Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 13

Nugaragaze impuhwe mu busuku

Nugaragaze impuhwe mu busuku

“Bamutera ikigongwe, . . . aca atangura kubigisha ibintu vyinshi.”​—MRK. 6:34.

URURIRIMBO RWA 70 Turondere ababereye

INCAMAKE *

1. Ni kamere iyihe ya Yezu igukora ku mutima? Sigura.

IMWE muri kamere za Yezu zidukora ku mutima ni ubushobozi yari afise bwo gutahura ingorane abantu badatunganye bacamwo. Igihe yari kw’isi, ‘yaranezeranwa n’abanezerewe’ kandi ‘akarirana n’abarira.’ (Rom. 12:15) Nk’akarorero, igihe abigishwa biwe 70 bataha baryohewe cane kubera bari baroraniwe mu gikorwa co kwamamaza, Yezu yaciye “abogaboga akanyamuneza mu mpwemu nyeranda.” (Luka 10:17-21) Ku rundi ruhande, igihe yabona ingaruka urupfu rwa Lazaro rwagize ku bamukunda, ‘yaranishe mu mutima, arabura amahoro.’​—Yoh. 11:33.

2. Ni igiki catuma Yezu agaragariza abantu impuhwe?

2 None ni igiki catuma Yezu agaragariza imbabazi n’impuhwe abantu badatunganye kandi we yari atunganye? Ahanini ni uko yabakunda. Nk’uko vyavuzwe mu kiganiro c’imbere y’iki, ‘yarakunda cane ivyerekeye abana b’abantu.’ (Imig. 8:31) Urwo rukundo rwatuma atahura cane ingene abantu biyumvira. Intumwa Yohani avuga ko Yezu “yari azi ikiri mu muntu.” (Yoh. 2:25) Yezu yaragaragariza abandi ikibabarwe. Abantu barabona ko abakunda bigatuma bakira neza ubutumwa bw’Ubwami. Uko natwe turushiriza kugaragariza ikibabarwe abantu, ni ko tuzorushiriza kuroranirwa mu busuku.​—2 Tim. 4:5.

3-4. (a) Iyo dufitiye impuhwe abantu, bituma tubona gute ubusuku bwacu? (b) Turimbura iki muri iki kiganiro?

3 Intumwa Paulo yabona ko abwirizwa kwamamaza, kandi na twebwe ni ko tubibona. (1 Kor. 9:16) Yamara iyo dufitiye impuhwe abantu, ntitwamamaza kugira gusa dushitse itegeko. Turagaragaza ko twitwararika abantu be n’uko twipfuza cane kubafasha. Mu bisanzwe, “gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyak. 20:35) Igihe twamamaza kubera twipfuza gufasha abantu, ubusuku buca burushiriza kuturyohera.

4 Muri iki kiganiro, turarimbura ingene twogaragaza impuhwe mu ndimiro. Turabanza twihweze ico twigira ku kuntu Yezu yafata abantu. Mu nyuma, turarimbura uburyo bune dushobora kumwigana.​—1 Pet. 2:21.

YEZU YARAGARAGAJE IMPUHWE MU BUSUKU

Impuhwe ni zo zatuma Yezu ahumuriza abantu (Raba ingingo ya 5-6)

5-6. (a) Ni bande Yezu yagaragarije impuhwe? (b) Ni kubera iki Yezu yumvira ikigongwe abo yabwira inkuru nziza nk’uko vyari vyaravuzwe muri Yesaya 61:1, 2?

5 Rimbura akarorero k’ingene Yezu yagaragaje impuhwe. Umusi umwe, we n’abigishwa biwe bari barushe kuko bari bamamaje cane inkuru nziza. Ntibari baronse mbere “n’akanya ko gufungura.” Yezu yaciye ababwira ati: “Nimuze, mwebwe mwenyene, ahiherereye mu gahinga muruhuke gatoya.” Ariko rero, isinzi ry’abantu ryaciye ryiruka ribatanga iyo bari bagiye. None Yezu ahashitse akabona nya bantu, yakoze iki? Bibiliya ivuga iti: “Bamutera ikigongwe, * kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere. Aca atangura kubigisha ibintu vyinshi.”​—Mrk. 6:30-34.

