Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigane Yehova mu kwitwararika abandi

Niwigane Yehova mu kwitwararika abandi

“Hahiriwe uwitwararika umuntu mutoyi.”​—ZAB. 41:1.

INDIRIMBO: 130, 107

1. Urukundo rwigaragaza gute mu basavyi b’Imana?

ABASAVYI b’Imana bagize umuryango wo mu buryo bw’impwemu urangwa n’urukundo. (1 Yoh. 4:16, 21) Urwo rukundo ntirwigaragaza gusa mu bintu bidasanzwe bagiriranira, ariko ahanini rubonekera mu bintu bitobito vyinshi, nk’amajambo meza babwirana be n’ibikorwa biranga ubuntu bagiriranira. Igihe twitwararitse abandi tubigiranye ubuntu, tuba ‘twiganye Imana nk’abana ikunda.’​—Ef. 5:1.

2. Yezu yagaragaje gute urukundo nk’urwa Se?

2 Yezu yariganye Se wiwe ata gahaze. Yamye nantaryo yitwararika abandi abigiranye ubuntu. Yavuze ati: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira.” (Mat. 11:28, 29) Igihe twiganye Kristu mu “[k]witwararika umuntu mutoyi,” biratuma Yehova ahimbarwa, na twebwe tugahimbarwa. (Zab. 41:1) Nimuze turabe ukuntu twokwitwararika abandi mu muryango, mw’ishengero no mu ndimiro.

TWITWARARIKE ABANDI MU MURYANGO

3. Umunega ashobora gute kwitwararika umukenyezi wiwe? (Raba ishusho itangura.)

3 Abanega barakwiye gutanga akarorero mu kwitwararika abandi mu muryango. (Ef. 5:25; 6:4) Nk’akarorero, Ijambo ry’Imana ribahimiriza kubana n’abagore babo “[b]isunze ubumenyi,” ni ukuvuga bakabitwararika kandi bakabatahura. (1 Pet. 3:7) Iyo witwararitse umuntu no kumutahura uramutahura. Nk’akarorero, umugabo atahura aramenya ko atandukanye mu buryo bwinshi n’umugore wiwe ari na we mufasha wiwe, ariko ntaca abona ko akengeretse. (Ita. 2:18) Umugabo rero aritwararika ingene umugore wiwe yiyumva, akamufatana iteka n’icubahiro. Umukenyezi umwe wo muri Kanada yavuze ku bijanye n’umunega wiwe ati: “Ntiyigera asuzugura ingene niyumva canke ngo avuge ati: ‘Ntiwari ukwiye kwiyumvira gutyo.’ Vyongeye, arazi gutega yompi. Igihe ariko aramfasha kubogora ingene mbona ibintu, abigirana ubuntu.”

4. Umunega yogaragaza gute ko yitwararika umukenyezi wiwe mu kuntu afata abandi bakenyezi?

4 N’ikindi kandi, umunega yitwararikana ntiyirengagiza inyiyumvo z’umukenyezi wiwe mu kuntu afata abandi bakenyezi. Ntiyigera akwegana na bo canke ngo abitwararike mu buryo butabereye, kandi ariyubara igihe akoresha ubuhinga bwa none bwo guhanahana amakuru canke internet. (Yobu 31:1) Aguma ari umwizigirwa ku mukenyezi wiwe, atari kubera gusa amukunda, ariko kandi kubera akunda Imana akanka n’ikibi.​—Soma Zaburi 19:14; 97:10.

5. Umukenyezi ashobora gute kwerekana ko atahura umunega wiwe?

5 Igihe umunega yigana Yezu Kristu we mutwe wiwe, umukenyezi wiwe aca yoroherwa no kumuha “icubahiro kigera kure.” (Ef. 5:22-25, 33) Ico cubahiro na co kiratuma uwo mugore atahura umugabo wiwe, nk’igihe afatiriwe cane n’amabanga y’ishengero canke igihe aremerewe n’ingorane. Umunega umwe wo Bwongereza avuga ati: “Birashika ko umukenyezi wanje andaba gusa agaca abona ko hari ikintu kindaje ishinga. Aca rero ashira mu ngiro ingingo ngenderwako iri mu Migani 20:5, n’igihe nyene bisaba ko arindira ko aronka igihe kibereye co ‘kuvoma’ ivyiyumviro mfise, nimba atari ikintu c’ibanga.”

