Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 18

‘Niwiruke kugeza kw’iherezo’

‘Niwiruke kugeza kw’iherezo’

“Narirutse mw’isiganwa kugeza kw’iherezo.”​—2 TIM. 4:7.

URURIRIMBO RWA 129 Tugume twihangana

INCAMAKE *

1. Twese dutegerezwa gukora iki?

WOBA woja kwiruka mw’isiganwa uzi ko rigoye, na canecane urwaye canke urushe? Birumvikana ko utovyemera. Ariko rero, intumwa Paulo yavuze ko abakirisu b’ukuri bose bari mw’isiganwa. (Heb. 12:1) Kandi twese, abato n’abakuze, abakomeye n’abarushe, dutegerezwa kwihangana gushika kw’iherezo nimba dushaka kuronka agashimwe Yehova adusezeranira.​—Mat. 24:13.

2. Twisunze 2 Timoteyo 4:7, 8, kubera iki Paulo yari afise umwidegemvyo wo kuvuga?

2 Paulo yari afise umwidegemvyo wo kuvuga kuko yari “[ya]rirutse mw’isiganwa kugeza kw’iherezo.” (Soma 2 Timoteyo 4:7, 8.) None iryo siganwa Paulo yavuze ni irihe?

IRYO SIGANWA NI IRIHE?

3. Isiganwa Paulo yavuze ni irihe?

3 Rimwe na rimwe Paulo yarakoresha ibintu bijanye n’inkino zo mu Bugiriki bwa kera kugira atange ivyigwa bihambaye. (1 Kor. 9:25-27; 2 Tim. 2:5) Akatari gake, yaragereranije ubuzima bw’umukirisu n’isiganwa ryo kwiruka n’amaguru. (1 Kor. 9:24; Gal. 2:2; Flp. 2:16) Umuntu atangura iryo “siganwa” iyo yiyeguriye Yehova akabatizwa. (1 Pet. 3:21) Arirangiza iyo Yehova amuhaye agashimwe k’ubuzima budahera.​—Mat. 25:31-34, 46; 2 Tim. 4:8.

4. Muri iki kiganiro turimbura iki?

4 None isiganwa rirerire ry’amaguru rihuriye ku ki n’ubuzima bw’umukirisu? Hari ibintu bitari bike bihuriyeko. Reka turimbure bitatu muri vyo. Ica mbere, turakeneye kujana inzira ibereye. Ica kabiri, dutegerezwa kugumiza umuzirikanyi ku murongo wa nyuma w’isiganwa. Ica gatatu, dutegerezwa gutsinda intambamyi duhura muri iryo siganwa.

NUJANE INZIRA IBEREYE

Twese dutegerezwa kugendera mu nzira y’ubuzima ya gikirisu (Raba ingingo ya 5-7) *

5. Dukwiye kujana inzira iyihe, kandi kubera iki?

5 Kugira abirutsi batsinde isiganwa, bategerezwa kujana inzira yashinzwe n’abateguye iryo siganwa. Muri ubwo buryo nyene, nimba dushaka kuronka agashimwe k’ubuzima budahera, dutegerezwa kujana inzira y’ubuzima, ari kwo kubaho rukirisu. (Ivyak. 20:24; 1 Pet. 2:21) Ariko rero, Shetani be n’abigana inyifato yiwe bashaka ko twofata iyindi nzira, ‘tukiruka hamwe na bo.’ (1 Pet. 4:4) Barasuzugura inzira y’ubuzima twahisemwo, bakavuga ko iyo barimwo ari yo nziza, ko ibashikana ku mwidegemvyo. Ariko ivyo bavuga ni ikinyoma.​—2 Pet. 2:19.

