Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 11

Niwumvirize ijwi rya Yehova

Niwumvirize ijwi rya Yehova

“Uyu ni Umwana wanje, . . . nimumwumvirize.”​—MAT. 17:5.

URURIRIMBO RWA 89 Umviriza, ugamburuke, uhezagirwe

INCAMAKE *

1-2. (a) Ni uburyo ubuhe Yehova yakoresheje mu kuganirira abantu? (b) Ni ibiki tugiye kurimbura muri iki kiganiro?

YEHOVA arahimbarwa no kutuganirira. Kera yarakoresheje abahanuzi, abamarayika n’Umwana wiwe Kristu Yezu kugira amenyeshe abantu ivyo yipfuza. (Am. 3:7; Gal. 3:19; Ivyah. 1:1) Muri iki gihe, atuganirira biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Yariduhaye kugira tumenye ivyo yiyumvira be n’inzira ziwe.

2 Igihe Yezu yari kw’isi, Yehova yaravuze ari mw’ijuru incuro zitatu. Reka turimbure ivyo Yehova yavuze, ico twigira ku majambo yavuze n’ingene twoyungukirako.

“URI UMWANA WANJE, UMUKUNDWA”

3. Twisunze Mariko 1:9-11, ni ibiki Yehova yavuze igihe Yezu yabatizwa, kandi ayo majambo yemeza ibintu ibihe bihambaye?

3 Incuro ya mbere Yehova yavuze ari mw’ijuru iraboneka muri Mariko 1:9-11. (Soma.) Yavuze ati: “Uri Umwana wanje, umukundwa; naragushimye.” Yezu ategerezwa kuba yarakozwe ku mutima cane no kwumva Se wiwe aserura ko amukunda be n’uko amwizigira. Ayo majambo Yehova yavuze yaremeje ibintu bitatu bihambaye ku bijanye na Yezu. Ubwa mbere, Yezu ni Umwana wiwe. Ubwa kabiri, Yehova arakunda Umwana wiwe. Ubwa gatatu, Yehova arashima Yezu. Reka turimbure twitonze ivyo bintu bitatu.

4. Ni gute Yezu yabaye Umwana w’Imana mu bundi buryo igihe yabatizwa?

4 “Uri Umwana wanje.” Mu kuvuga ayo majambo, Yehova yari yerekanye ko Umwana wiwe Yezu yari agiraniye na we ubucuti budasanzwe. Imbere y’uko Yezu aza kw’isi, yari asanzwe ari Umwana w’Imana. Ariko igihe yabatizwa, yaciye acika Umwana w’Imana mu bundi buryo. Yararobanujwe impwemu nyeranda aca aragira icizigiro c’uko azosubira mw’ijuru kugira abe Umwami n’Umuherezi Mukuru yagenywe n’Imana. (Luka 1:31-33; Heb. 1:8, 9; 2:17) Igihe rero Yezu yabatizwa, Se wiwe yari afise imvo yumvikana yo kuvuga ati: “Uri Umwana wanje.”​—Luka 3:22.

Turaryoherwa iyo abandi badukeje kandi bakaturemesha (Raba ingingo ya 5) *

5. Twokwigana gute Yehova mu kugaragariza abandi urukundo no mu kubakeza?

5 “Uri . . . umukundwa.” Ukwo kuntu Yehova yaseruye ko akunda Umwana wiwe be n’uko amushima biratwibutsa ko dukwiye kurondera uturyo two kuremesha abandi. (Yoh. 5:20) Turaryoherwa igihe umuntu dukunda atweretse ko atwitwararika kandi akadukeza ku vyiza dukora. Muri ubwo buryo nyene, abo dusangiye ukwemera n’incuti zacu barakenera ko tubitwararika kandi tukabaremesha. Igihe dukeje abandi birakomeza ukwizera kwabo maze bikabafasha kuguma bakorera Yehova badahemuka. Abavyeyi canecane barakwiye gukeza abana babo. Igihe abavyeyi bakeza abana babo babikuye ku mutima kandi bakabereka ko babakunda, biratuma abo bana barema.

