Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukorere Yehova ya Mana y’umwidegemvyo

Nukorere Yehova ya Mana y’umwidegemvyo

“Aho impwemu ya Yehova iri, ni ho haba umwidegemvyo.”​—2 KOR. 3:17.

INDIRIMBO: 49, 73

1, 2. (a) Kubera iki abantu bo mu gihe ca Paulo barazwa ishinga n’ubushumba be n’umwidegemvyo? (b) Paulo yavuze ko ari nde atanga umwidegemvyo nyakuri?

ABAROMA wasanga birata ngo ni aba mbere mu guharanira amategeko, ubutungane n’umwidegemvyo. Yamara rero, ubutunzi n’ububasha bw’inganji y’Uburoma ahanini vyava ku bikorwa vy’abashumba. Bivugwa ko abashumba bigeze gushika ku bice 30 kw’ijana vy’abanyagihugu bose. Nta gukeka ko ubushumba be n’umwidegemvyo vyari ibintu biraje ishinga abanyagihugu, n’abakirisu badasigaye inyuma.

2 Amakete intumwa Paulo yanditse yaravuga cane ibijanye n’umwidegemvyo. Ariko rero, intumbero y’ubusuku bwiwe ntiyari iyo guharanira amahinduka mu kibano canke mu vya politike, ivyo bikaba ari vyo abantu b’ico gihe barondera. Aho kwizigira ko umutegetsi canke ishirahamwe kanaka ari vyo bizotuma haboneka umwidegemvyo, Paulo be n’abakirisu bagenziwe bihatira nyabuna kwigisha abandi inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana n’agaciro gahebuje k’incungu ya Kristu Yezu. Paulo yareretse abo basangiye ukwemera isôko ry’umwidegemvyo nyakuri. Nk’akarorero, mw’ikete rigira kabiri yandikiye abakirisu b’i Korinto, yatomoye ati: “Yehova rero ni we Mpwemu; kandi aho impwemu ya Yehova iri, ni ho haba umwidegemvyo.”​—2 Kor. 3:17.

3, 4. (a) Ni igiki catumye Paulo avuga amajambo ari mu 2 Abakorinto 3:17? (b) Dutegerezwa gukora iki kugira ngo turonke umwidegemvyo Yehova atanga?

3 Mu ntango y’iryo kete yandikiye Abakorinto, Paulo yaravuze ibijanye n’ubuninahazwa Musa yari afise igihe yamanuka avuye ku Musozi Sinayi ahejeje kubonana n’umumarayika wa Yehova. Igihe abantu babona Musa baciye bagira ubwoba, Musa aca aritwikira mu maso. (Kuv. 34:29, 30, 33; 2 Kor. 3:7, 13) Paulo yasiguye ati: “Mugabo iyo habaye uguhindukirira Yehova, ico citwikiro kirakurwaho.” (2 Kor. 3:16) None ayo majambo asobanura iki?

4 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Yehova we Muremyi w’ibiriho vyose, ni we wenyene afise umwidegemvyo utagira aho ugarukira. Urumva rero ko aho Yehova ari be n’“aho impwemu ya Yehova iri,” ari ho hari umwidegemvyo. Ariko rero kugira ngo turonke uwo mwidegemvyo kandi tuwungukireko, dutegerezwa ‘guhindukirira Yehova,’ ni ukuvuga kugiranira ubucuti na we. Igihe Abisirayeli bari mu gahinga, ntibabona mu buryo bubereye ivyo Yehova yabakoreye. Bari bafise imitima n’imizirikanyi itwikiriwe kandi ikomantaye, bakitwararika gukoresha gusa mu buryo bw’umubiri umwidegemvyo bari baherutse kuronka igihe bakurwa mu Misiri.​—Heb. 3:8-10.

5. (a) Impwemu ya Yehova itanga umwidegemvyo nyabaki? (b) Ni igiki kitwereka ko kubura umwidegemvyo wo mu buryo bw’umubiri bitagabanya uwo Yehova atanga? (c) Ni ibibazo ibihe dukeneye kurimbura?

