Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 16

Nubumvirize, ubamenye, kandi ubagaragarize impuhwe

Nubumvirize, ubamenye, kandi ubagaragarize impuhwe

“Reka guca urubanza mufatiye ku biboneka inyuma, ahubwo ba muca urubanza rugororotse.”​—YOH. 7:24.

URURIRIMBO RWA 101 Dukorane mu bumwe

INCAMAKE *

1. Ni ikintu ikihe gihumuriza Bibiliya itubwira ku vyerekeye Yehova?

WOBA woshima ko abantu bakwiyumvira ukutari kwo bafatiye kw’ibara ry’urukoba rwawe, kw’isura yawe canke ku kuntu ungana? Birumvikana ko utobishima. Ese rero ingene bihumuriza kumenya ko Yehova ataducira urubanza afatiye ku vyo umuntu abonesha amaso! Nk’akarorero, igihe Samweli yitegereza abahungu ba Yese, ivyo yaravye si vyo Yehova we yaraba. Yehova yari yabwiye Samweli yuko umwe mu bahungu ba Yese yobaye umwami wa Isirayeli. None uwo muhungu yobaye nde? Igihe Samweli yabona Eliyabu imfura ya Yese, yavuze ati: “Emwe, uwo Yehova yarobanuje amavuta ari imbere yiwe.” Eliyabu yasa n’uwoba umwami. “Yehova [yaciye] abwira Samweli ati: ‘Nturabe uko asa n’uburebure bw’igihagararo ciwe, kubera ko namwanse.’” None icigwa ni ikihe? Yehova yabandanije ati: “Umuntu buntu abona ibiboneka ku maso, mugabo Yehova we, abona ico umutima uri.”​—1 Sam. 16:1, 6, 7.

2. Twisunze Yohani 7:24, kubera iki tudakwiye kwiyumvira umuntu ukutari kwo dufatiye ku biboneka inyuma? Tanga akarorero.

2 Kubera ko tudatunganye, twese usanga twiyumvira abandi ukutari kwo dufatiye ku biboneka inyuma. (Soma Yohani 7:24.) Hamwe twofatira ku vyo tubonesha amaso, twomenya bike ku vyerekeye umuntu. Tubitangire akarorero: Naho umuganga yoba ari karuhariwe, yomenya bike hamwe yokwihweza gusa umurwayi. Ategerezwa kumwumviriza yitonze nimba ashaka kumenya kahise k’amagara yiwe, ingene yiyumva, canke ibimenyetso vy’indwara arwaye. Uwo muganga yoshobora no kumutuma igipimo c’iradiyo kugira ngo abone ingene ameze imbere mu mubiri. Ahandiho, uwo muganga yohava avura indwara itari yo. Muri ubwo buryo nyene, ntidushobora gutahura neza abavukanyi na bashiki bacu twihweje gusa ibiboneka inyuma. Dukwiye kugerageza gutahura uko bameze imbere. Ego ni ko, ntidushobora kumenya ibiri mu mutima, akaba ari co gituma tutazokwigera dutahura abandi nk’uko Yehova abatahura. Ariko rero, turashobora gukora uko dushoboye kwose kugira twigane Yehova. Uti gute?

3. Inkuru zo muri Bibiliya turimbura muri iki kiganiro ziza kudufasha gute kwigana Yehova?

3 None Yehova afata gute abasavyi biwe? Arabumviriza. Aratahura ivyo baciyemwo be n’uko ivyabo vyifashe. Vyongeye, arabagaragariza impuhwe. Nimuze turimbure ingene Yehova yabigiriye Yona, Eliya, Hagari na Loti, maze tubone ingene natwe twomwigana mu kuntu dufata abavukanyi na bashiki bacu.

