Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 14

Woba uriko urarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?

Woba uriko urarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?

“Ukore igikorwa c’umwamamaji w’injili, urangure ubusuku bwawe bimwe bishitse.”​—2 TIM. 4:5.

URURIRIMBO RWA 57 Twigishe abantu b’uburyo bwose

INCAMAKE *

Yezu amaze kuzuka, yarabonanye n’abigishwa biwe maze abategeka ngo ‘bagende guhindura abantu abigishwa’ (Raba ingingo ya 1)

1. Ni igiki abasavyi b’Imana bose bipfuza, kandi kubera iki? (Raba ishusho iri ku gipfukisho.)

KRISTU YEZU yategetse abayoboke biwe ati: “Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.” (Mat. 28:19) Abasavyi b’Imana b’abizigirwa bose baripfuza kwiga ingene ‘borangura bimwe bishitse’ ico gikorwa bajejwe. (2 Tim. 4:5) Nakare, ni co gihambaye, kikaba ngirakamaro kandi kikihutirwa kuruta ibindi vyose twokora mu buzima. Ariko rero, hari igihe usanga bitoroshe ko tumara umwanya munini muri ico gikorwa nk’uko twavyipfuza.

2. Ni intambamyi izihe zituma tutoroherwa no kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse?

2 Hari ibindi bikorwa bihambaye usanga bidusaba umwanya n’inguvu. Dushobora kuba dutegerezwa gukora amasaha atari make kugira twironse ivyo twe n’umuryango wacu dukeneye. Dushobora kandi kuba dufise ayandi mabanga yo mu muryango, dukitswe n’amagara, dufise akabonge canke turembejwe n’ingaruka z’ubusaza. None tworangura gute ubusuku bwacu bimwe bishitse mu bihe nk’ivyo?

3. Amajambo ya Yezu dusanga muri Matayo 13:23 yerekana iki?

3 Nimba tudashobora kumara umwanya munini mu gikorwa ca Yehova, ntidukwiye gucika intege. Na Yezu yari azi ko twese tutoshoboye kwama ivyamwa vy’Ubwami ku rugero rumwe. (Soma Matayo 13:23.) Yehova araha agaciro cane ivyo dukora vyose mu murimo wiwe igihe twihata uko dushoboye kwose. (Heb. 6:10-12) Ariko rero, hari aho twobona ko dushobora gukora vyinshi bivanye n’ukuntu ivyacu vyifashe. Muri iki kiganiro, turarimbura ingene twoshira ubusuku mu kibanza ca mbere, ingene twokworosha ubuzima be n’ingene tworyohora ubuhanga bwacu bwo kwamamaza no kwigisha. Mugabo rero, reka tubanze twihweze ico bisobanura kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse.

4. Kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse bisobanura iki?

4 Muri make, kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse bisobanura kugira uruhara uko dushoboye kwose mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha. Ariko ntibigarukira gusa ku mwanya tumara muri ico gikorwa. Imvo dukorana ico gikorwa zirahambaye kuri Yehova. Kubera ko dukunda Yehova na bagenzi bacu, turitanga uko dushoboye kwose mu busuku turangura. * (Mrk. 12:30, 31; Kol. 3:23) Gukorera Yehova n’umutima wacu wose bisobanura kwitanga tutiziganya mu murimo wiwe. Igihe dutahura ko igikorwa co kwamamaza ari agateka, duca twihatira kubwira inkuru nziza abantu benshi bashoboka.

5-6. Tanga akarorero kerekana ingene umuntu afise vyinshi akora ashobora gushira ubusuku mu kibanza ca mbere.

5 Dufate akarorero k’umusore akunda cane kuvuza igitari. Arahimbarwa no kuvuza umuziki igihe cose abishoboye. Mu nyuma araronse akazi ko kuza araremesha ibiteramo ku mpera z’imishamvu. Ariko rero amahera abikuramwo ntamuronsa ivyo akeneye vyose. Aciye rero arondera akazi ko gusereva muri resitora kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu. Naho amara umwanya munini muri iyo resitora, ubwenge bwiwe buguma kuri wa muziki. Aripfuza cane kuba umuhanga mu gucuraranga no kubigira wo mwuga wiwe. Igihe cose aronse akaryo ko kuvuza umuziki, naho koba ari gato ntakagisha.

