Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 12

Nugaragarize impuhwe abandi

Nugaragarize impuhwe abandi

“Mwese . . . mugire impuhwe.”​—1 PET. 3:8.

URURIRIMBO RWA 90 Turemeshanye

INCAMAKE *

1. Twisunze 1 Petero 3:8, ni kubera iki duhimbarwa igihe turi kumwe n’abantu bitwararika ineza yacu n’ukuntu twiyumva?

TURAHIMBARWA igihe turi kumwe n’abantu bitwararika ineza yacu n’ukuntu twiyumva. Baragerageza kwishira mu kibanza cacu, bagatahura ivyo twiyumvira be n’ingene tumerewe. Akenshi usanga babona ivyo dukeneye n’imbere y’uko tubibabwira, maze bakagira ico badufashije. Turashima abantu bagaragaza ko badufitiye “impuhwe.” *​—Soma 1 Petero 3:8.

2. Ni kubera iki bitama vyoroshe kugaragariza abandi impuhwe?

2 Twebwe abakirisu turipfuza kugaragariza abandi impuhwe. Ariko nk’uko tubizi, ntivyama vyoroshe kubigira. Uti kubera iki? Ubwa mbere ho ni kubera ko tudatunganye. (Rom. 3:23) Tubwirizwa kunyinyana n’impengamiro tuvukana yo kwikunda. Vyongeye, bamwe muri twebwe birashobora kubagora kugaragaza impuhwe bitumwe n’ukuntu barezwe canke ivyo baciyemwo mu buzima. N’ikindi kandi, turashobora kwandukirwa n’agatima k’abantu badukikuje. Muri iyi misi y’iherezo, abantu benshi aho kwitwararika abandi, usanga ‘bikunda.’ (2 Tim. 3:1, 2) Ni igiki none codufasha gutsinda izo ntambamyi zitubuza kugaragariza abandi impuhwe?

3. (a) Dushobora gute kurushiriza kugaragaza impuhwe? (b) Ni ibiki tugiye kwihweza muri iki kiganiro?

3 Turashobora kurushiriza kugaragaza impuhwe mu kwigana Yehova Imana n’Umwana wiwe Yezu Kristu. Yehova ni Imana y’urukundo kandi ni we karorero ruheta mu bijanye no kugaragariza abandi impuhwe. (1 Yoh. 4:8) Yezu yariganye ata gahaze uko Se wiwe ameze. (Yoh. 14:9) Igihe yari kw’isi, yarerekanye ingene twogaragariza abandi ikibabarwe. Muri iki kiganiro, turabanza twihweze ukuntu Yehova na Yezu bagaragaje ko bitwararika inyiyumvo z’abandi. Mu nyuma turarimbura ukuntu twobigana.

YEHOVA ARITWARARIKA CANE ABANDI

4. Muri Yesaya 63:7-9 herekana gute ko Yehova yitwararika ukuntu abasavyi biwe bamerewe?

4 Bibiliya irerekana ko Yehova yitwararika cane ukuntu abasavyi biwe bamerewe. Rimbura nk’akarorero ingene yumvise amerewe igihe Abisirayeli bari mu ngorane. Bibiliya ivuga iti: “Mu marushwa yabo yose, vyaramuteye amarushwa.” (Soma Yesaya 63:7-9.) Mu nyuma Yehova abicishije ku muhanuzi Zekariya, yavuze ko igihe abasavyi biwe bafashwe nabi ari nk’aho ari we biba biriko birashikira. Yehova yababwiye ati: “Uwubakozeko aba akoze ku mbone y’ijisho ryanje.” (Zek. 2:8) Ese ukuntu ari uburyo bukomeye bwo kwerekana ingene yitwararika abasavyi biwe!

