Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene tworonka umwidegemvyo nyakuri

Ingene tworonka umwidegemvyo nyakuri

“Umwana . . . niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya koko.”​—YOH. 8:36.

INDIRIMBO: 54, 36

1, 2. (a) Abantu baharanira gute umwidegemvyo? (b) Ivyo vyavuyemwo iki?

ABANTU muri iki gihe baravuga cane ivyerekeye ukungana be n’umwidegemvyo. Mu mihingo myinshi y’isi, usanga bashashaye kwikurako agacinyizo, ugukumirwa be n’ubukene. Abandi na bo baraharanira umwidegemvyo wo guserura iryo bagona, kwihitiramwo no kwitunganiriza ivyabo. Hose rero, bisa n’uko abantu bipfuza cane gukora ico bashatse no kubaho uko bashatse.

2 Yamara rero, gushika kuri ivyo vyipfuzo vyabo ni indoto nsa. Benshi usanga bagira imigumuko, imyiyerekano, bagashinga n’imihari barondera guhindura ibintu mu kibano canke mu vya politike. Ariko none ivyo vyoba bituma bashika ku vyo bipfuza? Eka data. Ahubwo riho, akenshi bikwega ingorane, abantu na bo bakahasiga ubuzima. Ivyo vyose birerekana ko aya majambo Umwami Salomo yavuze ahumekewe ari ay’ukuri. Yavuze ati: “Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.”​—Umus. 8:9.

3. Twokora iki kugira turonke agahimbare n’umunezero nyakuri?

3 Umwigishwa Yakobo yarerekanye akabanga ko kuronka agahimbare n’umunezero nyakuri. Yanditse ati: “Uwihweza muri rya tegeko ritagira akanenge ry’umwidegemvyo kandi agakovya muri ryo . . . azoba ahiriwe mu kubikora.” (Yak. 1:25) Yehova we yatanze iryo tegeko ritagira akanenge, arazi neza ivyo abantu bakeneye kugira baronke agahimbare n’umunezero nyakuri. Yarahaye abavyeyi bacu ba mbere ivyo bari bakeneye vyose kugira baronke agahimbare, harimwo n’umwidegemvyo nyakuri.

IGIHE ABANTU BARI BAFISE UMWIDEGEMVYO NYAKURI

4. Adamu na Eva bari bafise ubuzima bumeze gute? (Raba ishusho itangura.)

4 Iyo dusomye ibigabane bibiri vya mbere vyo mw’⁠Itanguriro, turibonera ko Adamu na Eva bari bafise amahoro ata wundi muntu n’umwe afise muri iki gihe. Nta co bari babuze, nta cabatera ubwoba, kandi agacinyizo barabaza. Ntibiganyira namba ku vyerekeye ibifungurwa, akazi, indwara canke urupfu. (Ita. 1:27-29; 2:8, 9, 15) Ivyo none vyoba bisobanura ko Adamu na Eva bari bafise umwidegemvyo utagira aho ugarukira? Reka tubirabe.

5. Hakenewe iki kugira abantu baronke umwidegemvyo?

5 Benshi muri iki gihe biyumvira ko ukwidegemvya nyakuri ari ugukora ico ushatse cose, utaravye ingaruka vyokwega. Igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kivuga ko ukwidegemvya ari “ukuba ushoboye kwifatira ingingo kandi ukazishira mu ngiro.” Ariko rero congerako giti: “Twisunze ibijanye n’amategeko, abantu bagira umwidegemvyo igihe ikibano kitabashingira uturimbi turimwo akarenganyo, tudakenewe canke turenza urugero.” Ivyo bisobanura ko mu bisanzwe uturimbi kanaka dukenewe, kugira ngo abagize ikibano bose baronke umwidegemvyo ubereye. Twoshobora guca twibaza duti: Ni nde afise uburenganzira bwo gushinga ko uturimbi tutarimwo akarenganyo, ko dukenewe, kandi ko tutarenza urugero?

6. (a) Kubera iki Yehova wenyene ari we yidegemvya ijana kw’ijana? (b) Ni umwidegemvyo nyabaki abantu bafise, kandi kubera iki?

