Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 12

Ni ryari bibereye ko tuvuga?

Ni ryari bibereye ko tuvuga?

“Hari . . . igihe co kunuma n’igihe co kuvuga.”​—UMUS. 3:2, 7.

URURIRIMBO RWA 124 Ntitwigere duhemuka

INCAMAKE *

1. Mu Musiguzi 3:2, 7 hatwigisha iki?

BAMWE muri twebwe usanga bakunda kuvuga, abandi na bo ugasanga bavuga make. Nk’uko icanditswe iki kiganiro gishingiyeko kivyerekana, hari igihe co kuvuga n’igihe co kunuma. (Soma Umusiguzi 3:2, 7.) Naho ari ukwo, vyoshika tukipfuza ko abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe borushiriza kuvuga, abandi na bo bakagabanya.

2. Ni nde akwiye kudushingira ingingo ngenderwako mu bijanye n’igihe covuga be n’ingene twovuga?

2 Kuvuga ni ingabire iva kuri Yehova. (Kuv. 4:10, 11; Ivyah. 4:11) Yehova abicishije kw’Ijambo ryiwe, aradufasha kumenya ingene twokoresha neza iyo ngabire. Muri iki kiganiro, turaza kurimbura uburorero bwo muri Bibiliya budufasha kumenya igihe twovuga n’igihe twonuma. Turaza kubona kandi ukuntu Yehova abona ivyo tubwira abandi. Reka tubanze turimbure igihe dukwiye kuvuga.

NI RYARI BIBEREYE KO TUVUGA?

3. Twisunze Abaroma 10:14, ni ryari dukwiye kuvuga?

3 Turakwiye kwama twiteguriye kuvuga ivyerekeye Yehova n’Ubwami bwiwe. (Mat. 24:14; soma Abaroma 10:14.) Tubigenjeje gutyo, tuba twiganye Yezu. Kimwe mu bintu nyamukuru vyatumye aza kw’isi, kwari ukubwira abandi ukuri kwerekeye Se wiwe. (Yoh. 18:37) Ariko rero, turakwiye kwibuka yuko ingene tuvuga na vyo nyene bihambaye. Igihe rero tuyagira abandi ivyerekeye Yehova, dukwiye kubigirana “ubwitonzi n’icubahiro kigera kure,” kandi tukubahiriza uko babona ibintu be n’ivyo bemera. (1 Pet. 3:15) Ku bw’ivyo, aho kubayagira gusa, turabigisha kandi tukagerageza no kubakora ku mutima.

4. Twisunze Imigani 9:9, ivyo tuvuga bishobora gute gufasha abandi?

4 Abakurambere ntibakwiye kunuma igihe babonye ko hari umuvukanyi canke mushiki wacu akeneye guhanurwa. Ariko rero, barakwiye guhitamwo umwanya ubereye wo kuvuga kugira ngo uwo muntu ntamaramare. Hari aho vyoba ngombwa ko barindira, bakamuganiriza ata bandi bantu bahari. Abakurambere bama bihatira kuvuga mu buryo butera iteka uwo baganiriza. Yamara rero, ntibareka kwereka abandi ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zobafasha gukorana ubukerebutsi. (Soma Imigani 9:9.) Kubera iki none bihambaye cane ko tugira umutima rugabo wo kuvuga igihe bikenewe? Nimuze turimbure uburorero bubiri buhushanye. Aka mbere kerekeye umugabo yari akwiye gukosora abahungu biwe, akandi na ko kerekeye umugore vyasavye ko aseruka imbere y’uwobaye umwami.

5. Ni ryari umuherezi mukuru Eli atavuze kandi vyari bikenewe?

5 Umuherezi mukuru Eli yari afise abahungu babiri yakunda cane. Ariko abo bahungu biwe ntibubaha Yehova na gato. Bari bafise ibanga rihambaye ryo kuba abaherezi kw’itaberenakulo. Ariko bakoresha ubukuru bwabo nabi, bagakengera ibimazi vyashikanirwa Yehova, bakongera bagakora ubuhumbu bweruye. (1 Sam. 2:12-17, 22) Twisunze Itegeko rya Musa, abo bahungu ba Eli bari bakwiye kwicwa. Ariko kubera ko Eli yarekerana ibintu, ntiyabahambarira kandi yarabaretse babandanya gukorera kw’itaberenakulo. (Gus. 21:18-21) None Yehova yakiriye gute ukwo kuntu Eli yavyifashemwo? Yabwiye Eli ati: “Ni kubera iki . . . [uguma] utera iteka abahungu bawe kunduta?” Yehova yari yamaze gufata ingingo yo kwica abo bahungu babiri b’ababisha.​—1 Sam. 2:29, 34.

