Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Naho ari Mushoboravyose, aritwararikana

Naho ari Mushoboravyose, aritwararikana

‘Yehova arazi neza ingene tubumbwe, akibuka ko turi umukungugu.’​—ZAB. 103:14.

INDIRIMBO: 30, 10

1, 2. (a) Yehova atandukaniye he n’abanyabubasha uravye ukuntu yitwararika abantu? (b) Twihweza iki muri iki kiganiro?

ABANTU b’abanyabubasha akenshi ‘barakandamiza’ abandi, mbere bakabaganza. (Mat. 20:25; Umus. 8:9) Ese ukuntu batandukanye na Yehova! Naho ari Mushoboravyose, ni ruheta mu kwitwararika abantu b’abanyagasembwa. Ni umunyabuntu kandi arazirikana abandi. Aritaho ingene tumerewe be n’ivyo dukeneye. Ntiyigera adusaba ivyo tudashoboye, kubera “[y]ibuka ko turi umukungugu.”​—Zab. 103:13, 14.

2 Bibiliya iratanga uburorero bwinshi bw’ukuntu Yehova yitwararika abasavyi biwe. Nimuze twihweze butatu muri bwo: (1) ukuntu yafashije Samweli guha umuherezi mukuru Eli ubutumwa bujanye n’urubanza, (2) ingene yihanganiye Musa igihe yavuga ko atoshobora kuyobora Abisirayeli, (3) ingene yakuye Abisirayeli mu Misiri. Uko twihweza ubwo burorero, turaraba ico butwigisha ku vyerekeye Yehova be n’ivyigwa dushobora kuhakura.

YARITWARARITSE AGAHUNGU SAMWELI

3. Ni ikintu kidasanzwe ikihe cashikiye agahungu Samweli umusi umwe mw’ijoro, kandi ni ikibazo ikihe gica kivyuka? (Raba ishusho itangura.)

Samweli yatanguye ‘gukorera Yehova’ kw’itaberenakulo akiri muto cane. (1 Sam. 3:1) Umusi umwe mw’ijoro Samweli yamaze kuryama, hari ikintu kidasanzwe cabaye. * (Soma 1 Samweli 3:2-10.) Yagiye yumva ijwi rimuhamagara mw’izina. Kubera ko yiyumviriye yuko ari umuherezi mukuru Eli amuhamagaye, Samweli yaciye yiruka iyo ari avuga ati: “Ndi hano, kuko umpamagaye.” Eli yarahakanye ko atari yamuhamagaye. Ivyo bimaze kuba izindi ncuro zibiri, Eli yaciye atahura ko ari Imana yariko ihamagara Samweli. Yaciye rero abwira ako gahungu ingene kokwishura, kandi Samweli yaramwumviye. Kubera iki none Yehova atihishuriye Samweli mu ntango? Bibiliya nta co ibivugako, ariko birashoboka ko yabigenjeje gutyo kubera ko yitwararitse Samweli. Uti gute?

4, 5. (a) Samweli yakiriye gute igikorwa Imana yari yamushinze, kandi ibintu vyagenze gute bukeye? (b) Iyo nkuru itwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

4 Soma 1 Samweli 3:11-18. Yehova yategetse abana gusonera abitereye mu myaka, canecane abafise ubukuru. (Kuv. 22:28; Lew. 19:32) Woba wibaza ko Samweli yari kuzinduka ashikiriza Eli ubwo butumwa bukaze bw’Imana ata gutinya? Eka data! Nk’uko iyo nkuru ibivuga, “Samweli yaratinya kwiganira Eli ivyo yari yeretswe.” Ariko rero, Imana yareretse neza Eli ko ari yo yariko irahamagara Samweli. Ivyo vyatumye Eli asaba Samweli ngo amumenyeshe ivyo Yehova yamubwiye. Yamubariye ati: “[Ntugire] ijambo umpisha mu majambo yose yakubwiye.” Samweli yaragamburutse “amwiganira rero nya majambo yose.”

