Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 15

Ubona gute imirima?

Ubona gute imirima?

“Raramure amaso yanyu murabe imirima: ireze, igeze kwimbura.”​—YOH. 4:35.

URURIRIMBO RWA 64 Tujemwo mw’iyimbura tunezerewe

INCAMAKE *

1-2. Ni igiki gishobora kuba catumye Yezu avuga amajambo dusanga muri Yohani 4:35, 36?

YEZU yariko araca mu mirima, iyishobora kuba yari iya sayiri zikiri nto. (Yoh. 4:3-6) Iyo mirima yobaye igeze kwimbura nko mu mezi ane. Yezu yaciye avuga ikintu gisa n’igitangaje, ati: “Raramure amaso yanyu murabe imirima: ireze, igeze kwimbura.” (Soma Yohani 4:35, 36.) None yashaka kuvuga iki?

2 Biboneka ko Yezu yashaka kuvuga iyimbura ry’ikigereranyo, ni ukuvuga ukwimbura abantu. Rimbura ivyari bihejeje kuba. Naho Abayuda ata migenderanire bari basanzwe bafitaniye n’Abasamariya, Yezu yari yabwiye inkuru nziza Umusamariyakazi, kandi nya mugore yari yamwumvirije. Igihe rero Yezu yavuga ibijanye n’imirima “igeze kwimbura,” isinzi ry’Abasamariya wa mugore yari yabwiye ivyerekeye Yezu bariko baza bagana Yezu kugira ngo biyumvire vyinshi. (Yoh. 4:9, 39-42) Ku bijanye n’iyo nkuru, umuhinga umwe mu vya Bibiliya avuga ati: “Kuba abo bantu bari babishashaye . . . vyarerekanye ko bari bameze nk’ivyimburwa bigeze kwimbura.”

Nimba tubona ko imirima ‘yeze igeze kwimbura,’ dukwiye guca dukora iki? (Raba ingingo ya 3)

3. Kubona abantu nk’uko Yezu yababona bizogufasha gute kuba umwamamaji mwiza?

3 Ubona gute abantu ubwira inkuru nziza? Woba ubona ko bameze nk’ivyimburwa bigeze kwimbura? Niwabibona gutyo, hazoca haba ibi bintu bitatu: Ica mbere, uzokwamamaza ubona ko vyihutirwa. Kubera ko igihe c’iyimbura ari gito, nta mwanya wo guta uhari. Ica kabiri, uzonezerwa niwabona ingene abantu bakira inkuru nzira. Bibiliya ivuga yuko ‘abantu bagira umunezero mu gihe c’iyimbura.’ (Yes. 9:3) Ica gatatu, uwo ubwira inkuru nziza wese, uzobona ko ashobora gucika umwigishwa wa Kristu, maze umubwire inkuru nziza ufatiye ku bimushimisha.

4. Muri iki kiganiro, ni ibiki tuza kwigira ku ntumwa Paulo?

4 Yezu ntiyabona ko Abasamariya batokwakiriye inkuru nziza, nk’uko abigishwa biwe bashobora kuba baravyibaza. We yabona ko bashobora gucika abigishwa biwe. Na twebwe turakwiye kubona ko abantu bo mu cibare cacu bashobora gucika abigishwa ba Kristu. Intumwa Paulo yaradusigiye akarorero twokwigana. None ni ibiki twomwigirako? Muri iki kiganiro, turaza kurimbura (1) ingene yamenya ivyo abo yabwira inkuru nziza bemera, (2) ingene yamenya ivyabashimisha, (3) n’ingene yabona ko bocitse abigishwa ba Yezu.

BEMERA IKI?

5. Kubera iki Paulo yoroherwa no kwigishiriza mw’isinagogi?

5 Paulo yarakunda kwigishiriza mu masinagogi y’Abayuda. Nk’akarorero, mw’isinagogi y’i Tesalonika yaramaze “amasabato atatu azirikana [n’Abayuda] afatiye ku Vyanditswe.” (Ivyak. 17:1, 2) Igihe Paulo yaba ari mw’isinagogi yarumva yisanze, kuko yari Umuyuda. (Ivyak. 26:4, 5) Paulo yari azi neza ivyerekeye Abayuda, akaba ari co gituma vyamworohera kubabwira inkuru nziza.​—Flp. 3:4, 5.

