwa muri Bibiliya bagaragaje ukwifata ruto bakagendana n’Imana. Nimuze rero twame duha Yehova ubuninahazwa n’iteka abereye. (Ivyah. 4:11) Nitwabigenza gutyo, natwe tuzoshobora kugendana n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, kuko akunda abantu bicisha bugufi kandi bifata ruto.

URURIRIMBO RWA 123 Tugamburuke ubuyobozi tudahemuka

^ ing. 5 Umuntu yicisha bugufi usanga ari umunyembabazi kandi afise impuhwe. Ni co gituma twovuga ko Yehova yicisha bugufi. Nk’uko tuza kubibona muri iki kiganiro, turashobora kugira ico twigiye ku kwicisha bugufi kwa Yehova. Turaza kuraba kandi ivyo twigira ku Mwami Sauli, ku muhanuzi Daniyeli no kuri Yezu ku bijanye na kamere yo kwifata ruto.

^ ing. 58 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umukurambere yafashe umwanya wo kumenyereza umuvukanyi akiri muto mu bijanye n’ivyibare vy’ishengero. Mu nyuma, uwo mukurambere ntaguma amukontorora, ahubwo aramureka akitwararika ico gikorwa yashinzwe.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu arabajije umukurambere nimba bibereye ko yokwitaba urubanza rw’ubugeni buzobera mu rusengero kanaka. Aho kumubwira ivyiyumviro vyiwe, uwo mukurambere aramwereka ingingo ngenderwako zimwezimwe zo muri Bibiliya.