Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 31

Woba urindiriye “ca gisagara gifise imishinge nyayo”?

Woba urindiriye “ca gisagara gifise imishinge nyayo”?

“Yari arorereye ca gisagara gifise imishinge nyayo, umwubatsi n’umuhinguzi w’ico gisagara akaba ari Imana.”​—HEB. 11:10.

URURIRIMBO RWA 22 Bwa Bwami ubu bwaravutse​—Nibuze!

INCAMAKE *

1. Ni ibiki benshi bahevye, kandi kubera iki?

MURI iki gihe, hari abasavyi b’Imana amamiliyoni bagize ivyo bahevye. Abavukanyi na bashiki bacu benshi barahisemwo kuba bararetse kwubaka izabo. Hari n’abubatse bahisemwo kuba bararetse kuvyara. Imiryango itari mike na yo yahisemwo kworosha ubuzima. Abo bose bafashe izo ngingo babitumwe n’iyi mvo nyamukuru: bipfuza gukorera Yehova uko bashoboye kwose. Barahimbawe n’uko ivyabo vyifashe, kandi barizigiye ko Yehova azobaronsa ivyo bakeneye vyose. None boba bazokwicuza? Habe namba. Tuvyemezwa n’iki? Tuvyemezwa n’uko Yehova yahezagiye Aburahamu, se w’abari n’ukwizera bose.​—Rom. 4:11.

2. (a) Twisunze Abaheburayo 11:8-10, 16, ni kubera iki Aburahamu yemeye kuva i Uri? (b) Tuza kurimbura ibiki muri iki kiganiro?

2 Aburahamu yaremeye abikunze guheba ubuzima bwiza yari abayemwo mu gisagara c’i Uri. Uti kubera iki? Kubera ko yari arindiriye “ca gisagara gifise imishinge nyayo.” (Soma Abaheburayo 11:8-10, 16.) None ico gisagara ni ikihe? Ni ingorane izihe zashikiye Aburahamu igihe yari arindiriye ko ico gisagara cubakwa? Kandi twokwigana gute Aburahamu be n’abandi bo mu gihe cacu biganye akarorero kiwe?

“IGISAGARA GIFISE IMISHINGE NYAYO” NI IKIHE?

3. Ni igisagara ikihe Aburahamu yari arindiriye?

3 Igisagara Aburahamu yari arindiriye ni Ubwami bw’Imana. Ubwo Bwami bugizwe na Yezu Kristu be n’abarobanuwe 144.000. Paulo avuga ko ubwo Bwami ari “igisagara c’Imana nzima, Yeruzalemu yo mw’ijuru.” (Heb. 12:22; Ivyah. 5:8-10; 14:1) Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga basaba ngo ubwo Bwami buze, kugira ngo ivyo Imana igomba bikorwe kw’isi nk’uko bikorwa mw’ijuru.​—Mat. 6:10.

4. Twisunze Itanguriro 17:1, 2, 6, Aburahamu yari azi ibingana iki ku vyerekeye ca gisagara, ari bwo Bwami, Imana yari yarasezeranye?

4 Aburahamu yoba yari azi amakuru yose y’ingene Ubwami bw’Imana bwotunganijwe? Oya. Haraciye imyaka amajana ayo makuru ari “ibanga ryeranda.” (Ef. 1:8-10; Kol. 1:26, 27) Yamara rero, Aburahamu yari azi ko bamwe mu bomukomotseko bobaye abami. Yehova ubwiwe ni we yari yarabimusezeraniye. (Soma Itanguriro 17:1, 2, 6.) Aburahamu yarizera cane ivyo Imana yasezeranye ku buryo ari nk’aho yabona Mesiya, uwarobanuwe ngo abe Umwami w’Ubwami bw’Imana. Ni co gituma Yezu yabwiye Abayuda bo mu gihe ciwe ati: “Aburahamu so yaranezererwa cane icizigiro co kubona umusi wanje, kandi yarawubonye, aranezerwa.” (Yoh. 8:56) Biragaragara rero ko Aburahamu yari azi yuko abomukomotseko bobaye mu bagize Ubwami bwoshinzwe na Yehova, kandi yari yiteguriye kurindira gushika Yehova ashikije uwo muhango.

