Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 34

Urafise ikibanza mw’ishengero rya Yehova

Urafise ikibanza mw’ishengero rya Yehova

“Nk’uko nyene umubiri ari umwe mugabo ukaba ufise ibihimba vyinshi, kandi ibihimba vyose vy’uwo mubiri, naho ari vyinshi akaba ari umubiri umwe, na Kristu ni ukwo.”​—1 KOR. 12:12.

URURIRIMBO RWA 101 Dukorane mu bumwe

INCAMAKE *

1. Ni agateka akahe twatewe?

ESE ukuntu ari agateka kuba turi mu bagize ishengero rya Yehova! Twibereye mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, iyirimwo abantu bahimbawe kandi b’abanyamahoro. None ufise ikibanza ikihe muri iryo shengero?

2. Ni ikigereranyo ikihe intumwa Paulo yakoresheje mu makete atandukanye yanditse ahumekewe n’Imana?

2 Ku bijanye n’ikibanza dufise mw’ishengero, turashobora kugira vyinshi twigiye ku kigereranyo intumwa Paulo yakoresheje mu makete atandukanye yanditse ahumekewe n’Imana. Muri ayo makete, Paulo yageranije ishengero n’umubiri w’umuntu, abagize ishengero na bo abagereranya n’ibihimba vy’umubiri.​—Rom. 12:4-8; 1 Kor. 12:12-27; Ef. 4:16.

3. Ni ivyigwa bitatu ibihe turimbura muri iki kiganiro?

3 Muri iki kiganiro, turaza kurimbura ivyigwa bitatu bihambaye dushobora kwigira kuri ico kigereranyo Paulo yakoresheje. Ubwa mbere, turaza kubona ko umwe wese muri twebwe afise ikibanza * mw’ishengero rya Yehova. Ubwa kabiri, turaza kurimbura ico twokora nimba tutabona neza ikibanza dufise muri iryo shengero. Ubwa gatatu, turaza kurimbura igituma dukwiye kuguma turangurana umwete igikorwa yadushinze mw’ishengero ryiwe.

UMWE WESE ARAFISE URUHARA ARANGURA MW’ISHENGERO RYA YEHOVA

4. Mu Baroma 12:4, 5 hatwigisha iki?

4 Icigwa ca mbere dukura mu kigereranyo Paulo yatanze, ni uko umwe wese muri twebwe afise ikibanza gihambaye mu muryango wa Yehova. Ico kigereranyo Paulo agitanguza n’amajambo agira ati: “Nk’uko dufise mu mubiri umwe ibihimba vyinshi, mugabo nya bihimba bikaba vyose bidakora igikorwa kimwe, ni ko na twebwe, naho turi benshi, turi umubiri umwe mu bumwe na Kristu, mugabo umwe wese akaba igihimba ca mugenziwe.” (Rom. 12:4, 5) None ng’aho Paulo yashatse kuvuga iki? Mw’ishengero, naho umwe wese afise uruhara rutandukanye n’urw’uwundi, twese turi n’agaciro.

Naho umwe wese mu bagize ishengero arangura uruhara rutandukanye n’urw’uwundi, twese turi n’agaciro (Raba ingingo ya 5-12) *

5. Ni “ingabirano” izihe Yehova yahaye ishengero?

5 Tuvuze abafise ikibanza mw’ishengero, hari aho woca ubona mu bwenge abatuja imbere. (1 Tes. 5:12; Heb. 13:17) Ni ivy’ukuri ko biciye kuri Kristu, Yehova yahaye ishengero ryiwe “ingabirano z’abagabo.” (Ef. 4:8) Muri izo “ngabirano z’abagabo,” harimwo abagize Inama Nyobozi, abafasha Inama Nyobozi, abagize Komite z’amashami, abacungezi b’imizunguruko, abigisha b’amashure y’ivya Bibiliya, abakurambere mu mashengero be n’abakozi b’ishengero. Abo bavukanyi bose bagenwa n’impwemu nyeranda kugira ngo bitwararike intama z’agaciro za Yehova bongere bakomeze ishengero.​—1 Pet. 5:2, 3.

