Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Hahiriwe abakorera “ya Mana ihimbawe”

Hahiriwe abakorera “ya Mana ihimbawe”

“Hahiriwe abantu Imana yabo ari Yehova!”​—ZAB. 144:15.

INDIRIMBO: 44, 125

1. Kubera iki abasavyi ba Yehova bahimbawe? (Raba ishusho itangura.)

IVYABONA VYA YEHOVA barahimbawe vy’ukuri. Mu makoraniro n’amahwaniro bagira be no mu mitororokano yabo usanga bayaga bahimbawe bongera batwenga. None ako gahimbare kava ku ki? Imvo nyamukuru ni uko bazi “ya Mana ihimbawe” ari yo Yehova, bakayikorera kandi bakihatira kuyigana. (1 Tim. 1:11; Zab. 16:11) Kubera Imana ari yo Sôko ry’agahimbare, yipfuza ko duhimbarwa kandi iratwereka imvo nyinshi zotuma tunezerwa.​—Gus. 12:7; Umus. 3:12, 13.

2, 3. (a) Agahimbare ni iki? (b) Kubera iki bitama vyoroshe kugira agahimbare?

2 Weho bite? Woba uhimbawe? Woba worushiriza kugira agahimbare? Agahimbare ni ukwumva umerewe neza, ushimishijwe n’uko ivyawe vyifashe mu buzima canke mbere ukaba unezerewe cane. Bibiliya yerekana ko abafitaniye na Yehova ubucuti bwiza ari bo bahimbawe vy’ukuri. Ariko rero muri iyi si, kugira agahimbare ntivyama vyoroshe. Uti kubera iki?

3 Ibintu bitesha umutwe nk’igihe uwawe apfuye canke aciwe, igihe wahukanye canke wabuze akazi, birashobora gutuma ubura agahimbare. Indyane zo mu ngo be n’ukudaseruriranira akari ku mutima birashobora kutubuza amahoro. Ugutyekezwa n’abo dukorana canke twigana, uruhamo canke ugupfungwa birashobora kubangamira agahimbare kacu. Ukwo nyene ni ko bigenda igihe dukitswe n’amagara, dufise indwara idakira canke akabonge. Mugabo niwibuke ko Yezu Kristu, “wa muhirwa akaba na we Munyabubasha,” yaryoherwa no guhoza abantu be no gutuma bahimbarwa. (1 Tim. 6:15; Mat. 11:28-30) Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, yaradondaguye ibintu bitari bike bishobora gutuma duhimbarwa naho duhanzwe n’ibigeragezo vyo muri iyi si ya Shetani.

GUKOMERA MU VY’IMPWEMU NI NTAHARA KUGIRA TUGIRE AGAHIMBARE

4, 5. Dushobora gute kuronka agahimbare kandi tukakamana?

4 Ikintu ca mbere Yezu yavuze kirahambaye cane. Yagize ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.” (Mat. 5:3) None twerekana gute ko dukeneye ivy’impwemu? Ni mu kwiga Bibiliya, tukubahiriza ingingo ngenderwako ziri muri yo kandi tugashira imbere ibijanye n’ugusenga ya Mana ihimbawe. Ivyo nitwabigira, agahimbare kacu kazokwiyongera. Tuzorushiriza kwizera iranguka ry’ivyo Imana yasezeranye. Vyongeye, tuzoremeshwa na “ca cizigiro c’ubuhirwe” Ijambo ry’Imana riha abasavyi bayo b’ukuri.​—Tito 2:13.

5 Kugiranira na Yehova ubucuti bukomeye ni ntahara kugira turonke agahimbare karamba. Intumwa Paulo yarahumekewe kwandika ati: “Mwame munezerwa mu Mukama [Yehova]. Ndongeye kubivuga: Nimunezerwe!” (Flp. 4:4) Kugira tugiranire n’Imana ubwo bucuti budasanzwe, dutegerezwa kwironsa ubukerebutsi buva kuri yo. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Hahiriwe umuntu yaronse ubukerebutsi, n’umuntu aronka ugutahura. Ni igiti c’ubuzima ku babucakira, kandi ababugumya ni abo kwitwa abahirwe.”​—Imig. 3:13, 18.