6 Muri ubwo buryo nyene, hari aho woba udashobora kumara umwanya munini mu gikorwa co kwamamaza ariko ukaba ubikunda cane. Urihatira kwiga ingene worushiriza gukora ku mutima abo ubwira inkuru nziza. Kubera ko ufise ibintu vyinshi ukora woshobora kwibaza ingene woshira imbere igikorwa co kwamamaza.

INGENE WOSHIRA UBUSUKU MU KIBANZA CA MBERE

7-8. Twokwigana gute ingene Yezu yabona ubusuku?

7 Yezu ni we karorero ntangere mu bijanye n’ukuntu dukwiye kubona ubusuku. Kuvuga ivyerekeye Ubwami bw’Imana ni vyo yashira imbere mu buzima bwiwe. (Yoh. 4:34, 35) Yaragize ingendo ndende kugira abwire ubutumwa abantu benshi bashoboka. Ntiyagisha akaryo ko kuganira n’abantu ku mihana yabo canke ahandi hantu aho ari ho hose. Ubuzima bwiwe bwari bushingiye ku gikorwa co kwamamaza.

8 Turigana Kristu mu kurondera uturyo two kuvuga inkuru nziza igihe cose n’ahantu hose hashoboka. Turemera tukagira ivyo duhevye kugira twamamaze. (Mrk. 6:31-34; 1 Pet. 2:21) Bamwebamwe mw’ishengero usanga ari abatsimvyi badasanzwe, abatsimvyi basanzwe canke bo gufasha. Abandi barize urundi rurimi canke barimukira mu vyibare bikeneye cane abamamaji. Ariko rero, igikorwa co kwamamaza ahanini kirangurwa n’abamamaji bo mw’ishengero, bakaba bakora uko bashoboye kwose. Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, Yehova ntadusaba ivyo tudashoboye. Yipfuza ko twese duhimbarwa n’umurimo mweranda turangura igihe dutangaza “inkuru nziza y’ubuninahazwa ya ya Mana ihimbawe.”​—1 Tim. 1:11; Gus. 30:11.

9. (a) Paulo yagumije gute igikorwa co kwamamaza mu kibanza ca mbere n’igihe yabwirizwa gukora akazi k’umubiri? (b) Mu Vyakozwe 28:16, 30, 31, herekana ko Paulo yabona gute ubusuku?

9 Intumwa Paulo yaradusigiye akarorero keza mu bijanye no gushira ubusuku mu kibanza ca mbere. Igihe yari i Korinto mu rugendo rwiwe rwa kabiri rw’ubumisiyonari, yarakeneye amahera bica biba ngombwa ko aza aramara umwanya ajisha amahema. Naho ari ukwo, ntiyashira imbere igikorwa co kujisha amahema. Yagikora kugira yironse ivyo akeneye mu busuku maze ashobore kubwira inkuru nziza Abakorinto “ata co [ba]rishe.” (2 Kor. 11:7) Naho Paulo yabwirijwe gukora akazi k’umubiri, yagumye ashira imbere ubusuku kandi yaramamaza buri Sabato. Igihe ivyiwe vyahinduka bikamera neza, yaciye arushiriza kwitwararika igikorwa co kwamamaza. Yaciye “atangura gufatīrwa cane na rya jambo, ashinga intahe ku Bayuda kugira ngo yerekane neza ko Yezu ari we Kristu.” (Ivyak. 18:3-5; 2 Kor. 11:9) Mu nyuma igihe yamara imyaka ibiri apfunzwe i Roma, yarabwira inkuru nziza abamugendera akongera akandika amakete. (Soma Ivyakozwe 28:16, 30, 31.) Yari yiyemeje kutareka ikintu na kimwe ngo kimusamaze mu busuku yarangura. Yanditse ati: “Ni co gituma tudaheba, kuko dufise ubu busuku.” (2 Kor. 4:1) Nk’ukwo kwa Paulo, turashobora kugumiza igikorwa c’Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu, naho twoba tubwirizwa kumara umwanya dukora akazi k’umubiri.

Hari uburyo bwinshi bwo kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse (Raba ingingo ya 10-11)

10-11. Tworangura gute ubusuku bwacu bimwe bishitse igihe amagara atadukundira gukora vyinshi?