5 Yamara rero, umwidegemvyo utangwa n’impwemu ya Yehova si ugukurwa gusa mu buja busanzwe. Impwemu ya Yehova iradukura mu buja bw’igicumuro n’urupfu no mu buja bw’ugusenga kw’ikinyoma be n’imigenzo yakwo, ivyo akaba ata muntu n’umwe ashobora kudufasha kubishikako. (Rom. 6:23; 8:2) Ese ukuntu ari umwidegemvyo w’agahore! Naho umuntu yoba apfunzwe canke ari umushumba, arashobora kuronka uwo mwidegemvyo. (Ita. 39:20-23) Ukwo ni ko vyari ku muvukanyi Harold King, uwamaze imyaka apfunzwe ahorwa ukwizera kwiwe. Urashobora kumubona no kwumviriza ingene atwiganira ivyamushikiye kuri ya televiziyo ya JW. (Raba ahavuga ngo IBIGANIRO N’INKURU Z’IVYABAYE > KWIHANGANIRA IBIGERAGEZO.) Ariko rero, turakeneye kurimbura ibi bibazo: Twokwerekana gute ko duha agaciro umwidegemvyo dufise? Vyongeye, twokoresha gute neza uwo mwidegemvyo?

DUHE AGACIRO UMWIDEGEMVYO IMANA YADUHAYE

6. Abisirayeli berekanye gute ko batakenguruka umwidegemvyo Yehova yabahaye?

6 Iyo dutahuye agaciro k’ikintu batugabiye, duca dukengurukira uwakiduhaye. Abisirayeli ntibahaye agaciro umwidegemvyo Yehova yabahaye igihe yabakura mu buja mu Misiri. Haciye amezi makeyi bakuweyo, baciye batangura kwipfuza ibifungurwa n’ibinyobwa bahora baronka mu Misiri, baca batangura gusuzugura ivyo Yehova yabaronsa, mbere bashaka kwisubirira mu Misiri. Ibaze ntuze! Bashize imbere ‘amafi, amakonkombure, amapasiteke, ibitunguru vya pwaro, ibitunguru vy’amagoma n’ibitunguru sumu,’ babirutisha umwidegemvyo Imana y’ukuri yabahaye wo kuyisenga. None wumva bitangaje kubona Yehova yarashavuriye cane abasavyi biwe? (Guh. 11:5, 6, 10; 14:3, 4) Emwe, ico ni icigwa kuri twebwe!

7. Paulo yisunze gute impanuro yatanze mu 2 Abakorinto 6:1, kandi twomwigana gute?

7 Intumwa Paulo yahimirije abakirisu bose kudafata minenerwe umwidegemvyo Imana yaduhaye ibigiranye umutima mwiza biciye ku Mwana wayo Yezu Kristu. (Soma 2 Abakorinto 6:1.) Niwibuke ingene Paulo yumvise afise amaganya n’umubabaro kubera yari umushumba w’igicumuro n’urupfu. Naho ari ukwo, yavuganye ugukenguruka ati: “Hashimirwe Imana biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu!” Uti kubera iki? Yasiguriye abakirisu bagenziwe ati: “Kuko itegeko rya ya mpwemu itanga ubuzima mu bumwe na Kristu Yezu ryabagize abidegemvya mukava kw’itegeko ry’igicumuro rikaba n’iry’urupfu.” (Rom. 7:24, 25; 8:2) Nk’uko kwa Paulo, na twebwe ntidukwiye kwigera twirengagiza ko Yehova yadukuye mu buja bw’igicumuro n’urupfu. Biciye ku ncungu, turashobora gukorera Imana dufise ijwi ryiza ryo mu mutima kandi tugahimbarwa cane no kuyikorera.​—Zab. 40:8.

Woba ukoresha umwidegemvyo ufise wo kwihitiramwo mu guteza imbere igikorwa c’Ubwami canke uwukoresha mu vyo wikundira? (Raba ingingo ya 8-10)

8, 9. (a) Ni ingabisho iyihe intumwa Petero yaduhaye ku bijanye no gukoresha umwidegemvyo dufise? (b) Ni ibiki bitugeramiye muri iki gihe?

8 Ariko rero, uretse ugukenguruka, turakwiye kandi kuba maso kugira ntitwigere dukoresha nabi umwidegemvyo w’agaciro dufise. Intumwa Petero yaratugabishije ku bijanye no gukoresha umwidegemvyo wacu nk’icitwazo co gutsimbataza ivyipfuzo vy’umubiri. (Soma 1 Petero 2:16.) None iyo ngabisho ntica itwibutsa ivyashikiye Abisirayeli mu gahinga? Na twebwe turageramiwe, kumbure mbere kurusha abo Bisirayeli. Shetani n’isi yiwe nta co batagira ngo boshe abantu mu bijanye n’inyambaro no kwitunganya, kurya no kunywa, kwisamaza no kwiruhura, no mu bindi vyinshi. Abahinga mu vyo guhaya ibidandazwa akenshi bakoresha abantu bezabeza kugira bagerageze gutuma twipfuza ibintu vyinshi ku bwa ngingo tudakeneye. Ese ingene vyoroshe ko tugwa muri uwo mutego, tugakoresha nabi umwidegemvyo wacu!