Yehova abitumwe n’impuhwe, yararokoye Abisirayeli mu buja bwo mu Misiri (Raba ingingo ya 5)

5. Tanga akarorero k’ingene Yehova yagize ico akoze kugira afashe abasavyi biwe.

5 Igihe abasavyi ba Yehova bari mu ngorane, ntabumvira impuhwe vyonyene, mugabo aragira n’ico akoze kugira abafashe. Nk’akarorero, igihe Abisirayeli bari mu buja mu Misiri, Yehova yaratahuye umubabaro barimwo aca yipfuza kubatabara. Yabwiye Musa ati: “Nabonye koko amarushwa abantu banje barimwo . . . , kandi numvise amaborogo yabo . . . kuko nzi neza imibabaro barimwo. Ndamanutse rero kubarokora mu kuboko kw’Abanyamisiri.” (Kuv. 3:7, 8) Kubera ko Yehova yagiriye impuhwe abasavyi biwe, yarabakuye mu buja. Haciye imyaka amajana, Abisirayeli bamaze gushika mu Gihugu c’isezerano baratewe kenshi n’abansi. None Yehova yavyakira gute? Bibiliya ivuga ko yabumvira impuhwe “kubera ukuniha kwabo gutewe n’ababahahaza be n’ababaturubika.” N’ico gihe nyene, Yehova yarabafasha abitumwe n’impuhwe. Yarabarungikira abacamanza kugira abarokore mu vyara vy’abansi babo.​—Abac. 2:16, 18.

6. Tanga akarorero k’ingene Yehova yitwararitse inyiyumvo z’umuntu atabona ibintu mu buryo bwiza.

6 Yehova aritwararika ukuntu abasavyi biwe biyumva, mbere n’igihe bataba babona ibintu mu buryo bwiza. Rimbura ivyashikiye Yona. Yehova yaramurungitse gutangariza Abanyaninewe ubutumwa bw’urubanza. Kubera ko bahavuye bigaya, Imana yararetse kubarandura. Ariko rero, ico kintu carababaje Yona, “ararungura n’ishavu” kubera ko ubutumwa yari yatangaje butarangutse. Mugabo Yehova yarihanganiye Yona yongera aramufasha kubogora ivyiyumviro vyiwe. (Yona 3:10–4:11) Haciye igihe, Yona yaratahuye icigwa Yehova yariko aramuha, mbere yongera aramukoresha mu kwandika inkuru yiwe ku bwacu.​—Rom. 15:4. *

7. Ukuntu Yehova yitwararika abasavyi biwe bitwereka iki?

7 Ukuntu Yehova yitwararika abasavyi biwe biratwereka neza ko abumvira ikibabarwe. Arazi imibabaro n’ingorane z’umwe wese muri twebwe. Nkako, ‘arazi neza umutima w’abana b’abantu.’ (2 Ngo. 6:30) Aratahura ivyiyumviro vyacu vy’i bwina, ukuntu twiyumva be n’ivyo tudashoboye. Ku bw’ivyo, ‘ntazoreka ngo tugeragezwe ibirenze ivyo dushobora kwihanganira.’ (1 Kor. 10:13) Mbega ukuntu ivyo bihumuriza!

YEZU ARITWARARIKA CANE ABANDI

8-10. Ni ibiki bishobora kuba vyaratuma Yezu yumvira impuhwe abandi?

8 Igihe Yezu yari kw’isi, yarerekanye ko yitwararika cane abandi. Hari n’imiburiburi ibintu bitatu vyatuma abumvira impuhwe. Ubwa mbere nk’uko twabibonye, Yezu yarigana ata gahaze uko Se wiwe ameze. Cokimwe na Se, Yezu yarakunda abantu. Naho yahimbarirwa ibintu vyose yafashije Yehova kurema, ‘yakunda cane ivyerekeye abana b’abantu.’ (Imig. 8:31) Urukundo rwaratuma Yezu yitwararika ingene abandi biyumva.

9 Ubwa kabiri cokimwe na Yehova, Yezu yarashobora kumenya ibiri mu mitima y’abantu. Yarashobora kumenya ingene biyumva be n’imvo zatuma bakora ibintu. (Mat. 9:4; Yoh. 13:10, 11) Igihe rero abonye ko abantu bavunitse umutima, impuhwe zaca zituma abahumuriza.​—Yes. 61:1, 2; Luka 4:17-21.

10 Ubwa gatatu, Yezu ubwiwe yaraciye mu ngorane abantu bacamwo. Nk’akarorero, biboneka ko Yezu yakuriye mu muryango ukenye. Kubera ko yakoranye na se wiwe murezi ari we Yozefu, yaramenye ko ata wurya akatamugoye. (Mat. 13:55; Mrk. 6:3) Ikindi na co, biboneka ko Yozefu yapfuye imbere y’uko Yezu atangura ubusuku bwiwe. Yezu rero ashobora kuba yaragize umubabaro wo kubura. Vyongeye, Yezu yari azi ico ari co kuba mu muryango w’abantu mudasangiye ukwizera. (Yoh. 7:5) Ivyo vyose hamwe n’ibindi bishobora kuba vyarafashije Yezu gutahura ingorane abantu batobato bagira be n’ingene biyumva.