6. Kubera iki twokwizigira Yezu Kristu?

6 “Naragushimye.” Ayo majambo arerekana ko Yehova yari yizigiye yuko Yezu yogumye akora ivyo Se wiwe agomba adahemuka. Yehova arizigira cane Umwana wiwe. Na twebwe rero twokwizigira duherejeko yuko Yezu azotuma ivyo Yehova yasezeranye vyose biranguka. (2 Kor. 1:20) Kuzirikana ku karorero ka Yezu birakomeza umwiyemezo wacu wo kumwigirako no gukurikira intambuko ziwe. Yehova arizigiye ko abasavyi biwe uko bagize umugwi na bo nyene bazobandanya kwigana Umwana wiwe.​—1 Pet. 2:21.

“NIMUMWUMVIRIZE”

7. Twisunze Matayo 17:1-5, ni ikindi gihe ikihe Yehova yavuze ari mw’ijuru, kandi yavuze iki?

7 Soma Matayo 17:1-5. Incuro igira kabiri Yehova yavuze ari mw’ijuru ni igihe Yezu ‘yahinduka ukundi.’ Yezu yari yasavye Petero, Yakobo na Yohani ngo bamuherekeze ku musozi muremure. Bari ng’aho barabonye iyerekwa ridasanzwe. Mu maso ha Yezu harakayanganye, impuzu ziwe na zo ziraca ibibatsi. Hari abantu babiri batanguye kuganira na Yezu ibijanye n’urupfu rwiwe be n’izuka ryiwe vyari vyegereje. Abo bantu bagereranya Musa na Eliya. Naho ba bigishwa batatu bari “baremerewe n’itiro,” babonye iryo yerekwa ridasanzwe bamaze kwikangura. (Luka 9:29-32) Igicu cakaka caciye kibapfuka, baca bumva ijwi rivuye muri nya gicu. Ryari ijwi ry’Imana! Nk’uko Yehova yabigize igihe Yezu yabatizwa, yaraseruye ko ashima uwo Mwana wiwe be n’uko amukunda. Yavuze ati: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” Ariko ico gihe hoho yaciye yongerako ati: “Nimumwumvirize.”

8. Rya yerekwa ryafashije gute Yezu n’abigishwa biwe?

8 Iryo yerekwa ryarerekanye ubuninahazwa Yezu yogize ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. Nta gukeka ko Yezu yumvise aremeshejwe kandi akomejwe, narirya yari yimirije gushikirwa n’imibabaro be n’urupfu rubabaje. Iryo yerekwa ryarakomeje kandi ukwizera kwa ba bigishwa, rirabafasha kwitegurira ibigeragezo vyobashikiye be n’igikorwa kitoroshe cari kibarindiriye. Inyuma y’imyaka nka 30, intumwa Petero yaravuze ivy’iryo yerekwa, bikaba vyerekana ko yari akivyibuka neza.​—2 Pet. 1:16-18.

9. Ni impanuro izihe Yezu yahaye abigishwa biwe?

9 “Nimumwumvirize.” Yehova yaratomoye ko yipfuza yuko twumviriza ivyo Umwana wiwe avuga kandi tukabikurikiza. None ni ibiki Yezu yavuze igihe yari kw’isi? Yaravuze ibintu vyinshi bibereye ko twumviriza. Nk’akarorero, yarigishije abigishwa biwe uburyo bwo kwamamaza yongera arabibutsa kenshi kuguma bari maso. (Mat. 24:42; 28:19, 20) Yarabahimirije kandi kwihata rwose yongera arabaremesha kwumira kw’ibanga. (Luka 13:24) Yezu yarashimitse ku vy’uko abigishwa biwe bakwiye gukundana, kuguma bunze ubumwe no kwubahiriza amabwirizwa yiwe. (Yoh. 15:10, 12, 13) Ese ukuntu izo mpanuro Yezu yahaye abigishwa biwe zari ngirakamaro! No muri iki gihe ziracari ngirakamaro cane.

10-11. Twokwerekana gute ko turiko turumviriza Yezu?

10 Yezu yavuze ati: “Uwuri ku ruhande rw’ukuri wese yumviriza ijwi ryanje.” (Yoh. 18:37) Turerekana ko twumviriza ijwi rya Yezu igihe “[tubandanya] kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi.” (Kol. 3:13; Luka 17:3, 4) Twerekana kandi ko twumviriza ijwi ryiwe mu kwamamaza inkuru nziza tubigiranye umwete “mu gihe ciza [no] mu gihe kigoye.”​—2 Tim. 4:2.

