Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 15

Niwigane Yezu maze ugumane amahoro

Niwigane Yezu maze ugumane amahoro

“Amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu.”​—FLP. 4:7.

URURIRIMBO RWA 113 Amahoro twifitiye

INCAMAKE *

1-2. Ni kubera iki Yezu atari yorohewe ku musi wa nyuma yamaze kw’isi?

KU MUSI wa nyuma Yezu yamaze kw’isi, ntiyari yorohewe namba. Yari agiye gupfa urw’agashinyaguro yishwe n’abantu b’abagarariji. Ariko urwo rupfu si rwo gusa rwari rumuraje ishinga. Yarakunda cane Se wiwe kandi akipfuza kumuhimbara. Yari azi ko agumye ari intahemuka mu bigeragezo vyari bimurindiriye, yobaye atumye izina rya Yehova ryezwa. Vyongeye, Yezu yarakunda abantu kandi yari azi ko icizigiro cacu co kubaho ibihe bidahera coshobotse gusa agumye ari umwizigirwa gushika ku rupfu.

2 Ariko rero naho Yezu yari mu bintu bitesha umutwe cane, yari afise amahoro. Yari yabwiye intumwa ati: “Ndabahaye amahoro yanje.” (Yoh. 14:27) Yari afise “amahoro y’Imana,” ni ukuvuga ugutekana kuva ku bucuti budasanzwe umuntu aba afitaniye na Yehova. Ayo mahoro yatumye Yezu adahungabana mu bwenge no mu mutima.​—Flp. 4:6, 7.

3. Ni ibiki tugiye kurimbura muri iki kiganiro?

3 Naho ata muntu azokwigera agira imyitwarariko nk’iyo Yezu yagize, twese abayoboke biwe tuzohura n’ibigeragezo. (Mat. 16:24, 25; Yoh. 15:20) Kandi cokimwe na Yezu, bizoshika dushuhe umutwe. Twokora iki none kugira amaganya ntaturengere ngo dutakaze amahoro yacu yo mu mutima? Nimuze turimbure ibintu bitatu Yezu yakoze mu busuku yaranguye kw’isi, turabe n’ingene twomwigana igihe turi mu bigeragezo.

YEZU YAGUMYE ASENGA

Isengesho riradufasha kugumana amahoro (Raba ingingo ya 4-7)

4. Nutange uburorero bwerekana ko Yezu yasenze kenshi ku musi wa nyuma yamaze kw’isi, nk’uko mu 1 Abatesalonika 5:17 habiduhimiriza.

4 Soma 1 Abatesalonika 5:17. Kuri uwo musi wa nyuma Yezu yamaze kw’isi, yarasenze kenshi. Igihe yatanguza icibutso c’urupfu rwiwe ari kumwe n’abigishwa biwe, yarasenze imbere y’uko abaha umukate n’imbere y’uko abaha umuvinyu. (1 Kor. 11:23-25) Imbere yo kuva mu kibanza bari bahimbarijemwo Pasika, yarasenze ari kumwe n’abigishwa biwe. (Yoh. 17:1-26) Igihe na ho bashika ku Musozi w’imyelayo muri iryo joro, yarasenze akatari gake. (Mat. 26:36-39, 42, 44) Wanashaka amajambo yanyuma yavuze imbere yo gucikana ryari isengesho. (Luka 23:46) Yezu rero yarituye Yehova mu bintu nyamukuru vyose vyamushikiye kuri uwo musi utoroshe.

5. Ni kubera iki intumwa zabuze umutima rugabo?

5 Kimwe mu vyafashije Yezu kwihanganira ivyo bigeragezo ni uko yihetse kuri Se mw’isengesho. Intumwa ziwe zozo ntizashishikaye gusenga muri iryo joro. Ivyo vyatumye babura umutima rugabo igihe bashikirwa n’ikigeragezo. (Mat. 26:40, 41, 43, 45, 56) Na twebwe nitwashikirwa n’ibigeragezo tuzoguma turi intahemuka mu gihe gusa ‘tugumye dusenga’ nk’uko Yezu yabigize. None twosenga dusaba iki?