6. Twisunze 1 Abatesalonika 2:6-8, abavukanyi bagenywe n’impwemu nyeranda bihatira gukora iki?

6 Abavukanyi bagenwa n’impwemu nyeranda kugira ngo bitwararike amabanga atandukanye. Kurya nyene ibihimba bitandukanye vy’umubiri, nk’amaboko n’amaguru, bikora ku bw’ineza y’umubiri wose, n’abavukanyi bagenywe n’impwemu nyeranda ni ko bakora cane ku bw’ineza y’ishengero ryose. Ntibarondera kwihesha icubahiro. Ahubwo, barihatira gukomeza abagize ishengero bose. (Soma 1 Abatesalonika 2:6-8.) Turakengurukira Yehova kuba yaraturonkeje abagabo nk’abo bazira ubwikunzi kandi bashoboye neza kuyobora ishengero.

7. Ni imihezagiro iyihe abantu benshi bari mu murimo w’igihe cose bironkera?

7 Bamwebamwe mw’ishengero, boshobora kugenwa kugira ngo babe abamisiyonari, abatsimvyi badasanzwe, canke abatsimvyi basanzwe. Nkako, hirya no hino kw’isi hari abavukanyi na bashiki bacu bihebeye igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Ivyo vyaratumye bafasha abantu benshi gucika abigishwa ba Kristu Yezu. Naho abo bamamaji b’igihe cose usanga bafise ibintu bike vy’umubiri, Yehova yarabaronkeje imihezagiro myinshi. (Mrk. 10:29, 30) Turakunda cane abo bavukanyi na bashiki bacu, kandi turakenguruka kubona bari mu bagize ishengero.

8. Kubera iki umwamamaji wese w’inkuru nziza ari n’agaciro imbere ya Yehova?

8 None abo bavukanyi bagenywe be n’abari mu murimo w’igihe cose, ni bo bonyene bafise ikibanza mw’ishengero? Habe namba! Umwamamaji w’inkuru nziza wese ari n’agaciro ku Mana no kw’ishengero. (Rom. 10:15; 1 Kor. 3:6-9) Kanatsinda, imwe mu ntumbero nyamukuru y’ishengero, ni uguhindura abantu bakaba abigishwa b’Umukama wacu Yezu Kristu. (Mat. 28:19, 20; 1 Tim. 2:4) Abifatanya n’ishengero bose, baba ababatijwe canke abatarabatizwa, barihatira gushira imbere ico gikorwa mu buzima bwabo.​—Mat. 24:14.

9. Kubera iki duha agaciro bashiki bacu?

9 Yehova araha bashiki bacu ikibanza giteye iteka mw’ishengero. Araha agaciro abo bakenyezi, ba inabibondo, abapfakazi, be na bashiki bacu batarubaka izabo bamukorera badahemuka. Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abakenyezi bahimbaye Imana bimwe bidasanzwe. Irabakeza kubera ko babaye uburorero bwiza mu bijanye n’ubukerebutsi, ukwizera, umwete, umutima rugabo, ugutanga, be n’ibikorwa vyiza. (Luka 8:2, 3; Ivyak. 16:14, 15; Rom. 16:3, 6; Flp. 4:3; Heb. 11:11, 31, 35) Ese ukuntu dukengurukira Yehova kubona yaraturonkeje abakenyezi mw’ishengero bafise kamere nziza nk’izo nyene!

10. Ni kubera iki duha agaciro abageze mu zabukuru?

10 Turahimbarwa kandi no kuba dufise abageze mu zabukuru benshi. Mu mashengero amwamwe usanga hari abavukanyi na bashiki bacu bageze mu zabukuru bakoreye Yehova badahemuka ubuzima bwabo bwose. Hari n’abandi bageze mu zabukuru bashobora kuba bamaze igihe gito mu kuri. Baba bamaze igihe kirekire canke ari bashasha mu kuri, boshobora kuba bafise ingorane z’amagara ziva ku kuba bitereye mu myaka. Izo ngorane zoshobora gutuma batarangura vyinshi mw’ishengero no mu gikorwa co kwamamaza. Naho ari ukwo, barakora ivyo bashoboye vyose mu ndimiro, bakongera bagakoresha utuguvu twose bafise mu kuremesha abandi no mu kubamenyereza. Vyongeye, turungukira ku tuntu n’utundi bazi. Mu vy’ukuri, bari n’agaciro kuri Yehova no kuri twebwe.​—Imig. 16:31.

