Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nugume ugaragaza urukundo kuko rwubaka

Nugume ugaragaza urukundo kuko rwubaka

“Urukundo rurubaka.”​—1 KOR. 8:1.

INDIRIMBO: 109, 121

1. Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaranye n’abigishwa biwe, ni ikintu gihambaye ikihe yababwiye?

MW’IJORO rya nyuma Yezu yamaranye n’abigishwa abiwe, yaravuze ijambo urukundo incuro hafi 30. Yaciye abaha itegeko ritomoye, ati: “Mukundane.” (Yoh. 15:12, 17) Urukundo bogiriraniye rwotegerejwe kwigaragaza cane ku buryo n’abandi babona neza ko ari abayoboke biwe b’ukuri. (Yoh. 13:34, 35) Urwo rukundo si inyiyumvo gusa. Yezu yariko aravuga kamere ihambaye cane, ni ukuvuga urukundo rwo kwitanga. Yavuze ati: “Nta wufise urukundo ruruta uru: ko umuntu yigura abagenzi biwe. Muri abagenzi banje nimba mukora ico ndabategetse.”​—Yoh. 15:13, 14.

2. (a) Abasavyi b’Imana barangwa n’iki? (b) Ni ibibazo ibihe twihweza muri iki kiganiro?

2 Urukundo nyakuri ruzira ubwikunzi be n’ubumwe bw’intamenwa biranga abasavyi ba Yehova muri iki gihe, biragaragaza ko ari abasavyi b’Imana. (1 Yoh. 3:10, 11) Ese ingene dukenguruka kubona abasavyi ba Yehova barangwa n’urukundo nk’urwa Kristu, bataravye igihugu bavamwo, umuryango, ururimi canke ivyo baciyemwo! Ariko rero twoshobora kwibaza duti: ‘Kubera iki urukundo ruhambaye cane muri iki gihe? Yehova na Yezu badukomeza gute babigiranye urukundo? Umwe wese muri twebwe yogaragaza gute urwo rukundo kugira aremeshe yongere akomeze abandi?​—1 Kor. 8:1.

IGITUMA URUKUNDO RUHAMBAYE CANE MURI IKI GIHE

3. Ibi “bihe bitoroshe” bigira ico bikoze gute ku bantu?

3 Kubera ko ubuzima burangwa n’“ivyago n’ibibi gusa,” abenshi muri ibi “bihe bitoroshe” usanga batuntuye cane mu buryo butandukanye. (Zab. 90:10; 2 Tim. 3:1-5) Abatari bake bari mu mwiheburo ntangere. Raporo zivuga ko abarenga 800.000 biyahura buri mwaka, ni ukuvuga ko umuntu umwe yiyahura uko haciye amasegonda 40. Ikibabaje ni uko n’abakirisu bamwebamwe barengerwa maze bakiyahura.

4. Ni bande bavugwa muri Bibiliya baseruye icipfuzo co gupfa?

4 Mu bihe vya Bibiliya, hari abasavyi ba Yehova b’abizigirwa barengewe n’ingorane zabashikiye ku buryo bipfuza gupfa. Nk’akarorero, igihe Yobu yari yugarijwe n’imibabaro, yavuganye intimba ati: “Umutima wanje wumva vy’ukuri ushishwe n’ubuzima bwanje.” (Yobu 10:1; 14:13) Yona na we yaravunitse cane umutima kubera ingene vyagenze mu cibare yari yarungitswemwo aca avuga ati: “None rero, ewe Yehova, ndakwinginze unyake ubuzima, kuko gupfa bindutiye kubaho.” (Yona 4:3) Vyongeye, vyarashitse umuhanuzi w’umwizigirwa Eliya arababazwa cane n’ingene ivyiwe vyari vyifashe ku buryo yisabira gupfa. Yavuze ati: “Biramaze! None rero, ewe Yehova, nkuraho.” (1 Abm. 19:4) Mugabo rero, Yehova yaraha agaciro abo basavyi biwe b’abanyamwete, akaba yashaka ko babandanya kubaho. Aho kubahambarira, yarabafashije kwikuramwo icipfuzo co gupfa, arabakomeza abigiranye urukundo ku buryo babandanije kumukorera badahemuka.