6 Ku bijanye n’umwidegemvyo, twogumiza mu bwenge ko Yehova Imana wenyene ari we yidegemvya ijana kw’ijana. Uti kubera iki? Kubera ko ari we yaremye vyose akaba na Segaba w’ijuru n’isi. (1 Tim. 1:17; Ivyah. 4:11) Niwibuke amajambo y’inkoramutima Umwami Dawidi yavuze mu kudondora ikibanza kidasanzwe kandi gihanitse Yehova wenyene afise. (Soma 1 Ngoma 29:11, 12.) Ibiremwa vyose kw’isi no mw’ijuru rero, bifise umwidegemvyo uri n’aho ugarukira. Dutegerezwa kwemera ko Yehova Imana afise ububasha ntaharirizwa bwo gushinga uturimbi abona ko tutarimwo akarenganyo, dukenewe kandi tutarenza urugero. Nkako, ivyo ni vyo yagiriye abantu kuva bakiremwa.

7. Ni ibintu ndemanwa ibihe dukora kugira tubeho duhimbawe?

7 Mu ntango Adamu na Eva bari bafise umwidegemvyo mu buryo bwinshi, ariko bari barashingiwe uturimbi. Naho tumwe muri two twari ndemanwa, twaguma ari uturimbi. Nk’akarorero, bari bazi ko kugira babandanye kubaho, bategerezwa guhema, gufungura, kuryama, n’ibindi. Boba none babona ko gukora ivyo bintu vyababuza umwidegemvyo? Ihibambewe. Yehova yarabona ko kwama bakora ivyo bintu vyotumye babaho bahimbawe. (Zab. 104:14, 15; Umus. 3:12, 13) Ni nde ga yemwe ataryoherwa ahumetse akayaga gapfutse, yihereje ibifungurwa akunda, canke yikanguye mu gatondo yaruhutse neza? Ivyo bintu vya nkenerwa tubikora duhimbawe, tutagoberewe canke ngo tubone ko ari umuzigo. Nta gukeka ko Adamu na Eva na bo nyene ari ko babibona.

8. Itegeko ridomako Imana yahaye Adamu na Eva ni irihe, kandi yari ifise umugambi uwuhe?

8 Yehova yarahaye Adamu na Eva itegeko ridomako ryabasaba kurondoka bakuzura isi kandi bakayibungabunga. (Ita. 1:28) Hoba none hari ukuntu iryo tegeko ryababuza umwidegemvyo? Habe namba! Ryatanzwe kugira abantu baronke akaryo ko kugira uruhara mu mugambi Umuremyi yari afise wo gutuma isi iba Iparadizo ibako abantu batunganye ibihe bidahera. (Yes. 45:18) Muri kino gihe, umuntu ahisemwo kutubaka canke kwubaka mugabo ntiyibaruke, ntibiba biteye kubiri n’umugambi wa Yehova. Yamara rero, abantu benshi barubaka izabo kandi bakibaruka abana, naho bitaburamwo ingorane. (1 Kor. 7:36-38) None ni kubera iki babigira? Ni kubera ko muri rusangi bituma bagira agahimbare. (Zab. 127:3) Adamu na Eva bari gushobora kwibanira ibihe bidahera bahimbawe, hamwe n’umuryango wabo.

INGENE UMWIDEGEMVYO NYAKURI WATAKAYE

9. Kubera iki itegeko Imana yatanze mw’⁠Itanguriro 2:17 ritari iry’akarenganyo, iridakenewe canke iririmwo kurenza urugero?

9 Yehova yarahaye Adamu na Eva irindi tegeko, rikaba ryaratomora icari kubashikira baramutse barirenzeko. Yavuze ati: “Ku vyerekeye igiti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi, ntuze ukiryeko, kuko umusi wakiriyeko uzopfa ata kabuza.” (Ita. 2:17) None iryo tegeko ryoba ga yemwe ryarimwo akarenganyo, ridakenewe canke ririmwo ukurenza urugero? Ryoba ryarabuza umwidegemvyo Adamu na Eva? Haba n’intete. Kanatsinda, abahinga mu vya Bibiliya batari bake baravuga ko iryo tegeko ryari ribereye kandi ko ryumvikana. Nk’akarorero, umwe muri bo avuga ati: “Itegeko Imana yatanze mw’[Itanguriro 2:16, 17] ryerekana ko Imana yonyene ari yo izi icobera ciza . . . abantu be n’uko Imana yonyene ari yo izi icoba kibi . . . kuri bo. Kugira ngo abantu bironkere ico ‘ciza,’ bategerezwa kwizigira Imana kandi bakayigamburukira. Iyo bayigambarariye, ica ibareka bakihitiramwo iciza . . . n’ikibi.” Iryo rero ni ibanga abantu batokwikorera bonyene ngo baroranirwe.

