Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Nimba muzi ivyo bintu, muzoba muhiriwe mubikoze”

“Nimba muzi ivyo bintu, muzoba muhiriwe mubikoze”

“Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe.”​—YOH. 4:34.

INDIRIMBO: 80, 35

1. Agatima k’ubwikunzi karangwa muri iyi si gashobora gute kubangamira ukwicisha bugufi kwacu?

KUBERA iki bitoroshe gushira mu ngiro ivyo twiga mw’Ijambo ry’Imana? Kimwe coco ni uko bisaba kwicisha bugufi kugira dukore ibigororotse, kuguma twicishije bugufi na vyo bikaba ari urugamba. Muri iyi “misi ya nyuma,” dukikujwe n’abantu “bikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona,” kandi “batagira ukwigumya.” (2 Tim. 3:1-3) Kubera turi abasavyi b’Imana, turazi ko izo ngeso ari mbi. Mugabo rimwe na rimwe twoshobora kubona umengo abafise agatima k’ubwikunzi ni bo baroraniwe. (Zab. 37:1; 73:3) Twoshobora mbere kwibaza duti: ‘Hoba hari ico bimaze gushira ineza y’abandi imbere y’iyanje bwite? Hamwe nokwigenza “nk’umuto,” ubwo abantu ntiboca bansuzugura?’ (Luka 9:48) Turetse agatima k’ubwikunzi karangwa mw’isi kakatwigarurira, vyoshobora kwonona ubucuti dufitaniye n’abo mw’ishengero be n’akaranga kacu ka gikirisu. Mugabo nitwiga ibijanye n’abasavyi b’Imana babaye intangakarorero mu kwicisha bugufi kandi tukabigana, tuzohakura ivyiza vyinshi.

2. Twigira iki ku basavyi b’Imana b’intahemuka?

2 Nimba twipfuza kwigana abakoreye Imana badahemuka, turakwiye gusuzuma icabibafashijemwo. Bashoboye gute kugiranira ubucuti bwiza n’Imana no kuronka ububasha bwo kurangura umugambi wayo? Kuzirikana muri ubwo buryo birahambaye kugira twikomeze mu vy’impwemu.

KWIFUNGURIRA MU BURYO BW’IMPWEMU SI UKWIRONSA UBUMENYI GUSA

3, 4. (a) Turonka gute ubuyobozi bwo mu vy’impwemu? (b) Kubera iki twovuga ko kwifungurira mu buryo bw’impwemu bitagarukira ku kwironsa ubumenyi?

3 Turaronka impanuro be n’ukumenyerezwa bitari bike biciye kuri Bibiliya, ku bisohokayandikiro vyacu, ku mbuga zacu zo kuri internet, kuri ya televiziyo ya JW no ku makoraniro be n’amahwaniro yacu. Mugabo twisunze ivyo Yezu yavuze muri Yohani 4:34, kwifungurira mu buryo bw’impwemu si ukwironsa ubumenyi gusa. None harimwo n’iki? Yezu yavuze ati: “Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe.”

4 Yezu yabona ko gukora ivyo Imana imusaba ari nko gufungura. Uti gute? Nka kurya nyene imibiri yacu imererwa neza iyo dufunguye imfungurwa zibereye, imitima yacu iramererwa neza n’ukwizera kwacu kugakomera igihe dukoze ivyo Imana igomba. Nta ho birashika ukaja kw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro udendebukiwe, mugabo uhejeje indimiro ugataha wumva umerewe neza kandi wagaruye utuguvu?

5. Kugira ubukerebutsi bivamwo ivyiza ibihe?

5 Gushira mu ngiro ivyo Imana idusaba ni co kintu nyamukuru cerekana ko dufise ubukerebutsi. (Zab. 107:43) Vyongeye, kugira ubukerebutsi biravamwo ivyiza vyinshi. Bibiliya ivuga iti: “Mbere n’ibindi bintu vyawe vyose bihimbaye ntivyonganishwa na bwo. . . . Ni igiti c’ubuzima ku babucakira, kandi ababugumya ni abo kwitwa abahirwe.” (Imig. 3:13-18) Yezu yavuze ati: “Nimba muzi ivyo bintu, muzoba muhiriwe mubikoze.” (Yoh. 13:17) Abigishwa bogize agahimbare karamba bagumye gusa bakora ivyo Yezu yabategetse. Mu buzima bwabo bwose, bategerezwa kugendera inyigisho ziwe no kumwigana.