6. Ukwizera kudufasha gute kugumana amahoro?

6 Twoshobora gusaba Yehova ngo “[a]twongerereze ukwizera.” (Luka 17:5; Yoh. 14:1) Turakeneye ukwizera kuko Shetani agerageza abayobokera Yezu bose. (Luka 22:31) None ukwizera kudufasha gute kugumana amahoro n’igihe turiko duhura n’ibigeragezo vy’urutavanako? Igihe tuba twakoze ivyo dushoboye vyose ku bijanye n’ico kigeragezo, ukwizera guca gutuma turekera ibisigaye mu maboko ya Yehova. Kubera twizera yuko ashoboye gutorera umuti ibibazo mu buryo bwiza kuruta, duca dutekana mu bwenge no mu mutima.​—1 Pet. 5:6, 7.

7. Ivyo Robert yavuze bikwigisha iki?

7 Isengesho riratuma tugumana amahoro yo mu mutima, naho twoba turi mu bigeragezo bimeze gute. Rimbura akarorero ka Robert, akaba ari umukurambere ageze mu myaka 80. Avuga ati: “Impanuro dusanga mu Bafilipi 4:6, 7 yaramfashije kuvyifatamwo neza mu bigeragezo vyinshi naciyemwo. Naraciye mu ngorane z’ubukene. Vyongeye naramaze igihe naratakaje agateka k’ubukurambere.” None ni igiki cafashije Robert kuguma afise amahoro yo mu mutima? Avuga ati: “Iyo numvise ko ntanguye kugira amaganya, nca nsenga ubwo nyene. Uko nsenga kenshi kandi ndabigiranye ubwira ni ko ndushiriza kugira amahoro.”

YEZU YARAMAMAZA ABIGIRANYE UMWETE

Kwamamaza biradufasha kugumana amahoro (Raba ingingo ya 8-10)

8. Nk’uko bivugwa muri Yohani 8:29, ni ikindi kintu ikihe catuma Yezu agumana amahoro yo mu mutima?

8 Soma Yohani 8:29. Yezu yaragumanye amahoro yo mu mutima n’igihe yahamwa kubera yari azi yuko ariko aranezereza Se. Yagumye amugamburukira n’igihe kubigira bitari vyoroshe. Yarakunda cane Se Yehova kandi kumukorera ni co cari ikintu nyamukuru mu buzima bwiwe. Imbere y’uko Yezu aza kw’isi, yarakoranye n’Imana ari “umukozi w’umuhanga.” (Imig. 8:30) Igihe na ho yari kw’isi, yarigishije abandi ivyerekeye Se abigiranye umwete. (Mat. 6:9; Yoh. 5:17) Ivyo vyaratumye Yezu agira umunezero mwinshi.​—Yoh. 4:34-36.

9. Gukora vyinshi mu ndimiro, bidufasha gute kugumana amahoro yo mu mutima?

9 Turashobora kwigana Yezu mu kugamburukira Yehova, ‘tukama dufise vyinshi dukora mu gikorwa c’Umukama.’ (1 Kor. 15:58) Igihe ‘dufatīrwa cane’ mu gikorwa co kwamamaza, bituma tudatwarwa cane n’ingorane zacu. (Ivyak. 18:5) Nk’akarorero, akenshi turahura n’abantu mu busuku bafise ingorane zikomeye kuruta izo dufise. Ariko bamaze kwiga ivyerekeye Yehova no kwisunga impanuro atanga, barahindura ubuzima bakarushiriza kugira agahimbare. Igihe cose tubonye ikintu nk’ico, turarushiriza kwizigira ko Yehova azotwitwararika. Ivyo biratuma tugumana amahoro yo mu mutima. Mushiki wacu umwe yamanye ingorane y’akabonge no kwumva umengo nta co amaze, yariboneye ko ico kintu ari ukuri. Avuga ati: “Iyo nitanze cane mu busuku, nca numva ntekanye mu mutima kandi nkagira agahimbare. Nibaza ko bitumwa n’uko iyo ndi mu ndimiro numva niyegereje cane Yehova.”