10 Igihe bitatworohera kwamamaza inzu ku nzu kubera ukwiterera mu myaka canke amagara make, turashobora kugira uruhara mu yindi mice y’ubusuku. Abamamaji bo mu kinjana ca mbere basanga abantu aho bari hose. Ntibagisha akaryo na kamwe ko kwigisha ukuri haba ari inzu ku nzu, mu bibanza bihuriramwo abantu benshi canke akaryo kizanye, ni ukuvuga ahantu hose abantu ‘baba bari.’ (Ivyak. 17:17; 20:20) Nimba bitugora kugendagenda, hari aho twoba dushoboye kwicara ahantu haca abantu benshi maze tukabwira ubutumwa abarengana. Canke na ho twoshobora kwamamaza akaryo kizanye, kwandika amakete canke tukamamaza kuri telefone. Abamamaji benshi bafise ingorane zikomeye zituma badakora vyinshi bararonkera umunezero mwinshi muri iyo mice yo kwamamaza.

11 Naho woba ufise ingorane z’amagara, urashobora kurangura ubusuku bwawe bimwe bishitse. Reka tugaruke ku karorero k’intumwa Paulo. Yavuze ati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.” (Flp. 4:13) Paulo yarakeneye izo nkomezi igihe yarwara ari mu rugendo rw’ubumisiyonari. Yabwiye Abagalatiya ati: “Nabamenyesheje inkuru nziza ari bwo bwa mbere biciye ku ndwara y’umubiri wanje.” (Gal. 4:13) Na wewe indwara yawe yoshobora gutuma uronka uturyo two kubwira abandi inkuru nziza, nk’abaganga n’abandi bakora kwa muganga. Benshi muri bo usanga bari ku kazi mu gihe abamamaji bagendera imihana yabo.

INGENE WOKWOROSHA UBUZIMA

12. Kugira ‘ijisho riremuruye’ bisobanura iki?

12 Yezu yavuze ati: “Itara ry’umubiri ni ijisho. Nimba rero ijisho ryawe riremuruye, umubiri wawe wose uzokayangana.” (Mat. 6:22) None aho yashaka kuvuga iki? Yashaka kwerekana ko dukeneye kworosha ubuzima tukaguma twituniye ku ntumbero imwe, ntitureke ngo hagire ikidusamaza canke ngo kiduteshe iyo ntumbero. Yezu ubwiwe yaradusigiye akarorero mu gushira ubusuku mu kibanza ca mbere mu buzima bwiwe, kandi yabwiye abigishwa biwe gushira mu kibanza ca mbere igikorwa ca Yehova be n’Ubwami bwiwe. Turigana Yezu mu kwitwararika cane mu buzima bwacu ubusuku bwa gikirisu, “[tuka]banza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana.”​—Mat. 6:33.

13. Ni ibiki vyodufasha gushira mu kibanza ca mbere ubusuku bwacu?

13 Uburyo bumwe bwo gushira mu kibanza ca mbere ubusuku ni mu kworosha ubuzima bwacu tukongereza umwanya tumara turiko turafasha abantu kugira bamenye Yehova kandi bamukunde. * Nk’akarorero, twoba dushobora guhindura urutonde rwacu rwo ku kazi kugira twongereze umwanya tumara mu busuku hagati mu ndwi? Twoba dushobora kugabanya umwanya tumara turiko turisamaza?

14. Ni ibiki abubakanye bamwe bagize kugira barushirize kwitwararika ubusuku?

14 Ivyo ni vyo umukurambere yitwa Elias n’umukenyezi wiwe bagize. Asigura ati: “Naho tutari dushoboye gutangura ubutsimvyi ubwo nyene, hari ivyo twari dushoboye gukora kugira twongereze umwanya tumara mu ndimiro. Nk’akarorero, twaragabanije amahera dukoresha, turaheba kwisamaza birenze urugero twongera turasaba abakoresha bacu kuduhindurira urutonde rw’akazi. Ivyo vyatumye dushobora kwamamaza ku migoroba, kuyobora inyigisho za Bibiliya ziyongereye be no kwamamaza hagati mu ndwi kabiri mu kwezi. Vyaratunezereye cane.”

