Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 17

Niwemere Yehova agufashe kunanira Shetani n’amadayimoni

Niwemere Yehova agufashe kunanira Shetani n’amadayimoni

“Dufise intambara yo kunigana . . . n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha mu bibanza vyo mw’ijuru.”​—EF. 6:12.

URURIRIMBO RWA 55 Oya ntimubatinye!

INCAMAKE *

1. Nk’uko bivugwa mu Banyefeso 6:10-13, bumwe mu buryo bukora ku mutima cane Yehova atwitwararika ni ubuhe? Sigura.

BUMWE mu buryo bukora ku mutima cane Yehova atwitwararika ni ingene adufasha kunanira abansi bacu. Abansi bacu nyamukuru ni Shetani n’amadayimoni. Yehova yaratuburiye ku bijanye n’abo bansi kandi araduha ivyo dukeneye kugira ngo tubarwanye. (Soma Abanyefeso 6:10-13.) Nitwemera Yehova akadufasha kandi tukamwizigira duherejeko, tuzotsinda Shetani. Turashobora guhera amazinda nka kumwe kw’intumwa Paulo, uwanditse ati: “Nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya?”​—Rom. 8:31.

2. Turimbura iki muri iki kiganiro?

2 Twebwe abakirisu b’ukuri ntiturazwa ishinga na Shetani be n’amadayimoni. Twitwararika cane kwiga ivyerekeye Yehova no kumukorera. (Zab. 25:5) Yamara rero turakeneye kumenya ingene Shetani akora. Uti kubera iki? Kugira ntidutsindwe na we. (2 Kor. 2:11) Muri iki kiganiro, turarimbura uburyo nyamukuru Shetani n’amadayimoni bakoresha mu kuzimiza abantu. Turarimbura kandi ingene dushobora kubanesha.

INGENE SHETANI N’AMADAYIMONI BAZIMIZA ABANTU

3-4. (a) Ubupfumu ni iki? (b) Abantu bemera ubupfumu ku rugero uruhe?

3 Uburyo nyamukuru Shetani n’amadayimoni bakoresha mu kuzimiza abantu ni ubupfumu. Abakoresha ubupfumu bavuga ko bazi canke bashoboye gukora ibintu abandi badashoboye. Nk’akarorero, hari abavuga ko bashobora kumenya ivya kazoza bakoresheje amageza canke ukuragurira ku nyenyeri. Abandi na bo baramera nk’aho bariko bavugana n’abapfuye. Hari abakoresha uburozi, maji, canke bakarungikira abandi ibitega. *

4 None abantu bashigikira ubupfumu ku rugero uruhe? Itohoza ryagizwe mu bihugu 18 vyo muri Amerika y’Epfo no mu mazinga ya Karayibe ryerekana ko ica gatatu c’ababajijwe bashigikira maji, ukuragura n’uburozi. Vyongeye, benshi muri bo baremera ko kuvugana n’imizimu bishoboka. Mu rindi tohoza ryagizwe mu bihugu 18 vya Afrika, abarenga ica kabiri c’ababajijwe bavuga ko bemera ivyo kuragura. Ariko ntiwumve, aho tubaye hose dutegerezwa kwirinda ubupfumu. Nakare, Shetani arondera kuzimiza “isi yose.”​—Ivyah. 12:9.

5. Yehova abona gute ubupfumu?

5 Yehova ni “Imana y’inyakuri.” (Zab. 31:5) None abona gute ubupfumu? Ntabwerekwa. Yabwiye Abisirayeli ati: “Muri wewe ntihaze haboneke umuntu acisha umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe mu muriro, uwuragura, umunyamageza canke umuntu arondera ibimenyetso bitara ibizoba canke umupfumu, canke uwuzirikisha abandi ubupfumu canke umuntu ahanuza uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu canke uwagize umwuga ukubura ibizoba canke umuntu asiguza abapfuye. Kuko uwukora ivyo bintu wese ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova.” (Gus. 18:10-12) Naho abakirisu batagengwa na rya Tegeko Yehova yahaye Abisirayeli, turazi ko atahinduye ingene abona ibijanye n’ubupfumu.​—Mal. 3:6.

6. (a) Shetani akoresha gute ubupfumu mu kugirira nabi abantu? (b) Twisunze Umusiguzi 9:5, ukuri ku bijanye n’ingene abapfuye bamerewe ni ukuhe?

