UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ndamukiza 2018

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 4 Ruheshi gushika ku wa 8 Mukakaro 2018.

Ingene tworonka umwidegemvyo nyakuri

Abantu bamwebamwe usanga bashashaye kwikurako agacinyizo, gukumirwa be n’ubukene, abandi na bo bagaharanira umwidegemvyo wo guserura iryo bagona canke uwo kwihitiramwo. Twoba dushobora kuronka umwidegemvyo nyakuri?

Nukorere Yehova ya Mana y’umwidegemvyo

Impwemu ya Yehova yadukuye mu buja gute? Vyongeye, twokwirinda gute gukoresha nabi umwidegemvyo Imana yaduhaye?

Bagabo mwagenywe, nimwigane Timoteyo

Biboneka ko Timoteyo yikengera igihe yatangura gukorana n’intumwa Paulo. Abakurambere n’abakozi b’ishengero bokwigira iki kuri Timoteyo?

Niwigane Yehova, Imana iremesha

Abasavyi b’Imana bamye bakeneye indemesho.

Turemeshanye kandi “birushirize kumera gutyo”

Narirya umusi wa Yehova uri hafi, turakwiye kwitwararika abavukanyi bacu kugira tubaremeshe igihe cose bikenewe.

Yemwe bakiri bato, mwoba mushira imbere imigambi y’ivy’impwemu?

Abakiri bato barashobora kujuragirika mu buzima kubera hariho amahitamwo menshi. None bashobora gute guhitamwo neza ingene bazokoresha ubuzima bwabo?

Ibibazo vy’abasomyi

Kubera iki bitemewe ko umuntu ashira ku rubuga rwiwe bwite canke ku buhinga ngurukanabumenyi ivyasohowe n’Ivyabona vya Yehova?

Ibibazo vy’abasomyi

Kubera iki amajambo yo muri Zaburi 144 yahindutse muri Bibiliya y’isi nshasha?