6. Twese tworemesha gute abana kwitwararika abandi, kandi ivyo bimarira iki abo bana?

6 Igihe abavyeyi bitwararikana, baba bahaye akarorero keza abana babo. Ariko kandi, barakwiye kwigisha abana babo ukuntu bokwitwararika abandi. Nk’akarorero, bokwigisha abana babo kutiruka mu Ngoro y’Ubwami. Mu gihe c’imitororokano, barakwiye kubwira abana babo kureka abakuze akaba ari bo batangura kwisereva ibifungurwa. Ariko ntiwumve, abagize ishengero bose barashobora gushigikira abo bavyeyi. Nk’akarorero igihe umwana adukoreye ikintu ciza, kumbure akatwugururira umuryango, turakwiye kumukeza. Ivyo biratuma uwo mwana anezerwa, agaca atahura ko bwa bundi “gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—Ivyak. 20:35.

“TWIYUMVIRANE” MW’ISHENGERO

7. Yezu yitwararitse gute umugabo umwe atumva, kandi ivyo bitwigisha iki?

7 Igihe kimwe Yezu yari mu karere ka Dekapoli, maze abantu “bamuzanira umugabo w’igipfamatwi kandi atavuga ngo atobore.” (Mrk. 7:31-35) Aho kumukiza ari mu bantu benshi, Yezu yaciye “amujana hirya” aramukiza. Uti kubera iki? Ubumuga yari afise bushobora kuba bwatuma yumva ubuyega ari mu bantu. Yezu ashobora kuba yaratahuye ico kintu, aca amukiza biherereye. Ego ni ko ntidushobora gukiza abantu ku gitangaro. Mugabo turashobora kwitwararika ivyo abo dusangiye ukwemera bakeneye be n’ingene biyumva, kandi turakwiye kubigira. Intumwa Paulo yanditse ati: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza.” (Heb. 10:24) Yezu yaratahuye ingene uwo mugabo atumva yari amerewe maze aramukiza abigiranye ubwitwararitsi. Mbega akarorero keza!

8, 9. Twogaragaza gute ko twitwararika abitereye mu myaka n’abafise ubumuga? (Tanga uturorero.)

8 Niwitwararike abageze mu zabukuru n’abamugaye. Ishengero rya gikirisu ntirirangwa gusa no gukora ibintu neza kandi mu mwanya muto, ariko rirangwa ahanini n’urukundo. (Yoh. 13:34, 35) Urwo rukundo ruratuma dufasha abitereye mu myaka be n’abafise ubumuga kugira bitabe amakoraniro kandi bamamaze inkuru nziza. Turabafasha naho nyene boba badashobora gukora vyinshi. (Mat. 13:23) Uwitwa Michael, akaba agendera mu gakinga k’ibimuga, arakenguruka cane ukuntu umuryango wiwe be n’abavukanyi bari kumwe mu mugwi wo gusohoka mu ndimiro bamufasha. Avuga ati: “Kubera ko bose bamfasha, ndashobora kwitaba amakoraniro nka yose no kwama ngira uruhara mu ndimiro. Ndakunda canecane kwamamaza ku mugaragaro.”

9 Mu bigo vyinshi vya Beteli usanga hari abitereye mu myaka be n’abafise ubumuga. Abahagarikizi bitwararikana baritaho abo basavyi b’Imana b’abizigirwa mu gutunganya ingene bokwamamaza bakoresheje amakete na telefone. Uwitwa Bill afise imyaka 86, akaba yandikira abari mu turere turi ukwa twonyene, avuga ati: “Turakenguruka agateka dufise ko gushobora kwandika amakete.” Uwitwa Nancy na we w’imyaka hafi 90, avuga ati: “Kwandika simbona ko ari ukurungika amakete gusa. Ni igikorwa co mu ndimiro. Abantu barakeneye kumenya ukuri!” Uwitwa Ethel, akaba yavutse mu 1921, avuga ati: “Namana ububabare. Birashika sinshobore no kwiyambika agahuzu.” Naho ari ukwo, arahimbarwa no gushinga intahe akoresheje telefone kandi arafise amasubirayo ameze neza. Uwitwa Barbara w’imyaka 85, avuga ati: “Kubera ndi magara make, birangora cane kuja mu ndimiro ntahorereza. Mugabo nkoresheje telefone, ndashobora kubwira abandi inkuru nziza. Yehova, warakoze cane!” Mu mwaka udashika, abitereye mu myaka twikundira bo muri Beteli imwe baramaze amasaha 1.228 mu ndimiro, bandika amakete 6.265, baterefona incuro zirenga 2.000 bongera batanga ibisohokayandikiro 6.315! Nta gukeka ko ako kigoro bagize kanezereje umutima wa Yehova!​—Imig. 27:11.