Aburahamu yerekanye gute ko yizera ivyo Yehova yasezeranye? (Raba ingingo ya 5)

5. Twemezwa n’iki ko Aburahamu yari arindiriye ca gisagara cubatswe n’Imana?

5 Aburahamu yerekanye gute ko yari arindiriye ca gisagara, ari co Bwami bw’Imana? Ubwa mbere hoho, Aburahamu ntiyigeze yifatanya n’ubwami na bumwe bwo kw’isi. Yagumye yimukanga, ahitamwo kutagira umwami n’umwe ashigikira. Vyongeye, Aburahamu ntiyarondeye kwishingira ubwami. Ahubwo riho, yagumye agamburukira Yehova, yongera ararindira ko ashitsa ivyo yasezeranye. Gutyo, Aburahamu yari yerekanye ko yizera Yehova bimwe bidasanzwe. Nimuze twihweze ingorane zimwezimwe zamushikiye be n’ivyo twomwigirako.

NI INGORANE IZIHE ZASHIKIYE ABURAHAMU?

6. Igisagara ca Uri cari kimeze gute?

6 Igisagara Aburahamu yavuyemwo cari gikingiwe neza kandi cari ciza ku rugero kanaka. Cari kizitijwe ibihome bininibinini be n’umugende munini w’amazi wari ugikikuje ku mpande zitatu. Abantu b’i Uri bari abahanga mu vyo kwandika be no mu biharuro. Vyongeye, biboneka ko ico gisagara cakorerwamwo cane ivy’urudandazwa, kubera ko hari ibintu vyinshi vyakoreshwa mu vy’urudandazwa vyubuwe ahahora ico gisagara. Amazu yaho yari yubakishijwe amatafari, kandi impome zayo zari zisize irangi ryera. Amwamwe muri ayo mazu yari afise ivyumba 13 canke 14, akagira n’imbuga zishashemwo amabuye.

7. Kubera iki vyasaba ko Aburahamu yizigira ko Yehova yomukingiye be n’umuryango wiwe?

7 Aburahamu vyasaba ko yizigira ko Yehova yomukingiye be n’umuryango wiwe. Uti kubera iki? Niwibuke ko Aburahamu na Sara bahevye kuba mu nzu ikingiwe kandi nziza yo mu gisagara ca Uri, bakaja kuba mu mahema mu gahinga ka Kanani. We n’umuryango wiwe ntibari bagikingiwe n’ibihome bikomeye be n’amazi menshi. Ahubwo riho bari mu kaga, kuko bari gushobora guterwa n’abansi.

8. Ni igiki cigeze gushikira Aburahamu?

8 Aburahamu yarakoze ivyo Imana igomba, ariko igihe kimwe yarabuze ivyo agaburira umuryango wiwe. Yarashikiwe n’ikigoyi cari cateye igihugu Yehova yari yamurungitsemwo. Ico kigoyi cari gikomeye cane ku buryo Aburahamu yafashe ingingo yo kuba arimurira umuryango wiwe mu Misiri. Yamara rero, igihe yari muri ico gihugu ca Misiri, Farawo, uwatwara ico gihugu yaramutwaye umugore. Iyumvire intuntu Aburahamu ategerezwa kuba yaragize gushika igihe Yehova yategeka Farawo kumusubiza umugore wiwe Sara.​—Ita. 12:10-19.

9. Umuryango wa Aburahamu wari ufise ingorane izihe?

9 Umuryango wa Aburahamu wari ufise ingorane. Umukenyezi wiwe yikundira Sara, yari ingumba. Ico kintu caratumye bamara imyaka myinshi bavunitse umutima. Mu nyuma Sara yarahaye Aburahamu incoreke yiwe Hagari, kugira arabe ko yobavyarira abana. Mugabo Hagari amaze kwibungenga Ishimayeli, yaciye atangura gusuzugura Sara. Ibintu vyarunyutse ku buryo Sara yirukana Hagari.​—Ita. 16:1-6.

