Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigane Yehova, Imana iremesha

Niwigane Yehova, Imana iremesha

“Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe . . . Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri.”​—YES. 41:10.

INDIRIMBO: 7, 3

1. Ni indemesho iyihe Yehova yatanze igihe haba ubugarariji muri Edeni?

KUVA aho abantu bacumuriye bakaba abadatunganye, Yehova yaragaragaye ko ari Imana iremesha. Ubugarariji bwo muri Edeni bukimara kuba, yaciye avuga ikintu cotumye abakomoka kuri Adamu barema. Umuryango w’abantu wari ugifise icizigiro. Abantu bamaze gutahura umuhango uri mw’⁠Itanguriro 3:15, bogize icizigiro c’uko impera n’imperuka “ya nzoka yo mu ntango” ari yo Shetani, yokuweho be n’ibikorwa vyiwe vyose bibi.​—Ivyah. 12:9; 1 Yoh. 3:8.

YEHOVA YARAREMESHEJE ABASAVYI BIWE BA KERA

2. Yehova yaremesheje gute Nowa?

2 Nowa umusavyi wa Yehova, yabaye mw’isi itibanga Imana. Umuryango wiwe wonyene ni wo wasenga Yehova. Kubera ko ububisha n’ubuhumbu vyari vyabaye ndanse, Nowa yari gushobora kwihebura. (Ita. 6:4, 5, 11; Yuda 6) Mugabo Yehova yaramumenyesheje ibintu vyatumye arema, ku buryo yaciye aguma ‘agendana n’Imana.’ (Ita. 6:9) Yehova yabwiye Nowa yuko agiye gukuraho iyo si mbi, yongera amubwira ivyo ategerezwa gukora kugira ngo umuryango wiwe uzorokoke. (Ita. 6:13-18) Vy’ukuri, Yehova yarabereye Nowa Imana iremesha.

3. Yosuwa yaremeshejwe gute? (Raba ishusho itangura.)

3 Mu nyuma, Imana yarashinze Yosuwa igikorwa kitoroshe co gushikana abasavyi bayo muri ca Gihugu c’isezerano. Ivyo vyamusaba gutsinda ingabo zikomeye z’amahanga y’abansi zari muri ako karere. Yosuwa rero ntiyari kubura guhagarika umutima. Kubera ko Yehova yatahura ico kintu, yaciye asaba Musa ngo aremeshe Yosuwa. Imana yavuze iti: “Shinga igikorwa Yosuwa, umuremeshe wongere umukomeze, kuko ari we azojabuka imbere y’aba bantu, kandi ni we azotuma batorana igihugu uza kubona.” (Gus. 3:28) Imbere y’uko Yosuwa atangura ico gikorwa, Yehova yaramuremesheje ati: “None si jewe ndagutegetse? Gira umutima rugabo kandi ukomere. Nturanduke umutima canke ngo ucike ivutu, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose.” (Yos. 1:1, 9) Ese ukuntu yari amuremesheje!

4, 5. (a) Yehova yaremesheje gute abasavyi biwe ba kera? (b) Yehova yaremesheje gute Umwana wiwe?

4 Uretse ko Yehova yaremesheje abantu ku giti cabo, yaranaremesheje abasavyi biwe uko bagize umugwi. Mu buryo bw’ubuhanuzi, yarahumurije Abayuda bari baragizwe imbohe i Babiloni ati: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe. Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri. Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi.” (Yes. 41:10) Abakirisu bo mu ntango na bo nyene bararemeshejwe, kandi n’abasavyi b’Imana bo muri iki gihe ni ukwo nyene.​—Soma 2 Abakorinto 1:3, 4.

5 Na Yezu ubwiwe yararemeshejwe na Se wiwe. Igihe yabatizwa, yarumvise ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” (Mat. 3:17) Ese ukuntu ayo majambo ategerezwa kuba yarakomeje Yezu mu busuku yaranguriye ng’aha kw’isi!