11-12. Abakiri bato bo mw’ishengero ryanyu bakuremesheje gute?

11 Zirikana kandi ku bakiri bato bacu. Barashikirwa n’ingorane nyinshi, kuko bakurira muri iyi si itwarwa na Shetani kandi irangwamwo ivyiyumviro vyiwe bibi. (1 Yoh. 5:19) Ese ukuntu bituremesha igihe tubona abakiri bato bacu batanga inyishu ku makoraniro, bakaja mu ndimiro, bakongera bakaburanira ukwizera kwabo babigiranye umutima rugabo! Yemwe bakiri bato, murafise ikibanza gihambaye mw’ishengero rya Yehova.​—Zab. 8:2.

12 Ariko rero hariho abavukanyi na bashiki bacu bigora kubona ko bafise uruhara ruhambaye mw’ishengero. Ni ibiki none vyofasha umwe wese muri twebwe kubona ko afise ikibanza gihambaye mw’ishengero? Reka tubirabe.

NUMENYE IKIBANZA UFISE MW’ISHENGERO

13-14. Kubera iki hari abiyumvira ko badafise agaciro mw’ishengero?

13 Raba icigwa ca kabiri twokura mu kigereranyo Paulo yatanze. Arerekana ingorane abantu benshi bafise muri iki gihe. Usanga bibagora kwemera ko bari n’agaciro mw’ishengero. Paulo yavuze ati: “Hamwe ikirenge covuga ngo: ‘Ko ntari ikiganza, sindi uwo ku mubiri,’ ntibica bituma kitaba ico ku mubiri. Kandi hamwe ugutwi kwovuga ngo: ‘Ko ntari ijisho, sindi uwo ku mubiri,’ ntibica bituma kutaba ukwo ku mubiri.” (1 Kor. 12:15, 16) None aho Paulo yashaka kuvuga iki?

14 Hamwe wokwigereranya n’abandi bo mw’ishengero woshobora kwiyumvira ko udafise agaciro. Mw’ishengero, hari abashobora kuba ari abigisha beza, abandi bakaba bazi gutunganya neza ibintu, abandi na bo bakaba ari abungere kirumara. Woshobora kubona ko udafise ingabire nk’izo bafise. Ivyo vyerekana ko wicisha bugufi be n’uko wifata ruto. (Flp. 2:3) Ariko urakwiye kuba maso. Hamwe woguma wigereranya n’abafise ingabire zidasanzwe, woshobora gucika intege. Nk’uko Paulo yabivuze, woshobora mbere kwiyumvira ko ata kibanza ufise mw’ishengero. None ni igiki cogufasha kutabona ibintu gutyo?

15. Twisunze 1 Abakorinto 12:4-11, ni igiki dukwiye kumenya ku bijanye n’ingabire iyo ari yo yose twoba dufise?

15 Zirikana iki kintu: Mu kinjana ca mbere, Yehova yarahaye abakirisu bamwebamwe ingabirano z’impwemu nyeranda zo gukora ibitangaro, ariko bose ntibaronse ingabirano zimwe. (Soma 1 Abakorinto 12:4-11.) Naho Yehova yabahaye ingabire zitandukanye, umwe wese muri bo yari n’agaciro. Muri iki gihe, ntidufise ingabire zo gukora ibitangaro. Ariko ico ciyumviro nticahindutse. Naho twese dushobora kuba tudafise ingabire zimwe, twese turi n’agaciro kuri Yehova.