Ihitamwo Adamu na Eva bagize ryarakweze akarambaraye! (Raba ingingo ya 9-12)

10. Kubera iki tudakwiye kwitiranya umwidegemvyo wo kwihitiramwo n’uburenganzira bwo gushinga ikibereye n’ikitabereye?

10 Iyo abantu benshi muri kino gihe basomye itegeko Yehova yahaye Adamu, boshobora guca bavuga ko yamwatse uburenganzira bwo gukora ico ashatse. Bavuze gutyo, boba bariko baritiranya umwidegemvyo umuntu afise wo kwihitiramwo n’uburenganzira bwo gushinga ikibereye n’ikitabereye. Adamu na Eva bari bafise uburenganzira bwo guhitamwo kugamburukira Imana canke kuyigambararira. Ariko rero, Yehova wenyene ni we afise uburenganzira bwo gushinga ikibereye n’ikitabereye. Ivyo ni vyo ca “giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi” co mw’itongo rya Edeni cagereranya. (Ita. 2:9) Nta woharira ko tutama tumenya ingaruka ziva ku ngingo dufata, canke ko izo ngingo zizokwama zivamwo ivyiza. Ni co gituma kenshi tubona abantu bagira amahitamwo biyumvira ko bizobagendera neza, ariko amaherezo bikavamwo imibabaro, ivyago canke amakuba. (Imig. 14:12) Ahanini bitumwa n’uko abantu hari ivyo badashoboye. Biciye kuri rya tegeko Yehova yaha Adamu na Eva, yaraberetse abigiranye urukundo ukuntu boronka umwidegemvyo nyawo. Ni igiki kibitwemeza, kandi Adamu na Eva bavyakiriye gute?

11, 12. Kubera iki ihitamwo Adamu na Eva bagize ryakweze akarambaraye? Tanga akarorero.

11 Abavyeyi bacu ba mbere bahisemwo kugambararira Imana. Eva vyaranse ko yigumya igihe Shetani yamuryosharyosha ati: ‘Amaso yanyu azoca yuguruka muce mumera nk’Imana, mumenye iciza n’ikibi.’ (Ita. 3:5) None ihitamwo Adamu na Eva bagize ryoba ryatumye barushiriza kwidegemvya? Uwokubesha. Nta na kimwe baronse mu vyo Shetani yari yabasezeraniye. Nkako, ntibatevye kubona ko kwirengagiza ubuyobozi bwa Yehova bagakora ivyo bishakiye vyabakwegeye akarambaraye. (Ita. 3:16-19) Kubera iki? Kubera gusa ko Yehova atahaye abantu uburenganzira bwo kwishingira icobabera ciza canke kibi.​—Soma Imigani 20:24; Yeremiya 10:23.

12 Twobigereranya n’umudereva w’indege. Kugira ngo ashike impore iyo agiye, ategerezwa guca mu nzira yategekanijwe. Indege zo muri iki gihe usanga zifise ivyuma vyo mu buhinga bwa none bituma umudereva aguma ahanahana amakuru n’abajejwe amayira y’indege, kugira ashike iyo ariko araja ata ngorane. Ariko mu gihe uwo mudereva yirengagije ubuyobozi yahawe agafata inzira yishakiye, ibara rirashobora kugwa. Cokimwe n’uwo mudereva, Adamu na Eva bashimye gukora ibintu uko bishakiye. Barirengagije ubuyobozi Imana yabahaye baca bagira isanganya ry’ikigereranyo, baba bikwegeye igicumuro n’urupfu bongera babikwegera abobakomotseko. (Rom. 5:12) Kubera ko barondeye kwitunganiriza ivyabo, baciye batakaza wa mwidegemvyo nyakuri bari barahawe.