5. Kubera iki abavukanyi na bashiki bacu bakeneye kuremeshwa canecane muri iki gihe?

5 Naho abavukanyi na bashiki bacu batoba bipfuza gupfa, benshi muri iki gihe barahanganye n’ibintu bitesha umutwe, tukaba dukwiye kubakomeza tubigiranye urukundo. Hari abariko barahamwa bongera batyekezwa. Abandi baratyozwa canke bakambikwa ibara ku kazi. Abandi na bo barumva basanzaye kubera gukora umwanya wiyongereye canke gukora akazi gatesha umutwe. Hari n’abandi bahanganye n’ingorane zikomeye zo mu rugo, kumbure bakaba baryagagurwa n’uwo bubakanye atari Icabona. Kubera izo ngorane be n’iyindi mikazo, benshi mw’ishengero bumva basanzaye ku mubiri no ku mutima. None ni nde yoremesha abo bihebuye?

URUKUNDO RWA YEHOVA NIRUGUKOMEZE

6. Yehova akomeza gute abasavyi biwe abigiranye urukundo?

6 Yehova arakomeza abasavyi biwe mu kubakura amazinda yuko abafitiye urukundo rudahemuka. Abisirayeli bategerezwa kuba bararemeshejwe no kwumva Yehova avuga ati: “Wabaye uw’agaciro mu maso yanje, wabonywe nk’uwuteye iteka, kandi jewe naragukunze. . . . Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe”! (Yes. 43:4, 5) Kubera uri umusavyi wa Yehova, urashobora kwizigira ko Yehova agukunda n’ikibabarwe cinshi. * Bibiliya isezeranira uwo wese asenga mu kuri iti: “Azogukiza kuko ari Umunyenkomezi. Azokwigina n’umunezero kubera wewe.”​—Zef. 3:16, 17.

7. Ni gute urukundo rwa Yehova rwogereranywa n’urw’umuvyeyi yonsa? (Raba ishusho itangura.)

7 Naho abasavyi ba Yehova bohangana n’ingorane zimeze gute, asezerana ko azobashigikira kandi akabaremesha. Avuga ati: “Ntimuzobura kwonka. Muzotwarwa ku kiyunguyungu, babakuyakuyire ku mavi. Kurya kw’umuntu aguma ahozwa na nyina wiwe, ni ko namwe nzoguma ndabahoza.” (Yes. 66:12, 13) Ese ukuntu bikora ku mutima igihe inabibondo ateruye umwana ku kiyunguyungu, canke ariko aramukuyakuya ari ku bibero! Ivyo birerekana mu buryo bukora ku mutima ingene urwo Yehova akunda abasavyi biwe b’ukuri rwuzuye ikibabarwe kandi rukomeye cane. Ntukwiye rero kwigera ukekeranya ko uri uw’agaciro kanini mu maso yiwe.​—Yer. 31:3.

8, 9. Kuba Yezu adukunda bishobora gute kudukomeza?

8 Raba iyindi mvo ituma abakirisu b’ukuri bemera ko Imana ibakunda. Bibiliya ivuga ko Imana “yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yoh. 3:16) Emwe, Yezu na we nyene yaragaragaje ko adukunda mu gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu, kandi urwo rukundo ruradukomeza cane. Ijambo ry’Imana risezerana ko yaba “amakuba canke amarushwa” bidashobora “[ku]dutandukanya n’urukundo rwa Kristu.”​—Rom. 8:35, 38, 39.

9 Igihe tunyinyana n’ibigeragezo biduca intege ku mubiri, mu bwenge canke mu buryo bw’impwemu, urukundo rwa Kristu rurashobora kuturonsa inkomezi zo kuvyihanganira. (Soma 2 Abakorinto 5:14, 15.) Kuba Yezu adukunda birashobora kudushigikira bigatuma twumirako, n’igihe nyene twoba duhanganye n’ivyago vy’ivyaduka, uruhamo, ibituvuna umutima canke amaganya.

ABAVUKANYI BARAKENEYE KO TUBAKUNDA

Kwiga ivyerekeye Yezu birashobora kutuvyurira umutima wo kumwigana (Raba ingingo ya 10, 11)

10, 11. Ni bande bafise ibanga ryo kuremesha abavukanyi bihebuye? Sigura.

10 Kimwe mu vyo Yehova akoresha mu kudukomeza abigiranye urukundo ni ishengero rya gikirisu. Umwe wese muri twebwe rero arakwiye kwereka Yehova ko na we amukunda, mu gukunda no mu gukomeza abavukanyi na bashiki bacu mu vy’impwemu be n’igihe batuntuye. (1 Yoh. 4:19-21) Intumwa Paulo yahimirije abakirisu ati: “Mugume . . . muhozanya mwongera mwubaka bagenzi banyu, nk’uko mbere muriko murabigira.” (1 Tes. 5:11) Ego cane, uretse abakurambere, abagize ishengero bose barashobora kwigana Yehova na Yezu mu kuremesha no mu gukomeza abandi.​—Soma Abaroma 15:1, 2.