6. Ni icigwa ikihe dukura kuri Eli?

6 Hariho icigwa gihambaye dukura kuri Eli. Igihe tumenye ko hari incuti canke umugenzi yarenze kw’itegeko ry’Imana, dutegerezwa kubimubwira, tukamwibutsa ingingo ngenderwako za Yehova. Ubukurikira, dutegerezwa kwiyemeza ko uwo muntu afashwa n’abagabo Yehova yagenye ngo bamuserukire. (Yak. 5:14) Ntitwokwigera twipfuza kuba nka Eli ngo dutere iteka incuti canke umugenzi kuruta Yehova. Guturukira umuntu akeneye gukosorwa bisaba umutima rugabo, ariko biravamwo ivyiza. Reka turabe itandukaniro riri hagati ya Eli n’Umwisirayelikazi yitwa Abigayili.

Abigayili yaratubereye akarorero keza mu bijanye no guhitamwo igihe kibereye co kuvuga (Raba ingingo ya 7-8) *

7. Kubera iki Abigayili yagiye kuvugana na Dawidi?

7 Abigayili yari muka Nabali, umugabo w’umutunzi yari afise amatongo menshi. Igihe Dawidi n’ingabo ziwe bariko barahunga Umwami Sauli, baramaze igihe bari kumwe n’abungere ba Nabali bongera barakingira ubusho bwiwe utugwi tw’abambuzi. None Nabali yoba yarabakengurukiye? Habe namba. Igihe Dawidi yamusaba kuronsa udufungurwa n’amazi ingabo ziwe, Nabali yarabashavuriye yongera arabatuka. (1 Sam. 25:5-8, 10-12, 14) Dawidi yaciye afata ingingo yo guhonya ab’igitsina gabo bose bo mu rugo kwa Nabali. (1 Sam. 25:13, 22) None hari gukorwa iki kugira ngo iryo bara ntirigwe? Abigayili yarabonye ko cari igihe co kuvuga. Abigiranye umutima rugabo, yaciye aja guhura n’izo ngabo 400 zari zisonzeye, zarakaye kandi zitwaje ibirwanisho, araheza avugana na Dawidi.

8. Ni icigwa ikihe dukura kuri Abigayili?

8 Igihe Abigayili yashikira Dawidi, yaravuganye umutima rugabo n’icubahiro, yongera akoresha amajambo ajijura. Naho Abigayili atari we yari yateje izo ngorane, yarasavye ikigongwe Dawidi. Yaravuze ko Dawidi yari umuntu ameze neza, yongera ariheka kuri Yehova kugira ngo amufashe. (1 Sam. 25:24, 26, 28, 33, 34) Cokimwe na Abigayili, turakwiye kugira umutima rugabo wo kuvuga igihe tubonye umuntu afashe inzira iteye akaga. (Zab. 141:5) Naho dutegerezwa kwubaha abandi, turakwiye no kugira ubutinyutsi. Igihe duhaye umuntu impanuro tubigiranye umutima mwiza, tuba twerekanye ko tumukunda vy’ukuri.​—Imig. 27:17.

9-10. Abakurambere bakwiye kwibuka iki igihe batanga impanuro?

9 Birahambaye ko canecane abakurambere bagira umutima rugabo kugira bayagishe abo mw’ishengero baba batirimutse. (Gal. 6:1) Abakurambere baratahura bicishije bugufi ko na bo nyene badatunganye kandi ko vyoshika na bo bagakenera impanuro. Ariko rero, ivyo ntivyotuma bareka gukangira uwukeneye gutozwa indero. (2 Tim. 4:2; Tito 1:9) Igihe bahanura umuntu, baragerageza gukoresha ingabire yo kuvuga bafise kugira ngo bamwigishe babigiranye ubuhanga n’ukwihangana. Urukundo bakunda uwo muvukanyi ni rwo rutuma bagira ico bakoze kugira bamufashe. (Imig. 13:24) Mugabo ikintu nyamukuru baba bafise ku muzirikanyi ni ugutera iteka Yehova mu gushigikira ingingo ngenderwako ziwe no gukingira ishengero icorigirira nabi.​—Ivyak. 20:28.

10 Gushika aha, twarimbuye ibijanye n’igihe bibereye ko tuvuga. Ariko rero, hariho ibindi bihe usanga ari vyiza ko tunuma. None ni ingorane izihe twogira mu bihe nk’ivyo?

NI RYARI BIBEREYE KO TUNUMA?