NUBUMVIRIZE WITONZE

4. Kubera iki twoshobora kubona Yona ukutari kwo?

4 Kubera ko tutazi amakuru yose, twoshobora kubona ko Yona atari umwizigirwa, mbere ko yari umuhemu. Yehova yaramuhaye itegeko ritomoye ryo gutangaza urubanza i Ninewe. Aho kugamburuka, Yona yaciye yurira ubwato bufashe iyindi nzira, aja “kure ya Yehova.” (Yona 1:1-3) Woba wari guha Yona akandi karyo ko gukora ico gikorwa? Hari aho utari kukamuha. Ariko Yehova wewe, yarabonye imvo zotuma amuha akandi karyo.​—Yona 3:1, 2.

5. Amajambo Yona yavuze muri Yona 2:1, 2, 9, atwereka iki ku bimwerekeye?

5 Isengesho Yona yatuye ryarahishuye uko yari ameze vy’ukuri. (Soma Yona 2:1, 2, 9.) Iryo sengesho, irishobora kuba ari rimwe mu yandi menshi Yona yatuye, riratuma tutamubona gusa nk’umuntu yahunze igikorwa yashinzwe. Amajambo yavuze muri iryo sengesho arerekana ko yari umuntu yicisha bugufi, akenguruka, kandi yiteguriye kugamburukira Yehova. Ntibitangaje rero kubona Yehova yarirengagije ivyo Yona yakoze, akishura iryo sengesho ryiwe, mbere akabandanya kumukoresha nk’umuhanuzi.

Tumenye amakuru yose vyotuma turushiriza kuba abanyempuhwe (Raba ingingo ya 6) *

6. Kubera iki dukwiye kwumviriza twitonze?

6 Kugira twumvirize abandi twitonze, turakeneye kwicisha bugufi no kwihangana. Turakwiye kubigira n’imiburiburi kubera imvo zitatu. Iya mbere, birashobora gutuma tutihutira kubona abandi ukutari kwo. Iya kabiri, turashobora gutahura uko umuvukanyi wacu yiyumva be n’imvo zituma akora ibintu, ivyo bigatuma turushiriza kumugaragariza impuhwe. Iya gatatu, twoshobora gufasha uwo muntu kumenya uko ari. Rimwe na rimwe, usanga bitugora gutahura ingene twiyumva vy’ukuri, gushika tuvyiganiye uwundi muntu. (Imig. 20:5) Umukurambere umwe wo muri Aziya avuga ati: “Ndibuka ko nigeze gukora ikosa ryo kuvuga ntabanje kwumviriza. Nabwiye mushiki wacu umwe ko akwiye kuryohora inyishu atanga kw’ikoraniro. Ariko nahavuye menya ko atazi gusoma neza, kandi ko bimusaba akigoro gakomeye kugira ngo atange inyishu.” Ese ukuntu rero bihambaye ko umukurambere wese abanza ‘kwumviriza’ imbere yo gutanga impanuro!​—Imig. 18:13.

7. Ukuntu Yehova yafashe Eliya bitwigisha iki?

7 Hari abavukanyi na bashiki bacu bigora kuvuga ukuntu biyumva bivanye n’ivyo baciyemwo, imico kama, canke ukuntu bimereye. None ni gute twotuma biborohera kutuyagira? Niwibuke ingene Yehova yafashe Eliya igihe yahunga Yezebeli. Naho Eliya yamaze imisi myinshi atarabwira uwo Muvyeyi wiwe wo mw’ijuru ibimuraje ishinga, yaramwumvirije yitonze. Yaciye amuremesha yongera aramushinga igikorwa gihambaye. (1 Abm. 19:1-18) Hoshobora guca igihe kugira abavukanyi na bashiki bacu bumve ko botuyagira bisanzuye. Ariko igihe batuyagiye, ni ho honyene dushobora kumenya ukuntu biyumva vy’ukuri. Twiganye Yehova mu kuba abantu bihangana, turashobora gutuma batwizigira. Igihe rero biteguriye kutubwira ukuntu biyumva, dukwiye kubumviriza twitonze.