6. Kugira twamane agahimbare, twokora iki?

6 Yamara rero kugira twamane agahimbare, gusoma Ijambo ry’Imana vyonyene ntibikwiye. Dutegerezwa no gushira mu ngiro ivyo twiga. Yezu yarashimitse kuri ico kintu ati: “Nimba muzi ivyo bintu, muzoba muhiriwe mubikoze.” (Yoh. 13:17; soma Yakobo 1:25.) Ivyo ni ntahara kugira twironse ivyo dukeneye mu vy’impwemu, gutyo tukaronka agahimbare karamba. Ariko none dushobora gute kuronka agahimbare mu gihe hari ibintu vyinshi bishobora kukadutesha? Nimuze twihweze ivyo Yezu yaciye avuga muri ya Nsiguro yo ku Musozi.

IBINTU BITUMA TUGIRA AGAHIMBARE

7. Abagandaye bashobora gute guhimbarwa?

7 “Hahiriwe abagandaye, kuko bazohozwa.” (Mat. 5:4) Hari uwoca yibaza ati: ‘Abagandaye bashobora gute guhimbarwa?’ Ng’aho Yezu ntiyariko avuga abagandaye babitumwe n’imvo iyo ari yo yose. Erega n’ababisha baragandara kubera ingorane zitesha umutwe zo muri ibi “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Tim. 3:1) Ariko ukugandara kwabo kw’ubwikunzi ntigutuma biyegereza Yehova, kukaba rero kutabazanira agahimbare. Yezu ategerezwa kuba yariko avuga abazi ko bakeneye ivy’impwemu, bagaca bababazwa n’ingene abantu babakikuje batitaho ivy’Imana. Barazi ko ari abacumuzi kandi baratuntuzwa n’ibintu biteye agahinda biba kubera igicumuro. Yehova arabona abo bantu bagandaye b’inziraburyarya. Arabahoza, akabaremesha mu buryo bw’impwemu, akabaronsa agahimbare n’icizigiro c’ubuzima budahera.​—Soma Ezekiyeli 5:11; 9:4.

8. Sigura ingene kwitonda bituma duhimbarwa.

8 “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.” (Mat. 5:5) Kwitonda bishobora gute gutuma duhimbarwa? Igihe umuntu amaze kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri, arahinduka. Naho yoshobora kuba yahoze akunda kurwana, gushwana canke gusomborotsa abandi, arambara “wa muntu mushasha” maze akagaragaza “ikibabarwe cuzuye impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya.” (Kol. 3:9-12) Araheza akaba umunyamahoro, agakundana kandi akagira agahimbare mu buzima. Vyongeye, Imana isezeranira abantu nk’abo yuko “bazokwigabira isi.”​—Zab. 37:8-10, 29.

9. (a) Ni mu buryo ki abitonda “bazotorana isi”? (b) Kubera iki “abashonje kandi banyotewe ubugororotsi” bahiriwe?

9 Ni mu buryo ki abitonda “bazotorana isi”? Abigishwa ba Yezu barobanujwe impwemu bazotorana isi nibatangura kuyitegeka ari abami n’abaherezi. (Ivyah. 20:6) Ariko abandi amamiliyoni badafise icizigiro c’ijuru bazotorana isi mu buryo bw’uko bazokwemererwa kuyibako ibihe bidahera mu mahoro n’agahimbare ntangere, ata gasembwa bafise. Abo muri iyo migwi yompi rero barahiriwe kuko “bashonje kandi banyotewe ubugororotsi.” (Mat. 5:6) Iyo nzara n’inyota bafise vy’ubugororotsi bizohera neza mw’isi nshasha. (2 Pet. 3:13) Igihe rero Imana izoba yaherengeteje ububisha, agahimbare k’abagororotsi ntikazokwigera gasubira kubangamirwa n’ubugarariji canke ukutagororoka.​—Zab. 37:17.

10. Kuba umunyembabazi bisobanura iki?

10 “Hahiriwe abanyembabazi, kuko bazogirirwa imbabazi.” (Mat. 5:7) Kuba umunyembabazi bisobanura kugira igishika, ikibabarwe n’impuhwe, ni ukuvuga kwumvira akagongwe abari mu ngorane. Ariko rero imbabazi zirimwo n’ibindi uretse ikibabarwe. Muri Bibiliya, imbabazi zirajamwo n’ukugaragaza ikigongwe biciye ku bikorwa biranga impuhwe.