11 Yezu yavuze kandi ati: “Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje.” (Yoh. 10:27) Abayoboke ba Kristu barerekana ko bumviriza Yezu mu gutega yompi ivyo yavuze no mu kubishira mu ngiro. Ntibasamazwa “n’amaganya y’ubuzima.” (Luka 21:34) Ahubwo ico bashira imbere mu buzima bwabo ni ukugamburuka ivyo Yezu yabategetse, mbere n’igihe bitaba vyoroshe. Benshi mu bavukanyi bacu bariko baraca mu bigeragezo bikomeye, nk’ibitero vy’abaturwanya, ubukene butagira izina canke ivyago vy’ivyaduka. Yamara baguma ari intahemuka kuri Yehova, naho boshikirwa n’ingorane zimeze gute. Yezu abakura amazinda ati: “Uwufise amabwirizwa yanje kandi akayubahiriza, uwo ni we ankunda. Uwunkunda na we azokundwa na Dawe.”​—Yoh. 14:21.

Igikorwa co kwamamaza kiradufasha kuguma twumviriza ijwi rya Yezu (Raba ingingo ya 12) *

12. Twokwerekana ko twumviriza Yezu mu bundi buryo ubuhe?

12 Turerekana kandi ko twumviriza Yezu mu gusenyera ku mugozi umwe n’abo yagenye ngo batuje imbere. (Heb. 13:7, 17) Ishirahamwe ry’Imana ryararyohoye ibintu vyinshi muri iyi myaka iheze. Aho twovuga nk’ibikoresho bishasha n’uburyo bushasha bwo kwamamaza, ukuntu ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu ritunganije be n’uburyo bwo kwubaka Ingoro z’Ubwami, kuzisanura no kuzibungabunga. Turakenguruka cane ubuyobozi turonswa buranga urukundo kandi bwiyumviriwe neza. Turemera tudakeka ko Yehova ahezagira utwigoro tugira mu gukurikiza ubwo buyobozi ishirahamwe rituronsa hageze.

13. Twungukira gute ku kwumviriza Yezu?

13 Turungikira ku kwumviriza ibintu vyose Yezu yigishije. Yezu yasezeraniye abigishwa biwe ko inyigisho ziwe zobaruhuriye. Yavuze ati: “Muzokwumva muruhuriwe. Kuko ingǒgo yanje yoroshe, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse.” (Mat. 11:28-30) Ijambo ry’Imana, iririmwo na za Njili zine zigana ubuzima bwa Yezu n’ubusuku bwiwe, riraturuhurira, rigatuma dusubira kugira udutege mu vy’impwemu kandi rikatugira inkerebutsi. (Zab. 19:7; 23:3) Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!”​—Luka 11:28.

‘NZONINAHAZA IZINA RYANJE’

14-15. (a) Twisunze Yohani 12:27, 28, incuro igira gatatu Yehova yavuze ari mw’ijuru hari ryari? (b) Kubera iki amajambo Yehova yavuze ategerezwa kuba yararemesheje Yezu?

14 Soma Yohani 12:27, 28. Injili ya Yohani irerekana incuro igira gatatu Yehova yavuze ari mw’ijuru. Ico gihe Yezu yari i Yeruzalemu kuri Pasika ya nyuma yahimbaje, hakaba hari hasigaye imisi mikeyi ngo apfe. Yezu yavuze ati: “Umutima wanje urahagaze.” Yaciye asenga ati: “Data, ninahaza izina ryawe.” Mu kwishura, Yehova yavuze ari mw’ijuru ati: “Nararininahaje kandi nzokwongera kurininahaza.”

15 Yezu yari ahagaritse umutima kubera ibanga rikomeye yari afise ryo kuguma ari intahemuka kuri Yehova. Yari azi ko bari bimirije kumutonagura no kumwica rubi. (Mat. 26:38) Ikintu yabona ko gihambaye kuruta vyose kwari ukuninahaza izina rya Se. Yezu yaragirijwe ukurogota, akaba yari ahagaritswe umutima n’uko urupfu rwiwe rwosize iceyi Imana. Ese ukuntu amajambo Yehova yavuze ategerezwa kuba yaramusubirije umutima mu nda! Yarashize amazinda ko izina rya Yehova ryoninahajwe. Amajambo Yehova yavuze ategerezwa kuba yararemesheje Yezu yongera aramukomeza ku bw’ivyari birariye kumushikira. Naho mu bari aho bose Yezu ari we wenyene ashobora kuba yaratahuye amajambo ya Se wiwe, Yehova yarayandikishije muri Bibiliya kugira twese tuyungukireko.​—Yoh. 12:29, 30.