6. Abo Paulo yabwiye inkuru nziza mu kaguriro k’i Atene bari batandukanye gute n’abo yigishije mw’isinagogi?

6 Inyuma y’aho abarwanya Paulo bamwirukaniye i Tesalonika n’i Beroya, yaciye aja i Atene. N’ico gihe nyene, yaciye “atangura kuzirikana mw’isinagogi hamwe n’Abayuda n’abandi bantu bǎsenga Imana.” (Ivyak. 17:17) Ariko rero igihe yaja kwamamaza mu kaguriro, abamwumviriza bari batandukanye n’abo ba mbere. Muri bo harimwo Abafilozofe n’abandi Banyamahanga babona ko Paulo yariko abigisha “inyigisho nshasha.” Bamubwiye bati: “Uriko uzana ibintu bishasha mu matwi yacu.”​—Ivyak. 17:18-20.

7. Twisunze Ivyakozwe 17:22, 23, Paulo yahuje gute n’uko ibintu vyari vyifashe?

7 Soma Ivyakozwe 17:22, 23. Uburyo Paulo yakoresheje mu kubwira inkuru nziza Abanyamahanga b’i Atene, bwari butandukanye n’ubwo yakoresheje ku Bayuda bari mw’isinagogi. Ashobora kuba yaribajije ati: ‘Aba bantu b’i Atene bemera iki?’ Yarihweje yitonze ivyo yabona aho hantu, aca aramenya imigenzo y’idini ryabo. Yaciye arondera ikintu bemera coba gihuye n’ibivugwa mu Vyanditswe. Umuhinga umwe mu vya Bibiliya avuga ati: “Nk’umukirisu w’Umuyuda, [Paulo] yarabonye ko Abagiriki b’abapagani batasenga Imana ‘y’ukuri’ Abayuda n’abakirisu basenga, mugabo aca agerageza kubereka ko mu vy’ukuri Imana yariko arabamenyesha itari nshasha ku bantu b’i Atene.” Paulo rero yarahuza n’uko ibintu vyaba vyifashe. Yabwiye abantu b’i Atene ko ubutumwa yariko arababwira bwari bwavuye kuri iyo “Mana Itazwi,” iyo barondera gusenga. Naho abo Banyamahanga batari bamenyereye Ivyanditswe, Paulo ntiyaciye abona ko ata co bovamwo. Ahubwo riho, yababona nk’ivyimburwa bigeze kwimbura, aca ababwira inkuru nziza ahuje n’uko ivyabo vyifashe.

Nka kumwe kw’intumwa Paulo, nube umuntu yihweza, uhuze n’uko ibintu vyifashe kandi ubone ko abo ubwira inkuru nziza bashobora gucika abigishwa ba Kristu (Raba ingingo ya 8, 12, 18) *

8. (a) Womenya gute ivyo abantu bo mu cibare cawe bemera? (b) Hagize uwukubwira ko yifitiye idini, womwishura gute?

8 Nk’uko kwa Paulo, nube umuntu yihweza. Nurabe ivyogufasha kumenya ivyo abantu bo mu cibare cawe bemera. Ni ibisharizo ibihe uwo muntu yashize mu nzu canke ku modoka? Izina ryiwe, ingene yambara, ingene yitunganya, canke mbere imvugo yiwe vyoba vyerekana idini arimwo? Hari n’aho yokubwira ko yifitiye idini. Igihe ivyo bishikiye umutsimvyi adasanzwe yitwa Flutura, aca yishura ati: “Sinaje kubahatira ku vyo nemera, ahubwo naje ngo tuyage kuri iki ciyumviro . . . ”

9. Ni ibiki woshobora guhurizako n’umuntu akunda ivy’Imana?

9 Ni ibiki woganirako n’umuntu akunda ivy’Imana? Nugerageze kurondera ivyo mwohurizako. Ashobora kuba asenga Imana imwe rudende, yemera ko Yezu ari Umucunguzi wacu, canke yemera ko igihe tubayemwo kirangwa n’ubukozi bw’ikibi kigiye kurangira. Ufatiye ku vyo muhurizako, nuce umubwira ubutumwa bwo muri Bibiliya mu buryo butuma ashimishwa.

