Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umenya gute amasaha?

Umenya gute amasaha?

UKORA iki iyo ushaka kumenya aho amasaha ageze? Kumbure uca uraba kw’isaha yawe. Hamwe umugenzi yokubaza isaha, womwishura gute? Hariho uburyo bwinshi bwo kuvuga aho amasaha ageze. Uti gute?

Dufate ko kw’isaha handitse ngo 1:45. Woshobora guca umwishura uti ni isaha indwi n’iminota 45, canke uti ni isaha umunani zibura iminota 15. Mu bihugu bimwebimwe bafatira ku masaha 24 agize umusi, maze isaha indwi n’iminota 45 z’umuhingamo bigaca vyandikwa ngo 13:45.

Kubera ko ukunda gusoma Bibiliya, woshobora kwibaza ingene abantu baharura umwanya igihe Bibiliya yandikwa. Bakoresha uburyo butandukanye. Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, harakoreshwa imvugo ngo “mu gitondo,” “ku mutaga” no “ku mugoroba.” (Ita. 8:11; 19:27; 43:16; Gus. 28:29; 1 Abm. 18:26) Ariko rero, hari igihe hakoreshwa imvugo irushirije kudomako.

Mu bihe vya Bibiliya, barakunda gukoresha abarinzi, na canecane mw’ijoro. Hagisigaye imyaka amajana ngo Yezu avuke, Abisirayeli bagabura ijoro mu materama atatu. (Zab. 63:6) Mu Bacamanza 7:19, haravuga “iterama ryo mu gicugu.” Mu gihe ca Yezu na ho, Abayuda bagabura ijoro mu materama ane, nk’uko Abagiriki n’Abaroma babigira.

Ayo materama aravugwa akatari gake mu Njili. Nk’akarorero igihe Yezu yagendagenda ku mazi yerekeza ku bwato bwarimwo abigishwa biwe, hari “mu gihe c’iterama rigira kane ry’ijoro.” (Mat. 14:25) Mu kigereranyo kimwe, Yezu yavuze ati: “Iyaba nyen’urugo yari azi iterama igisuma coziyemwo, yogumye arikanuye ntareke ngo inzu yiwe imenwe.”​—Mat. 24:43.

Yezu yarerekeje kuri ayo materama yose uko ari ane, igihe yabwira abigishwa biwe ati: “Nuko rero mugume muri maso, kuko mutazi igihe nyen’urugo azozirako, namba azoza buhwibiriye canke mu gicugu canke mu nkoko canke mu gatondo ka kare.” (Mrk. 13:35) Iterama rya mbere, ni ukuvuga “buhwibiriye,” ryatangura izuba rirenze gushika nk’isaha zitatu z’ijoro. Iterama rya kabiri, ni ukuvuga “mu gicugu,” ryatangura nk’isaha zitatu z’ijoro gushika isaha zitandatu z’ijoro. Iterama rya gatatu, ni ukuvuga “mu nkoko” canke “igihe isake ibika,” ryatangura mu gicugu gushika nk’isaha icenda z’ijoro. Birashoboka ko muri iryo terama ari ho isake yabitse muri rya joro Yezu yafatiwemwo. (Mrk. 14:72) Iterama rya kane, ni ukuvuga “mu gatondo ka kare,” ryatangura nk’isaha icenda gushika izuba riserutse.

Naho rero mu bihe vya Bibiliya batari bafise ibikoresho dufise ubu vyerekana amasaha, bari bafise uburyo bakoresha mu kumenya amasaha y’umurango n’ay’ijoro.