10. Ivyo Brenda yavuze bikwigisha iki?

10 Rimbura kandi akarorero ka mushiki wacu yitwa Brenda. We n’umukobwa wiwe barwaye indwara ikomeye. Brenda agendera mu gakinga k’ibimuga kandi nta tuguvu agira. Iyo bimukundiye aramamaza inzu ku nzu, ariko ahanini ashinga intahe mu kwandika amakete. Avuga ati: “Maze gutahura ko ntazokira indwara mfise muri iyi si, navyakiriye ukwo nyene, nca nitunira ku busuku ndangura. Nkako kwamamaza bituma nibagira ibintera amaganya. Bituma nitwararika gufasha abo duhura mu cibare c’ishengero ryacu. Bituma kandi ngumiza mu bwenge icizigiro mfise ca kazoza.”

YEZU YAREMERA GUFASHWA N’ABAGENZI

Kwifatanya n’abagenzi beza biradufasha kugumana amahoro (Raba ingingo ya 11-15)

11-13. (a) Ni gute intumwa be n’abandi babereye Yezu abagenzi nyabo? (b) Abagenzi ba Yezu batuma yumva amerewe gute?

11 Mu kiringo cose Yezu yamaze arangura ubusuku bwiwe butoroshe, intumwa ziwe z’intahemuka zaramubereye abagenzi nyabo. Baragaragaje vy’ukuri ibivugwa mu mugani ugira uti: “Hari umugenzi amata ku muntu kuruta uwo bavukana.” (Imig. 18:24) Yezu yaraha agaciro abo bagenzi biwe. Muri ico kiringo cose, nta n’umwe mu bo bavukana yari bwamwizere. (Yoh. 7:3-5) Harageze n’aho mbere incuti ziwe zivuga ngo yasaze. (Mrk. 3:21) Igihushanye n’ivyo, mw’ijoro rya nyuma imbere yuko apfa, yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka ati: “Ni mwebwe mwumiye kuri jewe mu bigeragezo vyanje.”​—Luka 22:28.

12 Vyarashika izo ntumwa zigakora ibibabaza Yezu, ariko yarirengagiza amakosa yabo, akabona ko bamwizeye. (Mat. 26:40; Mrk. 10:13, 14; Yoh. 6:66-69) Mw’ijoro rya nyuma yamaranye n’abo bagabo b’intahemuka, yababwiye ati: “Nabise abagenzi, kuko ibintu vyose numvise kuri Dawe nabibamenyesheje.” (Yoh. 15:15) Nta gukeka ko abo bagenzi biwe bamubereye isoko ry’indemesho. Kuba baramufashije mu busuku yarangura vyatuma umutima wiwe ubogaboga umunezero.​—Luka 10:17, 21.

13 Uretse izo ntumwa ziwe, Yezu yari afise n’abandi bagenzi, ni ukuvuga abagabo n’abagore bamufashije mu gikorwa co kwamamaza no mu bindi vya nkenerwa. Hari abamwakira iwabo kugira basangire ibifungurwa. (Luka 10:38-42; Yoh. 12:1, 2) Abandi baramuherekeza mu ngendo, bagasangira na we ivyo batunze. (Luka 8:3) Yezu yari afise abagenzi beza kubera ko na we yababera umugenzi mwiza. Yarabakorera ivyiza kandi ntiyabitegako ibidashoboka. Naho Yezu yari atunganye, yarakenguruka imfashanyo yahabwa n’abo bagenzi biwe batari batunganye. Emwe, nta gukeka ko bamufashije kugumana amahoro yo mu mutima.

14-15. Dushobora gute kuronka abagenzi beza, kandi badufasha gute?