6. Akarorero ka Brian katwigisha iki?

6 Abifatanya n’abantu b’iyi si ya Shetani mw’isiganwa, ntibateba kwibonera ko inzira bahisemwo ibajana mu buja, aho kubajana ku mwidegemvyo. (Rom. 6:16) Rimbura akarorero k’uwitwa Brian. Abavyeyi biwe baramuremesheje kugendera mu nzira y’ubuzima ya gikirisu. Ariko ageze mu buyabaga, yarakekeranije nimba guca muri iyo nzira vyotumye ahimbarwa. Yaciye ashima kwifatanya n’abisunga ivyiyumviro vya Shetani. Avuga ati: “Sinigeze nibaza ko icitwa umwidegemvyo narondera cotumye nizizirwa n’ingeso mbi. Haciye igihe, narigaruriwe n’ibiyayuramutwe, inzoga nyinshi be n’ubuzima bw’ubuhumbu. Mu myaka nk’ingahe yakurikiye, naciye ntangura kunywa ibiyayuramutwe bikomakomeye maze vyinshi muri vyo biranyizizira. . . . Naratanguye kudandaza ibiyayuramutwe kugira ndonke amahera yomfasha muri ubwo buzima narimwo.” Mu nyuma, Brian yarafashe ingingo yo kubaho yisunga ingingo ngenderwako za Yehova. Yarahinduye ukuntu yari abayeho maze arabatizwa mu 2001. Ubu arahimbawe vy’ukuri kubona ariko agendera mu nzira y’ubuzima. *

7. Twisunze Matayo 7:13, 14, ni inzira zibiri izihe ziri imbere yacu?

7 Ese ukuntu bihambaye rero ko duhitamwo kugendera mu nzira ibereye! Shetani yipfuza ko twese twova mu nzira yaga “[ijana] mu buzima,” tukaja mu nzira yagutse abantu benshi bo muri iyi si bariko baracamwo. Naho iyo nzira ikundwa kandi yoroshe gucamwo, “ijana mu mahonero.” (Soma Matayo 7:13, 14.) Kugira ngo tugume mu nzira ibereye kandi ntidusamare, dutegerezwa kwizigira Yehova no kumwumviriza.

NUGUME WIRUKA URABA IMBERE

Dutegerezwa kuguma turaba imbere, tukirinda no gutsitaza abandi (Raba ingingo ya 8-12) *

8. Bishitse umwirutsi agatsitara, aca akora iki?

8 Abahiganwa mw’isiganwa rirerire ry’amaguru, baguma baraba imbere kugira ntibatsitare. Ariko birashobora gushika umwirutsi agatsitara kuri mugenziwe canke agahonyora mu kinogo. Bishitse akagwa, arahaguruka akabandanya kwiruka. Agumiza umutima ku murongo wa nyuma w’isiganwa no ku gashimwe aba yizigiye kuronka, aho kuwugumiza ku catumye atsitara.

9. Bishitse tugatsitara, dukwiye gukora iki?

9 Mw’isiganwa turimwo, vyoshika tugatsitara kenshi mu vyo tuvuga no mu vyo dukora, canke abirutsi bagenzi bacu bagakora ibintu bitubabaza. Ivyo dukwiye kuvyitega. Twese turi abanyagasembwa, kandi twiruka duca muri ya nzira yaga ijana mu buzima. Birashika rero tukagongana. Paulo yari azi ko vyoshitse tukagira ‘ico twidogera abandi.’ (Kol. 3:13) Ariko aho guca tugumiza umuzirikanyi ku catumye dutsitara, turakwiye kuwugumiza ku gashimwe tubikiwe. Bishitse tugatsitara, nimuze duce duhaguruka tubandanye kwiruka. Duciye tugira inzigo n’inzika ntiduhaguruke, ntitwoshika ku murongo wa nyuma w’isiganwa kandi ntitworonka agashimwe. Vyongeye, twoshobora no kubera igitsitaza abandi bariko baragerageza kwiruka muri ya nzira yaga ijana mu buzima.