10. Twofasha gute abavukanyi bacu kwungukira bimwe bishitse ku makoraniro yacu?

10 Niwitwararike abandi ku makoraniro. Twipfuza ko abavukanyi bungukira bimwe bishitse ku makoraniro. Igihe tubitwararitse, tuba tubafashije kubishikako. Uti gute? Uburyo bumwe ni ugushika hakiri kare kugira ntitubasamaze bidakenewe. Ego ni ko, ibishika giturumbuka vyoshobora gutuma ducererwa. Ariko rero nimba dufise akamenyero ko gucererwa, turakwiye kuraba ingene tworushiriza kwitwararika abandi. Niwibuke kandi yuko tuba twitavye ubutumire bwa Yehova n’Umwana wiwe. (Mat. 18:20) Turakwiye rero kubagaragariza icubahiro kigera kure mu kudacererwa!

11. Kubera iki abafise uruhara mw’ikoraniro bakwiye kwisunga ubuyobozi buri mu 1 Abakorinto 14:40?

11 Vyongeye, kwitwararika abavukanyi bacu bisaba gukurikiza ubuyobozi bugira buti: “Vyose bibe mu buryo bubereye kandi ku rutonde.” (1 Kor. 14:40) Abavukanyi baba bafise uruhara mw’ikoraniro barisunga ubwo buyobozi mu kwubahiriza umwanya. Babigenjeje gutyo baba berekanye ko batitwararitse gusa uwushikiriza ikiganiro gikurikira, ariko ko bitwararitse n’ishengero. Abavukanyi bamwebamwe boshobora kuba bataha kure. Abandi boshobora kuba babwirizwa kwipakiza. Hari n’abandi usanga bubakanye n’abatari Ivyabona baba biteze ko bataha hakiri kare.

12. Kubera iki abakurambere bakora cane dukwiye “kubiyumvira mu buryo burengeye ubudasanzwe, mu rukundo”? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Niwitwararike abatuja imbere.”)

12 Abungere bakirisu bakora cane mw’ishengero, bakaja n’imbere abandi mu busuku babigiranye umwete barakwiye iteka ridasanzwe. (Soma 1 Abatesalonika 5:12, 13.) Nta gukeka ko ushima utwigoro abakurambere bagira kugira ngo bagufashe. Nuvyerekane rero mu gusenyera ku mugozi umwe na bo no mu kubashigikira. Nakare, “baguma barinze ubuzima bwa[we] nk’abazobibazwa.”​—Heb. 13:7, 17.

TWITWARARIKE ABANDI MU NDIMIRO

13. Twigira iki ku kuntu Yezu yafata abantu?

13 Yesaya yavuze ku bijanye na Yezu ati: “Ntazovuna irenga rijanjaguritse; nayo urutambi ruriko rurayama, ntazoruzimya.” (Yes. 42:3) Urwo Yezu yakunda abantu rwatuma abumvira impuhwe. Yaratahura inyiyumvo z’abari bameze nk’irenga rijanjaguritse canke urutambi ruriko rurayama. Ivyo vyatuma abitwararika, abagaragariza ubuntu kandi akabihanganira. Mbere n’abana baramwiyegereza. (Mrk. 10:14) Naho twebwe tudashobora gutahura abantu no kubigisha cokimwe na Yezu, turashobora kwitwararika abantu bo mu cibare cacu, kandi turakwiye kubigira. Aho harimwo ingene tubayagisha, igihe tubayagisha be n’umwanya tumarana na bo.

