Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Muri ya Bibiliya y’si nshasha yasubiwemwo mu congereza mu 2013, Zaburi 144:12-15 yerekeza ku basavyi b’Imana. Ariko muri Bibiliya ya kera, iyo mirongo yerekeza ku banyamahanga bavugwa mu murongo wa 11. Kubera iki none vyahindutse?

Mu bisanzwe, igiheburayo kirashobora kwerekeza kuri ivyo vyiyumviro bibiri. Ivyahindutse rero vyabaye hisunzwe imvo zikurikira:

  1. Iyo mvugo nshasha ishingiye ku majambo be n’indimburo vy’igiheburayo. Isano hagati y’ibivugwa muri Zaburi 144:12-15 n’ibivugwa mu mirongo iza imbere y’aho, rihagaze kw’ijambo ritangura umurongo wa 12, na ryo rikaba ari asher mu giheburayo. Ijambo asher rishobora guhindurwa mu buryo bwinshi. Nk’akarorero, rirashobora kugira insobanuro y’insigarirazina nka “bano.” Ijambo “bano” ni ryo ryakoreshejwe muri Bibiliya ya kera. Ivyo rero vyatuma ibintu vyiza bivugwa mu mirongo ya 12-14 vyerekeza ku babisha bavugwa mu mirongo y’imbere y’aho. Ariko rero, ijambo asher rirashobora no kwerekeza ku ngaruka canke inkurikizi, rigaca rihindurwa ngo “rero” canke “gutyo.” Ijambo “gutyo” ni ryo ryaciye rikoreshwa muri Bibiliya yasubiwemwo mu 2013.

  2. Iyo mvugo nshasha irahuje n’ibindi bivugwa muri iyo Zaburi. Kuba mu murongo wa 12 hakoreshwa ijambo “gutyo,” bisobanura ko imihezagiro ivugwa mu mirongo ya 12 gushika 14 yerekeye abagororotsi, ari na bo basaba ‘kwidegemvya no kurokorwa’ mu kuboko kw’ababisha (umurongo wa 11). Iryo hinduka ririgaragaza no mu murongo wa 15. Ng’aho, ijambo “hahiriwe” riza kabiri ryerekeza ku bagororotsi, kandi hompi hakunganirana. Ubuhirwe buvugwa aho hantu hompi rero bwerekeza kuri ba bantu nyene, ni ukuvuga “abantu Imana yabo ari Yehova!” Ikindi na co, igiheburayo co mu ntango candikwa ata tumenyetso tw’igisomwa tugiyemwo, nk’akarorero twa mugina. Abahinduzi bategerezwa rero kumenya insobanuro nyakuri iyo ari yo, bisunze ukuntu igiheburayo cakoresha indyoshamvugo, bakaraba amakikuro y’ico gisomwa be n’ibindi bice vya Bibiliya bijanye.

  3. Iyo mvugo nshasha irahuje n’ibindi bice vya Bibiliya bivuga imihezagiro Imana yasezeraniye abasavyi bayo b’abizigirwa. Uburyo bushasha ijambo asher ryahinduwe, butuma iyo zaburi ica ishira ahabona icizigiro gifise ishingiro ca Dawidi. Yari yizigiye ko Imana imaze kurokora Abisirayeli mu maboko y’abansi babo, yociye ibaronsa agahimbare n’ukuroranirwa. (Lew. 26:9, 10; Gus. 7:13; Zab. 128:1-6). Nk’akarorero, mu Gusubira mu vyagezwe 28:4 hagira hati: “Hazohezagirwa icamwa c’inda yawe, n’umwimbu w’ubutaka bwawe, n’icamwa c’ibitungwa vyawe, n’imitavu y’inka zawe, n’uruvyaro rw’umukuku wawe.” Nkako, ku ngoma ya Salomo umuhungu wa Dawidi, iryo hanga ryaragize amahoro n’ukuroranirwa vy’akataraboneka. Vyongeye, ingoma ya Salomo yaranzwe n’ibintu vyerekeza ku vyobaye ku Ngoma ya Mesiya.​—1 Abm. 4:20, 21; Zab. 72:1-20.

Muri make, ivyaryohowe muri Zaburi 144 ntibihindura ukuntu dutahura inyigisho zo muri Bibiliya. Ahubwo nyabuna, biratuma iyo Zaburi yose iserura neza icizigiro abasavyi ba Yehova bamaranye igihe kinini, c’uko Imana izokuraho ababisha maze itume abagororotsi bironkera amahoro n’ukuroranirwa vyamaho.​—Zab. 37:10, 11.