Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 16

Nushigikire ukuri ku bijanye n’abapfuye

Nushigikire ukuri ku bijanye n’abapfuye

“Tu[ra]menya ijambo ry’irihumekano ry’ukuri be n’ijambo ry’irihumekano ry’ubuzimire.”​—1 YOH. 4:6.

URURIRIMBO RWA 73 Nuduhe ubutinyutsi

INCAMAKE *

Aho kugira uruhara mu migenzo idahimbara Imana, nuremeshe incuti zawe zabuze (Raba ingingo ya 1-2) *

1-2. (a) Shetani ahenda abantu gute? (b) Ni ibiki turimbura muri iki kiganiro?

SHETANI ni “se w’ikinyoma.” Yarahenze abantu kuva bagitangura kubaho. (Yoh. 8:44) Mu binyoma vyiwe harimwo inyigisho zitari zo zerekeye abapfuye n’ingene bamerewe. Imigenzo myinshi n’imihamuro abantu bakunda usanga bishingiye kuri izo nyigisho. Ivyo bituma abavukanyi na bashiki bacu batari bake babwirizwa “kurwanira ukwizera” kwabo bimwe bikomeye igihe babuze incuti canke umubanyi.​—Yuda 3.

2 Nimba none uhanganye n’ibintu nk’ivyo, ni igiki cogufasha kwumira ku vyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’abapfuye? (Ef. 6:11) Woremesha gute umukirisu mugenzawe ashobora kuba ariko arahangana n’umukazo wo kugira uruhara muri iyo migenzo idahimbara Imana? Iki kiganiro kiratwereka ubuyobozi Yehova aduha. Reka tubanze turimbure ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’abapfuye.

UKURI KU BIJANYE N’ABAPFUYE

3. Ikinyoma ca mbere cakweze iki?

3 Imana ntiyashaka ko abantu bapfa. Ariko kugira Adamu na Eva babeho ibihe bidahera, bategerezwa kugamburukira Yehova. Yari yatanze itegeko risanzwe, ati: “Igiti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi, ntuze ukiryeko, kuko umusi wakiriyeko uzopfa ata kabuza.” (Ita. 2:16, 17) Shetani na we ati natanzwe. Abicishije ku nzoka, yabwiye Eva ati: “Haba namba ntimuzopfa.” Ikibabaje, Eva yaremeye ico kinyoma maze ararya kuri ico giti. Mu nyuma n’umugabo wiwe yarakiriyeko. (Ita. 3:4, 6) Ukwo ni ko igicumuro n’urupfu vyinjiye mu bantu.​—Rom. 5:12.

4-5. Shetani yabandanije gute guhenda abantu?

4 Adamu na Eva barapfuye nk’uko Imana yari yarabivuze. Ariko Shetani ntiyaciye ahagarika kubesha. Mu nyuma, yarazanye ibindi binyoma. Kimwe muri vyo ni inyigisho ivuga ko iyo umuntu apfuye hapfa ikibiribiri gusa, ariko ko uwo muntu aca aja kubandanya kuba ahandi hantu. Gushika n’uno musi, abantu benshi cane baremera ico kinyoma.​—1 Tim. 4:1.

5 None ni kubera iki benshi bacemera? Mu guhenda abantu, Shetani afatira ku kuntu dusanzwe tubona urupfu. Kubera ko twaremwe kugira tubeho ibihe vyose, ntitwipfuza gupfa. (Umus. 3:11) Tubona rero ko urupfu ari umwansi.​—1 Kor. 15:26.

6-7. (a) Shetani yoba yarashoboye gutuma ukuri kwerekeye abapfuye kutaja ahabona? Sigura. (b) Ni gute ukuri kwo muri Bibiliya kuturinda ubwoba budakenewe?