5 Eli ntiyatangajwe cane n’ubutumwa bwa Samweli. Bwari buhuye n’ivyo “umuntu w’Imana” atavugwa izina yari yarabwiye uwo muherezi mukuru. (1 Sam. 2:27-36) Iyo nkuru yerekeye Samweli na Eli iragaragaza ko Yehova yitwararikana be n’uko afise ubukerebutsi.

6. Twigira iki ku kuntu Imana yafashije Samweli akiri muto?

6 Woba ukiri muto? Nimba ari ko biri, inkuru ya Samweli irerekana ko Yehova atahura ingorane zigushikira be n’ingene wiyumva. Kumbure uri umunyamasoni, bikaba bikugora kubwira ubutumwa bw’Ubwami abakuze canke kwerekana ko utandukanye n’abo mu runganwe rwawe. Numenye neza ko Yehova yipfuza kugufasha. Numuserurire rero akari ku mutima mw’isengesho. (Zab. 62:8) Nuzirikane ku burorero bwo muri Bibiliya buvuga ivy’abakiri bato nka Samweli. Vyongeye, nuyage n’abakirisu bagenzawe bakiri bato canke bakuze, bashobora kuba baratsinze ingorane nk’izo urimwo. Nkako, boshobora kukwiganira ukuntu Yehova yabafashije, kumbure mu buryo batari biteze.

YARITWARARITSE MUSA

7, 8. Yehova yagaragaje gute ko yitwararika cane Musa?

7 Igihe Musa yari afise imyaka 80, Yehova yaramushinze igikorwa kitoroshe. Yategerezwa gukura Abisirayeli mu buja mu Misiri. (Kuv. 3:10) Nta gukeka ko ivyo vyamuhagaritse umutima kubera ko yari amaze imyaka 40 ari umwungere i Midiyani. Yavuze ati: “Jewe ndi nde ngo nje kwa Farawo, ngo nkure bene Isirayeli mu Misiri?” Imana yaciye imukura amazinda iti: “Nzoba ndi kumwe nawe.” (Kuv. 3:11, 12) Yamusezeraniye kandi iti: Abagabo b’inararibonye ba Isirayeli “ntibazobura kwumviriza ijwi ryawe.” Naho ari ukwo, Musa yasubijeyo ati: “Dufate ko batanyemeye kandi ntibumvirize ijwi ryanje.” (Kuv. 3:18; 4:1) Ni nkaho Musa yari avuguruje Imana. Mugabo Yehova yagumye yihanganye. Mbere yarakoze ibiruta ivyo. Yarahaye Musa ububasha bwo gukora ibitangaro, akaba yabaye umuntu wa mbere aronse ubwo bubasha.​—Kuv. 4:2-9, 21.

8 Naho ari ukwo, Musa yagumye yisigura avuga ko atoroherwa no kuvuga. Imana yamwishuye iti: “Ubwanje nzobana n’akanwa kawe, kandi nzokwigisha ivyo ubwirizwa kuvuga.” None Musa yoba yaciye ajijuka? Biboneka ko atari ko vyagenze, kubera ko yaciye asaba Imana ngo irungike uwundi muntu. Yehova yaciye ashavura, kandi vyarumvikana. Mugabo ntiyumiye ku ciyumviro ciwe. Ahubwo yarakoze ikindi kintu cerekana ko yitwararika Musa, aragena Aroni ngo amubere umuvugizi.​—Kuv. 4:10-16.

9. Ukuntu Yehova yihanganiye Musa yongera aramwitwararika vyamufashije gute mu gikorwa yashinzwe?

9 None iyo nkuru itwigisha iki ku vyerekeye Yehova? Kubera ko ari Imana Mushoboravyose, yari gushobora guhata Musa ngo agamburuke. Aho kubigenza gutyo, Yehova yarihanganye yongera aragaragaza umutima mwiza, arasubiriza umutima mu nda uwo musavyi wiwe yicisha bugufi kandi yifata ruto. None hari ico vyavuyemwo? Cane nyene! Musa yahavuye aba indongozi nziza cane. Yaragaragarije abandi umutima mwiza kandi arabitwararika nk’uko Yehova yamugiriye.​—Guh. 12:3.

