Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Turemeshanye kandi “birushirize kumera gutyo”

Turemeshanye kandi “birushirize kumera gutyo”

“Twiyumvirane . . . , turemeshanya, kandi birushirize kumera gutyo uko mubona wa musi wegereza.”​—HEB. 10:24, 25.

INDIRIMBO: 90, 87

1. Kubera iki intumwa Paulo yahimirije abakirisu b’Abaheburayo ‘kurushiriza’ kuremeshanya?

KUBERA iki dukwiye kurushiriza kuremesha abandi? Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’Abaheburayo, aratubwira igituma, ati: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu, nk’uko bamwe babimenyereye, mugabo turemeshanya, kandi birushirize kumera gutyo uko mubona wa musi wegereza.” (Heb. 10:24, 25) Haciye imyaka itanu gusa, abakirisu b’Abayuda baba i Yeruzalemu barabonye ‘umusi wa Yehova’ uriko uregereza, maze baratahura ikimenyetso Yezu yabahaye co guhunga bakava muri ico gisagara. (Ivyak. 2:19, 20; Luka 21:20-22) Uwo musi wa Yehova washitse mu 70 inyuma ya Kristu, igihe Abaroma bashitsa urubanza rwa Yehova kuri Yeruzalemu.

2. Kubera iki dukwiye kurushiriza kuremeshanya muri iki gihe?

2 Muri iki gihe, turafise imvo zumvikana zo kwemera yuko “umusi wa Yehova uhambaye kandi uteye ubwoba cane” uri hafi. (Yow. 2:11) Umuhanuzi Zefaniya yavuze ati: “Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi. Uri hafi, kandi urihuta cane.” (Zef. 1:14) Iyo mburi na twebwe iraturaba. Kubera ko uwo musi wa Yehova wegereje, Paulo aduhanura ngo “twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza.” (Heb. 10:24) Turakwiye rero kurushiriza kwitwararika abavukanyi bacu kugira tubaremeshe igihe cose bikenewe.

NI BANDE BAKENEYE KUREMESHWA?

3. Intumwa Paulo yavuze iki ku bijanye no kuremesha abandi? (Raba ishusho itangura.)

3 “Amaganya mu mutima w’umuntu awutera kwicurikira, mugabo ijambo ryiza rirawunezereza.” (Imig. 12:25) Ukwo ni ko biri kuri twese. Birashika tugakenera akajambo k’indemesho. Paulo yarerekanye yuko abafise ibanga ryo kuremesha abandi na bo nyene bakenera kuremeshwa. Yandikiye abakirisu baba i Roma ati: “Ncambirwa kubabona, kugira ndabahe ingabirano y’ivy’impwemu kugira ngo mugirwe abashikamye; canke riho, kugira habe uguhanahana indemesho muri mwebwe, umwe wese akaremeshwa biciye ku kwizera kw’uwundi, ukwanyu n’ukwanje.” (Rom. 1:11, 12) Egome, naho Paulo yari intangakarorero mu kuremesha abandi, vyarashika na we nyene agakenera kuremeshwa.​—Soma Abaroma 15:30-32.

4, 5. Ni bande dukwiye kuremesha muri iki gihe, kandi kubera iki?

4 Turakwiye gukeza abakoresha ubuzima bwabo mu kwitanga. Aho twovuga nk’abatsimvyi twikundira. Benshi barahevye vyinshi kugira bashobore gukora ubutsimvyi. Ukwo ni ko biri ku bamisiyonari, Abanyabeteli, abacungezi b’imizunguruko n’abakenyezi babo, be n’abakora mu biro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene. Abo bose baragira ivyo bahevye kugira baronke umwanya wiyongereye wo gukora umurimo mweranda. Barakwiye rero kuremeshwa. Hariho n’abandi benshi boshimye kuguma mu murimo w’igihe cose mugabo bakaba batakibishoboye kubera imvo zitandukanye. Na bo nyene barabishima iyo tubaremesheje.

5 Abavukanyi na bashiki bacu baguma batubatse izabo kubera bipfuza kwisunga itegeko ridusaba kwubaka “mu Mukama gusa” na bo nyene barakwiye kuremeshwa. (1 Kor. 7:39) Eka n’abakenyezi bakora cane barakenguruka amajambo y’indemesho abanega babo bababwira. (Imig. 31:28, 31) Vyongeye, abakirisu baguma ari abizigirwa mu ruhamo canke iyo barwaye barakenera kwumva akajambo k’indemesho. (2 Tes. 1:3-5) Yehova na Yezu barahumuriza abo bavukanyi bose b’abizigirwa.​—Soma 2 Abatesalonika 2:16, 17.

ABAKURAMBERE BARIHATIRA KUTUREMESHA

6. Nk’uko bivugwa muri Yesaya 32:1, 2, abakurambere bafise uruhara nyabaki?

6 Soma Yesaya 32:1, 2Yezu Kristu abicishije ku bavukanyi barobanuwe be n’“abaganwa” babashigikira bo mu zindi ntama, ni ukuvuga abakurambere, araremesha akongera agaha ubuyobozi abihebuye n’abacitse intege muri iki gihe kigoye. Ukwo ni ko bikwiye kumera, kuko abakurambere ‘bataganza’ ukwizera kw’abavukanyi babo, ahubwo ‘ni abakozi bagenzi babo’ ku bw’akanyamuneza kabo.​—2 Kor. 1:24.