6 Naho Shetani atako atagize, ukuri ku bijanye n’abapfuye kwaragiye ahabona. Nkako ubu kuruta ikindi gihe cose, abantu benshi barazi ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe be n’icizigiro gihari, kandi baravyamamaza. (Umus. 9:5, 10; Ivyak. 24:15) Ukwo kuri kuraduhumuriza kukaturinda kugira ubwoba no guhagarika umutima bidakenewe. Nk’akarorero, ntidutinya abapfuye canke ngo duhagarike umutima ko boba bariko barababazwa. Turazi ko batakiriho be n’uko badashobora kutugirira nabi. Ni nk’aho bari muri rinini. (Yoh. 11:11-14) Turazi kandi ko abapfuye batamenya ingene umwanya ugenda. Mu gihe c’izuka rero, n’abazoba bamaze imyaka amajana barapfuye bazobona umengo haciye akanya nk’ako gukubita urugohe.

7 Ntiwemera none ko ukuri kwerekeye abapfuye gutomoye, kworoshe gutegera kandi kwumvikana? Ese ukuntu gutandukanye n’ibinyoma bivuruga ubwenge vya Shetani! Uretse ko ivyo binyoma biyovya abantu, birasiga iceyi Umuremyi wacu. Kugira dutahure neza ingorane Shetani yakweze, tugiye kwihweza ibi bibazo: Ibinyoma vya Shetani vyasize gute iceyi Yehova? Ni gute vyatumye abantu badaha agaciro inkuka y’incungu ya Kristu? Vyunyuye gute intuntu n’umubabaro abantu bafise?

IBINYOMA VYA SHETANI VYARAKWEZE INGORANE NYINSHI

8. Nk’uko bivugwa muri Yeremiya 19:5, ni gute ibinyoma vya Shetani ku bijanye n’abapfuye bisiga iceyi Yehova?

8 Ibinyoma vya Shetani ku bijanye n’abapfuye birasiga iceyi Yehova. Ivyo binyoma birimwo n’inyigisho y’uko abapfuye bababarizwa mu muriro udahera. Inyigisho nk’izo ziratukisha Imana. Uti gute? Mu bisanzwe baba bavuze ko Yehova ari umubisha nka Shetani, uzi n’ingene ari Imana y’urukundo. (1 Yoh. 4:8) None ivyo bituma wiyumva gute? Yehova wewe amererwa gute? Ikizwi co ni uko aterekwa ububisha.​—Soma Yeremiya 19:5.

9. Ni gute ibinyoma vya Shetani bituma abantu badaha agaciro inkuka y’incungu ya Kristu ivugwa muri Yohani 3:16 na 15:13?

9 Ibinyoma vya Shetani ku bijanye n’abapfuye bituma abantu badaha agaciro inkuka y’incungu ya Kristu. (Mat. 20:28) Ikindi kinyoma ca Shetani ni ic’uko ngo abantu bafise umutima w’ubwenge udapfa. Hamwe rero vyoba ari vyo, abantu bose boba bazobaho ibihe bidahera. Vyongeye, ntivyari kuba bikenewe ko Kristu adupfira kugira turonke ubuzima budahera. Yamara twokwibuka ko incungu ya Kristu igaragaza urukundo rudasanzwe Yehova na Yezu bafitiye abantu. (Soma Yohani 3:16; 15:13.) Ibaze rero ingene Yehova na Yezu bababazwa n’inyigisho zituma abantu babona iyo ngabire y’agaciro nk’aho ata co ivuze!