10. Twokwirinda gute kubera abandi “igitsitaza”?

10 Ubundi buryo dushobora kwirinda kubera “igitsitaza” abirutsi bagenzi bacu, ni ukwubahiriza ingene babona ibintu igihe cose bishoboka, aho gushimika ku kuntu twebwe tubibona. (Rom. 14:13, 19-21; 1 Kor. 8:9, 13) Tubigenjeje gutyo, tuba twirinze kumera nk’abirutsi basanzwe, kuko bobo bahiganwa, kandi umwe wese akita ku rutare kugira ngo abe ari we atahukana agashimwe. Abo birutsi bashira imbere inyungu zabo bwite. Ni co gituma bashobora no gusunika abandi kugira ngo babace imbere. Ariko rero twebwe ntituriko turahiganwa. (Gal. 5:26; 6:4) Intumbero yacu ni ugufasha abantu benshi bashoboka gushika ku murongo wa nyuma w’isiganwa no kuronka agashimwe k’ubuzima. Ni co gituma twihatira gukurikiza impanuro Paulo yatanze ahumekewe ivuga ko ‘tutoguma turaba ivyacu gusa, ariko tworaba n’ivy’abandi.’​—Flp. 2:4.

11. Ni igiki umwirutsi agumiza mu bwenge, kandi kubera iki?

11 Uretse ko abirutsi baguma baraba imbere, baranagumiza mu bwenge umurongo wa nyuma w’isiganwa. Naho baba batawubona, bariha ishusho bawushikiriye maze bakaronka agashimwe. Kugumiza mu bwenge agashimwe bituma badacika intege.

12. Yehova yadusezeraniye iki?

12 Yehova abigiranye umutima mwiza yarasezeraniye impera abazorangiza isiganwa turimwo, bamwe akazobaha ubuzima budahera mw’ijuru abandi mw’isi y’iparadizo. Ivyanditswe biratubwira ingene iyo mpera izoba imeze kugira ngo dushobore kwiha ishusho y’ukuntu tuzogira ubuzima bwiza igitangaza. Uko tugumiza ku mutima ico cizigiro, ni ko turushiriza kwumirako ntitwemere yuko hagira ikidutsitaza ubutakivayo.

NUGUME WIRUKA NAHO WOBA UFISE INGORANE

Twipfuza kuguma twiruka mw’isiganwa ry’ubuzima naho twoba turi mu ngorane (Raba ingingo ya 13-20) *

13. Ni igiki turusha abirutsi basanzwe?

13 Abirutsi bo mu nkino zo mu Bugiriki bategerezwa kurengera intambamyi zimwezimwe, nk’uburuhe n’ububabare. Ariko rero, bafashwa n’imyimenyerezo bagira be n’inkomezi zabo. Na twebwe tumeze nk’abo birutsi kubera yuko turonka ukumenyerezwa kujanye n’isiganwa turimwo. Ariko twebwe hari ico turusha abo birutsi. Turafise isoko ry’inguvu ritigera rihera. Nitwiheka kuri Yehova, adusezeranira ko azotumenyereza akongera akadukomeza.​—1 Pet. 5:10.

14. Mu 2 Abakorinto 12:9, 10 hadufasha gute kwihanganira ingorane?

14 Paulo yaraciye mu ngorane nyinshi. Hambavu y’ibitutsi n’uruhamo, rimwe na rimwe yaracika intege kandi yaranyinyana n’ico yise “ihwa mu mubiri.” (2 Kor. 12:7) Mugabo aho kubona izo ngorane nk’icitwazo co gutana n’akabando, yazibona nk’akaryo ko kwiheka kuri Yehova. (Soma 2 Abakorinto 12:9, 10.) Kuba Paulo yabona ibintu gutyo, vyatumye Yehova amufasha muri izo ngorane zose.

15. Twiganye Paulo tuzokwibonera iki?

15 Na twebwe vyoshika tugatukwa canke tugahamwa duhorwa ukwizera kwacu. Twoshobora no kugira amagara make canke tukaruha. Ariko twiganye Paulo, imwe yose muri izo ngorane irashobora gucika akaryo ko kwibonera ingene Yehova adushigikira abigiranye urukundo.

