Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bakirisu mwitereye mu myaka​—Yehova arashima ukudahemuka kwanyu

Bakirisu mwitereye mu myaka​—Yehova arashima ukudahemuka kwanyu

HIRYA no hino kw’isi, abakurambere baraha agaciro uduteka tw’umurimo barangura mw’ishirahamwe ry’Imana. Ese ukuntu twese batubera umuhezagiro! Ariko rero, hari ihinduka riherutse kuba. Abakurambere bitereye mu myaka barasabwe ko amabanga amwamwe aremereye boyaha abakurambere bakiri bato. Uti gute?

Iyo ntunganyo nshasha isaba abacungezi b’imizunguruko n’abigisha b’amashure ya gitewokarasi guhagarika ivyo bikorwa igihe bashikanye imyaka 70 y’amavuka. Vyongeye, abakurambere bashikanye imyaka 80 basabwa gushikiriza abakurambere bakiri bato amabanga amwamwe, nko kuba umuhuzabikorwa wa Komite y’ishami canke w’Inama y’abakurambere mw’ishengero barimwo. None abo bakurambere bitereye mu myaka twikundira bakiriye gute iryo hinduka? Emwe, barerekanye ko ari intahemuka kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe!

Uwitwa Ken yari amaze imyaka hafi 49 ari umuhuzabikorwa wa Komite y’ishami rimwe. Avuga ati: “Iyo ngingo nayakiriye neza cane. Nkako, muri ico gitondo nyene nabimenya, nari nasenze Yehova ndamubwira ko hakenewe umuvukanyi akiri muto yoba umuhuzabikorwa.” Ivyo Ken avuga birahuye cane n’ivyo abandi bizigirwa bo hirya no hino kw’isi bitereye mu myaka bavuze. Ariko ntiwumve, hari ukuntu mu ntango bavunitse umutima kubera ko bakunda gusukurira abavukanyi babo.

Esperandio yari amaze igihe ari umuhuzabikorwa w’Inama y’abakurambere. Avuga ati: “Narababaye gatoyi.” Mugabo aca avuga ati: “Nari nkeneye umwanya wiyongereye kugira nitwararike amagara yanje yariko arayonga.” Nk’uko twovyitega, Esperandio arabandanya gukorera Yehova ari umwizigirwa no kuba umuhezagiro mw’ishengero arimwo.

Tuvuge iki ku bijanye n’abacungezi b’ingenzi bahinduriwe ico gikorwa bari bamazemwo igihe kirekire? Uwitwa Allan, akaba yari akimazemwo imyaka 38, avuga ati: “Igihe nabimenya, naravunitse umutima.” Naho ari ukwo, yariboneye ivyiza biva ku kumenyereza abagabo bakiri bato, kandi arabandanya gusukurira Yehova ari umwizigirwa.

Uwitwa Russell yari amaze imyaka 40 ari umucungezi w’ingenzi n’umwigisha w’amashure ya gitewokarasi. Avuga ko we n’umukenyezi wiwe vyabanje kubababaza cane. Agira ati: “Twarakunda cane agateka twari dufise kandi twabona ko tugifise inguvu zo kubandanya ico gikorwa.” Ubu Russell n’umugore wiwe bariko bakoresha ukumenyerezwa be n’ubuhanga bwabo mw’ishengero barimwo, bikaba bihimbara cane abamamaji bari kumwe na bo.

Naho utoba warashikiwe n’ivyo abo bahejeje kuvugwa baciyemwo, inkuru iri muri 2 Samweli yoshobora kugufasha gutahura abo vyashikiye.

UMUGABO YIFATA RUTO AGAKORA N’IBITEGEREKA

Niwibuke igihe Abusalomu umuhungu w’Umwami Dawidi yagarariza. Dawidi yarahunze ava i Yeruzalemu, aja i Mahanayimu mu buseruko bw’Uruzi Yorodani. We n’abo bari kumwe barakeneye ibintu bimwebimwe vya nkenerwa. Woba wibuka ingene vyahavuye bigenda?

Hari abagabo batatu bo muri ako karere bamuzaniye uburiri, ibifungurwa bitandukanye be n’ibikoresho bari bakeneye. Umwe muri abo bagabo yari Baruzilayi. (2 Sam. 17:27-29) Igihe ubugarariji bwa Abusalomu bwahagarikwa, Dawidi yarasubiye i Yeruzalemu, Baruzilayi aramuherekeza gushika kuri Yorodani. Dawidi yaramusavye ngo ajane na we i Yeruzalemu. Yamubwiye ko yomuronkeje ibifungurwa, naho nyene Baruzilayi yari “umugabo ahambaye cane,” akaba atari akeneye ivyo bifungurwa umwami amwemereye. (2 Sam. 19:31-33) Dawidi ashobora kuba yarashima kamere nziza Baruzilayi yari afise be n’ivyiyumviro yomuterereye. Kobaye rero ari agateka kadasanzwe kuba ku kirimba no kuhakorera!

Kubera ko Baruzilayi yakora ibitegereka kandi akifata ruto, yaravuze ko afise imyaka 80. Yaciye yongerako ati: “Mbega noshobora kumenya gutandukanya iciza n’ikibi?” None yashatse kuvuga iki? Mu myaka myinshi yari amaze, ategerezwa kuba yari yararonse ubukerebutsi. Vyongeye, yari agishoboye gutanga impanuro nziza, nk’uko “abagabo b’inararibonye” bahavuye bahanura Umwami Rehobowamu. (1 Abm. 12:6, 7; Zab. 92:12-14; Imig. 16:31) Igihe rero yavuga ibijanye no gutandukanya iciza n’ikibi ashobora kuba yariko yerekeza ku vyo atari agishoboye kubera imyaka yiwe. Yariyemereye ko kubera ubusaza, atari agishoboye kwumva akanovera be n’uburyohe bw’umuziki. (Umus. 12:4, 5) Baruzilayi yaciye ubwiwe asaba Dawidi ngo ajane i Yeruzaremu n’umugabo yari akiri muto ari we Kimuhamu, uwushobora kuba yari umuhungu wa Baruzilayi.​—2 Sam. 19:35-40.

