Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yemwe bakiri bato, mwoba mushira imbere imigambi y’ivy’impwemu?

Yemwe bakiri bato, mwoba mushira imbere imigambi y’ivy’impwemu?

“Nuragize ibikorwa vyawe Yehova ubwiwe, imigambi yawe izoheza ibe iyishimangiwe.”​—IMIG. 16:3.

INDIRIMBO: 135, 144

1-3. (a) Ni igiki gihanze abakiri bato bose, kandi ivyo twobigereranya n’iki? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni igiki cofasha abakirisu bakiri bato kuvyifatamwo neza?

TUVUGE ko ugira ufate urugendo ugiye ku rubanza ruhambaye mu ntara ya kure. Kugira ushikeyo, uza kugira urugendo rurerure muri bisi. Ushitse kuri parikingi, usanze hari uruja n’uruza rw’abantu benshi n’amabisi menshi. Igishimishije, urazi neza iyo ugiye be n’ibisi ufata iyo ari yo. Hamwe wokwurira iyija ahandi hantu, woba uzimiye.

2 Ubuzima ni nk’urugendo, abakiri bato na bo ni nk’izo ngenzi. Rimwe na rimwe barashobora kujuragirika mu buzima kubera hari amahitamwo menshi. Nimba uzi neza iyo wipfuza kuja, bizokworohera gufata ingingo nziza. None ukwiye kwerekeza hehe?

3 Iki kiganiro kirishura ico kibazo mu kuremesha abakiri bato kwihatira guhimbara Yehova mu buzima bwabo. Ivyo bisobanura kwibuka Yehova mu mice yose y’ubuzima bwacu, ni ukuvuga mu bijanye n’amashure, akazi, amabanga yo mu muryango, n’ibindi. Bisobanura kandi kurondera gushika ku migambi yo mu vy’impwemu. Abakiri bato bashira imbere igikorwa ca Yehova barashobora kwizigira badakeka ko azobahezagira bakaroranirwa mu buzima.​—Soma Imigani 16:3.

KUBERA IKI WOKWISHINGIRA IMIGAMBI Y’IVY’IMPWEMU?

4. Tugiye kurimbura iki muri iki kiganiro?

4 Ni vyiza kwishingira imigambi y’ivy’impwemu ukiri muto. Kubera iki? Turaza kurimbura imvo zitatu. Zibiri za mbere ziratwereka ko kurondera gushikira imigambi y’ivy’impwemu bikomeza ubucuti umuntu afitaniye na Yehova, imvo ya gatatu na yo itwereke akamaro ko kwishingira imigambi y’ivy’impwemu ukiri muto.

5. Imvo nyamukuru ituma twishingira imigambi y’ivy’impwemu ni iyihe?

5 Imvo nyamukuru ituma twishingira imigambi y’ivy’impwemu ni ukugira twereke Yehova ko dukenguruka urukundo rwiwe n’ivyo yadukoreye. Umwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Ni vyiza gukengurukira Yehova . . . Kuko watumye nezerwa, ewe Yehova, kubera igikorwa cawe; kubera ibikorwa vy’amaboko yawe, ndiha akamo k’umunezero.” (Zab. 92:1, 4) Nuzirikane ku bintu vyose Yehova yaguhaye: ubuzima ufise, ukwizera kwawe, Bibiliya, ishengero be n’icizigiro ciza cane ca kazoza. Ushize imbere ivy’impwemu, uba werekanye ko ukengurukira Imana kubera iyo mihezagiro kandi biratuma urushiriza kuyiyegereza.

6. (a) Gukurikirana imigambi y’ivy’impwemu bigira ico bikoze gute ku bucuti ufitaniye na Yehova? (b) Ni imigambi iyihe wokwishingira ukiri muto?

6 Imvo ya kabiri ni uko iyo umaze gutangura gukurikirana imigambi y’ivy’impwemu uba uriko urarushiriza gukora ibihimbara Yehova, bigatuma umwiyegereza cane. Intumwa Paulo yavuze ko “Imana atari iyitagororotse ngo yibagire igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ko mufitiye izina ryayo.” (Heb. 6:10) Ntukavuge ngo ndacari muto ntiharagera kwishingira imigambi. Uwitwa Christine yari afise imyaka cumi igihe yishingira umugambi wo kwama asoma inkuru z’ubuzima bw’Ivyabona b’abizigirwa. Toby na we igihe yari afise imyaka 12, yarishingiye umugambi wo gusoma Bibiliya yose imbere yuko abatizwa. Maxim yabatijwe afise imyaka 11, mutoyi wiwe Noemi na we abatizwa afise 10 gusa. Bompi baciye bishingira umugambi wo kuzokorera kuri Beteli. Kugira bagumize uwo mugambi mu bwenge, baramanitse ku ruhome mu nzu babamwo urukaratasi rwo gusaba gukorera kuri Beteli. Ubona gute urimbuye imigambi ubona ko ihambaye ugaca utangura gukora urondera kuyishikira?​—Soma Abafilipi 1:10, 11.