11. Ikigereranyo c’Umusamariya w’imbabazi kitwigisha iki ku bijanye no kuba abanyembabazi?

11 Soma Luka 10:30-37. Ikigereranyo Yezu yatanze c’Umusamariya w’imbabazi kirerekana neza ico kugaragaza imbabazi bisobanura. Uwo Musamariya abitumwe n’impuhwe be n’imbabazi bivuye ku mutima, yaribwirije arafasha uwari ababaye. Yezu amaze gutanga ico kigereranyo, yavuze ati: “Genda uze uragira gutyo nawe.” Umwe wese muri twebwe rero yokwibaza ati: ‘Noba ndiko ngira gutyo nanje? Noba ndiko nkora ivyo uwo Musamariya w’impuhwe yokoze? Noba norushiriza kugaragaza imbabazi maze ngakorera ineza abababaye? Nk’akarorero, noba nofasha mu buryo bufadika abakirisu bagenzanje biterereye mu myaka, abapfakazi canke abana badafise abavyeyi babitwararika mu vy’impwemu? Noba nibwiriza “[kuyagisha] abadendebukiwe n’ijwi ryirura”?’​—1 Tes. 5:14; Yak. 1:27.

Niwibwirize kugaragariza abandi imbabazi, wibonere ingene bivamwo agahimbare kenshi (Raba ingingo ya 12)

12. Ni gute kuba abanyembabazi bituma tugira agahimbare?

12 None ni gute kuba abanyembabazi bituma tugira agahimbare? Igihe tugaragarije abandi imbabazi, turironkera agahimbare kava ku gutanga. Vyongeye, tuba turiko turanezereza Yehova. (Ivyak. 20:35; soma Abaheburayo 13:16.) Ku bijanye n’uwitwararika abandi, Umwami Dawidi yavuze ati: “Yehova ubwiwe azomurinda, amuzigamire ubuzima. Azokwitwa umuhirwe mw’isi.” (Zab. 41:1, 2) Nitwagaragariza abandi impuhwe, Yehova na we azozitugirira maze twironkere agahimbare k’ibihe bidahera.​—Yak. 2:13.

IGITUMA “ABATYOROYE MU MUTIMA” BAHIRIWE

13, 14. Kubera iki abatyoroye mu mutima bahiriwe?

13 Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abatyoroye mu mutima, kuko bazobona Imana.” (Mat. 5:8) Kugira imitima yacu igume ityoroye, dutegerezwa kugumana ivyiyumviro n’ivyipfuzo bidahumanye. Ivyo birahambaye nimba dushaka ko Yehova yemera ugusenga kwacu.​—Soma 2 Abakorinto 4:2; 1 Tim. 1:5.

14 Abatyoroye mu mutima barashobora guhimbarwa no kubonwa neza na Yehova, uwavuze ati: “Hahiriwe abamesura amakanzu yabo.” (Ivyah. 22:14) None “bamesura amakanzu yabo” gute? Abakirisu barobanuwe “bamesura amakanzu yabo” mu kuguma batyoroye mu nyonga za Yehova, kandi bazokwironkera ukudapfa n’agahimbare gahoraho mw’ijuru. Abo muri rya sinzi rinini bafise icizigiro co kuba kw’isi, na bo nyene Imana irashobora kubona ko ari abagenzi bayo bagororotse. No muri iki gihe, ‘baramesura amakanzu yabo bakayeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama.’​—Ivyah. 7:9, 13, 14.

15, 16. Ni gute abatyoroye mu mutima ‘babona Imana’?

15 None ni gute abatyoroye mu mutima ‘babona Imana’ kandi ‘ata muntu yoyibona ngo abeho’? (Kuv. 33:20) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “kubona” rishobora gutanga iciyumviro co “kwiha ishusho, gutegera canke kumenya.” Ababona Imana bakoresheje “amaso y’umutima” ni barya bayimenye vy’ukuri, bagaha agaciro kamere zayo. (Ef. 1:18) Yezu yaragaragaje kamere z’Imana ata gahaze ku buryo yavuze ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.”​—Yoh. 14:7-9.

16 Turashobora kandi ‘kubona Imana’ mu kuzirikana ku vyo idukorera. (Yobu 42:5) Vyongeye, turagumiza ‘amaso yacu y’umutima’ ku bintu vyiza igitangaza Imana ibikiye abihatira kuguma batyoroye bakihatira no kuyikorera badahemuka. Ariko ntiwumve, abarobanuwe barabona Yehova amaso mu yandi igihe baronse impera yabo y’ijuru.​—1 Yoh. 3:2.