6. Kubera iki dutegerezwa kuguma dushira mu ngiro ivyo twiga?

6 Muri iki gihe, birahambaye kandi ko tuguma dushira mu ngiro ivyo twiga. Tubitangire akarorero: Umufundi yoshobora kuba afise ibikoresho be n’ubumenyi. Ariko rero, ivyo ntaco vyomumarira atabikoresheje. Naho yoba yarigeze gukora ico gikorwa muri kahise akaba yarakironsemwo ubuhanga, ategerezwa kuguma akoresha ivyo yize kugira agume ari umuhanga. Na twebwe dushobora kuba twaragize agahimbare igihe twatangura gushira mu ngiro ivyo twize muri Bibiliya. Ariko rero kugira turonke agahimbare karamba, dutegerezwa gushira mu ngiro buri musi ubuyobozi Yehova aduha.

7. Twigira iki ku burorero bwo muri Bibiliya?

7 Nimuze turimbure ibintu bimwebimwe vyoshobora kwerekana nimba twicisha bugufi, twongere turabe ingene abasavyi b’Imana ba kera b’abizigirwa bavyifashemwo. Ariko rero, kumenya ayo makuru vyonyene ntibica bituma turonka inkomezi zo mu buryo bw’impwemu. Ku bw’ivyo, nuzirikane ku kuntu wewe ubwawe woshira mu ngiro ivyiyumviro tugiye kurimbura, kandi ubigire udatebaganye.

NIWIRINDE KUBONA KO UBARUTA

8, 9. Ibivugwa mu Vyakozwe 14:8-15 bihishura iki ku bijanye n’ukwicisha bugufi kw’intumwa Paulo? (Raba ishusho itangura.)

8 Imana igomba ko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:4) Ubona gute abantu benshi bataramenya ukuri? Naho intumwa Paulo yaja mu masinagogi kurondera abantu bari bazi Imana ku rugero kanaka, nta gukeka ko atabwira inkuru nziza Abayuda gusa. Kubwira inkuru nziza abo bantu basenga izindi mana vyaragejeje ukwicisha bugufi kwiwe.

9 Nk’akarorero, igihe yagira urugendo rwa mbere rw’ubumisiyonari, abantu b’i Lukawoniya biyumviriye ko we na Barunaba ari abantu badasanzwe, ku buryo babitiriye imana zabo z’ikinyoma ari zo Zeyu na Herume. None Paulo na Barunaba boba baremeye gushirwa hejuru gutyo? Boba babonye ko ari ikintu kibahumuriza narirya bari bashikiwe n’uruhamo rukomeye mu bisagara bibiri bari baherutse kugendera? Boba biyumviriye ko ukwo kuvugangwa kwotumye inkuru nziza itera imbere? Habe namba! Baciye nyabuna biyamiriza ico kintu mu gutantamura impuzu zabo no mu gusimbira muri nya sinzi, basemerera bati: “Kubera iki mugira ivyo? Na twebwe turi abantu bafise utunenge nkamwe.”​—Ivyak. 14:8-15.

10. Kubera iki Paulo na Barunaba batabona ko baruta abantu b’i Lukawoniya?

10 Mu kuvuga ko na bo nyene bari bafise utunenge, Paulo na Barunaba ntibariko bavuga ko basenga ibigirwamana nk’abo bantu. Nakare, abo bagabo babiri bari abamisiyonari barungitswe n’Imana. (Ivyak. 13:2) Vyongeye, bari bararobanujwe impwemu nyeranda kandi bari bafise icizigiro ciza igitangaza. Yamara rero, Paulo na Barunaba baratahura ko abantu b’i Lukawoniya bari gushobora kuronka ako gateka nyene baramutse bakiriye inkuru nziza.