YEZU YARAREMESHEJE ABANDI

6. Wa mugani w’italanto uturemesha gute?

6 Yezu yariganye Se wiwe. Muri wa mugani w’italanto uvuga ibijanye n’insozero y’ivy’isi, Yezu araturemesha kuba abizigirwa. Shebuja wa ba bashumba yabwiye umwe wese mu bashumba b’abizigirwa ati: “Wakoze neza, mushumba mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bikeya. Nzogushinga vyinshi. Injira mu kanyamuneza ka shobuja.” (Mat. 25:21, 23) Mbega ukuntu yaturemesheje kuguma dukorera Yehova turi abizigirwa!

7. Yezu yaremesheje gute intumwa ziwe, na canecane Petero?

7 Intumwa za Yezu zarahazuka kenshi zishaka kumenya umukuru muri zo. Mugabo Yezu yarabaremesheje yihanganye ngo bicishe bugufi kandi bakorere abandi, aho kurondera gukorerwa. (Luka 22:24-26) Petero wewe yarahemukiye Yezu akatari gake. (Mat. 16:21-23; 26:31-35, 75) Aho kumuheba, Yezu yaramuremesheje, mbere aramushinga igikorwa co gukomeza abavukanyi biwe.​—Yoh. 21:16.

ABAREMESHEJWE MU BIHE VYA KERA

8. Hezekiya yaremesheje gute abakuru ba gisirikare be n’abantu bo muri Yuda?

8 N’imbere yuko uwo Mwana wa Yehova aza kw’isi gutanga akarorero ntangere k’ingene tworemeshanya, abasavyi ba Yehova b’abizigirwa baratahura ko indemesho ari nkenerwa. Igihe bari basugerejwe n’Abashuri, Hezekiya yarakoranije abakuru ba gisirikare be n’abantu bo muri Yuda kugira abaremeshe. Dusoma duti: “Nuko abantu bishimikiza amajambo [yiwe].”​—Soma 2 Ngoma 32:6-8.

9. Igitabu ca Yobu kitwigisha iki ku bijanye no kuremesha abandi?

9 Naho Yobu yari akeneye guhozwa, yarahaye ba “bahoza batera umubabaro” icigwa mu bijanye no kuremesha abandi. Yababwiye ko iyo aba mu kibanza cabo, yari ‘kubakomeza n’amajambo y’akanwa kiwe, kandi ko ukwirura kw’iminwa yiwe kwobatururuje.’ (Yobu 16:1-5) Amaherezo, Yobu yararemeshejwe na Elihu be na Yehova ubwiwe.​—Yobu 33:24, 25; 36:1, 11; 42:7, 10.

10, 11. (a) Kubera iki umukobwa wa Yefuta yari akeneye kuremeshwa? (b) Ni bande muri iki gihe bakeneye indemesho nk’izo?

10 Uwundi muntu wa kera yari akeneye kuremeshwa ni umukobwa wa Yefuta. Imbere y’uko wa mucamanza Yefuta aja kurwanya Abamoni, yaraganiye Yehova ko aramutse amufashije gutahukana intsinzi, uwosohotse ubwa mbere kumusanganira avuye ku rugamba yomweguriye Yehova akaja kumukorera kw’itaberenakulo. Uzi n’inkuru? Umukobwa wiwe w’ikinege ni we yasohotse kumusanganira. Ivyo vyaravunye umutima Yefuta. Mugabo yarashikije indagano yiwe, ararungika uwo mukobwa wiwe w’isugi i Shilo gukorera kw’itaberenakulo ubuzima bwiwe bwose.​—Abac. 11:30-35.