Woba wigana Yehova mu kuntu ufata abandi? (Raba ingingo ya 10)

10. Ni ivyiza ibihe bivamwo iyo twiganye ukuntu Yehova yitwararikana?

10 Ng’ibi ivyigwa twohakura: Woba uri umunega, umuvyeyi canke umukurambere w’ishengero? Nimba ari ukwo, urafise ubukuru kanaka ku bandi. Ese rero ukuntu bihambaye ko wigana Yehova ukitwararika abo ujejwe, ukabagaragariza ubuntu kandi ukabihanganira! (Kol. 3:19-21; 1 Pet. 5:1-3) Niwihatira kwigana Yehova be na Musa Mukuru ari we Yezu Kristu, uzoba umuntu yegereka kandi aruhurira abandi. (Mat. 11:28, 29) Vyongeye, uzobera abandi akarorero keza.​—Heb. 13:7.

UMUROKOZI ATEYE AKOBA MUGABO YITWARARIKANA

11, 12. Igihe Yehova yakura Abisirayeli mu Misiri, yakoze iki kugira bumve batekaniwe?

11 Igihe Abisirayeli bava mu Misiri mu 1513 imbere ya Kristu, bashobora kuba barenga imiliyoni zitatu. Muri bo harimwo abana n’abakuze, akaba ata gukeka ko harimwo abarwaye canke abamugaye. Isinzi rinini nk’iryo ryari rikeneye ndongozi itahurana kandi ikora ibitegereka. Yehova yarababereye Indongozi nk’iyo abicishije kuri Musa. Ivyo vyatumye Abisirayeli bumva batekaniwe igihe bava muri ico gihugu conyene bari barabayemwo.​—Zab. 78:52, 53.

12 None Yehova yakoze iki kugira abasavyi biwe bumve batekaniwe? Kimwe coco, yabakuye mu Misiri batunganijwe neza “nk’abatonze urugamba.” (Kuv. 13:18) Nta nkeka yuko ivyo vyabakuye amazinda ko Imana yabo ari yo yariko irabayobora. Vyongeye, Imana yaraberetse ko iri kumwe na bo ikoresheje “igicu ku murango” be n’“umuco w’umuriro” mw’ijoro. (Zab. 78:14) Ni nkaho Yehova yariko ababwira ati: “Ntimutinye. Ndi kumwe namwe kugira ndabayobore nongere ndabakingire.” Nkako, ivyakurikiye vyarerekanye ko bari bakeneye ukwo gusubirizwa umutima mu nda!

Yehova yitwararitse gute Abisirayeli ku Kiyaga Gitukura? (Raba ingingo ya 13)

13, 14. (a) Yehova yitwararitse gute Abisirayeli ku Kiyaga Gitukura? (b) Yehova yagaragaje gute ko arusha ububasha Abanyamisiri?

13 Soma Kuvayo 14:19-22. Niwihe ishusho uri kumwe n’Abisirayeli, muri hagati y’ingabo za Farawo n’Ikiyaga Gitukura, mubona ko mwafaditse. Imana iciye ihaseruka. Ya nkingi y’igicu iciye ija inyuma y’ikambi. Iratangira Abanyamisiri kandi igatuma baguma mu mwiza. Iyo kambi yanyu nini yoyo, iraronka umuco mwinshi ku gitangaro! Muciye mubona Musa aramvuye ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga, maze umuyaga ukomeye wo mu buseruko urabacira inzira nini ibashikana hakurya. Wewe, umuryango wawe, ibikoko mutunze be n’abandi muri kumwe muciye muca muri ico kiyaga mukurikije urutonde. Uciye ubona ikintu gitangaje. Hasi muri ico kiyaga nta rushanga ruhari canke igikonyozi. Ahubwo harumutse kandi ntihanyika, bikaba bituma muhaca ata ngorane. Ku bw’ivyo, n’abagenda buhorobuhoro barajabuka ata nkomanzi.