7, 8. (a) Kwishingira imigambi bishobora gute gutuma woroherwa no gufata ingingo? (b) Kubera iki umwigeme umwe yahisemwo kutaja kuri kaminuza?

7 Imvo ya gatatu yotuma wishingira imigambi y’ivy’impwemu ukiri muto ni uko bizogufasha gufata ingingo nziza. Imiyabaga ibwirizwa guhitamwo amashure izokwiga, akazi izokora be n’ibindi. Gufata ingingo twobigereranya no guhitamwo ibarabara ujana ugeze mu mayirabiri. Igihe uzi iyo uriko uraja, ntibikugora. Muri ubwo buryo nyene, iyo uzi neza imigambi ufise, biroroha gufata ingingo nziza. Mu Migani 21:5 havuga hati: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.” Niwishingira imigambi myiza hakiri kare, ntuzoteba kuroranirwa. Ivyo Damaris yaravyiboneye akiri umuyabaga, igihe yategerezwa gufata ingingo ihambaye.

8 Damaris yahejeje amashure yisumbuye afise amanota meza cane. Yari gushobora kwiga ivy’amategeko muri kaminuza ata co ariha, ariko yahisemwo gukora akazi kabayabaye. Uti kuki? Avuga ati: “Kuva nkiri muto, nari narishingiye umugambi wo gukora ubutsimvyi. Ivyo bisaba kudakora akazi k’imisi yose. Iyo nza kwiga ivy’amategeko muri kaminuza, nari gushobora kuronka amahera menshi ariko ntivyari kunyorohera kuronka akazi k’igihe gito.” Ubu Damaris amaze imyaka 20 ari umutsimvyi. None yoba abona ko yishingiye umugambi mwiza be n’uko yafashe ingingo nziza akiri umuyabaga? Avuga ati: “Ku kazi ndakunda kubonana n’abashingwamanza. Iyo niga ivy’amategeko mba nkora akazi nk’ako bakora. Ariko rero, benshi muri bo ntibahimbarwa n’ako kazi kabo. Ingingo nafashe yo gukora ubutsimvyi yaratumye nirinda akazi gatesha umutwe kandi vyarampaye akaryo ko kumara imyaka mpimbawe mu murimo wa Yehova.”

9. Kubera iki abakiri bato bakwiye gukezwa cane?

9 Abakiri bato ibihumbi bo mu mashengero yo hirya no hino kw’isi barakwiye gukezwa cane. Mu buzima bwabo bashira imbere Yehova n’imigambi y’ivy’impwemu. Abo bakiri bato bariryohera mu buzima ariko kandi bakisunga ubuyobozi bwa Yehova mu vyo bakora vyose, haba mu bijanye n’amashure, akazi canke ubuzima bwo mu muryango. Salomo yanditse ati: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose. . . . Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe.” (Imig. 3:5, 6) Yehova abona ko abakiri bato bo mw’ishengero rya gikirisu ari ab’agaciro. Arabakunda cane, akabakingira, akabayobora kandi akabahezagira.

NIWITEGURIRE NEZA GUSHINGA INTAHE

10. (a) Kubera iki dukwiye gushira ubusuku mu kibanza ca mbere? (b) Ni ibiki vyodufasha gusigura neza ivyo twemera?

10 Uwukiri muto ashira imbere gushimisha Yehova mu buzima bwiwe, aritwararika cane ubusuku. Yezu Kristu yavuze ko “inkuru nziza itegerezwa kubanza kwamamazwa.” (Mrk. 13:10) Kubera ko igikorwa co kwamamaza cihutirwa cane, ni co dukwiye gushira imbere. Woba wokwishingira umugambi wo kurushiriza kugira uruhara mu busuku? Woba ushobora gukora ubutsimvyi? Tuvuge iki hoho nimba udahimbarwa cane no kwamamaza? Vyongeye, ni ibiki vyogufasha gusigura neza ivyo wemera? Ibi bintu bibiri bizogufasha: Kwitegura neza no kutareka kubwira abandi ivyo uzi. Hari aho wotangazwa n’ukuntu uzohimbarwa no kwamamaza.