10. Dukwiye kurondera gukora iki, kandi kubera iki?

10 Niwibuke ko abantu bashobora kuba batemera inyigisho zose zo mw’idini ryabo. N’igihe rero umenye idini umuntu arimwo, nugerageze kumenya ivyo ubwiwe yemera. Umutsimvyi adasanzwe umwe wo muri Ostraliya yitwa David avuga ati: “Abenshi muri iki gihe baravanga filozofiya n’inyigisho z’idini.” Uwitwa Donalta na we wo muri Albaniya, avuga ati: “Hari abo duhura bakatubwira ko bafise idini, mugabo mu nyuma bakavuga ko batemera vy’ukuri yuko Imana ibaho.” Umuvukanyi umwe w’umumisiyonari wo muri Arjantine, yasanze hari abantu bavuga ko bemera Ubutatu, ariko mu vy’ukuri bakaba batemera ko Data, Umwana, n’impwemu nyeranda bigize Imana imwe. Avuga ati: “Kumenya ico kintu bica bimfasha kumenya ico twohurizako n’uwo muntu.” Nurondere rero kumenya ivyo abantu bemera koko. Ubigenjeje gutyo, urashobora “[gucika] vyose ku bantu b’uburyo bwose” nka kumwe kwa Paulo.​—1 Kor. 9:19-23.

NI IBIKI BIBASHIMISHA?

11. Twisunze Ivyakozwe 14:14-17, Paulo yabwiye gute inkuru nziza abantu b’i Lusitira mu buryo bubakora ku mutima?

11 Soma Ivyakozwe 14:14-17. Paulo yaramenye ivyashimisha abariko baramwumviriza, aca aravyisunga mu kubabwira inkuru nziza. Nk’akarorero, isinzi ry’abantu yabwiye inkuru nziza i Lusitira bari bazi bike canke mbere batazi namba ku bijanye n’Ivyanditswe. Paulo yaciye rero afatira ku bintu bari bazi. Yaravuze ibijanye n’ibihe vy’iyimbura be n’ukuba dushobora kuryohererwa ubuzima. Yakoresheje amajambo n’uburorero abo bantu baca batahura bitagoranye.

12. Womenya gute ibishimisha umuntu ugaca ubifatirako mu kumubwira inkuru nziza?

12 Nukoreshe ubukerebutsi kugira ngo umenye ibishimisha abo mu cibare cawe, uce uvyisunga mu kubabwira inkuru nziza. None womenya gute ibishimisha umuntu igihe muhuye canke umusanze muhira iwe? N’ico gihe, nube umuntu yihweza. Kumbure usanze ariko arakorera amashurwe, asoma igitabu, akora umuduga, canke ariko akora ikindi kintu. Nimba ata co bitwaye, ubona gute uciye umuyagisha ufatiye ku vyo ariko arakora? (Yoh. 4:7) Mbere n’impuzu umuntu yambaye zogufasha kumenya ibimwerekeye, nk’igihugu avamwo, akazi akora, canke urukino akunda. Uwitwa Gustavo avuga ati: “Narayagishije umusore w’imyaka 19 yari yambaye umupira uriko ifoto y’umuririmvyi rurangiranwa. Naramubajije ivyari kuri uwo mupira, aca arambwira igituma akunda uwo muririmvyi. Ico kiyago caratumye dutangura kwiga Bibiliya, kandi ubu ni umuvukanyi.”