11. Twokwigana gute ukwicisha bugufi kwa Paulo igihe twamamaza?

11 None twokwigana gute ukwicisha bugufi kwa Paulo? Ubwa mbere, ntidukwiye kwigera tubona ko igikorwa twashinzwe co kwamamaza canke ivyo turangura tubifashijwemwo na Yehova bituma tuba abantu badasanzwe. Umwe wese muri twebwe arakwiye kwibaza ati: ‘Mbona gute abantu mbwira inkuru nziza? Noba ninuba abantu bamwebamwe ntabiciye n’ikanda?’ Igishimishije, Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi barihatira kurondera mu turere barimwo abantu b’uburyo bwose kugira bababwire inkuru nziza. Rimwe na rimwe, ivyo bisaba ko biga ururimi be n’imico kama vy’abantu usanga bakengerwa mu kibano. Yamara rero, ivyo Vyabona ntibakwiye kwigera babona ko baruta abo bantu. Ahubwo riho, baragerageza gutahura umwe wese ku giti ciwe kugira bamufashe kwakira ubutumwa bw’Ubwami.

NUSENGERE ABANDI UBAVUGA MU MAZINA

12. Epafura yagaragaje gute ko yitwararika abandi ata bwikunzi?

12 Ubundi buryo twokwerekana ko dukurikiza twicishije bugufi ubuyobozi Imana iduha, ni mu gusengera abamaze “[kuronka] ukwizera, kakaba ari agateka kangana n’akacu.” (2 Pet. 1:1) Ivyo ni vyo Epafura yagize. Avugwa incuro zitatu gusa muri Bibiliya, hose akaba ari mu makete Paulo yanditse. Igihe Paulo yari mu nzu yari apfungiwemwo i Roma, yarandikiye abakirisu b’i Kolosayi yuko Epafura “yama yihata ku bwa[bo] mu masengesho yiwe.” (Kol. 4:12) Epafura yari azi neza abo bavukanyi kandi yarabitwararika cane. Paulo yamwise ngo “imbohe mugenzanje.” Naho Epafura yari yifitiye ingorane ziwe, ntivyatumye yirengagiza ivyo abandi bari bakeneye mu vy’impwemu. (Flm. 23) Ivyo none ntivyerekana ko yitwararika abandi ata bwikunzi? Gusengera abo dusangiye ukwemera biragira inguvu, na canecane igihe twibutse umwe wese ku giti ciwe, tukamuvuga mw’izina.​—2 Kor. 1:11; Yak. 5:16.

13. Wokwigana gute Epafura igihe usenga?

13 Niwiyumvire abo ushobora gusengera ubavuga mu mazina. Cokimwe na Epafura, benshi mu bavukanyi na bashiki bacu barasengera abo mu mashengero yabo be n’imiryango ifise amabanga aremereye, iyihanganye no gufata ingingo zihambaye canke iyiri mu bigeragezo bikomeye. Benshi barasengera abavugwa mu kiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Ivyabona vya Yehova bapfunzwe bazira ukwemera kwabo.” (Raba ahavuga ngo AMAKURU > IBIJANYE N’IMANZA.) Vyongeye, turakwiye kwibuka ababuze ababo, abaheruka gushikirwa n’ivyago vy’ivyaduka be n’intambara hamwe n’abahanganye n’ingorane z’ivy’ubutunzi. Mu vy’ukuri, hariho abavukanyi na bashiki bacu benshi bakeneye ko tubasengera, ivyo bikaba vyobagirira akamaro. Igihe tubasengeye, tuba twerekanye ko tutaraba ivyacu gusa, ariko ko turaba n’ivy’abandi. (Flp. 2:4) Yehova arumviriza mwene ayo masengesho.

‘NUTEBUKE KWUMVA’

14. Yehova aduha gute akarorero ntangere mu bijanye no gutega yompi abandi?

14 Ikindi kintu kigaragaza ko twicisha bugufi ni ugutega yompi abandi n’umutima ukunze. Muri Yakobo 1:19 havuga ko dukwiye ‘gutebuka kwumva.’ Yehova araduha akarorero ntangere muri uwo muce. (Ita. 18:32; Yos. 10:14) Rimbura ivyo twigira ku kiyago kiri muri Kuvayo 32:11-14. (Soma.) Naho Yehova atari akeneye ko Musa amuterera ivyiyumviro, yaramuretse araserura ingene abona ibintu. Ubwo woshobora kuguma wumviriza umuntu amaze guserura ivyiyumviro bitari vyo, ugaca ukora ivyo akubwiye? Yehova wewe arumviriza yihanganye abantu bose bamusenga babigiranye ukwizera.