7, 8. Uretse amajambo y’indemesho abakurambere babwira abandi, ni mu bundi buryo ubuhe bobaremesha?

7 Intumwa Paulo yaratanze akarorero abakurambere bokwigana. Yandikiye abakirisu b’i Tesalonika bari mu ruhamo ati: “Kubera tubafitiye ikibabarwe, twarahimbawe cane no kutabaha inkuru nziza y’Imana gusa, mugabo n’ubuzima bwacu bwite, kuko mwabaye abakundwa kuri twebwe.”​—1 Tes. 2:8.

8 Mu kwerekana ko ijambo ry’indemesho ryonyene ritama rihagije, Paulo yabwiye abakurambere b’i Efeso ati: “Mutegerezwa gusahiriza abagoyagoya, kandi . . . mutegerezwa kwibuka ya majambo y’Umukama Yezu, igihe we ubwiwe yavuga ati: ‘Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.’” (Ivyak. 20:35) Uretse ko Paulo yari afise umutima ukunze wo kuremesha abavukanyi, ‘yaranitanga wese ku bwabo.’ (2 Kor. 12:15) Muri ubwo buryo nyene, abakurambere ntibakwiye kuremesha no guhumuriza abavukanyi babo mu majambo gusa, ariko kandi bobereka ko babitwararika biciye ku vyo babakorera.​—1 Kor. 14:3.

9. Abakurambere botanga gute impanuro mu buryo buremesha?

9 Kuremesha abandi vyoshobora kuba ari ukubaha impanuro. Ariko no ng’aho, abakurambere bokwisunga uturorero turi muri Bibiliya mu bijanye no gutanga impanuro mu buryo buremesha. Akarorero ntangere muri ivyo katanzwe na Yezu ubwiwe amaze gupfa hanyuma akazuka. Naho yabwirizwa guha impanuro zikomeye amashengero amwamwe yo muri Aziya Ntoyi, nurabe ingene yabigenjeje. Imbere yo kubahanura, yabanje gukeza cane ishengero ry’i Efeso, iry’i Perugamo n’iry’i Tiyatira. (Ivyah. 2:1-5, 12, 13, 18, 19) Yabwiye ishengero ry’i Lawodiseya ati: “Abo niyumvamwo bose ndabakangira kandi nkabatoza indero. Nugire umwete rero, wigaye.” (Ivyah. 3:19) Vyoba vyiza rero abakurambere biganye akarorero ka Kristu igihe batanga impanuro.

SI IBANGA RY’ABAKURAMBERE GUSA

Bavyeyi, mwoba muriko muramenyereza abana banyu kuremesha abandi? (Raba ingingo ya 10)

10. Twese dushobora gute gukomeza abandi?

10 Abakurambere si bo bonyene bakwiye kuremesha abandi. Paulo yahimirije abakirisu bose kuvuga “ijambo ryose ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza” abandi. (Ef. 4:29) Umwe wese rero arakwiye kwiyumvira ico yokora kugira afashe abandi. Paulo yahanuye Abaheburayo ati: “Mugorore amaboko aregarega n’amavi agoyagoya, kandi mubandanye gutunganiriza ibirenge vyanyu inzira zigororotse, kugira ngo igicumbagira ntigitane, ahubwo gikire.” (Heb. 12:12, 13) Twese, n’abakiri bato badasigaye inyuma, turashobora gukomeza abandi biciye ku majambo aremesha tubabwira.

11. Marthe yaremeshejwe gute igihe yari yishwe n’akabonge?

11 Hari mushiki wacu yitwa Marthe * yamaze igihe arwaye akabonge. Avuga ati: “Umusi umwe narasenze nsaba icondemesha, mu nyuma nca mpura n’umuvukanyikazi yitereye mu myaka yangaragarije urukundo n’impuhwe, akaba ari vyo nari nkeneye cane ico gihe. Vyongeye, yaranyiganiye ukuntu na we yigeze gushikirwa n’ivyariko biranshikira, nca numva ko ndi mu bandi.” Birashoboka ko uwo mushiki wacu yitereye mu myaka atamenye ivyiza vyavuye mu majambo yabwiye Marthe.

12, 13. Twoshira mu ngiro gute impanuro iri mu Bafilipi 2:1-4?

12 Paulo yahanuye abagize ishengero ry’i Filipi bose ati: “Nimba rero muri mwebwe hari indemesho iyo ari yo yose muri Kristu, nimba hari ukwirura ukwo ari kwo kwose kw’urukundo, nimba hari ugusangira impwemu ukwo ari kwo kwose, nimba hari ikibabarwe n’impuhwe ivyo ari vyo vyose, nimunengesereze akanyamuneza kanje mu kuba mwiyumvira kumwe, mufise urukundo rumwe, muhuza umutima, mukagira iciyumviro kimwe mu muzirikanyi, ata na kimwe mukora mubitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ariko mwiyumvira mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta; umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”​—Flp. 2:1-4.