11 Hariho bamwebamwe mw’ishengero barengerwa maze bagakenera gufashwa n’umuganga yabinonosoye. (Luka 5:31) Abakurambere be n’abandi bo mw’ishengero baremera bifashe ruto yuko atari abahinga muri ivyo. Ariko rero, bararangura uruhara rudasanzwe mu ‘kuyagisha abadendebukiwe n’ijwi ryirura, bagafata mu mugongo abagoyagoya kandi bakiyumanganya kuri bose.’ (1 Tes. 5:14) Abakirisu bose rero barakwiye kugaragaza urukundo rw’ikibabarwe n’ukwihangana, bakavuga n’ijwi ryirura kugira baremeshe abihebuye. Woba none uremesha abandi ukongera ukabahoza? Kumenya ingene wobigira bizotuma utwigoro twawe turushiriza kuba kirumara.

12. Tanga akarorero k’uwakomejwe n’urukundo ishengero ryamugaragarije.

12 Urukundo rwacu rushobora gute kuremesha abatuntuye? Mushiki wacu umwe w’i Buraya avuga ati: “Birashika nkumva nokwiyahura. Ariko ndafise isôko ryiza ry’indemesho. Ishengero ndimwo ryararokoye ubuzima bwanje. Abo dusangiye ukwemera bama bandemesha kandi bakangaragariza urukundo. Naho ari bake bazi ko ndwaye akabonge, ishengero rinyama hafi. Hari umugabo n’umugore wiwe bameze nk’abavyeyi banje mu vy’impwemu. Baranyitwararika cane, kandi banguma biteguriye kumfasha amasaha 24 kuri 24.” Ego ni ko, bose ntibashobora kwitwararika abandi ku rugero rumwe. Ariko rero, igihe tugaragarije abatuntuye ko tubitwararika vy’ukuri birabafasha. *

INGENE WOKWUBAKA ABANDI UBIGIRANYE URUKUNDO

13. Twokora iki kugira turemeshe abandi?

13 Niwumvirize witonze. (Yak. 1:19) Kwumviriza abandi ubigiranye impuhwe ni ikintu kiranga urukundo. Woshobora kubabaza ibibazo ubigiranye umutima mwiza n’ukwiyubara kugira umenye ingene biyumva. Uzoheza rero ubagaragarize impuhwe wongere ubaremeshe. Ukuntu mu maso hawe hameze, hakwiye kugaragaza ko vy’ukuri ubitwararikana urukundo. Nimba umukirisu mugenzawe yipfuza kukuyagira ibintu vy’ido n’ido, numwihanganire kandi wirinde kumuciramwo. Niwumviriza witonze, birashoboka ko uzorushiriza gutahura ibimuraje ishinga. Ivyo vyoshobora gutuma umuvukanyi canke mushiki wacu afise ingorane atwizigira kandi akumviriza ivyo tumubwira igihe tumuremesha. Abandi nibabona ko tubitwararika vy’ukuri, bizotuma tubabera isôko ry’indemesho.

14. Kubera iki dukwiye kwirinda kunegura abandi?

14 Niwirinde kunegura abandi. Tuneguye abari mu mubabaro vyoshobora kwunyura umubabaro wabo, bigatuma n’akigoro tugira ko kubaremesha ata co kavamwo. Bibiliya igira iti: “Hari uwuvuga atiyumviriye nk’aho avuganye ugusogota kw’inkota, mugabo ururimi rw’abantu b’inkerebutsi ruravūra.” (Imig. 12:18) Naho tutokwigera twipfuza ‘gusogota’ abari mu mubabaro, vyoshobora gushika tukabababaza mu gihe tuvuze tutiyumviriye. Yamara n’igihe ‘twosogota’ umuntu tutabigize nkana, ntibibura kumubabaza. Kugira turemeshe abandi tubigiranye urukundo, bisaba ko tugira impuhwe, tukishira mu kibanza cabo uko bishoboka kwose.​—Mat. 7:12.

15. Ni igikoresho ngirakamaro ikihe dushobora kwikorako mu kuremesha abandi mu rukundo?

15 Nuhoze abandi ukoresheje Ijambo ry’Imana. (Soma Abaroma 15:4, 5.) Bibiliya ni isôko ry’uruhoza, narirya iva kuri “ya Mana . . . itanga ukwihangana n’uruhoza.” Uretse ivyanditswe bituremesha, turafise n’ibindi bikoresho ngirakamaro bidufasha kwiga Bibiliya. Turashobora gukoresha ca gitabu c’ironderero (Index des Publications Watch Tower) be na ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova. Ivyo biradufasha kuronka ivyiyumviro biremesha bishingiye ku Vyanditswe, bigatuma twihanganira ingorane zose zodushikira. Biratuma rero tuba abashoboye kuremesha abandi tubigiranye impuhwe, maze utwigoro tugira tubitumwe n’urukundo tukarushiriza kuba ngirakamaro.