9 Impanuro Petero yatanze irerekeye n’imice ihambaye kuruta y’ubuzima bwacu, nk’ibijanye no guhitamwo amashure, akazi canke umwuga. Nk’akarorero, muri kino gihe abakiri bato barahimirizwa cane kwiga amakaminuza akomakomeye. Babwirwa ko kwiga amashure ahanitse bituma bazoronka akazi keza kandi k’umushahara ufadika. Vyongeye, ibiharuro akenshi vyerekana ko abize amashure ahanitse bahembwa umushahara ata ho uhuriye n’uwabize amashure asanzwe. Abakiri bato boshobora gukwegakwegwa n’ivyo vyiyumviro kubera ko usanga barazwa ishinga no kuroranirwa mu buzima. None ni igiki bo hamwe n’abavyeyi babo bogumiza ku muzirikanyi?

10. Ni igiki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe dukoresha uburenganzira dufise bwo kwihitiramwo?

10 Kubera ko ayo mahitamwo yega umuntu ku giti ciwe, hari abobona ko bafise umwidegemvyo wo kwihitiramwo ico bashaka cose igihe ijwi ryabo ryo mu mutima ata co ribagiriza. Hari aho boba bisunga amajambo Paulo yabwiye abakirisu b’i Korinto ku bijanye n’ibifungurwa ati: “Kubera iki none umwidegemvyo wanje wocirwa urubanza n’ijwi ryo mu mutima ry’uwundi?” (1 Kor. 10:29) Naho vy’ukuri dufise umwidegemvyo wo kwihitiramwo mu bijanye n’amashure be n’akazi, turakwiye kwibuka ko umwidegemvyo wacu uri n’aho ugarukira be n’uko amahitamwo yacu yose agira ingaruka. Ni co gituma Paulo yabanje kuvuga ati: “Vyose biremerwa, mugabo si vyose bifise akarusho. Vyose biremerwa, mugabo si vyose vyubaka.” (1 Kor. 10:23) Ivyo biratwereka yuko igihe dukoresha uburenganzira dufise bwo kwihitiramwo mu mice yose y’ubuzima bwacu, hariho ibintu dukwiye kurimbura bihambaye kuruta ivyo twebwe ubwacu twikundira.

DUKORESHE NEZA UMWIDEGEMVYO DUFISE MU GUKORERA IMANA

11. Kubera iki twakuwe mu buja?

11 Igihe Petero yatugabisha ngo ntidukoreshe nabi umwidegemvyo wacu, yarerekanye n’intumbero tubigirana. Yaduhimirije gukoresha umwidegemvyo wacu “nk’abashumba b’Imana.” Ku bw’ivyo, Yehova yadukuye mu buja bw’igicumuro n’urupfu biciye kuri Yezu kugira ngo tubeho turi “abashumba b’Imana.”

12. Nowa n’umuryango wiwe badusigiye akarorero akahe?

12 Uburyo bwiza bwo kwirinda gukoresha nabi umwidegemvyo wacu bigatuma dusubira kuba abaja b’ivyipfuzo vy’isi, ni ugukurikirana cane imigambi y’ivy’impwemu. (Gal. 5:16) Rimbura akarorero ka Nowa n’umuryango wiwe. Baba mw’isi yuzuyemwo ububisha n’ubuhumbu. Naho ari ukwo, baririnze kwoshwa n’ivyipfuzo be n’imigambi y’abantu bari babakikuje. None ni igiki cabafashije? Bagumye bitwararika ibikorwa vyose Yehova yari yabashinze, aho hakaba harimwo kwubaka ubwato, gutororokanya ibifungurwa vyabo n’ivy’ibikoko, be no kuburira abandi. “Nowa [yakoze] yisunze ivyo Imana yari yamutegetse vyose. Akora kuno nyene.” (Ita. 6:22) None havuyemwo iki? Nowa n’umuryango wiwe bararokotse.​—Heb. 11:7.