10. Ibinyoma vya Shetani ku bijanye n’abapfuye vyunyura gute intuntu n’umubabaro abantu bafise?

10 Ibinyoma vya Shetani birunyura intuntu n’umubabaro abantu bafise. Iyo abavyeyi babuze umwana, hari igihe bababwira ko Imana ari yo yamutwaye kugira abe umumarayika. Ico kinyoma ntikibahumuriza, ahubwo kirunyura umubabaro wabo. Inyigisho y’ikinyoma yerekeye umuriro udahera yarabaye ishingiro ryo gukubagura abarwanije inyigisho za Ekleziya, harimwo no kubaturira baboheye ku giti. Igitabu kimwe kiravuga ibijanye na ya Sentare ya gatolika yo muri Espanye yarwanya ivyitwa ngo ni inyigisho z’ivyaduka. Kivuga ko bamwe mu batunganije ubwo bubisha babigira bavuga ko bagomba gufasha abo bita abahakanyi “guhonja ingene umuriro udahera uzoba umeze,” kugira bigaye batarapfa maze bakire uwo muriro udahera. Mu bihugu vyinshi, abantu barumva ko bategerezwa kwambaza ba sekuru bapfuye, kubatera iteka canke kubaronderako umuhezagiro. Abandi na bo bararondera gutururuza ababo bapfuye kugira ntibabagirire nabi. Ikibabaje, abemera ivyo binyoma ntibibahumuriza na gato. Ahubwo riho bituma bagira amaganya n’ubwoba bidakenewe.

WOSHIGIKIRA GUTE UKURI KWO MURI BIBILIYA?

11. Incuti n’abagenzi bogerageza gute kuduhata ngo turenge kw’Ijambo ry’Imana?

11 Urwo dukunda Imana n’Ijambo ryayo ruradufasha kugamburukira Yehova n’igihe incuti n’abagenzi bagerageje kuduhata ngo tugire uruhara mu migenzo ijanye n’abapfuye iteye kubiri n’Ivyanditswe. Barashobora kugerageza kutumaramaza, kumbure bakavuga ko tutakunda uwo muhisi, canke ko inyifato yacu izotuma agirira nabi mu buryo kanaka abasigaye. None woshigikira gute ukuri kwo muri Bibiliya? Nurimbure ingene woshira mu ngiro ingingo ngenderwako zikurikira.

12. Ni inyigisho be n’imigenzo ibihe bijanye n’abapfuye biteye kubiri n’Ivyanditswe?

12 ‘Niwitandukanye’ n’inyigisho be n’imigenzo biteye kubiri n’Ivyanditswe. (2 Kor. 6:17) Mw’izinga rimwe ryo muri Karayibe, benshi bemera ko iyo umuntu apfuye “umuzimu” wiwe uguma ng’aho kugira uhane aboba baramufashe nabi. Igitabu kimwe kivuga ko uwo “muzimu” ushobora no “gutera ivyago abantu bo mu kibano.” Mu mihingo imwimwe yo muri Afrika, hariho imigenzo yo kwimosha umushatsi, kudasohora amasuka, kutarya ibifungurwa bimwebimwe n’iyindi isa n’iyo. Uti kubera iki? Hari abavuga ko iyo migenzo ituma imizimu y’abapfuye itabagirira nabi. Twebwe abasavyi ba Yehova ntitwemera na gato imigenzo n’imigirwa ishigikira ibinyoma vya Shetani canke ngo tuyigiremwo uruhara.​—1 Kor. 10:21, 22.

Kugira ubushakashatsi bwitondewe bushingiye kuri Bibiliya be no kuyaga n’incuti atari Ivyabona tubigiranye icubahiro birashobora kuturinda ingorane (Raba ingingo ya 13-14) *

13. Nimba ufise amakenga ku bijanye n’umugenzo kanaka, wokora iki nk’uko bivugwa muri Yakobo 1:5?

13 Nimba ufise amakenga ku bijanye n’umugenzo canke umugirwa kanaka, nusenge Yehova ubigiranye ukwizera kugira akuronse ubukerebutsi. (Soma Yakobo 1:5.) Nuce ugira ubushakashatsi mu bitabu vyacu. Bibaye ngombwa niwiture abakurambere muri kumwe mw’ishengero. Ntibazogufatira ingingo, ariko bazokwereka ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zogufasha, nk’izi turiko turarimbura. Niwatera izo ntambwe, uzoba uriko uramenyereza ‘ububasha bwawe bwo gutegera,’ kandi ubwo bubasha buzogufasha “gutandukanya iciza n’ikibi.”​—Heb. 5:14.