NO MU NGORANE TURAHIMBARWA

17. Kubera iki abaremesha amahoro bahiriwe?

17 Ubukurikira, Yezu yavuze ati: “Hahiriwe indemeshamahoro.” (Mat. 5:9) Abibwiriza kuremesha amahoro barafise imvo yo kunezerwa. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Urubuto rw’icamwa c’ubugororotsi rubibwa mu mahoro ku bariko baremesha amahoro.” (Yak. 3:18) Igihe hari uwo tutumvikana mw’ishengero canke mu muryango, turakwiye gutakambira Yehova ngo adufashe kuba indemeshamahoro. Araheza akaguha impwemu yiwe nyeranda, ikagufasha kugaragaza kamere nziza maze ukironkera agahimbare. Yezu yarerekanye igituma bihambaye ko twibwiriza kuremesha amahoro igihe yavuga ati: “Nimba rero uzanye ishikanwa ryawe ku gicaniro hanyuma ukahibukira ko mwene wanyu hari ico apfa nawe, nuce usiga ishikanwa ryawe ng’aho imbere ya nya gicaniro, hanyuma ugende; nubanze wikiranure na mwene wanyu, maze niwagaruka, ubone gushikana ishikanwa ryawe.”​—Mat. 5:23, 24.

18, 19. Kubera iki abakirisu banezerwa n’igihe bari mu ruhamo?

18 “Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabahama kandi bakababeshera ibintu bibi vy’ubwoko bwose babampora.” None ng’aho Yezu yashaka kuvuga iki? Yabandanije ati: “Munezerwe musimbasimbishwe n’akanyamuneza, kuko impembo yanyu ari nini mw’ijuru; kuko ukwo ari ko bahamye abahanuzi b’imbere yanyu.” (Mat. 5:11, 12) Igihe intumwa zakubitwa maze zigategekwa kudasubira kwamamaza, Bibiliya igira iti: “Baragenda bava imbere y’Inama Nkuru, banezerewe.” Ego ni ko ntibanezerewe ngo ni uko bakubiswe. Ariko banezerewe “kubera ko bari babonywe ko babereye guteterezwa [bahorwa izina rya Yezu.]”​—Ivyak. 5:41.

19 Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova na bo nyene barihangana babigiranye umunezero igihe bababazwa bahorwa izina rya Yezu canke bari mu bigeragezo. (Soma Yakobo 1:2-4.) Cokimwe n’izo ntumwa, ntituryoherwa igihe dushikiwe n’imibabaro. Ariko iyo tugumye turi intahemuka kuri Yehova mu gihe c’ibigeragezo, arashobora kudufasha kuvyihanganira n’umutima rugabo. Nk’akarorero muri Myandagaro 1944, abategetsi bo mu ntwaro imwe y’agahotoro barapfungiye umuvukanyi Henryk Dornik na mwenewabo mw’ikambi y’itunatuniro. Ariko rero, ababahama bariyemereye bati: “Ntibishoboka ko tubajijura ngo bakore ikintu na kimwe. Bararyoherwa no kubona bariko bababazwa bahorwa ivyo bemera.” Dornik yasiguye ati: “Naho ntipfuza gupfa rumaratiri, naranezerejwe no kubona nagumye ndi intadohoka kuri Yehova.” Yongerako ati: “Amasengesho avuye ku mutima natura Yehova yatumye ndushiriza kumwiyegereza, kandi vy’ukuri yarambereye Umutabazi yizigirwa.”

20. Kubera iki duhimbarwa no gukorera “ya Mana ihimbawe”?

20 Igihe tuzi ko “ya Mana ihimbawe” Yehova itunezerererwa, turashobora guhimbarwa n’igihe twoba turiko turahamwa, igihe umuryango uturwanya, turwaye canke twitereye mu myaka. (1 Tim. 1:11) Vyongeye, turagira agahimbare kubera twizigiye ibintu vyiza igitangaza ya Mana “idashobora kubesha” idusezeranira. (Tito 1:2) Iranguka ry’ivyo Yehova yadusezeraniye rizoduhimbara cane ku buryo tutazoba tucibuka ingorane n’ibigeragezo ducamwo muri iki gihe. Mw’Iparadizo igiye kuza, ivyiza Yehova azodukorera bizoba birengeye ugutahura kwacu. Vy’ukuri, tuzogira agahimbare k’imbonekarimwe. Ego cane, “[tu]zokwinovora amahoro menshi.”​—Zab. 37:11.