10. Ni ibiki vyashitse hagati ya Ishimayeli na Izahaki vyari gutuma Aburahamu bimugora kwizigira Yehova?

10 Amaherezo Sara yaribungenze maze avyarira Aburahamu umuhungu yise Izahaki. Aburahamu yarakunda abahungu biwe bompi, Ishimayeli na Izahaki. Ariko kubera yuko Ishimayeli yafata nabi Izahaki, Aburahamu yabwirijwe kwirukana Ishimayeli na nyina wiwe Hagari. (Ita. 21:9-14) Mu nyuma, Yehova yarasavye Aburahamu gutanga umuhungu wiwe Izahaki ngo abe ikimazi. (Ita. 22:1, 2; Heb. 11:17-19) Muri ivyo bihe vyompi, Aburahamu yategerejwe kwizigira ko Yehova yohavuye atuma ibintu bigendera neza abahungu biwe.

11. Kubera iki Aburahamu yategerezwa kurindira Yehova yihanganye?

11 Muri ico gihe cose, Aburahamu yategerezwa kwiga kurindira Yehova yihanganye. Igihe we n’umuryango wiwe bava i Uri, ashobora kuba yari arengeje imyaka 70. (Ita. 11:31–12:4) Vyongeye, yaramaze imyaka nka 100 aba mu mahema, yongera yimukanga hirya no hino mu gihugu ca Kanani. Aburahamu yapfuye afise imyaka 175. (Ita. 25:7) Mugabo ntiyabonye iranguka ry’umuhango Yehova yari yaramuhaye wo guha uruvyaro rwiwe ico gihugu yari yaragendagenzemwo. Kandi ntiyaramvye ngo abone ico gisagara cubatswe, ari bwo Bwami bw’Imana. Naho ari ukwo, Bibiliya ivuga yuko Aburahamu yapfuye “ashaje kandi aheze akanyota.” (Ita. 25:8) Naho Aburahamu yashikiwe n’izo ngorane zose, yagumye afise ukwizera gukomeye kandi ahimbawe no kurindira Yehova. Kubera iki none yashoboye kwihangana? Ni kubera ko mu buzima bwiwe bwose Yehova yagiye aramukingira kandi akamufata nk’umugenzi.​—Ita. 15:1; Yes. 41:8; Yak. 2:22, 23.

Nka kumwe kwa Aburahamu na Sara, abasavyi b’Imana berekana gute ko bafise ukwizera n’ukwihangana? (Raba ingingo ya 12) *

12. Ni igiki turindiriye, kandi tugiye kurimbura iki?

12 Cokimwe na Aburahamu, na twebwe turindiriye ca gisagara gifise imishinge nyayo. Mugabo twebwe ntiturindiriye ko cubakwa. Ubwami bw’Imana bwarashinzwe mu 1914, kandi bwaratanguye kuganza mw’ijuru hose. (Ivyah. 12:7-10) Ubu turindiriye ko buganza isi yose. Igihe tukirindiriye ko ivyo bishika, hariho ingorane nyinshi dutegerezwa kwihanganira cokimwe na Aburahamu na Sara. Muri iki gihe, hoba hariho abasavyi ba Yehova bashoboye kwigana Aburahamu? Hari inkuru z’ubuzima zasohowe mu Munara w’Inderetsi zerekana ko benshi muri iki gihe bashoboye kugira ukwizera n’ukwihanga nka Aburahamu na Sara. Nimuze turimbure nkeyi gusa muri zo, maze tubone ico twobigirako.