16. Ni igiki wokora naho woba ufise ubumuga?

16 Woba uri ku musego? Woba ugendera mu gakinga k’abamugaye? Woba ufise ingorane y’amavi canke yo kubona? Nimba ari ukwo, woba woshobora kwiruka muri rya siganwa uri kumwe n’abakiri bato kandi bagikomeye? Cane nyene! Abitereye mu myaka batari bake be n’abamugaye, bariko bariruka baca muri ya nzira ijana mu buzima. Ivyo ntibabishobozwa n’inkomezi zabo. Ahubwo, babishobozwa n’inkomezi Yehova abaronsa biciye ku gukurikirana amakoraniro hakoreshejwe telefone canke videwo zafashwe. Vyongeye, baragira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa mu kubwira inkuru nziza abaganga, abaforoma be n’incuti.

17. Yehova abona gute abafise ingorane z’amagara?

17 Ntukigere wibaza ko kugira ingorane z’amagara bituma udashobora kwiruka muri ya nzira ijana mu buzima. Yehova aragukunda kubera ko umwizera kandi ukaba umaze igihe wihangana. Ubu ni ho canecane ukeneye ko agushigikira kuruta ikindi gihe cose, kandi ntazokwigera aguheba. (Zab. 9:10) Ahubwo mbere azorushiriza kukuba hafi. Mushiki wacu umwe afise indwara kanaka avuga ati: “Uko ingorane z’amagara zirushiriza kwongerekana, ni ko birushiriza kungora kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Ariko ndazi ko akigoro ngira naho ari gatoyi kanezereza umutima wa Yehova, kandi ivyo bituma mpimbarwa.” Igihe ucitse intege, urama wibuka ko Yehova ari kumwe nawe. Urazirikana ku karorero ka Paulo, wibuke n’aya majambo aremesha yavuze, agira ati: “Ndahimbarirwa rero ubugoyagoye, . . . kuko iyo ngoyagoya ari ho ngira ububasha.”​—2 Kor. 12:10.

18. Ni ingorane ikomeye iyihe bamwebamwe bafise?

18 Bamwebamwe mu bariko bariruka baca muri ya nzira ijana mu buzima barahura n’iyindi ngorane. Bariko baranyinyana n’ibintu abandi badashobora kubona canke gutahura. Nk’akarorero, hari abarwaye akabonge canke barengewe n’amaganya. Kubera iki iyo ari ingorane ikomeye cane? Igihe umuntu avunitse ukuboko canke agendera mu gakinga k’abamugaye, uwari we wese arashobora kubibona kandi yoshobora kugira umutima wo kumufasha. Ariko uwurwaye ku mutima canke uwufise ingorane z’amagara yo mu mutwe, woshobora kutamubonako ikimenyetso na kimwe cerekana ko arwaye. Mugabo na we nyene aba afise umubabaro cokimwe n’uwavunitse ukuboko canke ukuguru. Ariko kubera ko abandi bataba babona ingorane afise, boshobora kutamwitwararika nk’abo bandi.

19. Akarorero ka Mefibosheti katwigisha iki?

19 Nimba ufise amagara make kandi ukaba wiyumvira ko abandi batagutahura, akarorero ka Mefibosheti karashobora kukuremesha. (2 Sam. 4:4) Uretse ko yari asanzwe amugaye, n’Umwami Dawidi yaramutahuye nabi. Nta co Mefibosheti yari yakoze kugira izo ngorane zose zimushikire. Ariko ivyo ntivyamuciye intege. Yarashima ivyiza yagiye aribonera mu buzima. Yarakenguruka ingene Dawidi yari yarigeze kumugaragariza ubuntu. (2 Sam. 9:6-10) Igihe rero Dawidi yamutahura nabi, Mefibosheti ntiyaciye agwiza n’ubusa ivyiza vyose yari yaramukoreye. Ntiyaretse ngo ikosa rya Dawidi ritume agira inzigo. Vyongeye, ntiyegetse kuri Yehova iryo kosa rya Dawidi. Mefibosheti yashize umutima ku vyo yari gushobora gukora kugira ashigikire uwo mwami yari yagenywe na Yehova. (2 Sam. 16:1-4; 19:24-30) Ako karorero keza ka Mefibosheti, Yehova yarakandikishije mw’Ijambo ryiwe kugira kadufashe.​—Rom. 15:4.