Yezu abigiranye impuhwe, arakura umugabo w’igipfamatwi mw’isinzi ry’abantu maze akamukiza (Raba ingingo ya 11)

11. Impuhwe za Yezu zagaragaye canecane ryari? Sigura. (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

11 Ukuntu Yezu yitwararika abandi vyaragaragaye canecane igihe yakora ibitangaro. Ntiyabikora nko guheza umwuga. Abonye abari mu ngorane, ‘vyaramutera ikigongwe.’ (Mat. 20:29-34; Mrk. 1:40-42) Nk’akarorero, ibaze ukuntu Yezu yiyumva igihe yafata umugabo w’igipfamatwi akamukura mw’isinzi ry’abantu kugira amukize, canke igihe yazura umuhungu w’ikinege w’umupfakazi. (Mrk. 7:32-35; Luka 7:12-15) Yezu yarumviye ikibabarwe abo bantu maze arabafasha.

12. Muri Yohani 11:32-35 herekana gute ingene Yezu yagaragarije impuhwe Marita na Mariya?

12 Yezu yaragaragarije impuhwe Marita na Mariya. Igihe yabona intuntu bari bafise kubera urupfu rwa musaza wabo Lazaro, ‘Yezu yarakoroye amosozi.’ (Soma Yohani 11:32-35.) Ntiyarijijwe n’uko gusa yabuze umugenzi ashika, kuko yari azi ko agiye kumuzura. Ahubwo riho yarijijwe n’uko yatahura umubabaro abo bagenzi biwe barimwo, yumva biranse.

13. Kubera iki biremesha kumenya ko Yezu yagaragariza impuhwe abandi?

13 Birakora ku mutima cane kumenya ko Yezu yagaragariza impuhwe abandi. Ego ni ko ntidutunganye nka we. Ariko turamukunda kubera ukuntu yafata abandi. (1 Pet. 1:8) Turaremeshwa no kumenya ko ubu aganza ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. Vuba agiye gukuraho imibabaro yose. Arashoboye koko gukuraho amabi intwaro ya Shetani yateje umuryango w’abantu, narirya na we nyene yigeze kuba umuntu. Emwe, ni agateka kuba dufise Umutware nk’uyo ashoboye “gusangira natwe umubabaro mu bugoyagoye bwacu.”​—Heb. 2:17, 18; 4:15, 16.

NIWIGANE YEHOVA NA YEZU

14. Ibivugwa mu Banyefeso 5:1, 2 bituma twumva twokora iki?

14 Iyo twihweje akarorero ka Yehova na Yezu, bituma natwe twumva tworushiriza kugaragariza abandi impuhwe. (Soma Abanyefeso 5:1, 2.) Naho tudashobora gusoma ibiri mu mitima yabo, turashobora kugerageza gutahura ingene biyumva be n’ivyo bakeneye. (2 Kor. 11:29) Abantu bo mw’isi usanga bikunda, mugabo twebwe turihatira ‘kutaguma turaba ivyacu bwite gusa, ariko tukaraba n’ivy’abandi.’​—Flp. 2:4.

(Raba ingingo ya 15-19) *

15. Ni bande canecane bakwiye kugaragaza impuhwe?

15 Abakurambere b’ishengero ni bo canecane bakwiye kugaragaza impuhwe. Barazi ko hari ico bazobazwa bivanye n’ingene bafata intama Yehova yabajeje. (Heb. 13:17) Kugira abakurambere bafashe abavukanyi bagenzi babo, barakeneye kwishira mu kibanza cabo. None abakurambere bogaragaza gute impuhwe?

16. Umukurambere w’impuhwe akora iki, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye?

16 Umukurambere w’impuhwe aramarana umwanya n’abavukanyi. Arababaza ibibazo akongera akabatega yompi yihanganye. Ivyo birahambaye canecane igihe umwe mu bagize ishengero yipfuza guserura akamubakiye ariko bikamugora kuronka amajambo yokoresha. (Imig. 20:5) Igihe umukurambere atanga umwanya wiwe abikunze, abavukanyi baramwizigira, bakamugira umugenzi kandi bakamwiyumvamwo.​—Ivyak. 20:37.