ABIGANYE ABURAHAMU

Bill Walden yaremeye kugira ivyo ahevye kandi Yehova yaramuhezagiye

13. Wigira iki ku vyashikiye umuvukanyi Walden?

13 Niwemere kugira ivyo uhevye. Nimba twipfuza gushira Ubwami bw’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu, dutegerezwa kwigana Aburahamu, uwemeye kugira ivyo ahevye kugira ahimbare Imana. (Mat. 6:33; Mrk. 10:28-30) Raba akarorero k’umuvukanyi yitwa Bill Walden. * Mu 1942, igihe Bill yatangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, yagira arangize kaminuza muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mu gisata kijanye n’ubuhinga bwo kwubaka. Umwe mu bigisha biwe yari yaratunganije ivy’uko Bill yoca aronka akazi amaze guheza amashure, mugabo Bill yaravyanse. Yasiguye ko yahisemwo guheba umwuga womuronkeje amahera menshi kugira akorere Imana bimwe bishitse. Bidatevye, Leta yamutegetse kuja mu gisoda. Yaravyanse abigiranye icubahiro, ariko nticabujije ko bamuca amande angana n’amadolari 10.000, n’umunyororo w’imyaka itanu. Uwo munyororo yawumazemwo imyaka itatu. Mu nyuma, yaratumiwe mw’Ishure rya Gileyadi, maze aca arungikwa kuba umumisiyonari muri Afrika. Bill yahavuye yubakana na Eva, barakorana muri Afrika, ivyo bikaba vyasaba ko bagira ivyo bahevye. Bahavuye basubira muri Amerika kwitwararika nyina wiwe. Mu guca ku mayange ibijanye n’ubuzima bwiwe, Bill avuga ati: “Iyo nzirikanye ku gateka gahambaye ko kuba Yehova yarankoresheje mu murimo wiwe mu myaka irenga 70, nca numva nokorora amosozi. Nama ndamukengurukira kuba yaratumye nkoresha ubuzima bwanje bwose mu gikorwa ciwe.” Woba nawe wogira umurimo w’igihe cose umwuga wawe?

Eleni be n’umugabo wiwe Aristotelis Apostolidis bariboneye ko Yehova yabakomeje

14-15. Twigira iki ku vyashikiye umuvukanyi Apostolidis n’umukenyezi wiwe?

14 Ntiwitege ubuzima butarimwo ingorane. Akarorero ka Aburahamu karatwereka ko n’abihebera gukorera Yehova ubuzima bwabo bwose bashikirwa n’ingorane. (Yak. 1:2; 1 Pet. 5:9) Ivyo turabibonera ku vyashikiye umuvukanyi Aristotelis Apostolidis. * Yabatijwe mu 1946 mu Bugiriki, maze mu 1952 aca aresha mushiki wacu Eleni, bakaba bari bahuje umugambi wo gukorera Yehova. Ariko rero Eleni yahavuye arwara, maze bamutora ikivyimba co mu bwonko. Ico kivyimba barakibaze, mugabo haheze imyaka mikeyi bubakanye, caragarutse. Abaganga barongeye kumubaga, mugabo igice kimwe c’umubiri wiwe nticasubiye gukora neza, kandi no kuvuga ntivyamworohera. Naho yari arwaye kandi abategetsi bakaba barabarwanya ico gihe, yagumye ari umwamamaji w’umunyamwete.

15 Aristotelis yaramaze imyaka 30 yitwararika umukenyezi wiwe. Muri ico gihe yari umukurambere, agakorera mu makomite y’ihwaniro, akongera agafasha kwubaka Ingoro y’amateraniro. Mu nyuma, mu 1987, Eleni yaragize isanganya ari kwamamaza. Yamaze imyaka itatu muri koma, amaherezo arapfa. Mu kuvuga muri make ivyamushikiye, Aristotelis avuga ati: “Mu myaka n’iyindi, nagiye ndashikirwa n’ingorane zitari nke, kandi zimwe muri zo zikanshikira giturumbuka. Nari nkeneye rero kuguma nihanganye, no kutareka ngo hagire ikintu na kimwe kinca intege. Ariko rero Yehova yamye ampa inkomezi nkeneye kugira nihanganire izo ngorane.” (Zab. 94:18, 19) Ese ukuntu Yehova akunda abamukorera ivyo bashoboye vyose naho boba bari mu ngorane!