NURONDERE KUMENYA ABAVUKANYI NA BASHIKI BACU

8. Twisunze Itanguriro 16:7-13, Yehova yafashije gute Hagari?

8 Hagari incoreke ya Sarayi, yaravyifashemwo nabi inyuma y’aho Sarayi amushikirije Aburamu ngo amubere umugore. Hagari amaze kwibungenga yaciye atangura gusuzugura Sarayi, kuko we atagira abana. Mu nyuma ibintu vyarunyutse gushika n’aho Sarayi yirukana Hagari. (Ita. 16:4-6) Twebwe abantu badatunganye, twoshobora kubona ko Hagari yari umugore asuzugurana, ko rero yari akwiye gucishwa bugufi. Ariko Yehova we si uko yamubona. Yaramurungikiye umumarayika, kandi igihe nya mumarayika yashika aho ari, yaramufashije gukosora inyifato yiwe yongera aramuhezagira. Hagari yaciye amenya ko Yehova yariko aramwitegereza, kandi ko yari azi ivyariko biramushikira vyose. Ivyo vyatumye yita Yehova “Imana ibona.”​—Soma Itanguriro 16:7-13.

9. Ni ibiki Imana itirengagije mu kuntu yafashe Hagari?

9 None Yehova yabona ibiki ku bijanye na Hagari? Yari azi neza kahise kiwe be n’ivyagiye biramushikira. (Imig. 15:3) Hagari yari Umunyamisirikazi yaba mu rugo rw’Umuheburayo. Vyoba vyarashika akumva umenga ni kavamahanga? Yoba yarakumbura umuryango wiwe n’igihugu ciwe c’amavukiro? Vyongeye, si we wenyene yari umugore wa Aburamu. Ico gihe, abagabo b’abizigirwa bamwebamwe baragira abagore barenga umwe. Ariko ivyo ntivyari mu mugambi wa Yehova. (Mat. 19:4-6) Ntibitangaje rero kubona ivyo guharika vyarakwega ishari n’inzigo. Naho Yehova atarengeje uruho rw’amazi ku gasuzuguro Hagari yagiriye Sarayi, ntiyirengagije na kahise ka Hagari be n’ivyo yariko aracamwo.

Nurondere kumenya neza abavukanyi na bashiki bacu (Raba ingingo ya 10-12) *

10. Ni gute twomenya neza abavukanyi na bashiki bacu?

10 Turashobora kwigana Yehova mu kurondera gutahurana. Nurondere kumenya neza abavukanyi na bashiki bacu. Nubayagishe imbere y’amakoraniro n’inyuma yayo, mukorane mu ndimiro, kandi nimba bishoboka ubatumire musangire udufungurwa. Ubigenjeje gutyo, wotangara usanze mushiki wacu asa n’uwikumira mu vy’ukuri ari umunyamasoni, umuvukanyi wibaza ko akunda amaronko usanze ari umwakiranyi, canke abagize umuryango bama bacererwa ku makoraniro ugasanga babitumwa n’uko bari mu ruhamo. (Yobu 6:29) Ego ni ko, ntidukwiye ‘kwita mu vy’abandi.’ (1 Tim. 5:13) Ariko rero, birabereye ko tumenya ivyerekeye abavukanyi na bashiki bacu, be n’ivyo baciyemwo vyatumye bamera uko bameze.

11. Kubera iki bihambaye ko abakurambere bamenya neza intama bajejwe?

11 Abakurambere canecane barakwiye kumenya ivyo intama bajejwe kwitwararika zaciyemwo. Rimbura akarorero k’umuvukanyi yitwa Artur, akaba yari umucungezi w’umuzunguruko. We n’uwundi mukurambere baragendeye mushiki wacu yasa n’umunyamasoni kandi yigungira ukwiwe. Artur avuga ati: “Igihe twamuganiriza twaramenye ko umugabo wiwe yapfuye haheze igihe gito bubakanye. Ariko naho yashikiwe n’izo ngorane, yarafashije abakobwa biwe babiri bakura bakunda Yehova. Mugabo amaso yiwe yariko arahuma, kandi yari agwaye akabonge. Naho ari ukwo, urukundo akunda Yehova be n’ukwizera kwiwe vyagumye bikomeye. Twaciye tubona ko hari vyinshi twokwigira ku karorero keza k’uwo mushiki wacu.” (Flp. 2:3) Uwo mucungezi yariko arigana Yehova. Yehova arazi intama ziwe n’umubabaro zirimwo. (Kuv. 3:7) Iyo abakurambere bamenye neza intama bajejwe baca bazifasha mu buryo bwiza.