Yehova azoninahaza izina ryiwe arokore n’abasavyi biwe (Raba ingingo ya 16) *

16. Kubera iki vyoshika tugahagarikwa umutima n’uko izina ry’Imana ryosigwa iceyi?

16 Nk’ukwo kwa Yezu, na twebwe turashobora guhagarikwa umutima n’uko izina rya Yehova ryosigwa iceyi. Cokimwe na Yezu, dushobora kuba turiko turarenganywa, canke tugahungabanywa n’ibinyoma abaturwanya bagenda barakwiragiza. Ivyo binyoma bisiga iceyi izina rya Yehova n’ishirahamwe ryiwe vyoshobora kuduhagarika umutima. Mu bihe nk’ivyo, amajambo Yehova yavuze aradusubiriza umutima mu nda. Ntidukwiye guhagarika umutima birenze. Twokwemera tudakeka ko “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima ya[cu] n’ububasha bwa[cu] bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.” (Flp. 4:6, 7) Yehova azokwama aninahaza izina ryiwe. Biciye ku Bwami, azokuraho ingorane zose Shetani n’isi yiwe bateza abasavyi biwe b’intahemuka.​—Zab. 94:22, 23; Yes. 65:17.

NIWUNGUKIRE KU VYO YEHOVA ATUBWIRA

17. Twisunze Yesaya 30:21, Yehova atuganirira gute?

17 Yehova aracatuganirira no muri iki gihe. (Soma Yesaya 30:21.) Ni ivy’ukuri ko tutumva Imana ivuga iri mw’ijuru. Ariko yaraduhaye Ijambo ryayo Bibiliya, ikaba ituronsa ubuyobozi biciye kuri ryo. Vyongeye, impwemu y’Imana iratuma wa “mubwiriza w’umwizigirwa” aguma aronsa abasavyi bayo ibifungurwa bakeneye. (Luka 12:42) Ese ukuntu turonka ibifungurwa umukimba vyo mu buryo bw’impwemu biciye ku bitabu, ku biganiro bisohoka kuri rwa rubuga rwacu, ku mavidewo n’ibindi!

18. Ni gute amajambo ya Yehova akomeza ukwizera kwawe kandi agatuma ugira umutima rugabo?

18 Nimuze twamize ku muzirikanyi amajambo Yehova yavuze igihe Umwana wiwe yari kw’isi. Ese amajambo Imana yavuze yanditse muri Bibiliya yodukura amazinda ko Yehova yifatiye ibintu mu minwe be n’uko azokuraho ingorane zose twatejwe na Shetani n’isi yiwe. Ese kandi twokwiyemeza kwama twumviriza ijwi rya Yehova. Nitwabigira tuzoshobora kwihanganira ingorane izo ari zo zose zodushikira, haba ubu canke muri kazoza. Bibiliya itwibutsa iti: “Mu[ra]keneye ukwihangana, kugira ngo nimwamara gukora ukugomba kw’Imana, muronke iranguka rya wa muhango.”​—Heb. 10:36.

URURIRIMBO RWA 4 “Yehova ni we Mwungere wanje”

^ ing. 5 Igihe Yezu yari kw’isi, Yehova yaravuze ari mw’ijuru incuro zitatu. Kuri imwe muri izo ncuro, Yehova yahimirije abigishwa ba Kristu kwumviriza uwo Mwana wiwe. Muri iki gihe, Yehova aratuganirira biciye kw’ishirahamwe ryiwe be no kw’Ijambo ryiwe, rino rikaba ririmwo n’inyigisho za Yezu. Iki kiganiro kirerekana ingene twungukira ku kwumviriza Yehova na Yezu.

^ ing. 52 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umukurambere arihweza umukozi w’ishengero igihe akora isuku ku Ngoro y’Ubwami be n’igihe atanga ibitabu, mu nyuma akamukeza abigiranye igishika.

^ ing. 54 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umugabo n’umugore bo muri Sierra Leone bariko baraha ubutumire bw’amakoraniro umurovyi wo muri ako karere.

^ ing. 56 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Ivyabona bo mu gihugu igikorwa cacu kibujijwe bitavye ikoraniro mu nzu y’umuntu. Bambaye ibisanzwe kugira abababona ntibabikeke.