13. Ni igikorwa ikihe Yezu yashinzwe hanyuma aca akizeza abayoboke biwe?

13 Yehova adutegeka gukora iki muri iki gihe? Turazi ko Imana yashinze Yezu igikorwa co kwamamaza, Yezu na we agishinga abigishwa biwe. (Soma Luka 4:18, 19.) Muri kino gihe, abantu benshi baracahumwe amaso na ya mana y’iki gihe. Vyongeye, idini, ivy’ubutunzi be n’ikibano vyarabagize abaja. (2 Kor. 4:4) Turafise agateka ko kwigana akarorero ka Yezu tugafasha abantu kumenya no gusenga Yehova ya Mana y’umwidegemvyo. (Mat. 28:19, 20) Ico gikorwa nticoroshe kandi intambamyi ntizibuze. Mu mihingo imwimwe, abantu barushiriza kutabinerwa, mbere bamwebamwe usanga batatwerekwa. Umwe wese muri twebwe arakwiye kwibaza rero ati: ‘Noba nshobora gukoresha umwidegemvyo wanje mu kurushiriza gushigikira igikorwa c’Ubwami?’

14, 15. Abasavyi ba Yehova babona gute igikorwa co kwamamaza? (Raba ishusho itangura.)

14 Biraremesha cane kubona benshi batahura ko turi mu misi ya nyuma, bakaba baroroheje ubuzima kugira ngo bakore umurimo w’igihe cose. (1 Kor. 9:19, 23) Bamwe muri bo bakorera mu vyibare vy’aho baba, abandi na bo bakimukira ahari inkenero kuruta. Raporo zerekana ko mu myaka itanu iheze incahagati y’abatsimvyi basanzwe babaye abarenga 1.100.000, hakaba hiyongereyeko abarenga 250.000 kw’isi yose. Mbega ivyiza biva ku gukoresha neza umwidegemvyo dufise mu gukorera Yehova!​—Zab. 110:3.

15 Ni igiki cafashije abo bavukanyi na bashiki bacu gukoresha neza umwidegemvyo wabo? Rimbura akarorero ka John na Judith, abamaze imyaka 30 bakorera mu bihugu bitandukanye. Baribuka ko igihe Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi ryatangura mu 1977, baremeshwa cane kugira agatima ko kwitanga bakimukira ahari inkenero kuruta. Kugira bagume bumiye kuri uwo mugambi, John avuga ko yagiye arahindagura akazi kugira ngo bagume boroheje ubuzima. Amaherezo, bamaze gushika mu kindi gihugu, bariboneye ko gusenga Yehova no kumwihekako vyabafashije gutsinda intambamyi, nko kwiga urundi rurimi, kumenyera imico kama mishasha be no kwihanganira ikirere batari bamenyereye. None babona gute iyo myaka bamaze muri ico gikorwa? John avuga ati: “Narumvise ko nihebeye igikorwa ciza kuruta ibindi bikorwa vyose. Nararushirije kwibonera ko Yehova ari Umuvyeyi afise urukundo. Naratahuye neza ico amajambo ari muri Yakobo 4:8 asobanura, ayagira ati: ‘Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.’ Nararonse ico narondera, na co akaba ari ubuzima bufise intumbero.”

16. Abantu ibihumbi bari basanzwe bafatiriwe, bakoresheje neza gute umwidegemvyo wabo?

16 Naho John na Judith bashoboye gukora iyo myaka yose, hari abandi bidakundira gukora igihe kirekire gutyo, bivanye n’uko ivyabo vyifashe. Yamara rero, benshi ntibagisha akaryo ko kwitanga mu bikorwa vy’ubwubatsi birangurwa hirya no hino kw’isi. Nk’akarorero, igihe icicaro gikuru cariko kirubakwa i Warwick muri New York, abavukanyi na bashiki bacu bashika 27.000 baramaze ikiringo kiva ku ndwi zibiri gushika ku mwaka canke urenga bitanga mu bikorwa bitandukanye. Benshi muri bo baremeye guhagarika ivyo basanzwe bakora kugira baze gufasha. Ese ukuntu batanze akarorero keza mu gukoresha umwidegemvyo Yehova yabahaye kugira bamushemeze bongere bamutere iteka, we Mana y’umwidegemvyo!

17. Abakoresha neza umwidegemvyo Imana yabahaye biteze kazoza keza akahe?

17 Turakenguruka kubona twaramenye Yehova tukaba kandi dufise umwidegemvyo uva ku gusenga kw’ukuri. Ese amahitamwo tugira yokwerekana ko duha agaciro uwo mwidegemvyo. Aho kuwupfisha ubusa canke kuwukoresha nabi, nimuze tuwukoreshe mu gukorera Yehova uko dushoboye kwose. Nitwabigenza gutyo, tuzokwitegana umushasharo imihezagiro Yehova yasezeranye, iyo tuzokwironkera inyuma y’iranguka ry’ubuhanuzi buvuga ko “ivyaremwe na vyo bizogirwa ivyidegemvya bikava mu buja bw’ukubora, bikagira umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.”​—Rom. 8:21.