20. Amaganya ashobora kugira ingaruka izihe kuri bamwebamwe, mugabo ni igiki bakwiye kumenya?

20 Hari abavukanyi na bashiki bacu bagira amaganya akomeye, ku buryo bahagarika umutima cane canke bakikumira. Naho bibagora kuja mu bantu benshi, usanga babandanya kwitaba amakoraniro, amateraniro n’amahwaniro. Naho bitaborohera kuyagisha abantu batamenyereye, usanga baja mu ndimiro. Nimba ivyawe vyifashe gutyo, numenye ko uri mu bandi. Benshi barashikirwa n’izo ngorane. Niwibuke ko Yehova ashima ivyo ukora n’umutima wawe wose. Kuba utatanye n’akabando ni icerekana yuko ariko araguhezagira akongera akaguha inkomezi ukeneye. * (Flp. 4:6, 7; 1 Pet. 5:7) Nimba uriko ukorera Yehova ufise ingorane ku mubiri canke ku mutima, numenye neza ko Yehova ashima ivyo ukora.

21. Tubifashijwemwo na Yehova, ni igiki twese tuzokora?

21 Birashimishije kubona isiganwa Paulo yavuze ritandukanye n’isiganwa risanzwe. Mw’isiganwa ry’amaguru ryaba mu bihe vya Bibiliya, umuntu umwe gusa ni we yatahukana agashimwe. Ariko mw’isiganwa ry’ubuzima abakirisu turimwo, uwihangana wese azoronka agashimwe k’ubuzima budahera. (Yoh. 3:16) N’ikindi kandi, muri iryo siganwa rya kera, abirutsi bose bategerezwa kuba bafise amagara meza, ahandiho vyari kubagora gutsinda. Ariko mw’isiganwa turimwo, naho abenshi usanga twifitiye ingorane z’amagara, tuguma twumiyeko. (2 Kor. 4:16) Yehova abidufashijemwo, twese tuzokwiruka gushika turangije iryo siganwa.

URURIRIMBO RWA 144 Guma uraba ku gashimwe!

^ ing. 5 Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova batari bake bahanzwe n’ubusaza, abandi na bo basinzikajwe n’indwara. Vyongeye, twese birashika tukumva turushe. Ivyo vyotuma tubona umengo ntitwoshobora kuja mw’isiganwa. Muri iki kiganiro, turarimbura ukuntu twese twokwiruka twihanganye maze tugatsinda isiganwa ry’ubuzima intumwa Paulo yavuze.

^ ing. 6 Raba ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2013.

^ ing. 20 Ushaka ibindi vyiyumviro ku bijanye no kwihanganira amaganya be n’uburorero bw’abashoboye kuyihanganira, raba ikiganiro ca buri kwezi co muri Rusama 2019, kuri jw.org®. Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE > TELEVIZIYO YA JW.

^ ing. 63 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Kuba uwo muvukanyi yitereye mu myaka yama aja mu ndimiro, biratuma aguma muri ya nzira ibereye y’ubuzima abakirisu barimwo.

^ ing. 65 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Twoshobora gutsitaza abandi mu kubahata ngo banywe inzoga nyinshi canke mu kutigerera ubwacu.

^ ing. 67 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Naho umuvukanyi ari mu bitaro, aguma muri rya siganwa rya gikirisu mu kubwira inkuru nziza abamwitwararika.