6 Raba icatumye Yezu abumvira ikigongwe, ari zo mpuhwe. Yabonye ko abo bantu “bari bameze nk’intama zitagira umwungere.” Yezu ashobora kuba yarabona ko bamwe muri bo bari aboro bakaba barakora bagatama kugira batunge imiryango. Abandi na bo bashobora kuba bari batuntujwe no kubura ababo. Nimba ari ko vyari bimeze, Yezu yaratahura ukuntu bari bamerewe. Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Yezu ubwiwe ashobora kuba yaraciye mu bintu bisa n’ivyo. Yaritwararika abandi kandi yaripfuza kubahumuriza.​—Soma Yesaya 61:1, 2.

7. Twokwigana gute Yezu?

7 None twigira iki kuri Yezu? Na twebwe dukikujwe n’abantu “bameze nk’intama zitagira umwungere.” Naho bari mu ngorane nyinshi, turafise ico bakeneye, ni ukuvuga inkuru nziza y’Ubwami. (Ivyah. 14:6) Turigana rero Yezu tukamamaza inkuru nziza kubera ko “[twu]mvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo.” (Zab. 72:13) Turumvira abantu ikibabarwe bigatuma twipfuza kugira ico dukoze kugira tubafashe.

INGENE TWOGARAGAZA IMPUHWE

Nurimbure ivyo umwe wese akeneye (Raba ingingo ya 8-9)

8. Uburyo bumwe twogaragaza impuhwe ni ubuhe? Tanga akarorero.

8 Ni igiki codufasha kugaragariza impuhwe abo tubwira inkuru nziza? Twokwishira mu kibanza cabo, maze tukabafata uko natwe twoshima ko abandi badufata. * (Mat. 7:12) Nimuze twihweze uburyo bune twobigira. Ubwa mbere, nuzirikane ivyo umwe wese akeneye. Igihe twamamaza inkuru nziza tuba tumeze nk’abaganga. Umuganga mwiza ararimbura ivyo buri murwayi akeneye. Arabaza ibibazo uwo murwayi maze akamutega yompi igihe umusigurira ingene amerewe. Aho gushoka amwandikira umuti yiyumviriye, uwo muganga yoshobora gufata umwanya akihweza ibimenyetso vy’uwo murwayi maze akabona kumwandikira umuti ubereye. Na twebwe nyene, ntidukwiye kwama dukoresha uburyo bumwe bwo gutanguza ibiyago ku bantu bose duhura mu ndimiro. Ahubwo nyabuna turarimbura ingene ivy’umwe wese vyifashe be n’ingene abona ibintu.

9. Ni ibiki tudakwiye kwibwira? None twokora iki?

9 Igihe uhuye n’umuntu mu busuku, ntuce wibwira ko uzi ingene ivyiwe vyifashe, ivyo yemera be n’igituma avyemera. (Imig. 18:13) Ahubwo nugerageze kumenya iryo agona mu kumubaza utubazo ubigiranye ubugenge. (Imig. 20:5) Nimba ataco bitwaye ng’aho iwanyu, numubaze ibijanye n’akazi akora, umuryango wiwe, kahise kiwe be n’ingene abona ibintu. Igihe tubajije abantu utubazo, tuba tubahaye akaryo ko kutubwira igituma bakeneye inkuru nziza. Tumaze kubimenya, duca dutahura neza ivyo bakeneye maze tugashobora kubafasha nka kumwe kwa Yezu.​—Gereranya na 1 Abakorinto 9:19-23.

Niwiyumvire ivyo uwo ubwira inkuru nziza yoba ariko aracamwo (Raba ingingo ya 10-11)

10-11. Twisunze 2 Abakorinto 4:7, 8, uburyo bwa kabiri twogaragaza impuhwe ni ubuhe? Tanga akarorero.

10 Ubwa kabiri, nugerageze kwiyumvira ivyo bariko baracamwo. Mu bihe bimwebimwe urashobora gutahura ivyabo, narirya ata n’umwe muri twebwe adashikirwa n’ingorane abanyagasembwa bose bacamwo. (1 Kor. 10:13) Turazi ko ubuzima muri iyi si butoroshe. Twebwe twihangana tubifashijwemwo na Yehova. (Soma 2 Abakorinto 4:7, 8.) Ibaze rero ingene ababaye muri iyi si badafitaniye ubucuti na Yehova bobo bamerewe. Cokimwe na Yezu turabumvira ikigongwe, bigatuma twipfuza kubabwira “inkuru nziza y’ikintu ciza kuruta.”​—Yes. 52:7.