Witegurira gute gushinga intahe? (Raba ingingo ya 11, 12)

11, 12. (a) Abakiri bato bokora iki kugira bitegurire gushinga intahe? (b) Uwukiri muto umwe yashinze intahe gute kw’ishure?

11 Mu gutangura woshobora kwitegurira kwishura ikibazo abo mwigana bakunda kubaza, nk’akarorero ikivuga ngo “Imana yoba yitaho imibabaro yacu?” Ku rubuga rwacu rwa jw.org, hariko ibiganiro bigenewe gufasha abakiri bato kwitegurira kwishura ico kibazo. Raba ahavuga ngo IBINTU BIFASHA KWIGA BIBILIYA > IVYOGUFASHA KWIGA > NI KUBERA IKI IMANA IREKA ABANTU BAGASHIKIRWA N’IMIBABARO? (IGICE CA 1) Urahasanga umwimenyerezo uvuga uti: “Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro? (Igice ca 1)” Uwo mwimenyerezo uzogufasha gutegura inyishu yawe bwite. Urimwo ivyanditswe wokoresha mu gusigura ivyo wemera, nka 1 Petero 5:7; Yobu 34:10 ​na 1 Yohani 5:19. Ukoresheje iyo myimenyerezo urashobora kuza urategura inyishu z’ibibazo bakubaza.​—Soma 1 Petero 3:15.

12 Igihe uronse akaryo nuremeshe abo mwigana kuja ku rubuga rwa jw.org. Ivyo ni vyo uwitwa Luca yagize. Igihe bariko bariga ibijanye n’amadini atandukanye, Luca yarabonye ko igitabu bariko barakoresha carimwo ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova. Naho yabanje gutinyatinya, yarasavye uruhusha rwo gutanga amakuru y’ukuri, kandi umwigisha yarabimwemereye. Uretse ko Luca yasiguye ivyo yemera, yareretse abanyeshure bose rwa rubuga rwacu. Umwigisha yaciye abaha agakorwa ngo bazorabe akavidewo kavuga ngo Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara. Luca yarahimbawe kubera yashoboye gushinga intahe nziza.

13. Kubera iki tudakwiye gucika intege igihe dushikiwe n’ingorane?

13 Naho wohura n’intambamyi, ntucike intege. (2 Tim. 4:2) Igihe ushikiwe n’ingorane, niwumire ku migambi yawe. Uwitwa Katharina yari afise imyaka 17 igihe yishingira umugambi wo kubwira inkuru nziza abo bakorana bose. Umwe muri bo yaramututse kenshi, ariko Katharina ntiyacitse intege. Ukuntu yavyifashemwo neza vyarakoze ku mutima uwundi bakorana yitwa Hans. Ivyo vyatumye asoma ibitabu vyacu, ariga Bibiliya hanyuma arabatizwa. Ivyo vyose Katharina nta vyo yamenye kuko yari yarimutse. Ibaze ingene yaryohewe haciye imyaka 13 igihe yari kumwe n’umuryango wiwe mu Ngoro y’Ubwami, akaza yumva bavuze ko Hans ari we mushikirizansiguro w’umushitsi! Emwe, Katharina yaragize neza kubona atahevye umugambi wiwe wo kubwira inkuru nziza abo bakorana!

NTUSAMARE

14, 15. (a) Abakiri bato bakwiye gukora iki igihe bohejwe nabi? (b) Abakiri bato borwanya gute akosho k’urunganwe?

14 Gushika aha, iki kiganiro caremesheje abakiri bato gushira imbere mu buzima bwabo icipfuzo co gukorera Yehova. Ivyo bisobanura gushingira ubuzima bwanyu ku migambi y’ivy’impwemu. Abandi bakiri bato bashobora kuba bashingira ubuzima bwabo ku kwinezereza, kandi hari aho bokuremesha kwifatanya na bo. Bitebe bitebuke, uzobwirizwa kwerekana ko wipfuza cane kwumira ku mahitamwo wagize. Ntureke ngo akosho k’urunganwe kagusamaze. Tugarutse kuri ka karorero ka bisi, ubwo wopfa iyo winjiyemwo ngo ni uko gusa abayirimwo basa n’abariko bariryohera?