Audrey Hyde yagumye abona ibintu mu buryo bwiza mu kugumiza umutima kuri kazoza

16. Ni impanuro nziza iyihe umuvukanyi Knorr yahaye umukenyezi wiwe?

16 Nugume uzirikana ivya kazoza. Kubera ko Aburahamu yagumije umutima ku mpera Yehova yomuronkeje muri kazoza, vyaramufashije kwihanganira ingorane zamushikiye. Mushiki wacu yitwa Audrey Hyde, na we nyene yaragerageje kuguma abona ibintu mu buryo bwiza. Umugabo wiwe wa mbere Nathan Knorr yahitanywe na kanseri, umugabo wiwe wa kabiri na we Glenn Hyde, afatwa n’ingwara yo mu mutwe yitwa Alzheimer. * Avuga ko yafashijwe n’ikintu umuvukanyi Knorr yamubwiye hasigaye amayinga makeyi gusa ngo apfe. Avuga ati: “Umuvukanyi Knorr yambwiye ati: ‘Iyo dupfuye, icizigiro cacu kiba kirangutse, kandi ntitwigera dusubira kubabara.’ Yaciye ampanura ati: ‘Gumiza umutima ku biri imbere, kuko ari ho impera yawe iri.’ . . . Aca yongerako ati: ‘Nugume ufise vyinshi ukora, ugume ukoresha ubuzima bwawe mu kugira ivyo ukoreye abandi. Ivyo bizotuma ugira umunezero.’” Ese ukuntu iyo mpanuro yo kuguma dukorera iciza abandi no ‘kunezerwa mu cizigiro’ ari nziza!​—Rom. 12:12.

17. (a) Kubera iki dufise imvo yumvikana yo kugumiza umutima kuri kazoza? (b) Gukurikiza ibivugwa muri Mika 7:7 bidufasha gute guhimbarirwa ivyiza twiteze muri kazoza?

17 Ubu kuruta ikindi gihe cose turafise imvo yo kugumiza umutima kuri kazoza. Ibiba muri iyi si, birerekana neza ko turi mu gice ca nyuma c’imisi y’iherezo y’iyi si mbi. Vuba, ntituzoba tugikeneye kurindira ko ca gisagara gifise imishinge nyayo kiganza isi yose. Umwe mu mihezagiro myinshi twiteze, ni ugusubira kubona abacu bapfuye. Ico gihe, Yehova azoha impera Aburahamu kubera ukwizera kwiwe n’ukwihangana kwiwe mu kumuzura be n’umuryango wiwe kugira babe kw’isi. Woba ari ho uzoba uri kugira ubahe ikaze? Nimba nka kumwe kwa Aburahamu witeguriye kugira ivyo uhevye kubera Ubwami bw’Imana, ukagumana ukwizera naho woshikirwa n’ingorane, kandi ukiga kurindira Yehova wihanganye, urashobora kuzoba ari ho uri.​—Soma Mika 7:7.

URURIRIMBO RWA 74 Jamwo muri ya ndirimbo y’Ubwami!

^ ing. 5 Kurindira ko ivyo Imana yasezeranye biranguka, birashobora kugerageza ukwihangana kwacu, mu bihe bimwebimwe na ho bikagerageza ukwizera kwacu. Ni ivyigwa ibihe twokura kuri Aburahamu vyokomeza umwiyemezo dufise wo kurindira twihanganye iranguka ry’ivyo Yehova yadusezeraniye? Vyongeye, twigira iki ku basavyi ba Yehova bamwebamwe bo mu gihe cacu?

^ ing. 13 Inkuru y’ubuzima y’umuvukanyi Walden yasohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 2013, rup. 8-10.

^ ing. 14 Inkuru y’ubuzima y’umuvukanyi Apostolidis yasohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 2002, rup. 24-28.

^ ing. 16 Inkuru y’ubuzima ya mushiki wacu Hyde yasohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2004, rup. 23-29.

^ ing. 56 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Abubakanye bitereye mu myaka, barabandanya gukorera Yehova badahemuka naho bari mu ngorane. Baguma bakomeza ukwizera kwabo mu kugumiza umutima ku vyo Yehova yadusezeraniye.