16. Ni impanuro iyihe intumwa Paulo yatanze dukwiye gukurikiza?

16 Aho kwigereranya n’abandi, turakwiye gukurikiza impanuro intumwa Paulo yatanze ahumekewe igira iti: “Umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene, atari mu kwigereranya n’uwundi.”​—Gal. 6:4.

17. Nitwakurikiza impanuro ya Paulo bizovamwo ivyiza ibihe?

17 Hamwe twokurikiza iyo mpanuro Paulo yatanze tukongera tugasuzuma ivyo ubwacu dukora, twoshobora kubona ko natwe dufise ingabire abandi badafise. Nk’akarorero, umukurambere yoshobora kuba atari umuhanga mu kwigisha imbere y’ishengero ariko ugasanga ni umuhanga mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Canke ashobora kuba atazi gutunganya neza ibintu nk’abakurambere bamwebamwe bo mw’ishengero, ariko ugasanga ni umwungere arangwa urukundo abamamaji boroherwa no kwitura kugira ngo abahe impanuro zishingiye ku Vyanditswe. Canke na ho ashobora kuba azwi ko ari umwakiranyi. (Heb. 13:2, 16) Nitwabona ingabire dufise, bizotuma twumva ko hari ico dushobora guterera ishengero. Vyongeye, bizoturinda kugirira ishari abavukanyi bafise ingabire zitandukanye n’izacu.

18. Ni igiki codufasha kuryohora ubuhanga dufise?

18 Twese turakwiye kugira icipfuzo co kuryohora umurimo wacu no gukoresha neza ingabire dufise, tutarinze kuraba ikibanza dufise mw’ishengero. Kugira Yehova adufashe kugira ivyo turyohoye, aratumenyereza biciye kw’ishirahamwe ryiwe. Nk’akarorero, kw’ikoraniro ryo hagati mu ndwi turaronka ubuyobozi butwereka ingene tworushiriza kuba kirumara mu ndimiro. Woba uriko urihatira gushira mu ngiro ubwo buyobozi duhabwa?

19. Woshobora gute gushika ku mugambi wo kwitaba rya Shure ry’abamamaji b’Ubwami?

19 Rya Shure ry’abamamaji b’Ubwami riratanga ukundi kumenyerezwa kudasanzwe. Iryo shure ryitabwa n’abavukanyi na bashiki bacu bari mu murimo w’igihe cose kandi bafise imyaka iri hagati ya 23 na 65. Hari aho wokwibaza ko utokwigera ukwiza ibisabwa kugira uryitabe. Ariko aho gutondeka imvo zotuma utaryitaba, nugire urutonde rw’imvo zotuma wipfuza kuryitaba. Nuce wishingira umugambi wogufasha gukwiza ibisabwa kugira uryitabe. Yehova abigufashijemwo, nawe ukagira akigoro, woshobora gukora ivyasa n’ibidashoboka kuri wewe.

NUKORESHE INGABIRE UFISE MU KWUBAKA ISHENGERO

20. Ni icigwa ikihe dukura mu Baroma 12:6-8?

20 Icigwa kigira gatatu twokwigira ku kigereranyo Paulo yatanze, tugisanga mu Baroma 12:6-8. (Soma.) No ng’aha nyene, Paulo arerekana ko abagize ishengero bafise ingabire zitandukanye. Ariko ubu hoho aca ashimika ku vy’uko dukwiye gukoresha ingabire iyo ari yo yose dufise mu kwubaka no mu gukomeza ishengero.

21-22. Ni icigwa ikihe twokwigira kuri Robert na Felice?