12. Igihe mushiki wacu yitwa Yip Yee yamenya ivyerekeye uwundi mushiki wacu wo mw’ishengero ryabo vyamufashije gute?

12 Iyo umenye kahise k’umukirisu mugenzawe ubona ko agushavuza, birashoboka cane ko uca umwumvira impuhwe. Raba aka karorero: Mushiki wacu yitwa Yip Yee wo muri Aziya, avuga ati: “Hari umudada wo mw’ishengero iwacu yavuga n’ijwi riri hejuru. Nabona ko atagira urupfasoni. Ariko igihe twakorana mu ndimiro naramenye ko yahoze afasha abavyeyi biwe kudandaza amafi mw’isoko. Yategerezwa gusemerera ahamagara abakiriya.” Uwo mushiki wacu yongerako ati: “Narabonye ko kugira ntahure abo dusangiye ukwizera, nkwiye kumenya kahise kabo.” Kumenya neza abavukanyi bacu bisaba akigoro. Ariko rero, igihe dukurikije impanuro yo muri Bibiliya idusaba kwaguka, tuba twiganye Yehova, we akunda “abantu b’uburyo bwose.”​—1 Tim. 2:3, 4; 2 Kor. 6:11-13.

NUBAGARAGARIZE IMPUHWE

13. Twisunze Itanguriro 19:15, 16, abamarayika bakoze iki igihe Loti yaguma ahinahina, kandi kubera iki?

13 Loti ntiyihutiye kugamburuka ubuyobozi bwa Yehova igihe nyene vyari bihambaye ko abikora. Abamarayika babiri baramugendeye, bamusaba gukura umuryango wiwe i Sodomu. Kubera iki? Bamubwiye bati: “Tugira duhonye aha hantu.” (Ita. 19:12, 13) Gushika bukeye, Loti n’umuryango wiwe bari bacibereye muhira. Abo bamarayika baciye bongera kumuburira, ariko ‘aguma ahinahina.’ Hari aho twobona ko Loti yari umuntu atitaho ibintu, canke mbere agambarara. Ariko rero Yehova ntiyaciye amuheba. “Ku bw’impuhwe za Yehova zari kuri we,” abamarayika barafashe ukuboko abagize umuryango wiwe, babakura muri ico gisagara.​—Soma Itanguriro 19:15, 16.

14. Ni ibiki bishobora kuba vyatumye Yehova yumvira impuhwe Loti?

14 Hategerezwa kuba hari imvo zitari nke zatumye Yehova yarumvira impuhwe Loti. Loti ashobora kuba yagonanywe kuva muhira kubera ko yatinya abantu b’inyuma y’ico gisagara. Hari hariho n’izindi ngeramizi. Biboneka ko Loti yari yarumvise ivy’abami babiri baguye mu binogo vy’ikaburimbi, mu mwonga wari hafi y’ico gisagara. (Ita. 14:8-12) Kubera ko Loti yari serugo, ategerezwa rero kuba yarahagaritse umutima ku bw’umuryango wiwe. N’ikindi kandi, kubera ko Loti yari atunze, ashobora kuba yari afise inzu nziza i Sodomu. (Ita. 13:5, 6) Mu vy’ukuri, nta n’imwe muri izo mvo yari gutuma Loti atanyaruka kugamburukira Yehova. Naho ari ukwo, Yehova yarirengagije iryo kosa rya Loti maze amubona nk’“umuntu w’umugororotsi.”​—2 Pet. 2:7, 8.