14 Soma Kuvayo 14:23, 26-30. Muri ico gihe nyene, Farawo arabakurikira mu kiyaga abigiranye ubwibone n’ubujuju. Musa aciye asubira kuramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga. Ubu hoho, za mpome z’amazi zica zisenyuka. Ikiyaga giciye kimira Farawo n’ingabo ziwe. Nta n’umwe muri bo arokoka!​—Kuv. 15:8-10.

15. Iyo nkuru ikwigisha iki ku bijanye na Yehova?

15 Iyo nkuru iratwereka ko Yehova ari Imana y’urutonde kandi iyo kamere iradufasha kwumva ko dutekaniwe. (1 Kor. 14:33) Vyongeye, Yehova aragaragaza ko ari umwungere afise urukundo yitwararika abasavyi biwe mu buryo bwibonekeza. Arabiyegereza abigiranye ikibabarwe, akabakingira abansi babo. Ese ukuntu ivyo biduhumuriza narirya twegereje iherezo ry’iyi si!​—Imig. 1:33.

16. Gusuzuma ukuntu Yehova yarokoye Abisirayeli bidufasha gute?

16 No muri iki gihe, Yehova aritwararika abasavyi biwe uko bagize umugwi, haba mu vy’impwemu canke mu vy’umubiri. Azobandanya kubigira mu gihe ca ya makuba akomeye yegereje cane. (Ivyah. 7:9, 10) Ku bw’ivyo, abasavyi b’Imana, baba abakiri bato canke abakuze, abafise amagara meza canke abarwaye, ntibazotekerwa n’ubwoba mu gihe ca ya makuba akomeye. * Ahubwo nyabuna, bazokwibuka amajambo Yezu Kristu yavuze ati: “Muze muhagarare mugororotse, muraramike imitwe, kuko ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza.” (Luka 21:28) Bazoguma bizigiye ayo majambo n’igihe bazoba bahanganye n’igitero ca Gogi, ni ukuvuga urunani rw’amahanga ruzoba rufise ububasha buruta kure n’iyo ubwa Farawo. (Ezk. 38:2, 14-16) Uti kubera iki? Kubera ko bazi ko Yehova adahinduka. Azosubira kwerekana ko ari Umurokozi afise urukundo kandi yitwararikana.​—Yes. 26:3, 20.

17. (a) Twokwungukira gute ku nkuru zo muri Bibiliya zigana ingene Yehova yitwararika abasavyi biwe? (b) Ni ibiki tuzorimbura mu kiganiro gikurikira?

17 Uturorero twabonye muri iki kiganiro, ni tumwe gusa muri twinshi twerekana ukuntu Yehova yitwararika abasavyi biwe, akabayobora kandi akabarokora abigiranye urukundo n’umutima mwiza. Igihe usoma inkuru nk’izo, nuzirikane ku bintu bigaragaza imice idashoka yibonekeza ya kamere za Yehova. Niwabigira, izo kamere zizorushiriza kugukora ku mutima, maze urushirize gukunda Imana no kuyizera. Ikiganiro gikurikira, kizotwereka ingene twokwigana Yehova mu kwitwararika abandi mu muryango, mw’ishengero be no mu ndimiro.

^ ing. 3 Umuhinga mu vya kahise w’Umuyuda Josèphe avuga ko ico gihe Samweli yari afise imyaka 12.

^ ing. 16 Ntitwoba twihenze tuvuze ko bamwebamwe mu bazorokoka kuri Harumagedoni bazoba bafise ubumuga. Igihe Yezu yari kw’isi, yarakijije abantu bafise “ubumuga bw’ubwoko bwose,” aba yerekanye ico azokorera abazorokoka Harumagedoni. (Mat. 9:35) Abazutse bobo nta gukeka ko bazoba bafise amagara meza.