13. Woshobora gute gutanguza inyigisho ya Bibiliya mu buryo butuma umuntu ashimishwa?

13 Igihe urondera gutanguza inyigisho ya Bibiliya n’umuntu, nubigire mu buryo bumukwegera. Numwereke ingene kwiga Bibiliya bizomugirira akamaro. (Yoh. 4:13-15) Nk’akarorero, hari umukenyezi yari yashimishijwe yahaye ikaze mu nzu mushiki wacu yitwa Poppy. Igihe Poppy yabona ku ruhome urupapuro rw’iteka rwerekana ko uwo mukenyezi yari yaranonosoye ibijanye no kwigisha, Poppy yaciye amubwira ko na twebwe twigisha abantu biciye kuri programa yo kubigisha Bibiliya no ku makoraniro. Uwo mukenyezi yaremeye kwiga Bibiliya, bukeye aritaba ikoraniro, haciye igihe gito na ho aritaba iteraniro ry’umuzunguruko. Inyuma y’umwaka umwe yarabatijwe. Niwibaze rero uti: ‘Abantu twayaze bashimishwa n’ibiki? Noba nshoboye kubasigurira ibijanye na programa yo kwigisha Bibiliya, mu buryo butuma bashimishwa?’

14. Igihe witegurira kuyobora inyigisho ya Bibiliya, wohuza gute n’uko ivy’umwumwe wese vyifashe?

14 Umaze gutanguza inyigisho za Bibiliya, nuze urategura ivyo uza kwiga n’umwumwe wese, ufise ku muzirikanyi uko ivyiwe vyifashe be n’ibimushimisha. Igihe utegura, nuhitemwo ivyanditswe muza gusoma, amavidewo uza kumwereka, n’uburorero uza gukoresha mu kumusigurira ukuri kwo muri Bibiliya. Niwibaze uti: ‘Ni ibiki canecane biza kumushimisha kandi bikamukora ku mutima?’ (Imig. 16:23) Igihe umukenyezi umwe wo muri Albaniya yariko ariga Bibiliya n’umutsimvyi umwe yitwa Flora, yavuze ashimitse ati: “Sinemera ko izuka ribaho.” Flora ntiyaciye amuhata. Avuga ati: “Naciye mbona ko akwiye kubanza kumenya Imana itanga uwo muhango.” Kuva ico gihe, uko Flora yaba agiye kumwigisha yaza arashimika ku rukundo rwa Yehova, ku bukerebutsi bwiwe no ku bubasha bwiwe. Haciye igihe, uwo mukenyezi yaremeye bitagoranye ko hazobaho izuka. Ubu ni Icabona ca Yehova w’umunyamwete.

NUBONE KO BASHOBORA GUCIKA ABIGISHWA

15. Twisunze Ivyakozwe 17:16-18, ni ibintu ibihe vyarangwa i Atene mu Bugiriki vyababaza Paulo, mugabo ni kubera iki ataciye abaheba?

15 Soma Ivyakozwe 17:16-18. Naho igisagara c’i Atene cari cuzuyemwo ugusenga ibigirwamana, ubuhumbu be n’amafilozofiya, Paulo ntiyaciye abaheba. Mbere naho bamututse ntiyaciye acika intege. Na we nyene yari yaracitse umukirisu, naho yari yahoze ari “umurogosi, uwuhamana, [a]kaba n’umuntu atisonera.” (1 Tim. 1:13) Nk’uko nyene Yezu yabona ko Paulo ashobora gucika umukirisu, ni ko na Paulo yabona abantu b’i Atene, kandi ntiyihenze.​—Ivyak. 9:13-15; 17:34.

16-17. Ni igiki cerekana ko abantu b’uburyo bwose bashobora gucika abigishwa ba Kristu? Tanga akarorero.

16 Mu kinjana ca mbere, abantu b’uburyo bwose baracitse abigishwa ba Kristu. Igihe Paulo yandikira abakirisu bo mu gisagara co mu Bugiriki citwa Korinto, yavuze ko bamwebamwe muri iryo shengero bari bahoze ari inkozi z’ikibi canke bahoze bisuka mu buhumbu bw’agahomerabunwa. Yaciye yongerako ati: “Ukwo ni ko bamwe muri mwebwe bari bameze. Mugabo mwarogejwe.” (1 Kor. 6:9-11) Woba wari kubona ko abo bantu bohindutse bagacika abigishwa ba Kristu?