13 Ego cane, twese turakwiye kwihatira kuraba ivy’abandi mu ‘kubirura tubigiranye urukundo,’ mu ‘gusangira ivy’impwemu’ no mu kubagaragariza “ikibabarwe n’impuhwe.” Nitwabigenza gutyo, tuzoremesha abavukanyi na bashiki bacu.

IBISHOBORA KUBA ISÔKO RY’INDEMESHO

14. Ni ibiki bishobora kuba isôko ry’indemesho?

14 Iyo twumvise inkuru z’abantu b’abizigirwa twafashije muri kahise, birashobora kutubera isôko ry’indemesho. Uko ni ko vyagendeye intumwa Yohani, uwanditse ati: “Nta kindi mfise contera gukenguruka kiruta ibi bintu: ni uko nokwumva ko abana banje babandanya kugendera mu kuri.” (3 Yoh. 4) Abatsimvyi benshi barazi ingene biremesha kwumva ko bamwe mu bo bafashije kumenya ukuri kera bakiri abizigirwa, mbere ko kumbure ari n’abatsimvyi. Kwibutsa umutsimvyi yacitse intege umunezero yari afise kera, vyonyene birashobora kumuremesha.

15. Uburyo bumwe bwo kuremesha abakorera Yehova badahemuka ni ubuhe?

15 Abacungezi b’imizunguruko benshi baravuze ukuntu bo n’abakenyezi babo baremeshejwe n’agakete ko gukenguruka baronse inyuma yo kugendera ishengero kanaka. Abakurambere, abamisiyonari, abatsimvyi be n’abo mu muryango wa Beteli, na bo nyene barakorwa ku mutima babwiwe akajambo ko kubashimira kubera umurimo barangura badahemuka.

INGENE TWESE TWOBA ABAREMESHA

16. Kuremesha umuntu bisaba iki?

16 Twoba twihenze tuvuze ko tudashobora kuremesha abandi ngo ni uko tudafise ubuhanga bwo kuyaga. Kuremesha abandi ntibisaba vyinshi. Gerageza gusa umwenyurire uwo muntu n’igishika. Nimba na we adaciye akumwenyurira, yoshobora kuba afise ingorane, akaba akeneye uwumutega ugutwi. Amuronse, vyoshobora kumwirura.​—Yak. 1:19.

17. Umuvukanyi umwe akiri muto yafashijwe gute igihe yari atuntuye?

17 Umuvukanyi akiri muto yitwa Henri yaratuntuye cane igihe incuti ziwe zaheba ukuri, harimwo na se wiwe yahoze ari umukurambere yubahwa. Henri yararemeshejwe n’umucungezi w’umuzunguruko yamujanye gufata agakawa, aba amuciriye inzira yo kumusukira ibiri ku mutima. Henri yaratahuye ko uburyo bwonyene bwo gufasha abo mu muryango kugaruka kuri Yehova, ari uko yoguma mu kuri adahemuka. Yararemeshejwe cane no gusoma Zaburi ya 46; Zefaniya 3:17 ​na Mariko 10:29, 30.

Twese turashobora gukomeza abandi no kubaremesha (Raba ingingo ya 18)

18. (a) Umwami Salomo yavuze ngw’iki? (b) Intumwa Paulo yatanze iciyumviro ikihe?

18 Akarorero ka Marthe n’aka Henri burerekana ko dushobora kuremesha umuvukanyi canke mushiki wacu akeneye guhozwa. Umwami Salomo yanditse ati: “Ijambo rije ku gihe caryo, ewe kuntu ari ryiza! Ukwakaka kw’amaso kunezereza umutima; agakuru keza kadohesha amagufa.” (Imig. 15:23, 30) Vyongeye, gusoma ibiri mu Munara w’Inderetsi canke ku rubuga rwacu rwa jw.org birashobora gukomeza umuntu yihebuye. Paulo na we atubwira ko kuririmbira hamwe indirimbo y’Ubwami bishobora kuba isôko ry’indemesho. Yanditse ati: “Mugume mwigishanya mwongera muremeshanya * mukoresheje amazaburi, amashemezo aturwa Imana, indirimbo z’ivy’impwemu zijana n’igikundiro, muririmbira Yehova mu mitima yanyu.”​—Kol. 3:16; Ivyak. 16:25.

19. Kubera iki kuremeshanya bizorushiriza gukenerwa mu gihe kiri imbere, kandi dukwiye gukora iki?

19 Kuremeshanya bizorushiriza gukenerwa uko tubona umusi wa Yehova “wegereza.” (Heb. 10:25) Tuzohimbarwa nitwakora nk’uko Paulo yabivuze ati: “Mugume rero muhozanya mwongera mwubaka bagenzi banyu, nk’uko mbere muriko murabigira.”​—1 Tes. 5:11.

^ ing. 11 Si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 18 Twisunze Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo mu 2013.