11. Ni ikigereranyo ikihe Yakobo yatanze, kandi kubera iki kibereye?

11 Gucungera ivyo tuvuga birashobora kutubera urugamba. Umwanditsi wa Bibiliya Yakobo yaratanze ikigereranyo kibereye gishira ahabona iyo ngorane. Yavuze ati: “Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo, uyo ni umuntu atagira akanenge, ashoboye no kujiginyika umubiri wiwe wose.” (Yak. 3:2, 3) Umujiginya bawambika ku mutwe no mu kanwa k’ifarasi. Uwugendera kw’ifarasi, arashobora kuyigendesha canke kuyihagarika mu gukwega imigozi ifashe ku mujiginya. Igihe atagumije neza iyo migozi, ifarasi irashobora guta inzira, ivyo bigatuma ubwayo igira ingorane be n’uwuri kuri yo. Muri ubwo buryo nyene, igihe tudacungereye ivyo tuvuga, turashobora guteza ingorane. Nimuze turimbure ibihe bimwebimwe tuba dukeneye kugumya ururimi rwacu.

12. Ni ryari twogumya ururimi rwacu?

12 Uvyifatamwo gute iyo hari umuvukanyi canke mushiki wacu afise amakuru y’ibanga? Nk’akarorero, uhuye n’umuvukanyi aba mu gihugu aho igikorwa cacu kibujijwe, woba uca ushaka kumubaza amakuru y’ido n’ido y’ukuntu igikorwa kirangurwa muri ico gihugu? Nta nkeka ko woba ubigiranye imvo nziza. Turakunda abavukanyi bacu kandi turitwararika kumenya ibibashikira. Vyongeye, turipfuza kubasengera tudomako. Ariko rero, ico kiba ari igihe co kugumya ururimi rwacu. Hamwe twohata umuvukanyi ngo atubwire amakuru y’ibanga, kwoba ari ukubura urukundo. Ntitwoba dukunda uwo muvukanyi be n’abandi bavukanyi bacu bose bo muri ico gihugu baba bizigiye ko azogumya ibanga ryerekeye igikorwa barangura. Nta gukeka ko ata n’umwe yokwipfuza gutuma ingorane abavukanyi na bashiki bacu baba mu bihugu aho igikorwa cacu kibujijwe zunyuka. Ku rundi ruhande, nta muvukanyi canke mushiki wacu wo muri ivyo bihugu yokwipfuza kumena ibanga ry’ingene barangura imirimo ya gikirisu.

13. Twisunze Imigani 11:13, abakurambere bategerezwa gukora iki, kandi kubera iki?

13 Birahambaye canecane ko abakurambere bakurikiza ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya dusanga mu Migani 11:13, mu kutamena ibanga. (Soma.) Ivyo birashobora kuba urugamba na canecane igihe ari umukurambere yubatse. Abubakanye bakomeza ubucuti bwabo mu kuguma bayaga kenshi, mu guseruriranira akari ku mutima no mu kuyaga ibibaraje ishinga. Mugabo rero, umukurambere arazi yuko adakwiye guhishura “ikiyago c’akabanga” cerekeye abo mw’ishengero. Abigize, ntiboba bakimwizigira kandi vyomusiga iceyi. Abajejwe amabanga mw’ishengero ntibakwiye kugira “indimi zibiri,” ari kwo kubesha. (1 Tim. 3:8) Ivyo bisobanura ko badakwiye gukoresha amayeri canke ngo babe abanyarusaku. Umukurambere akunda umugore wiwe, ntamuremereza amakuru adakwiye kumenya.

14. Umugore w’umukurambere ashobora gute gufasha umugabo wiwe kugumana izina ryiza?

14 Umukenyezi arashobora gufasha umugabo wiwe kugumana izina ryiza mu kutamuremera ngo amubwire ibintu vy’ibanga. Iyo umugore ashize mu ngiro iyo mpanuro, ntaba ashigikiye umugabo wiwe gusa, ariko kandi aba ateye iteka ababa bituye umugabo wiwe. N’igihambaye kuruta, aratuma Yehova ahimbarwa kubera ko aba atumye mw’ishengero harangwa ubumwe n’amahoro.​—Rom. 14:19.

YEHOVA ABONA GUTE IVYO TUVUGA?