14. Twokwirinda gute gutsitaza abandi?

14 ‘Nukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana, wirinde kuba igitsitaza.’ (1 Kor. 10:31, 32) Imbere yo guhitamwo kugira uruhara mu mugenzo kanaka canke kureka, dukwiye kuzirikana ingene vyogira ico bikoze kw’ijwi ryo mu mutima ry’abandi na canecane abo dusangiye ukwizera. Ntitwipfuza kwigera dutsitaza abandi. (Mrk. 9:42) Vyongeye, ntidushaka kubabaza bidakenewe abatari Ivyabona. Urukundo ruzotuma tuyaga na bo tubigiranye icubahiro, ivyo bikaba bininahaza Yehova. Ntitwipfuza guhazuka n’abantu canke gutyoza imigenzo yabo. Niwibuke ko urukundo rufise ububasha. Igihe turugaragaje mu buryo buranga ko tubitwararika kandi tububaha, birashobora gutururuza mbere n’abaturwanya.

15-16. (a) Kubera iki biranga ubukerebutsi kumenyesha abandi ivyo twemera? Tanga akarorero. (b) Ni gute amajambo Paulo yavuze mu Baroma 1:16 atwerekeye?

15 Niwimenyekanishe aho ubaye ko uri Icabona ca Yehova. (Yes. 43:10) Mu bihe vyo kubura, uzosanga bikworoheye gusigurira incuti n’ababanyi impagararo yawe nimba basanzwe bazi ivyo wemera. Uwitwa Francisco wo muri Mozambike yanditse ati: “Igihe jewe n’umukenyezi wanje Carolina twamenya ukuri, twarabwiye abo mu muryango ko tutazosubira gusenga abapfuye. Ukwizera kwacu kwarageragejwe igihe mukuru wa Carolina yapfa. Mu mico yacu hariho umugirwa wo kwoza ikiziga, maze incuti ya hafi igaca imara imisi itatu irara aho basheshe amazi yakoreshejwe mu kwoza ikiziga. Ivyo ngo babigira mu ntumbero yo gutururuza umuzimu w’umuhisi. Ab’iwabo na Carolina rero bari biteze ko ari we azoshitsa uwo mugirwa.”

16 None Francisco n’umugore wiwe bavyifashemwo gute? Francisco asigura ati: “Kubera ko dukunda Yehova kandi twipfuza kumuhimbara, twaranse kugira uruhara muri uwo mugirwa. Ab’iwabo na Carolina barababaye cane. Batwagirije ko twasuzuguye uwo muhisi baca batubwira ko batazogaruka iwacu canke ngo badufashe. Kubera ko twari twarabasiguriye imbere y’igihe ivyo twemera, nta co twiriwe turavuga muri ico gihe bari bagishavuye. Mbere bamwe mu ncuti zacu baradushigikiye mu kuvuga ko twari twaramaze gutomora impagararo yacu. Haciye igihe, ab’iwabo na Carolina baraturuye maze turasubiza hamwe. Bamwebamwe mbere baraje muhira kudusaba ibitabu bishingiye kuri Bibiliya.” Ese tutokwigera tumaramazwa no gushigikira ukuri tuzi ku bijanye n’abapfuye!​—Soma Abaroma 1:16.

NUREMESHE WONGERE USHIGIKIRE ABABUZE

Abagenzi nyakuri bararemesha kandi bagashigikira ababuze ababo (Raba ingingo ya 17-19) *

17. Tugiye kurimbura iki?

17 Igihe uwo dusangiye ukwizera abuze uwiwe, turakwiye kwihatira kumubera “umugenzi nyakuri . . . , yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.” (Imig. 17:17) Dushobora gute none kuba “umugenzi nyakuri” w’umuvukanyi canke mushiki wacu, canecane igihe ariko aragirwako umukazo wo kugira uruhara mu migenzo iteye kubiri n’Ivyanditswe? Rimbura ingingo ngenderwako zibiri zishobora kudufasha guhumuriza uwabuze.