14 Abagenzi beza baradufasha kuguma turi intahemuka kuri Yehova. Uburyo bwiza bwo kuronka abagenzi beza ni ukuba umugenzi mwiza. (Mat. 7:12) Nk’akarorero, Bibiliya iduhimiriza kwitangira abandi, na canecane abari “mu mukeno.” (Ef. 4:28) Woba ubona umuntu mw’ishengero urimwo ushobora kugira ico ufashije? Woba ushobora gufasha udukorwa umwamamaji atakiva mu nzu? Woba ushobora kugira ico uhaye umuryango uri mu bibazo vy’ubukene? Nimba umenyereye gukoresha urubuga rwa jw.org canke ka gaprograma ka JW Library, woba wokwereka abandi mw’ishengero ingene boshikira ubutunzi tuhasanga? Nitwitwararika gufasha abandi, tuzorushiriza kugira agahimbare.​—Ivyak. 20:35.

15 Abo bagenzi bazodufata mu mugongo turi mu bigeragezo, badufashe kugumana amahoro yo mu mutima. Nka kumwe Elihu yatega yompi Yobu ariko aravuga ibijanye n’ibigeragezo yarimwo, abo bagenzi bacu bazodutega yompi igihe tuzoba turiko turababwira ibituraje ishinga. (Yobu 32:4) Naho tudakwiye kwitega ko badufatira ingingo, biraranga ubukerebutsi twumvirije impanuro baduha zishingiye kuri Bibiliya. (Imig. 15:22) Vyongeye, nka kumwe Umwami Dawidi yemera yicishije bugufi gufashwa n’abagenzi, turakwiye kwirinda ubwibone tukemera imfashanyo abagenzi baturonsa igihe tubikeneye. (2 Sam. 17:27-29) Vy’ukuri, mwene abo bagenzi ni ingabire Yehova aturonsa.​—Yak. 1:17.

INGENE TWOGUMANA AMAHORO

16. Twisunze ibivugwa mu Bafilipi 4:6, 7, uburyo bumwe gusa dushobora kuronka amahoro ni ubuhe? Sigura.

16 Soma Abafilipi 4:6, 7Kubera iki Yehova atubwira ko dushobora kuronka amahoro atanga “biciye kuri Kristu Yezu”? Ni kubera yuko turonka amahoro arama mu bwenge no mu mutima igihe gusa dutahura tukongera tukemera uruhara Yezu arangura. Nk’akarorero, biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu, turababarirwa ibicumuro vyacu vyose. (1 Yoh. 2:12) Ivyo biraduhumuriza cane. Kubera Yezu ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, azokuraho ivyago vyose Shetani n’iyi si yiwe bashobora kuduteza. (Yes. 65:17; 1 Yoh. 3:8; Ivyah. 21:3, 4) Ese ukuntu ari icizigiro ciza igitangaza! Naho nyene Yezu yadushinze igikorwa kitoroshe, ari kumwe natwe kandi aradushigikiye muri iyi misi ya nyuma. (Mat. 28:19, 20) Ivyo biratuma tugira umutima rugabo. Uguhumurizwa, icizigiro n’umutima rugabo rero ni bimwebimwe mu bintu amahoro yacu ashingiyeko.

17. (a) Umukirisu ashobora gute kugumana amahoro yo mu mutima? (b) Nk’uko Yezu yabivuze muri Yohani 16:33, ni igiki tuzoshobora gukora?

17 Ushobora gute none kugumana amahoro yo mu mutima igihe uri mu bigeragezo bikomeye? Ni mu kwigana Yezu. Ubwa mbere, nusenge kandi ushishikare gusenga. Ubwa kabiri, nugamburukire Yehova wongere wamamaze ubigiranye umwete n’igihe nyene vyoba bitoroshe. Ubwa gatatu, niwemere gufashwa n’abagenzi igihe uri mu bigeragezo. Gutyo, amahoro y’Imana azorinda ubwenge bwawe n’umutima wawe. Cokimwe na Yezu, uzotsinda ikigeragezo ico ari co cose.​—Soma Yohani 16:33.

URURIRIMBO RWA 41 Ndakwinginze wumve isengesho

^ ing. 5 Twese turahangana n’ingorane zishobora kutubuza amahoro. Iki kiganiro kiraca irya n’ino ibintu bitatu Yezu yakoze kandi na twebwe twokora kugira tugumane amahoro, n’igihe turi mu bigeragezo bikomeye.