6 Yehova aratuburira ku bijanye n’ubupfumu kubera azi ko Shetani ari bwo akoresha mu kugirira nabi abantu. Shetani arakoresha ubupfumu kugira akwiragize ibinyoma, nka kimwe kivuga ko abapfuye baca baja kuba ahandi hantu. (Soma Umusiguzi 9:5.) Shetani arakoresha kandi ubupfumu kugira abantu bagumane ubwoba no kugira abakure kuri Yehova. Intumbero yiwe ni iyo gutuma bizigira amadayimoni aho kwizigira Yehova.

INGENE WONANIRA SHETANI N’AMADAYIMONI

7. Ni ibiki Yehova atubwira?

7 Nk’uko twabibonye, Yehova aratubwira ivyo dukwiye kumenya kugira Shetani n’amadayimoni ntibatuzimize. Rimbura ibintu bimwebimwe wokora kugira urwanye Shetani n’amadayimoni.

8. (a) Uburyo nyamukuru bwo kurwanya Shetani n’amadayimoni ni ubuhe? (b) Muri Zaburi 146:4 hahinyuza gute ibinyoma vya Shetani ku bijanye n’abapfuye?

8 Nusome Ijambo ry’Imana wongere urizirikaneko. Ubwo ni bwo buryo nyamukuru bwo kwirinda ibinyoma Shetani n’amadayimoni bakwiragiza. Ijambo ry’Imana ni nk’inkota ikarishe icagagura ibinyoma vya Shetani. (Ef. 6:17) Nk’akarorero, rirashira ahabona ikinyoma kivuga ko abapfuye bashobora kuvugana n’abazima. (Soma Zaburi 146:4.) Riratwibutsa kandi ko Yehova ari we wenyene ashobora guhishura ibijanye na kazoza. (Yes. 45:21; 46:10) Igihe dusoma Ijambo ry’Imana tukarizirikanako tudahorereza, biradushoboza kwiyamiriza no kwanka ibinyoma Shetani n’amadayimoni bashaka ko twemera.

9. Ni ibintu ibihe bifitaniye isano n’ubupfumu twirinda?

9 Niwirinde igikorwa cose gifitaniye isano n’ubupfumu. Kubera ko turi abakirisu b’ukuri, ntidukora ikintu na kimwe gifitaniye isano n’ubupfumu. Nk’akarorero, ntituja kuraguza canke ngo tugerageze kuvugana n’abapfuye mu buryo na bumwe. Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, turirinda imigenzo ijanye n’amaziko ishingiye ku nyigisho ivuga ko abapfuye babandanya kuba ahantu kanaka. Vyongeye, ntidukoresha ivyo kuragurira ku nyenyeri canke ngo twiture ba rumenyi kugira tumenye ivya kazoza. (Yes. 8:19) Turazi ko ibintu mwene ivyo biteye akaga kandi ko vyotuma twifatanya na Shetani be n’amadayimoni.

Niwigane abakirisu bo mu kinjana ca mbere mu kwikurako ikintu cose woba ufise gifitaniye isano n’ubupfumu no mu kwirinda ukwisamaza kurimwo ivy’ubupfumu (Raba ingingo ya 10-12)

10-11. (a) Abantu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bakoze iki bamaze kumenya ukuri? (b) Twisunze 1 Abakorinto 10:21, ni kubera iki twokwigana abakirisu bo mu ntango, kandi twobigana gute?

10 Niwikureko ikintu cose gifitaniye isano n’ubupfumu. Abantu bamwebamwe baba i Efeso mu kinjana ca mbere barakora ivy’ubupfumu. Igihe bamenya ukuri, barafashe ingingo ikomeye. Dusoma duti: “Abatari bake mu bahora bagira ivy’amageza bashira hamwe ibitabu vyabo, babituririra imbere ya bose.” (Ivyak. 19:19) Abo bantu bari biyemeje kunanira Shetani n’amadayimoni. Ibitabu vyabo vy’amageza vyari biciye amahera menshi. Yamara aho kubitanga canke kubigurisha, bahisemwo kubiturira. Aho kurazwa ishinga n’amahera baguze ivyo bitabu, barazwa ishinga no guhimbara Yehova.

11 None twokwigana gute akarorero k’abo bakirisu bo mu kinjana ca mbere? Vyoba biranga ubukerebutsi twikuyeko ikintu cose gifitaniye isano n’ubupfumu. Aho twovuga nk’ibiheko be n’ibindi abantu bambara canke batunga kugira bikingire amashetani.​—Soma 1 Abakorinto 10:21.