15 Hariho uburyo butandukanye bwo kurwanya akosho k’urunganwe. Nk’akarorero, niwirinde ibintu uzi ko vyokwosha nabi. (Imig. 22:3) Vyongeye, niwame wiyibutsa ingaruka mbi zo kwifatanya n’abigenza nabi. (Gal. 6:7) Ikindi cogufasha ni ukwemera ko ukeneye impanuro. Kwicisha bugufi bizotuma wemera impanuro uhawe n’abavyeyi bawe be n’abo mw’ishengero bahumuye mu vy’impwemu.​—Soma 1 Petero 5:5, 6.

16. Tanga akarorero kerekana igituma ari vyiza kwicisha bugufi.

16 Ukwicisha bugufi kwaratumye uwitwa Christoph yemera impanuro. Haciye igihe gito abatijwe, yaratanguye kuza araja kwinonora imitsi mu kigo kimwe. Abandi bakiri bato bo muri ico kigo bamuremesheje kuja mu mugwi wabo w’inkino. Yariganiye ico kintu umukurambere umwe, na we aca amubwira ko imbere yo gufata ingingo yozirikana ku kaga karimwo, nko kugira agatima ko guhiganwa. Naho ari ukwo, Christoph yaragiye muri nya mugwi. Ariko rero haciye igihe, yarabonye ko urwo rukino rurimwo ububisha, mbere n’akaga. Yarasubiriye kuganira n’abakurambere batari bake, na bo baramuha impanuro zishingiye ku Vyanditswe. Avuga ati: “Yehova yarampaye abahanuzi beza kandi naramwumviye naho vyatwaye igihe.” Woba wicisha bugufi ku buryo wemera impanuro?

17, 18. (a) Yehova yipfuriza iki abakiri bato muri iki gihe? (b) Ni ikintu kibabaje ikihe gishobora gushika umuntu amaze gukura, kandi wocirinda gute? Tanga akarorero.

17 “Nezerwa, musore [canke mwigeme], mu buto bwawe, kandi umutima wawe ukugirire neza mu misi y’ubu[to] bwawe.” (Umus. 11:9) Ego cane, Yehova yipfuza ko abakiri bato bahimbarwa. Iki kiganiro catweretse uburyo bumwe bwo kubigira. Niwitunire ku migambi y’ivy’impwemu, wibuke Yehova mu vyo ukora vyose. Niwatangura kubigira hakiri kare, ntuzoteba kubona ko Yehova akuyobora, akagukingira kandi akaguhezagira. Nuzirikane impanuro nziza zose ziri mw’Ijambo ry’Imana maze ufate nkama iyigira iti: “Niwibuke rero Umuremyi wawe Ahambaye mu misi y’ubu[to] bwawe.”​—Umus. 12:1.

18 Burya amashurwe aruma akabisa ayandi. Abakiri bato barateba bakaba abantu bakuze. Ikibabaje, benshi bamaze gukura baricuza kubera bakurikiranye imigambi mibi bakiri bato canke kubera ko ata migambi bigeze bishingira. Ariko abakiri bato bitunira ku migambi y’ivy’impwemu muri iki gihe, bazokwironkera agahimbare ntangere bamaze gukura. Ukwo ni ko vyagendeye uwitwa Mirjana. Akiri umuyabaga, yari umunonotsi karuhariwe. Yarasabwe kuja mu nkino mpuzamakungu, ariko yahisemwo kuja mu murimo w’igihe cose. Ubu haraciye imyaka irenga 30, kandi Mirjana n’umugabo wiwe baracari mu murimo w’igihe cose. Asigura ati: “Kuba rurangiranwa, kugira icubahiro, ububasha n’ubutunzi ni ibintu bimara akanya gato mu buzima. Umugambi mwiza cane kandi w’igihe kirekire ni uwo gukorera Imana no kugerageza gufasha abandi mu vy’impwemu.”

19. Nuvuge muri make ivyiza vyo kwishingira imigambi y’ivy’impwemu ukiri muto.

19 Abakiri bato bo mw’ishengero barakwiye gukezwa cane kubera ukuntu batsinda izo ntambamyi kandi bakaba biyemeje gushira imbere umurimo wa Yehova mu buzima bwabo. Ivyo babigira mu gukurikirana imigambi y’ivy’impwemu no mu gushira mu kibanza ca mbere igikorwa co kwamamaza. Vyongeye, baririnda gusamazwa n’iyi si. Barashobora kwizigira badakeka ko utwigoro twabo atari impfagusa. Abavukanyi na bashiki babo barabashigikiye, kandi igihe biragije Yehova, imigambi yabo iraroranirwa.