17. Ni igiki abavukanyi na bashiki bacu benshi bavuga ko bakunda ku bakurambere? Tanga akarorero.

17 Abavukanyi na bashiki bacu benshi baravuga ko kamere bakunda cane ku bakurambere ari ukuba bitwararika uko abandi biyumva. Uti kubera iki? Uwitwa Adelaide avuga ati: “Uroroherwa no kubayagira kubera uba uzi ko bagutahura.” Yongerako ati: “Urabona ko bakwitwararitse biciye ku kuntu bavyifatamwo igihe ubayagira.” Umuvukanyi umwe arakenguruka ingene umukurambere yamwitwararitse. Yigana ati: “Igihe niganira nya mukurambere ingene ivyanje vyari vyifashe, nabonye amosozi yuzura mu maso yiwe. Ico kintu sinzokwigera ndacibagira.”​—Ivyak. 20:37.

18. Dushobora gute gutsimbataza impuhwe?

18 Ariko ntiwumve, abakurambere si bo gusa bakeneye kugaragaza impuhwe. Twese turakwiye gutsimbataza iyo kamere. None wobigenza gute? Nugerageze gutahura ingorane abo mu muryango be n’abo musangiye ukwizera bariko baracamwo. Niwitwararike abakiri bato muri kumwe mw’ishengero, abarwaye, abageze mu zabukuru be n’abaheruka kubura ababo. Nubabaze uko bamerewe, uheze ubatege yompi igihe bakuyagira ivyabo. Nutume babona vy’ukuri yuko utahura ivyo bariko baracamwo. Nubafashe mu vyo ushoboye vyose. Igihe tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye ko dukundana koko mu bikorwa.​—1 Yoh. 3:18.

19. Ni kubera iki twohuza n’uko ibintu vyifashe igihe dufasha abandi?

19 Turakwiye guhuza n’uko ibintu vyifashe igihe dufasha abandi. Uti kubera iki? Kubera ko abantu bavyifatamwo ugutandukanye mu bihe vy’ingorane. Hari abo vyorohera kuvuga, mu gihe abandi binumira. Naho rero twipfuza kubafasha, turakwiye kwirinda kubabaza ibibazo vyo kubinjirira mu buzima. (1 Tes. 4:11) N’igihe batwugurukiye, woshobora gusanga tutabona ibintu kumwe. Ariko turakwiye kwibuka yuko ari ko bo biyumva. Nimuze rero dutebuke kwumva, dutebe kuvuga.​—Mat. 7:1; Yak. 1:19.

20. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

20 Naho twipfuza kugaragaza impuhwe mw’ishengero, turipfuza no kuzigaragaza mu ndimiro. None twogaragaza gute impuhwe igihe duhindura abantu abigishwa? Ivyo ni vyo tuzorimbura mu kiganiro gikurikira.

URURIRIMBO RWA 130 Tubabarire abandi

^ ing. 5 Yehova na Yezu baritwararika ingene abandi biyumva. Muri iki kiganiro turarimbura ivyo dushobora kubigirako. Turihweza kandi igituma dukwiye kugaragaza impuhwe n’ingene twobigira.

^ ing. 1 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Kugaragaza “impuhwe” ni ukugerageza gutahura uko abandi biyumva, maze ukishira mu kibanza cabo. (Rom. 12:15) Muri iki kiganiro, “impuhwe” no “kwitwararikana” bisobanura ikintu kimwe.

^ ing. 6 Yehova kandi arumvira impuhwe abasavyi biwe baba bihebuye canke bishwe n’ubwoba. Zirikana nk’ivyashikiye Hana (1 Sam. 1:10-20), Eliya (1 Abm. 19:1-18) na Ebedimeleki (Yer. 38:7-13; 39:15-18).

^ ing. 65 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Amakoraniro tugira ku Ngoro y’Ubwami araduha uturyo twinshi two kugaragariza abandi impuhwe. Turabona (1) umukurambere ariko ayaga n’umwamamaji akiri muto na nyina wiwe abigiranye umutima mwiza, (2) sebibondo n’agakobwa kiwe bariko bafasha mushiki wacu ageze mu zabukuru kwinjira mu muduga, (3) abakurambere babiri bariko batega yompi mushiki wacu yipfuza ubuyobozi.