12. Ni ibibazo ibihe twokwibaza ku bijanye n’ukwisamaza kwacu?

12 Niwiyubare ku buryo ukoresha mu kwisamaza. Niwibaze uti: ‘Noba nsoma ibitabu, ibinyamakuru canke ibiganiro vyo kuri internet bijanye n’ubupfumu? Bite ho ku miziki numviriza, amasinema be n’ibiganiro vyo kuri televiziyo ndaba canke udukino twa videwo nkina? Ukuntu nisamaza vyoba bifitaniye isano n’ubupfumu? Vyoba vyerekana ibisizimwe canke ibisigabwenge? Vyoba bivuga ko maji, imitongero canke ibirozi ata co bitwaye? Ariko ntiwumve, si ngombwa ngo uburyo bwose bwo kwisamaza buvuga ibintu bitabaho canke ibitito bube bufitaniye isano n’ubupfumu. Igihe usuzuma uburyo ukoresha mu kwisamaza, niwitwararike guhitamwo ubuzogufasha kuguma wirinda ivyo Yehova yanka. Twipfuza gukora ibishoboka vyose ngo tugumane ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi imbere y’Imana.​—Ivyak. 24:16. *

13. Dukwiye kwirinda gukora iki?

13 Niwirinde kuvuga inkuru zerekeye amadayimoni. Dushaka kwigana Yezu muri uwo muce. (1 Pet. 2:21) Imbere y’uko Yezu aza kw’isi, yaba mw’ijuru kandi yari azi vyinshi ku vyerekeye Shetani n’amadayimoni. Ariko nta we yiganiye inkuru z’ibintu ivyo biremwa vy’ibibisha vyakoze. Yezu yashaka kuba icabona ca Yehova aho kwamamaza ivyerekeye Shetani. Turigana Yezu mu kudakwiragiza inkuru zerekeye amadayimoni. Ahubwo riho turerekana biciye ku majambo yacu yuko ‘umutima wacu ubiragizwa n’ikintu ciza,’ ni ukuvuga ukuri.​—Zab. 45:1.

Ntidukwiye gutinya na gato Shetani n’amadayimoni. Yehova, Yezu n’abamarayika barakomeye cane kubarusha (Raba ingingo ya 14-15) *

14-15. (a) Ni kubera iki tudakwiye gutinya Shetani n’amadayimoni? (b) Ni ibiki bitwemeza ko Yehova akingira abasavyi biwe muri iki gihe?

14 Ntutinye Shetani n’amadayimoni. Muri iyi si mbi, ibintu bibi birashobora kudushikira giturumbuka, uri amasanganya, indwara canke mbere urupfu. Ariko ntidukwiye kwiyumvira ko vyose biva kuri Shetani n’amadayimoni. Bibiliya ivuga ko “ibihe be n’ibishika giturumbuka” bidushikako twese. (Umus. 9:11) Ku bijanye n’amadayimoni, Yehova yarerekanye ko ayarusha cane inkomezi. Nk’akarorero, Imana ntiyemereye Shetani kwica Yobu. (Yobu 2:6) Mu gihe ca Musa, Yehova yarerekanye ko arusha ububasha abaherezi b’abanyamageza bo mu Misiri. (Kuv. 8:18; 9:11) Abifashijwemwo na Yehova, Yezu uwaninahajwe yarerekanye ko arusha inkomezi Shetani n’amadayimoni igihe yabaraririza kw’isi abakuye mw’ijuru. Vuba na ho azobaraririza mu nyenga aho ata n’umwe bazoba bagishobora kugirira nabi.​—Ivyah. 12:9; 20:2, 3.

15 Turafise ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko Yehova akingira abasavyi biwe muri iki gihe. Ibaze nawe: Turamamaza kandi tukigisha ukuri mu mihingo yose y’isi. (Mat. 28:19, 20) Aho tuba turiko turashira ku kabarore ibikorwa bibi vya Shetani. Nta nkeka ko iyo Shetani aba abishoboye yociye ahagarika igikorwa turangura, ariko nta vyo ashoboye. Ntidukwiye rero gutinya Shetani n’amadayimoni yiwe. Turazi ko “Yehova amaso yiwe anyuragira mw’isi yose kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.” (2 Ngo. 16:9) Nitwaba abizigirwa kuri Yehova, amadayimoni ntazotugirira inabi y’ibihe bidahera.

IMIHEZAGIRO ABEMERA GUFASHWA NA YEHOVA BIRONKERA

16-17. Tanga akarorero kerekana ingene bisaba umutima rugabo kugira tunanire Shetani n’amadayimoni.