GUTEGEKANIRIZA KAZOZA

Ihinduka twavuze mu ntango ryerekeye abitereye mu myaka, rirahuye n’ivyo Baruzilayi yagize. Yamara rero muri iki gihe, ntiharabwa ivyerekeye umuntu umwe gusa be n’ubushobozi afise, nk’uko vyagenze kuri Baruzilayi. Vyabaye nkenerwa ko harabwa neza icobera ciza abakurambere b’abizigirwa bo hirya no hino kw’isi.

Abo bavukanyi bitereye mu myaka kandi bifata ruto baciye batahura ko guhereza abavukanyi bakiri bato amabanga bahora barangura bizotuma ishirahamwe rya Yehova ribandanya gutera imbere muri kazoza. Kenshi usanga abo bavukanyi bitereye mu myaka ari bo bamenyereje abo bakiri bato, nk’uko Baruzilayi ari we kumbure yamenyereje umuhungu wiwe, intumwa Paulo na we akamenyereza Timoteyo. (1 Kor. 4:17; Flp. 2:20-22) Abo bavukanyi bakiri bato basigaye ari “ingabirano z’abagabo,” bakaba bashoboye gufasha “ku bw’ukwubakwa kw’umubiri wa Kristu.”​—Ef. 4:8-12; gereranya na Guharūra 11:16, 17, 29.

HARIHO UTURYO TWINSHI TWO KWITANGA

Mu mashengero yo hirya no hino kw’isi, abenshi bahereje abandi amabanga bahora barangura bariko barungukira ku tundi turyo two gusukura mu murimo wa Yehova.

Uwitwa Marco yari amaze imyaka 19 ari umucungezi w’ingenzi. Avuga ati: “Ubu ndaronka umwanya wo kugendera abagabo batizera bubakanye na bashiki bacu bo mw’ishengero ndimwo.”

Geraldo na we yari amaze imyaka 28 ari umucungezi w’ingenzi. Avuga ati: “Mu migambi dufise ubu harimwo gufasha abahororokewe no kuyobora inyigisho za Bibiliya ziyongereye.” Avuga ko we n’umukenyezi wiwe basigaye bayobora inyigisho za Bibiliya 15 be n’uko abatari bake bari barahororokewe basigaye bitaba amakoraniro.

Umwe Allan twavuga, agira ati: “Ubu turafise akaryo ko kwamamaza mu buryo bushitse. Turamamaza ku mugaragaro, mu turere dukorerwamwo ubudandaji, kandi turabwira inkuru nziza ababanyi bacu, babiri muri bo bakaba baraje ku Ngoro y’Ubwami.”

Nimba uri umuvukanyi abishoboye kandi w’umwizigirwa, ukaba uherutse guhindurirwa igikorwa mu basavyi b’Imana, hariho ubundi buryo budasanzwe ushobora kugira ico uterereye. Urashobora gushigikira igikorwa ca Yehova mu gufasha abakiri bato bo mw’ishengero ukoresheje ubumenyi budasanzwe ufise. Umwe Russell twavuga na we agira ati: “Yehova ariko aramenyereza yongera akoresha abakiri bato bateye igomwe kandi b’abahanga. Umuryango w’abavukanyi uriko urungukira ku kuntu bawigisha kandi bawugendera cungere n’ishaka ryinshi!”​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Nufashe abagabo bakiri bato barangure ivyo bashoboye vyose.”

YEHOVA ARASHIMA UKUDAHEMUKA KWAWE

Nimba uheruka guhindurirwa igikorwa, nugume ubona ibintu mu buryo bwiza. Igikorwa kivuye ku mutima waranguye carafashije abatari bake, kandi urashobora kubandanya ubafasha. Warabaye umukundwa kandi nta nkeka ko uzoguma ukundwa.

N’igihambaye kuruta, Yehova azoguma yibuka ivyo wakoze. Ntazokwigera ‘yibagira igikorwa cawe n’urukundo werekanye ko ufitiye izina ryiwe, kuko wakoreye aberanda kandi ukaba ubandanya kubakorera.’ (Heb. 6:10) Ico canditswe kiradukura amazinda twese yuko ivyo Yehova asezerana biruta kure n’iyo utwigoro twose twagize. Uri uw’agaciro kanini cane kuri Yehova rero ku buryo atokwigera yibagira ivyo wakoze kera kugira umushimishe, n’ubu ukaba ukibandanya!

Bite ho nimba wewe ubwawe utarahindurirwa igikorwa, nk’uko duhejeje kubivuga? Na wewe ivyavuzwe vyoshobora kugira ico bigufashije. Uti gute?

Nimba hari umuvukanyi w’umwizigirwa muzinanyi yitereye mu myaka kandi yahinduriwe igikorwa, urashobora kwungukira ku buhumure bwiwe be n’imyaka yamaze ari intahemuka. Numusabe aguhanure yongere akugire inama. Vyongeye, niwihweze ingene igikorwa afise ubu akirangura adahemuka, yisunze utuntu n’utundi azi.

Waba uri uwitereye mu myaka yahinduriwe igikorwa canke umuvukanyi canke mushiki wacu ariko avyungukirako, urama wibuka ko Yehova aha agaciro ukudahemuka kw’abamaze igihe bamusukurira, n’ubu bakiriko.