14. Kubera iki dukwiye kwitwararika cane ingene tuyagisha abantu?

14 Dukwiye kuyagisha abantu gute? Muri iki gihe, abantu benshi usanga “baratabaguwe, basabagiye” kubera abaja imbere abandi mu vy’ubudandaji, mu vya politike no mu vy’idini bononekaye. (Mat. 9:36) Ivyo bituma abo bantu bavunika umutima kandi ntibagire icizigiro. Ese rero ingene bihambaye ko tubagaragariza ubuntu n’impuhwe mu majambo dukoresha no mw’ijwi tuvugana! Nkako, abantu benshi ntibashimishwa n’ubutumwa tubaha kubera gusa tuzi Bibiliya tukamenya no kubajijura, ariko kandi bashimishwa kubera tubitwararika kandi tukabazirikana.

15. Uburyo bwo kwitwararika abo tubwira inkuru nziza ni ubuhe?

15 Hariho uburyo bwinshi bwo kwitwararika abo tubwira inkuru nziza. Nk’akarorero, twokoresha ibibazo igihe tuganira. Dukwiye kubabaza ibibazo biranga umutima mwiza n’icubahiro. Umutsimvyi umwe yakorera mu karere karimwo abantu benshi batakunda kuvuga kandi b’abanyamasoni, yarize kutababaza ibibazo biteye ubuyega, nk’ivyo badashobora kuronkera inyishu canke bokwishura ibitari vyo. Nk’akarorero, yaririnda kubaza ngo ‘Izina ry’Imana ni irihe?’ canke ngo ‘Ubwami bw’Imana ni iki?’ Aho kubabaza gutyo, yarashobora kuvuga ati: “Muri Bibiliya narabonye ko Imana ifise izina. Woshima ko ndarikwereka?” Ego ni ko, abantu baratandukanye kandi n’imigenzo ni ukwo nyene. Ubwo buryo rero si bwo twokwama twakoresheje hose. Ariko rero, turakwiye kwama twitwararika abandi kandi tukabasonera, ivyo bikaba bisaba ko tumenya abantu bo mu karere dukoreramwo.

16, 17. Kwitwararika abo tubwira inkuru nziza bidufasha gute kumenya (a) igihe twobagendera? (b) umwanya twomarana na bo?

16 Ni ryari dukwiye kugendera abantu? Igihe twamamaza inzu ku nzu, abantu ntibaba batwiteze. Ese rero ukuntu bihambaye ko tubagendera igihe boshobora kwemera ko tuyaga! (Mat. 7:12) Nk’akarorero, abo mu karere ukoreramwo boba bakunda kuryamira mu mpera z’imishamvu? Nimba ari ukwo, woshobora gutangura kwamamaza kw’ibarabara, ku mugaragaro canke ugasubira kuraba abo uzi ko biteguriye kuyaga nawe.

17 Dukwiye kumarana na bo umwanya ungana gute? Abantu benshi bafatirwa na vyinshi, tukaba rero tudakwiye kuhateba, canecane mu ntango. Wopfuma uhamara umwanya muto cane hako urambira umuntu. (1 Kor. 9:20-23) Iyo abantu babonye ko utahura uko ivyabo vyifashe canke ko bafatirwa na vyinshi, boshobora kworoherwa no kukwemerera ko wogaruka. Biragaragara ko dukwiye kugaragaza icamwa c’impwemu y’Imana mu busuku bwacu. Tubigenjeje gutyo, tuba vy’ukuri tubaye “abakozi bakorana n’Imana.” Yehova yoshobora no kudukoresha mu gukwegera umuntu ku kuri.​—1 Kor. 3:6, 7, 9.

18. Igihe twitwararitse abandi, dushobora kwironkera imihezagiro iyihe?

18 Nimuze rero dukore uko dushoboye kugira twitwararike abandi mu muryango, mw’ishengero no mu ndimiro. Nitwabigenza gutyo, tuzokwironkera imihezagiro myinshi ubu no muri kazoza. Muri Zaburi 41:1, 2 hagira hati: “Hahiriwe uwitwararika umuntu mutoyi. Ku musi w’ivyago Yehova azomukiza. . . . Azokwitwa umuhirwe mw’isi.”