16 Birasaba umutima rugabo kugira tunanire Shetani n’amadayimoni, na canecane igihe incuti canke abagenzi baturwanya. Ariko Yehova arahezagira abagaragaza uwo mutima rugabo. Rimbura akarorero ka mushiki wacu yitwa Erica aba muri Gana. Igihe yatangura kwiga Bibiliya, yari afise imyaka 21. Kubera ko se yari umupfumu, vyari vyitezwe ko Erica agira uruhara mu mugenzo ujanye n’ubupfumu wo kurya inyama z’ibitungwa vyashikaniwe ba sekuru bapfuye. Igihe Erica yanka kuzirya, abagize umuryango babonye ko asuzuguye izo mana. Biyumvira ko nya mana zociye zibateza indwara ku mubiri no mu mutwe.

17 Umuryango wa Erica waragerageje kumuhata ngo akurikize uwo mugenzo. Mugabo yaravyanse yivuye inyuma, naho nyene baciye bamwomora. Hari Ivyabona bamwakiriye iwabo. Yehova rero yarahezagiye Erica mu kumuronsa umuryango mushasha, ni ukuvuga abo basangiye ukwizera bamubereye basazawe na benewabo. (Mrk. 10:29, 30) Naho incuti za Erica zamuhariye ivomo mbere zigaturira ibintu vyiwe, yagumye ari intahemuka kuri Yehova, arabatizwa, ubu na ho akaba ari umutsimvyi. Ntatinya amadayimoni na gato. Ku bijanye n’umuryango wiwe, Erica avuga ati: “Ndasenga buri musi kugira umuryango wanje uze wibonere imihezagiro iva ku kumenya Yehova no ku mwidegemvyo wo gukorera Imana yacu idukunda.”

18. Ni imihezagiro iyihe twironkera igihe twizigiye Yehova?

18 Ego ni ko si twese tuzoshikirwa n’ikigeragezo gikomeye gutyo. Yamara twese turakeneye kunanira Shetani n’amadayimoni, tukizigira Yehova. Nitwabigenza gutyo, tuzokwironkera imihezagiro myinshi twongere twirinde kuzimizwa n’ibinyoma vya Shetani. Vyongeye, ntituzotekerwa n’ubwoba kubera amadayimoni. Ikiruta vyose, tuzokomeza ubucuti dufitaniye na Yehova. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Muyobokere Imana rero; mugabo murwanye Shetani, na we azobahunga. Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”​—Yak. 4:7, 8.

URURIRIMBO RWA 150 Rondera Imana urokorwe

^ ing. 5 Yehova abigiranye urukundo, yaratuburiye ku vyerekeye Shetani n’amadayimoni be n’akaga bateza. None bagerageza gute kuzimiza abantu? Twokora iki kugira tubananire? Muri iki kiganiro turarimbura ingene Yehova adufasha kwirinda akosho kabo.

^ ing. 3 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Ubupfumu bwerekeza ku kwemera no ku bikorwa bifitaniye isano n’amadayimoni. Burimwo n’inyigisho ivuga ko iyo umuntu apfuye hapfa ikibiribiri gusa, mugabo ko impwemu yiwe ibandanya kubaho be n’uko ishobora kuvugana n’abazima, canecane biciye ku wundi muntu (nk’umupfumu). Ubupfumu kandi burimwo ukuragura be n’ukubura ibizoba. Muri iki kiganiro, maji yerekeza ku bikorwa bijanye n’ibintazi canke ibisigabwenge. Aho harashobora kujamwo ivyo gutuma umuntu ibirozi canke gutongera. Yamara ng’aho ntihajamwo udukino abantu bamwebamwe bagira n’iminwe ukamengo ni maji.

^ ing. 12 Abakurambere ntibakwiye gushinga amategeko mu bijanye no kwisamaza. Umukirisu wese ni we yihitiramwo ivyo asoma, arorera canke akina, yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Abahagarikiye imiryango b’inkerebutsi bariyemeza ko uburyo imiryango yabo ikoresha mu kwisamaza buhuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.​—Raba ikiganiro kivuga ngo “Hoba hari amavidewo, ibitabu canke indirimbo bibujijwe ku Vyabona vya Yehova?” Ja kuri jw.org ahavuga ngo IBITWEREKEYE > IBIBAZO BIKUNZE KUBAZWA.

^ ing. 54 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Yezu wa Mwami wacu wo mw’ijuru akomeye, ayoboye ingabo z’abamarayika.