21 Rimbura akarorero k’umuvukanyi twise Robert. Inyuma yo gukorera mu kindi gihugu, yaragenywe gukorera kuri Beteli yo mu gihugu iwabo. Naho bamuhumurije ko atahinduriwe igikorwa kubera ikintu kibi yari yakoze, yavuze ati: “Naramaze amezi n’ayandi ntaryohewe, nibaza ko hari ico nari mpajije. Mu bihe bimwebimwe, numva umengo nohagarika igikorwa co kuri Beteli.” None yasubiye kuronka umunezero gute? Hari umukurambere mugenziwe yamwibukije ko Yehova atumenyereza mu gikorwa twahora turangura, kugira ngo turushirize kuba kirumara mu gikorwa dushingwa mu nyuma. Robert yaciye atahura ko yari akwiye kureka kwiyumvira ivyo muri kahise, maze agashira umutima ku vyo yari ashoboye gukora mu gikorwa yari aherutse gushingwa.

22 Umuvukanyi yitwa Felice Episcopo na we nyene yarashikiwe n’ikintu nk’ico. We n’umukenyezi wiwe basohotse Ishure rya Gileyadi mu 1956, baca barungikwa gukorera mu muzunguruko muri Boliviya. Mu 1964 baravyaye umwana. Felice yavuze ati: “Vyaratugoye cane kuva muri uwo murimo twikundira. Ntabeshe, naramaze nk’umwaka wose numva ncitse intege. Ariko ndabifashijwemwo na Yehova, narahinduye ivyiyumviro maze nshira umutima kw’ibanga rishasha nari ndonse ryo kuba umuvyeyi.” Woba nawe wiyumva nka Robert canke nka Felice? Woba ucitse intege kubera yuko uherutse gutakaza uduteka wahorana? Nimba ari uko bimeze, uzohimbarwa niwahindura ivyiyumviro maze ugashira umutima ku vyo ushoboye gukora ubu kugira ukorere Yehova n’abavukanyi bawe. Nugume ukoresha ingabire ufise mu gufasha abandi. Ivyo niwabigira, uzokwironkera umunezero wo gukomeza ishengero.

23. Dukwiye gufata umwanya wo gukora iki, kandi tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

23 Umwe wese muri twebwe arafise agaciro kuri Yehova. Yehova ashaka ko tuba mu bagize umuryango wiwe. Nitwafata umwanya tukazirikana ku vyo twokora kugira dukomeze abavukanyi na bashiki bacu tukongera tukihatira kubikora, bizotuma tutiyumvira ko ata kibanza dufise mw’ishengero. None tuvuge iki ku kuntu tubona abandi mw’ishengero? Twokwerekana gute ko tubaha agaciro? Ico kintu gihambaye ni co tuzorimbura mu kiganiro gikurikira.

URURIRIMBO RWA 24 Nimuze ku musozi wa Yehova

^ ing. 5 Twese turipfuza kwiyumvamwo ko turi n’agaciro imbere ya Yehova. Ariko rero rimwe na rimwe, vyoshika tukibaza nimba tubibereye. Iki kiganiro kiraza kudufasha kubona yuko umwe wese muri twebwe afise ikibanza kibereye mw’ishengero rya Yehova.

^ ing. 3 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Ikibanza dufise mw’ishengero rya Yehova ni uruhara turangura mu gukomeza ishengero. Umuntu ntaronka ico kibanza kubera ibara ryiwe ry’urukoba, ubwoko bwiwe, ubutunzi bwiwe, ikibanza afise mu kibano, imico yiwe, canke amashure yize.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Amashusho atatu yerekana ibiba imbere y’ikoraniro, mu gihe c’ikoraniro, be n’inyuma yaryo. Ishusho ya 1: Umukurambere araramutsa umushitsi abigiranye igishika, umuvukanyi akiri muto aratunganya ivyuma vy’amajwi, mushiki wacu akiri muto na we araganira n’uwundi mushiki wacu yitereye mu myaka. Ishusho ya 2: Abato n’abakuze barakirije kugira batange inyishu mu cigwa c’Umunara w’Inderetsi. Ishusho ya 3: Umugore n’umugabo bariko barafasha mu bikorwa vy’isuku ku Ngoro y’Ubwami. Inabibondo ariko arafasha umwana wiwe gushira intererano mu gasandugu. Umuvukanyi akiri muto ariko aritwararika ibitabu, uwundi muvukanyi akaba ariko araremesha mushiki wacu yitereye mu myaka.