18. Ni igiki carijije Yezu, kandi akarorero kiwe katwigisha iki?

18 “Murirane n’abarira.” (Rom. 12:15) Birashobora kutugora kuronka amajambo tubwira uwabuze. Ariko hari igihe amosozi yacu ari yo aba akenewe kuruta amajambo twovuga. Igihe Lazaro umugenzi wa Yezu yapfa, Mariya, Marita be n’abandi bararize. Igihe Yezu yaza haciye imisi ine, na we nyene ‘yarakoroye amosozi’ naho yari azi ko agiye kumuzura. (Yoh. 11:17, 33-35) Yezu yararize kubera ko yagaragaza kamere nk’iza Se. Yarize kandi kubera ko yakunda cane uwo muryango. Nta gukeka ko ivyo vyahumurije Mariya na Marita. Muri ubwo buryo nyene, igihe abavukanyi bacu babona ko tubakunda kandi ko tubitaho, birabereka ko batari bonyene, mugabo ko bafise abagenzi babitwararika kandi babashigikiye.

19. Igihe turemesha uwo dusangiye ukwizera yabuze, twoshira mu ngiro gute Umusiguzi 3:7?

19 “Igihe co kunuma n’igihe co kuvuga.” (Umus. 3:7) Ubundi buryo bwo kuremesha uwo dusangiye ukwizera yabuze ni ukumutega yompi. Numureke aguserurire akari ku mutima, kandi ntubabare bishitse ‘agahoromboka.’ (Yobu 6:2, 3) Ashobora kuba ari mu mukazo uva ku ncuti ziwe atari Ivyabona ziza zisongera isibe. Nuture isengesho muri kumwe, utakambire umwe “[y]umva amasengesho” kugira amuhe inkomezi n’umutima utekanye. (Zab. 65:2) Nimba bishoboka, nimusomere hamwe Bibiliya canke ikiganiro co mu bitabu vyacu gihuye n’ivyo arimwo, nk’inkuru y’ubuzima iremesha.

20. Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

20 Ese ukuntu ari agateka kumenya ukuri ku bijanye n’abapfuye n’icizigiro ciza igitangaza c’uko abari mu mva bazozivamwo! (Yoh. 5:28, 29) Nimuze dushigikire ukuri kwo muri Bibiliya tubigiranye umutima rugabo mu mvugo no mu ngiro, twongere tukuyagire abandi igihe cose turonse akaryo kabereye. Mu kiganiro gikurikira tuzokwihweza ubundi buryo Shetani agerageza kugumiza abantu mu mwiza, na bwo bukaba ari ubupfumu. Tuzobona kandi igituma dukwiye kwirinda ibikorwa n’ukwisamaza bifitaniye isano n’uwo mutego.

URURIRIMBO RWA 24 Nimuze ku musozi wa Yehova

^ ing. 5 Shetani n’amadayimoni yiwe barahenda abantu ku bijanye n’ingene abapfuye bamerewe. Ivyo binyoma vyatumye haba imigenzo myinshi iteye kubiri n’Ivyanditswe. Iki kiganiro kiradufasha kuguma turi intahemuka kuri Yehova igihe abandi baduhase ngo twifatanye na bo muri iyo migenzo.

^ ing. 55 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Ivyabona bariko bararemesha incuti yabo ituntujwe cane n’ukubura.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Inyuma yo kugira ubushakashatsi ku vyerekeye imigirwa ijanye n’amaziko, icabona umwe arasigurira incuti ziwe ivyo yemera abagiranye umutima mwiza.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abakurambere bariko bararemesha umuvukanyi yabuze uwiwe.