15. Twokwigana gute Yehova mu bijanye no gutera iteka abandi?

15 Umwe wese muri twebwe arakwiye kwibaza ati: ‘Nimba Yehova yicisha bugufi akumviriza abantu nk’uko yabigize kuri Aburahamu, Rasheli, Musa, Yosuwa, Manowa, Eliya na Hezekiya, sinkwiye none kurushiriza gutera iteka abavukanyi banje bose nkabaha icubahiro, ngatega yompi ivyo bavuga, mbere nkisunga ivyiyumviro vyabo vyiza? Hoba hari umuntu mw’ishengero canke mu muryango nkwiye kurushiriza gutega yompi? None ngiye gukora iki?’​—Ita. 30:6; Abac. 13:9; 1 Abm. 17:22; 2 Ngo. 30:20.

“KUMBURE YEHOVA ARI BUBONE” AMARUSHWA URIMWO

Dawidi yavuze ati: “Nimumureke!” Wewe wari gukora iki? (Raba ingingo ya 16, 17)

16. Umwami Dawidi yavyifashemwo gute igihe Shimeyi yamusomborotsa?

16 Kwicisha bugufi biradufasha kandi kwigumya igihe dusomborokejwe. (Ef. 4:2) Akarorero ntangere muri ivyo turagasanga muri 2 Samweli 16:5-13. (Soma.) Dawidi n’abasuku biwe barigumije igihe Shimeyi incuti y’Umwami Sauli yabatuka akongera akabatera amabuye. Dawidi yaravyihanganiye naho yari ashoboye kubihagarika. None yakuye hehe inkomezi zo kwigumya? Zaburi ya 3 iradufasha kuronka inyishu.

17. Ni igiki cafashije Dawidi kwigumya, kandi twomwigana gute?

17 Akajambo k’intangamarara ka Zaburi ya 3 kerekana ko yanditswe na Dawidi igihe “yariko arahunga kubera Abusalomu umuhungu wiwe.” Umurongo wa 1 n’uwa 2 irahuye n’ibivugwa mu kigabane ca 16 c’igitabu ca Samweli wa kabiri. Zaburi 3:4 ica yerekana ukuntu yizigira Imana. Hagira hati: “Nzotabaza Yehova ubwiwe n’ijwi ryanje, na we azonyishura ari ku musozi wiwe mweranda.” Na twebwe turashobora gusenga igihe dusomborokejwe. Mu kutwishura, Yehova araturonsa impwemu yiwe nyeranda, iyishobora kudufasha kwihangana. Woba ubona aho ukeneye kwigumya canke umuntu ukwiye kwihanganira? Woba wizigira ko Yehova abona amarushwa urimwo kandi ko azoguhezagira?

“UBUKEREBUTSI NI CO KINTU NYAMUKURU”

18. Ni ivyiza ibihe tuzokwironkera nitwaguma dukora ivyo Imana isaba?

18 Gukora ivyo tuzi ko bibereye biravamwo imihezagiro myinshi. Ni co gituma mu Migani 4:7 havuga hati: “Ubukerebutsi ni co kintu nyamukuru”! Naho ubukerebutsi bushingiye ku bumenyi, bugaragarira canecane ku ngingo dufata. Erega n’ibimonyo biragaragaza ubukerebutsi. Birategura indya zavyo mu ci. (Imig. 30:24, 25) Kristu, we “bukerebutsi bw’Imana,” yama akora ibihimbara Se. (1 Kor. 1:24; Yoh. 8:29) Na twebwe Imana izoduha impera nitwaguma twicisha bugufi kandi tukagaragaza ubukerebutsi mu gukora ivyo tuzi ko bibereye. (Soma Matayo 7:21-23.) Ku bw’ivyo, niwihatire kugaragaza ukwicisha bugufi mw’ishengero, gutyo ubere abandi akarorero. Gukora ivyo tuzi ko bibereye birafata umwanya kandi bisaba kwihangana, mugabo ni icerekana ko twicisha bugufi kandi bituma tugira agahimbare ubu be n’ibihe bidahera.