Igihe twumvirije abandi, turashobora kumenya ingene twobagaragariza impuhwe (Raba ingingo ya 15-16) *

15. Aho kwiyumvira umuntu ukutari kwo, dukwiye gukora iki?

15 Aho kwiyumvira umuntu ukutari kwo, nukore uko ushoboye kwose kugira umenye ukuntu yiyumva. Mushiki wacu w’i Buraya yitwa Veronica, yarihatiye kubigira. Avuga ati: “Hari umudada yasa n’uwama anyinyiriwe. Yaguma yigungiye ukwiwe. Rimwe na rimwe, naratinya kumwegera. Ariko nariyumviriye nti: ‘Iyaba yari jewe, nari gukenera umugenzi anserukako.’ Naciye mfata ingingo yo kumubaza ukuntu yiyumva, na we aca atangura kunyugurukira. Ubu ndatahura vyinshi ku bimwerekeye.”

16. Kubera iki dukwiye gusenga dusaba kuba abanyempuhwe?

16 Yehova ni we wenyene adutahura neza. (Imig. 15:11) Numusabe rero agufashe kubona abandi nk’uko ababona no kumenya ingene wobagaragariza impuhwe. Isengesho ryarafashije mushiki wacu yitwa Anzhela kurushiriza kuba umunyempuhwe. Hari mushiki wacu bari kumwe mw’ishengero atari acumvikana n’abandi. Anzhela avuga ati: “Vyari vyoroshe cane ko umuntu agwa mu mutego wo gutora amahinyu uwo mwenewacu no kumuca kure. Ariko rero narasavye Yehova ngo amfashe kumugaragariza impuhwe.” None Yehova yoba yarishuye isengesho rya Anzhela? Anzhela abandanya ati: “Twarajanye mu ndimiro, maze tuvuyeyo turamara amasaha atari make dutera inkuru. Naramuteze yompi ndabigiranye impuhwe. Ubu ndamukunda cane, kandi nariyemeje kumuba hafi.”

17. Dukwiye kwiyemeza gukora iki?

17 Ntukwiye kwihitiramwo abavukanyi na bashiki bacu wogaragariza impuhwe n’abo utozigaragariza. Bose barashikirwa n’ingorane nka kumwe kwa Yona, Eliya, Hagari na Loti. Abenshi usanga ari bo baba barazikwegeye. Kandi tuvugishije ukuri, twese ivyo biramaze kudushikira ku rugero kanaka. Birumvikana rero kuba Yehova adusaba kugiriranira impuhwe. (1 Pet. 3:8) Igihe tugamburukiye Yehova, turakomeza ubumwe burangwa mu muryango wacu udasanzwe ukwiye kw’isi yose kandi ugizwe n’abantu batandukanye. Nimuze rero twiyemeze kwumviriza, gutahura no kugaragariza impuhwe abavukanyi bacu.

URURIRIMBO RWA 87 Ingo muruhurirwe!

^ ing. 5 Twebwe abantu badatunganye, usanga twihutira kwiyumvira abandi ukutari kwo no gukekeranya ku mvo zituma bakora ibintu. Ariko Yehova wewe “abona ico umutima uri.” (1 Sam. 16:7) Muri iki kiganiro turarimbura ukuntu Yehova yafashije Yona, Eliya, Hagari na Loti abigiranye urukundo. Turaza kubona kandi ingene twomwigana mu kuntu dufata abavukanyi na bashiki bacu.

^ ing. 52 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi ahumuye arababajwe n’uko umuvukanyi akiri muto yacerewe kw’ikoraniro, ariko mu nyuma aramenya ko yacerewe kubera yagize isanganya ry’umuduga.

^ ing. 54 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Naho mu ntango umucungezi w’umugwi yibaza ko mushiki wacu umwe yigungira ukwiwe, mu nyuma yaramenye ko vyava gusa ku kuba ari umunyamasoni no kuba yumva atisanze iyo ari kumwe n’abantu batamenyeranye.

^ ing. 56 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Igihe mushiki wacu umwe yafata umwanya wo kumenya uwundi mushiki wacu, yasanze atari umuntu akunda kwishavuza kandi atitaho abandi, nk’uko yari yavyibajije igihe yamubona ubwa mbere ku Ngoro y’Ubwami.