11 Naho Yefuta bitamworoheye, bishobora kuba vyaragoye umukobwa wiwe kuruta, ariko yaremeye n’umutima ukunze gushigikira ingingo se yari yafashe. (Abac. 11:36, 37) Yari ahevye rero uburenganzira bwo kwubaka urwiwe, kwibaruka abana no kuzigama izina be n’intoranwa vy’umuryango. Nimba hari umuntu yari akeneye indemesho, emwe, yari we. Bibiliya yigana iti: “Ibi biba ingingo nyobozi muri Isirayeli: Ku mwaka ku mwaka, abakobwa ba Isirayeli baragenda gukeza umukobwa wa Yefuta Umugileyadi, imisi ine mu mwaka.” (Abac. 11:39, 40) None abakirisu batarubaka izabo bakoresha ubuzima bwabo mu gushira “ivy’Umukama” imbere, ntibakwiye na bo nyene gukezwa no kuremeshwa?​—1 Kor. 7:32-35.

INTUMWA ZARAREMESHEJE ABAVUKANYI

12, 13. Ni gute Petero ‘yakomeje bene wabo’?

12 Buca Yezu apfa, yabwiye intumwa Petero ati: “Simoni, Simoni, ehe Shetani yabasavye ngo abagosore nk’ingano. Mugabo natakamvye ku bwawe kugira ngo ukwizera kwawe ntikudegere; nawe, niwamara kugaruka, ukomeze bene wanyu.”​—Luka 22:31, 32.

Amakete y’intumwa yararemesheje cane amashengero yo mu kinjana ca mbere, kandi no muri kino gihe aracaturemesha

(Raba ingingo ya 12-17)

13 Petero yarabaye inkingi mw’ishengero ryo mu ntango. (Gal. 2:9) Yararemesheje abavukanyi biwe biciye ku butwari yagaragaje kuri Pentekoti be n’inyuma yaho. Amaja mu mpera y’ubusuku yamaze igihe kinini arangura, yarandikiye abakirisu bagenziwe. Yabasiguriye ati: “Ndabandikiye muri make ngo ntange indemesho, nshinge n’intahe ndabigiranye ubwira yuko ubu ari bwo buntu nyakuri ata wari abukwiriye bw’Imana; mubuhagararemwo mushikamye.” (1 Pet. 5:12) Amakete Petero yanditse ahumekewe yarabandanije kuremesha abakirisu kuva kera gushika n’ubu. Ese ukuntu dukeneye cane izo ndemesho narirya turorereye iranguka ry’imigambi ya Yehova!​—2 Pet. 3:13.

14, 15. Ivyo intumwa Yohani yanditse ahumekewe vyaremesheje gute abakirisu mu binjana n’ibindi?

14 Intumwa Yohani na we nyene yarabaye inkingi mw’ishengero ryo mu ntango. Inkuru y’inkoramutima yigana ubusuku bwa Yezu dusanga mu Njili yanditse, yarabereye abakirisu isôko ry’indemesho mu binjana n’ibindi gushika n’ubu. Injili yiwe ni yo yonyene itubwira ko Yezu yavuze yuko urukundo ari rwo ruranga abakirisu b’ukuri.​—Soma Yohani 13:34, 35.

15 Amakete atatu Yohani yanditse arimwo n’ubundi butunzi bwerekeye ukuri. None iyo turemerewe n’ibicumuro, ntiturema dusomye yuko ‘amaraso ya Yezu atwoza igicumuro cose’? (1 Yoh. 1:7) Vyongeye, iyo umutima wacu uguma utwagiriza, ntiturengerwa n’umunezero igihe dusomye yuko “Imana iruta imitima yacu”? (1 Yoh. 3:20) Yohani wenyene ni we yanditse yuko “Imana ari urukundo.” (1 Yoh. 4:8, 16) Mw’ikete ryiwe rya kabiri n’irya gatatu, arakeza abakirisu “babandanya kugendera mu kuri.”​—2 Yoh. 4; 3 Yoh. 3, 4.

16, 17. Intumwa Paulo yaremesheje gute abakirisu bo mu ntango?