INGENE WORYOHORA UBUHANGA BWAWE BWO KWAMAMAZA NO KWIGISHA

Gushira mu ngiro ivyo twiga mw’ikoraniro ryo hagati mu ndwi bizodufasha kuguma dutera imbere mu gikorwa cacu (Raba ingingo ya 15-16) *

15-16. Twisunze 1 Timoteyo 4:13, 15, ni gute twoguma turyohora ubuhanga bwacu bwo kwamamaza? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo “ Imigambi yomfasha kurangura ubusuku bimwe bishitse.”)

15 Ubundi buryo bwo kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse ni mu kuryohora ubuhanga bwacu bwo kwamamaza. Mu buzi bumwebumwe abakozi usanga basabwa kuguma bakarisha ubwenge kugira bongereze ubumenyi n’ubuhanga. N’abamamaji b’Ubwami ni ukwo nyene. Turakeneye kuguma turyohora ubuhanga bwacu mu busuku.​—Imig. 1:5; soma 1 Timoteyo 4:13, 15.

16 None ni gute twoguma dutera imbere mu busuku turangura? Ni mu gukurikiza neza ubuyobozi duhabwa mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Iryo koraniro riradufasha cane kuguma turyohora ubuhanga bwacu mu ndimiro. Nk’akarorero, igihe umuhagarikizi ariko araha impanuro abanyeshure bashikirije ibiganiro, turaharonkera ivyiyumviro vyodufasha kuryohora ubusuku bwacu. Turakwiye kwisunga ivyo vyiyumviro igihe dusubiye kuronka akaryo ko kubwira umuntu inkuru nziza. Twoshobora gusaba umucungezi w’umugwi wacu wo gusohoka mu ndimiro ngo adufashe canke tugakorana na we mu busuku, canke na ho tugakorana n’umwamamaji azi utuntu n’utundi, umutsimvyi canke umucungezi w’umuzunguruko. Uko tuba abahanga mu gukoresha kimwe cose mu bikoresho bidufasha kwigisha, tuzorushiriza guhimbarirwa ubusuku bwacu.

17. Ni ivyiza ibihe uzoronka niwarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?

17 Ese ukuntu ari agateka kubona Yehova atwemerera kuba “abakozi bakorana” na we! (1 Kor. 3:9) “[Niwiyemeza] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo” kandi ugashira ubusuku mu kibanza ca mbere, ‘uzokorera Yehova unezerewe.’ (Flp. 1:10; Zab. 100:2) Kubera yuko uri umusavyi w’Imana, urashobora guhera amazinda ko izokuronsa ububasha ukeneye kugira urangure ubusuku bwawe naho wohura n’intambamyi zimeze gute. (2 Kor. 4:1, 7; 6:4) Waba ushoboye gukora bike canke vyinshi mu gikorwa co kwamamaza, mu gihe ugikorana umutima wawe wose “[ura]gira imvo yo kwirata.” (Gal. 6:4) Igihe uranguye ubusuku bwawe bimwe bishitse, uba ugaragaje urukundo ukunda Yehova na bagenzawe. “Niwakora ivyo uzokwikiza [ukize] n’abakwumviriza.”​—1 Tim. 4:16.

URURIRIMBO RWA 58 Turondere abakunzi b’amahoro

^ ing. 5 Twarashinzwe igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Muri iki kiganiro turarimbura ingene tworangura ubusuku bwacu bimwe bishitse n’igihe twoba dufise intambamyi. Turabona kandi ingene tworushiriza kuba abamamaji babishoboye kandi tugahimbarwa muri ico gikorwa.

^ ing. 4 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Ubusuku turangura bugizwe n’imice itandukanye yo kwamamaza no kwigisha, kwubaka no kubungabunga inyubakwa zikoreshwa n’ishirahamwe be no gutabara abashikiwe n’ivyago.​—2 Kor. 5:18, 19; Ivyak. 11:29.

^ ing. 13 Raba ibintu ndwi vyogufasha biri mu ruzitiro ruvuga ngo “Ingene wokworosha ubuzima,” mu Munara w’Inderetsi wo muri Mukakaro 2016, rup. 10.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mushiki wacu ariko aratanga ikiganiro mw’ikoraniro ryo hagati mu ndwi asubiye kuraba uwo bayaze. Ahejeje, umuhagarikizi aratanga impanuro, umwe mushiki wacu na we akagira utwo yiyandikiye mu gatabu Kwigisha. Mu mpera y’umushamvu, arakoresha mu ndimiro ivyo yize muri rya koraniro.