15. Yehova yabonye gute ba bagenzi batatu ba Yobu, kandi kubera iki?

15 Hariho ibintu vyinshi dushobora kwigira ku gitabu ca Yobu ku bijanye n’ingene twovuga be n’igihe twovuga. Yobu amaze gushikirwa n’ibintu vy’urutavanako bivuna umutima, hari abagabo bane baje kumwirura no kumuhanura. Abo bagabo baramaze umwanya munini bacereje. Ariko turavye ivyo batatu muri bo, ari bo Elifazi, Biludadi na Zofari bahavuye bavuga, biragaragara ko igihe bari bacereje batariko bariyumvira ingene bofasha Yobu. Ahubwo riho, bariko biyumvira ingene bokwemeza Yobu ko hari ikintu kibi yari yarakoze. Naho bimwe mu vyo bavuze vyari vyo, vyinshi mu vyo bavuze kuri Yehova na Yobu ntivyari ivy’ukuri kandi ntivyaranga ubuntu. Baraciriye Yobu urubanza ata kagongwe. (Yobu 32:1-3) None Yehova yavyakiriye gute? Ishavu ryiwe ryaciye rirurumbira abo bagabo batatu. Yavuze ko bakoze ivy’ubupfu, aca ababwira ngo basabe Yobu abasengere.​—Yobu 42:7-9.

16. Ni ivyigwa ibihe dukura ku karorero kabi ka Elifazi, ka Biludadi n’aka Zofari?

16 Hariho ivyigwa bitari bike twokura ku karorero kabi ka Elifazi, ka Biludadi n’aka Zofari. Ica mbere, ntidukwiye gucira urubanza abavukanyi bacu. (Mat. 7:1-5) Ahubwo nyabuna, turakwiye kubumviriza twitonze imbere y’uko tugira ico tuvuze. Aho ni ho gusa tuzoshobora gutahura uko ivyabo vyifashe. (1 Pet. 3:8) Ica kabiri, hageze ko tuvuga dukwiye kuraba neza ko ivyo tuvuga biranga ubuntu kandi ko ari ivy’ukuri. (Ef. 4:25) Ica gatatu, Yehova aritwararika ivyo tuvugana n’abandi.

17. Ni ibiki twigira ku karorero ka Elihu?

17 Umuntu agira kane yagiye kwirura Yobu yari Elihu, akaba yari incuti ya Aburahamu. Igihe Yobu na ba bagabo batatu bariko baravuga yarumvirije. Biboneka ko yakurikiye yitonze ikiyago bagize kubera ko yahavuye atanga impanuro ziranga impuhwe ariko zidaca ku ruhande zafashije Yobu gukosora ivyiyumviro vyiwe. (Yobu 33:1, 6, 17) Icari gihambaye cane kuri Elihu, kwari ugushira hejuru Yehova aho kw’ishira hejuru canke gushira hejuru uwundi muntu. (Yobu 32:21, 22; 37:23, 24) Akarorero ka Elihu karatwereka yuko hari igihe co kunuma tukumviriza. (Yak. 1:19) Vyongeye, karatwigisha ko igihe dutanze impanuro, dukwiye kubigira turondera kuninahaza Yehova aho kwininahaza.

18. Twokwerekana gute yuko dukenguruka ingabire dufise yo kuvuga?

18 Turashobora kwerekana ko dukenguruka ingabire dufise yo kuvuga mu gukurikiza impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’igihe co kuvuga be n’ingene twovuga. Umwami w’inkerebutsi Salomo yahumekewe kwandika ati: “Kurya kw’ivyamwa vy’amapome y’inzahabu mu duhingurano tw’ifeza, ni ko ijambo rivuzwe ku gihe caryo rimera.” (Imig. 25:11) Igihe twumvirije abandi twitonze kandi tukazirikana imbere yo kuvuga, amajambo yacu yoshobora kumera nk’ayo mapome y’inzahabu, ni ukuvuga akaba meza kandi y’agaciro. Twaba dukunda kuvuga canke tuvuga make, ivyo tuvuga bizoheza vyubake abandi vyongere bitume duhimbara Yehova. (Imig. 23:15; Ef. 4:29) Emwe, nta bundi buryo bwiza bwo kugaragaza ko dukenguruka iyo ngabire twahawe n’Imana bwoza buruta ubwo.

URURIRIMBO RWA 82 ‘Mureke umuco wanyu wake’

^ ing. 5 Ijambo ry’Imana ririmwo ingingo ngenderwako zodufasha kumenya igihe co kuvuga n’igihe co kunuma. Tumenye ivyo Bibiliya ivuga kandi tukabishira mu ngiro, duca tuvuga ibihimbara Yehova.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu umwe arabonye ko bikenewe ko aha impanuro uwundi mushiki wacu.

^ ing. 64 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi umwe ariko aratanga impanuro ku bijanye n’isuku.

^ ing. 66 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Abigayili yaratakambiye Dawidi ku gihe kibereye, kandi haravuyemwo ivyiza.

^ ing. 68 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umugore n’umugabo birinze kuvuga amakuru yerekeye igikorwa cacu mu gihugu kibujijwemwo.

^ ing. 70 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umukurambere yitwararitse ko ata wumva ibintu vy’amabanga y’ishengero.