INGENE TWORONKA UMWIDEGEMVYO NYAKURI

13, 14. Tworonka gute umwidegemvyo nyakuri?

13 Hari abibaza ko borushiriza kumererwa neza bafise umwidegemvyo wiyongereye. Ariko burya umwidegemvyo utagira akarimbi woshobora gukwega akarambaraye. Ego ni ko, umwidegemvyo uratuma turonka ivyiza vyinshi. Mugabo, iyumvire ingene isi yomera hamwe twobaho dukora ico twigombeye cose! Ni co gituma igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kigira giti: “Amategeko agenga buri kibano usanga ari urusobangane rw’ibintu vyerekana umwidegemvyo n’uturimbi abantu badakwiye kurenga.” Emwe, iryo jambo “urusobangane” rirabereye. Iyumvire nawe amategeko urwenda n’urwobeza abantu banditse, tutarinze kuvuga amasinzi y’abashingwamanza n’abacamanza bakenewe kugira bayasigure bongere barabe ko akurikizwa.

14 Yezu Kristu yarerekanye uburyo burashe bwo kuronka umwidegemvyo nyakuri. Yavuze ati: “Nimwaguma mw’ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy’ukuri, kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.” (Yoh. 8:31, 32) Yezu yavuze ko hakenewe ibintu bibiri kugira turonke umwidegemvyo nyakuri: Ubwa mbere ni ukwemera ivyo yigishije, ubwa kabiri na ho ni ukuba abigishwa biwe. Ariko none tuzoronka umwidegemvyo nyabaki? Yezu yaciye asigura ati: “Uwukora igicumuro wese aba ari umushumba w’igicumuro. . . . Umwana rero niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya koko.”​—Yoh. 8:34, 36.

15. Kubera iki umwidegemvyo Yezu yadusezeraniye ushobora kutugira “abidegemvya koko”?

15 Biragaragara ko umwidegemvyo Yezu yasezeraniye abigishwa biwe ata ho uhuriye n’umwidegemvyo abantu benshi barondera muri kino gihe, haba mu buzima bwa misi yose canke mu vya politike. Igihe Yezu yavuga ngo “Umwana rero niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya koko,” yariko avuga ibijanye no gukurwa mu buja bukomeye kandi bubabaje kuruta ubundi bwose, ni ukuvuga kuba “umushumba w’igicumuro.” Igicumuro ntigituma dukora ibibi gusa. Kiratuma kandi tudakora iciza canke tudashitsa ivyo twari dushoboye gukora. Ku bw’ivyo, turi abashumba b’igicumuro kandi ico bivamwo ni umubabaro, ukwiyanka, amaherezo na ho urupfu. (Rom. 6:23) Intumwa Paulo yariyumvisemwo cane uwo mubabaro. (Soma Abaroma 7:21-25.) Nitwakurwa mu buja bw’igicumuro, ni ho gusa tuzoronka wa mwidegemvyo nyakuri abavyeyi bacu ba mbere bari bafise.

16. Dushobora gute kuba abidegemvya koko?

16 Mu kuvuga ngo “nimwaguma mw’ijambo ryanje,” Yezu yari yerekanye ko hari ibisabwa kugira ngo atugire abidegemvya. Kubera ko turi abakirisu biyeguye, twariyanse maze duhitamwo kubaho twisunga inyigisho za Kristu. (Mat. 16:24) Nk’uko Yezu yabisezeranye, tuzoba abidegemvya vy’ukuri nitwamara kwungukira bimwe bishitse ku ncungu yatanze.

17. (a) Ni igiki gituma duhimbarwa cane mu buzima? (b) Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

17 Kwisunga inyigisho za Yezu biratuma duhimbarwa cane mu buzima. Biraheza bikaduha icizigiro co kuzokurwa mu buja bw’igicumuro n’urupfu. (Soma Abaroma 8:1, 2, 20, 21.) Mu kiganiro gikurikira tuzokwihweza ukuntu twokoresha neza umwidegemvyo dufise ubu, kugira tuzoshobore gutera iteka ibihe bidahera Yehova, ya Mana y’umwidegemvyo nyakuri.