11 Rimbura akarorero k’umuvukanyi yitwa Sergey. Imbere y’uko yiga ukuri, yari umunyamasoni, kandi vyaramugora guserura iryo agona. Mu nyuma yaratanguye kwiga Bibiliya. Avuga ati: “Uko niga Bibiliya, naramenye yuko abakirisu babwirizwa kubwira abandi ivyo bizera. Mu vy’ukuri, nabona ko ntopfuye ndabishoboye.” Ariko rero Sergey yarazirikanye abatari bwamenye ukuri, maze aratahura ko batorohewe namba mu buzima kubera batazi Yehova. Yigana ati: “Ibintu bishasha nariko ndiga vyatuma ngira agahimbare n’amahoro yo mu mutima. Nari nzi ko abandi na bo nyene bakeneye kumenya ukwo kuri.” Uko Sergey yarushiriza kugira impuhwe, yararushirije no kugira umutima rugabo wo kwamamaza. Avuga ati: “Icantangaje cane ni uko kubwira abandi ivyerekeye Bibiliya vyatumye ubwoba bugabanuka. N’ikindi kandi, vyatumye ivyo bintu bishasha nemera bishinga imizi mu mutima wanje.” *

Vyoshobora gufata igihe kugira bamwebamwe batere imbere mu vy’impwemu (Raba ingingo ya 12-13)

12-13. Ni kubera iki dukwiye kwihanganira abo twigisha? Tanga akarorero.

12 Ubwa gatatu, niwihanganire abo wigisha. Niwibuke ko bashobora kuba batari bwigere bumva ibintu bimwebimwe vyo muri Bibiliya twebwe tuzi neza. Vyongeye benshi usanga bakunda cane ivyo basanzwe bemera. Hari aho boba babona ko ivyo bemera bituma bunga ubumwe n’imiryango yabo be n’abo mu kibano kandi bikaba biranga imico yabo. None twobafasha gute?

13 Zirikana aka karorero: Bigenda gute igihe bagomba gusubiriza ikiraro gishaje? Akenshi igihe bariko barubaka ikiraro gishasha, babandanya gukoresha kimwe gishaje. Ico gishasha kimaze kurangira, ni ho baca babomora kimwe gishaje. Muri ubwo buryo nyene, imbere yo kuremesha abantu ngo bahebe inyigisho bahora bakunda cane twovuga ko zishaje, hari aho vyoba vyiza tubanje kubafasha guha agaciro cane ukuri twokwita gushasha, ni ukuvuga inyigisho zo muri Bibiliya batari bamenyereye. Ico gihe ni ho bazoshobora kwemera guhindura ivyo bahora bemera. Gufasha abantu muri ubwo buryo birashobora gufata umwanya.​—Rom. 12:2.

14-15. Twofasha gute abantu bazi bike canke mbere ataco bazi ku bijanye n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo? Tanga akarorero.

14 Igihe twihanganira abantu mu busuku, ntitwitega ko baca ubwo nyene batahura canke bemera ukuri kwo muri Bibiliya. Ahubwo riho, impuhwe zituma dufata umwanya tukabafasha kuzirikana ku Vyanditswe. Nk’akarorero, raba ingene dushobora gufasha umuntu kuzirikana ku bijanye n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo. Abenshi usanga bazi bike canke mbere ataco bazi ku bijanye n’iyo nyigisho. Bashobora kuba bemera ko umuntu apfuye biba biheze. Canke na ho bakiyumvira ko abeza bose bazoja mw’ijuru. None twobafasha gute?

15 Raba uburyo umuvukanyi umwe yasanze ari ngirakamaro. Arabanza agasomera umunyamuhana Itanguriro 1:28, agaca amubaza aho Imana yashaka yuko abantu baba n’ingene yashaka ko babaho. Abenshi bakunze kwishura bati: “Yashaka ko baba kw’isi, kandi bamerewe neza.” Uwo muvukanyi aca amusomera Yesaya 55:11, maze akamubaza nimba umugambi w’Imana warahindutse. Akenshi umunyamuhana yishura ati: “Oya!” Mu nyuma aca amusomera Zaburi 37:10, 11 agaca amubaza ingene kazoza k’abantu kazoba kameze. Akoresheje ubwo buryo, aramaze gufasha abatari bake gutahura ko Imana igifise umugambi w’uko abantu baba kw’isi y’iparadizo ibihe bidahera.