16. Ni kamere izihe twogaragaza igihe turemesha umukirisu yihebuye?

16 Nugaragaze ikibabarwe n’umutima mwiza. Izo ni kamere nziza cane ziranga urukundo ruzira ubwikunzi tuba tugaragaje igihe turemesheje umuntu kandi tukamukomeza. Imana ubwayo ni “Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe ikaba n’Imana y’uruhoza rwose.” Vyongeye, Yehova agirira abasavyi biwe “impuhwe z’ikibabarwe.” (Soma 2 Abakorinto 1:3-6; Luka 1:78; Rom. 15:13) Paulo yaratanze akarorero keza muri ivyo. Yanditse ati: “Twabaye abengenga muri mwebwe, nk’igihe umuvyeyi yonsa abungabunga abana biwe. Nuko, kubera tubafitiye ikibabarwe, twarahimbawe cane no kutabaha inkuru nziza y’Imana gusa, mugabo n’ubuzima bwacu bwite, kuko mwabaye abakundwa kuri twebwe.” (1 Tes. 2:7, 8) Igihe twiganye Yehova mu kugaragaza ikibabarwe n’umutima mwiza, twoshobora gusanga dutanze indemesho umuvukanyi wacu yahora asenga asaba!

17. Ni uburimbane ubuhe twogira mu kuntu tubona abavukanyi bacu kugira tubaremeshe?

17 Ntiwitege ko abavukanyi bawe baba abatunganye. Nugire uburimbane mu kuntu ubona abavukanyi na bashiki bacu. Hamwe wokwitega ko abavukanyi batokwigera bakora amakosa, woba witeze ibidashoboka kandi wovunika umutima. (Umus. 7:21, 22) Niwibuke ko Yehova atitega ku basavyi biwe ibirenze. Nitwamwigana, tuzoshobora kwihanganira utunenge tw’abandi. (Ef. 4:2, 32) Aho kubatora amahinyu ubereka ko badakora vyinshi mu gikorwa ca Yehova, nubakeze ku vyiza bakora. Ivyo birashobora kubaremesha. Gukeza abandi bivuye ku mutima birashobora kubakomeza, bigatuma baronka “imvo yo kwirata” mu gikorwa ceranda barangura. Ese ukuntu biba vyiza tubigenjeje gutyo, aho kuguma tubagereranya n’abandi.​—Gal. 6:4.

18. Ni ibiki vyotuma turemesha abandi mu rukundo?

18 Umwe wese mu basavyi ba Yehova ari n’agaciro kadasanzwe kuri we no kuri Yezu, uwemeye kutwigura. (Gal. 2:20) Turiyumvamwo cane abavukanyi na bashiki bacu. Twipfuza rero kubitwararikana impuhwe n’urukundo. Kugira tube isôko ry’indemesho, nimuze “dukurikirane ibiremesha amahoro be n’ivyubaka abandi.” (Rom. 14:19) Ese ingene twese twiteganye umushasharo Iparadizo igiye kuza, aho ata na kimwe kizoduca intege! Nta ndwara, intambara, urupfu, uruhamo, amabi akorerwa mu ngo canke kuvunika umutima bizoba bikiriho. Inyuma ya ya myaka igihumbi, abantu bazoba babaye abatunganye. Abazonanira ikigeragezo ca nyuma, bazogirwa abana ba Yehova Imana bo kw’isi maze bironkere “umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.” (Rom. 8:21) Nimuze twese tugume tugaragariza abandi urukundo rwubaka kandi dufashanye kugira tuzoshike mw’isi nshasha ihimbaye.

^ ing. 12 Ushaka inama ngirakamaro z’ingene worengera ivyo kwiyahura, raba Be maso! yo muri Ndamukiza 2014 ikiganiro kivuga ngo “Kubera iki wobandanya kubaho? Imvo zitatu”; iyo muri Nzero 2012, ikiganiro kivuga ngo “Igihe wumva warambiwe n’ubuzima” be n’iyo ku wa 22 Gitugutu 2001 (mu gifaransa) ikiganiro kivuga ngo “Biri n’ico bimaze kubaho.”