17 Muri iki gihe, hariho abantu benshi bemera kugira ivyo bahinduye kugira bacike abigishwa ba Yezu. Nk’akarorero, umutsimvyi adasanzwe umwe wo muri Ostraliya yitwa Yukina yariboneye ko abantu b’uburyo bwose bashobora kwemera ubutumwa bwo muri Bibiliya. Igihe kimwe ari ku biro vy’ubudandaji, yarabonye umugore akiri muto afise tatuwaje, yambaye n’impuzu zatuma aba uwutinyitse. Yukina avuga ati: “Nabanje kugonanwa, ariko mu nyuma ndamuyagisha. Nasanze akunda cane Bibiliya ku buryo amwe muri ayo matatuwaje yari imirongo yo mu Mazaburi.” Uwo mugore yahavuye atangura kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro. *

18. Kubera iki tudakwiye gushoka ducira urubanza abantu?

18 Yezu yoba yabona ko imirima yeze kandi igeze kwimbura kubera yuko yari yiteze ko abantu benshi bomukurikiye? Habe namba. Ivyanditswe vyari vyaravuze ko abomwizeye bobaye bake. (Yoh. 12:37, 38) Vyongeye, Yezu yari ashoboye kumenya ibiri mu mitima. (Mat. 9:4) Yamara rero, yibanze kuri abo bake nyene bomwizeye, arabwira inkuru nziza abantu bose abigiranye umwete. None twebwe tudashoboye kumenya ibiri mu mitima, wumva tudakwiye kurushiriza kurwanya agatima ko gucira urubanza abo mu cibare cacu canke umuntu kanaka? Ahubwo nyabuna, nitubone ko bashobora gucika abakirisu. Umumisiyonari umwe wo muri Burkina Faso yitwa Marc yavuze ati: “Abo nibaza ko bazotera imbere, akenshi barahagarika kwiga. Ariko abo nibaza ko batazotera intambwe, ni bo batera imbere neza. Nasanze iciza ari ukureka impwemu ya Yehova ikatuyobora.”

19. Dukwiye kubona gute abantu bo mu cibare cacu?

19 Mu ntango, hari aho wobona umengo nta bantu benshi bameze nk’ivyimburwa bigeze kwimbura bari mu cibare cawe. Ariko rero, uribuka ivyo Yezu yabwiye abigishwa biwe. Imirima ireze, igeze kwimbura. Abantu barashobora guhinduka bagacika abigishwa ba Kristu. Abo bantu Yehova ababona nk’“ibintu bihimbaye.” (Hag. 2:7) Nitwabona abantu nk’uko Yehova na Yezu bababona, tuzogerageza kumenya ingene ivyabo vyifashe be n’ibibashimisha. Ivyo bizotuma tutababona nk’abantu ata co bazovamwo, ahubwo tubabone nk’abashobora gucika abavukanyi na bashiki bacu.

URURIRIMBO RWA 57 Twigishe abantu b’uburyo bwose

^ ing. 5 Ingene tubona abantu bo mu cibare cacu bigira ico bikoze gute ku kuntu twamamaza no ku kuntu twigisha? Muri iki kiganiro turarimbura ingene Yezu n’intumwa Paulo babona abo babwira inkuru nziza, n’ingene twobigana mu kugerageza kumenya ivyo abo mu cibare cacu bemera, ibibashimisha, no kubona ko bashobora gucika abigishwa ba Kristu.

^ ing. 17 Urukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima” rurimwo uburorero bwinshi bw’ukuntu abantu bashobora guhinduka. Ivyo biganiro vyasohotse mu Munara w’Inderetsi gushika mu 2017. Ariko ubu bibandanya gusohoka ku rubuga rwa jw.org®. Nurabe ahavuga ngo IBITWEREKEYE > INKURU Z’IVYABAYE.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umugabo n’umugore bariko baramamaza inzu ku nzu, barihweza (1) inzu isukuye, isharijwe n’amashurwe; (2) inzu ibamwo umuryango ufise abana bakiri bato; (3) inzu idasukuye imbere n’inyuma; (4) n’inzu ibamwo abakunda ivy’Imana. Wibaza ko ari hehe wosanga uwoshobora gucika umwigishwa wa Kristu?