Ikintu gisanzwe nko kurungikira umuntu agakete karemesha, kirashobora kuvamwo ivyiza vyinshi (Raba ingingo ya 16-17)

16-17. Twisunze Imigani 3:27, ni ibintu bimwebimwe ibihe twokora kugira twereke abantu ko tubitwararika? Tanga akarorero.

16 Ubwa kane, niwiyumvire ivyo wokora kugira wereke abantu ko ubitwararika. Nk’akarorero, twoba tugendeye umuntu ku mwanya utamworohereza? Twomusaba imbabazi maze tukamubaza ko twogaruka ikindi gihe. Bite ho hamwe yoba akeneye ko tumufasha agakorwa, canke arwaye akaba akeneye uwo yotuma kumugurira akantu? Muri ivyo bihe twoshobora kugira ico tumufashije.​—Soma Imigani 3:27.

17 Mushiki wacu umwe yarakoze ikintu kiranga ubuntu gisanzwe kandi kiravamwo ivyiza. Abitumwe n’impuhwe, yarandikiye ikete umuryango waheruka kubura umwana. Iryo kete ryarimwo ivyanditswe bikeya bihumuriza. None uwo muryango wavyakiriye gute? Nyina w’uyo mwana yanditse ati: “Ejo nari niriwe meze nabi rwose. Ntushobora gutahura ukuntu ikete ryawe ryadufashije cane. Simbona ukuntu nogukengurukira canke nosigura ingene ryaturemesheje bidasanzwe. Ngira ngo ejo noba narisomye nk’incuro 20. Nararengewe n’ukuntu amajambo arimwo aranga umutima mwiza, ukwitwararikana kandi aremesha. Turagushimiye bimwe bivuye ku mutima.” Vy’ukuri, biravamwo ivyiza igihe twishize mu kibanza c’abari mu mubabaro maze tukagira ico dukoze kugira tubafashe.

NTIWITEGE IVYO UDASHOBOYE

18. Nk’uko bivugwa mu 1 Abakorinto 3:6, 7, ni ibiki dukwiye kwibuka mu busuku turangura?

18 Turakwiye kwibuka ko hari ivyo tudashoboye mu busuku. Naho twihatira gufasha abandi kumenya Imana, uruhara nyamukuru si urwacu. (Soma 1 Abakorinto 3:6, 7.) Yehova ni we akwegera abantu. (Yoh. 6:44) Ikindi na co, impera n’imperuka umuntu ni we yihitiramwo kwakira inkuru nziza bivanye n’ingene umutima wiwe umeze. (Mat. 13:4-8) Niwibuke ko abantu benshi batemeye ubutumwa bwa Yezu, uzi n’ingene ari we Mwigisha ahambaye kuruta ababayeho bose! Ku bw’ivyo rero, ntidukwiye gucika intege igihe benshi mu bo tugerageza gufasha batavyakiriye neza.

19. Ni ivyiza ibihe tuzokwironkera nitwagaragaza impuhwe mu busuku bwacu?

19 Tuzokwironkera ivyiza nitwagaragaza impuhwe mu busuku bwacu. Kwamamaza bizorushiriza kuturyohera. Vyongeye, tuzokwironkera agahimbare kenshi kava ku gutanga. Ikindi na co, bizotuma “abafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera” boroherwa no kwakira inkuru nziza. (Ivyak. 13:48) Ku bw’ivyo rero, “tugifise umwanya ubereye wo kubigira, dukorere iciza bose.” (Gal. 6:10) Gutyo, tuzokwironkera umunezero uva ku kuninahaza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru.​—Mat. 5:16.

URURIRIMBO RWA 64 Tujemwo mw’iyimbura tunezerewe

^ ing. 5 Iyo tugaragarije impuhwe abo duhura mu ndimiro, turarushiriza kugira umunezero n’abantu bakarushiriza kutwumviriza. Kubera iki none ari ukwo bimeze? Muri iki kiganiro turarimbura ivyo twigira ku karorero ka Yezu be n’uburyo bune dushobora kugaragariza impuhwe abo duhura mu ndimiro.

^ ing. 5 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Muri uwo murongo, ijambo ikigongwe risobanura kugirira impuhwe umuntu ari mu mibabaro canke yahohotewe. Ivyo birashobora gutuma umuntu akora ivyo ashoboye vyose kugira afashe abandi.

^ ing. 8 Raba ikiganiro kivuga ngo “Nukurikize rya Tegeko ry’agakura mu busuku bwawe” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2014.