16 Mu kinjana ca mbere, birashoboka ko Paulo ari we yaremesheje abavukanyi biwe kuruta izindi ntumwa zose. Biboneka ko mu ntango y’ubukirisu, intumwa nka zose zaguma i Yeruzalemu, ari na ho inama nyobozi yabandanije gukorera. (Ivyak. 8:14; 15:2) Abakirisu b’i Yudaya barigisha ivyerekeye Kristu abantu bari basanzwe bemera Imana imwe kubera ko bari mw’idini ry’Abayuda. Intumwa Paulo wewe yari yarungitswe n’impwemu nyeranda kubwira ubutumwa bwiza abantu bo mu mahanga y’Abagiriki n’Abaroma, bakaba basenga Imana nyinshi.​—Gal. 2:7-9; 1 Tim. 2:7.

17 Paulo yaragize ingendo nyinshi ahitwa ubu Tirkiya, mu Bugiriki no mu Butaliyano, arashinga amashengero mu batari Abayuda. Abo bantu bari baherutse kuba abakirisu ‘baratejwe imibabaro n’abo basangiye igihugu,’ bakaba rero bari bakeneye kuremeshwa. (1 Tes. 2:14) Nko mu mwaka wa 50 inyuma ya Kristu, Paulo yarandikiye ishengero ry’i Tesalonika ryari riherutse kuvuka ati: “Twama dukengurukira Imana iyo tubashize mwese mu masengesho yacu, kuko tuguma twibuka igikorwa canyu kiva ku kwizera, ukubira akuya kwanyu kuvuye ku rukundo, be n’ukwihangana kwanyu.” (1 Tes. 1:2, 3) Yaranabahimirije gukomezanya, ati: “Mugume rero muhozanya mwongera mwubaka bagenzi banyu.”​—1 Tes. 5:11.

INAMA NYOBOZI IREMESHA

18. Inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yaremesheje gute Filipo?

18 Inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yarabereye isôko ry’indemesho abaja imbere abandi be n’abakirisu muri rusangi. Igihe wa mwamamazanjili Filipo yigisha Abasamariya ivyerekeye Kristu, abagize inama nyobozi baramushigikiye bimwe bishitse. Bararungitse babiri muri bo, Petero na Yohani, kugira basengere abari baherutse gucika abemera, ngo baronke impwemu nyeranda. (Ivyak. 8:5, 14-17) Ese ukuntu Filipo n’abo yari yarafashije kumenya ukuri bategerezwa kuba bararemeshejwe n’ukuntu inama nyobozi yabashigikiye!

19. Ikete inama nyobozi yarungikiye amashengero yo mu ntango ryafashije gute?

19 Mu nyuma, inama nyobozi yaricariye ikibazo c’uko abakirisu batari Abayuda boba bakwiye kugenyerwa, nk’uko Itegeko rya Musa ryabisaba Abayuda. (Ivyak. 15:1, 2) Bayobowe n’impwemu nyeranda kandi bamaze kuzirikana ku Vyanditswe, abo bavukanyi baja imbere abandi bafashe ingingo y’uko bitari bigikenewe, baca bandikira amashengero ikete ryo kubibamenyesha. Abaserukira inama nyobozi bararungitswe mu mashengero kugira bashikirize iryo kete. None havuyemwo iki? Dusoma duti: “Bamaze kurisoma, banezerezwa n’iyo ndemesho.”​—Ivyak. 15:27-32.

20. (a) Inama Nyobozi iremesha gute muri iki gihe abagize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose? (b) Ni ikibazo ikihe kizokwishurwa mu kiganiro gikurikira?

20 Muri iki gihe, Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova iraremesha abagize umuryango wa Beteli n’abandi bari mu murimo udasanzwe w’igihe cose, eka mbere n’umuryango wose w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Nk’uko vyagenze mu kinjana ca mbere, na bo nyene baranezerezwa n’indemesho baronka. Vyongeye mu 2015, Inama Nyobozi yarasohoye agatabu Nugaruke kuri Yehova, akabereye isôko ry’indemesho benshi hirya no hino kw’isi. Ariko none abaja imbere abandi boba ari bo bonyene bakwiye kwigana Yehova mu gutanga indemesho? Ico kibazo kizokwishurwa mu kiganiro gikurikira.