Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 36

Harumagedoni ni agakuru keza cane

Harumagedoni ni agakuru keza cane

‘Abakoraniriza hamwe kuri Harumagedoni.’​—IVYAH. 16:16.

URURIRIMBO RWA 150 Rondera Imana urokorwe

INCAMAKE *

1-2. (a) Kubera iki Harumagedoni ari agakuru keza ku muryango w’abantu? (b) Muri iki kiganiro turimbura ibibazo ibihe?

WOBA umaze kwumva abantu bakoresha ijambo ‘Harumagedoni’ bashaka kwerekeza ku ntambara ruhonyanganda canke ku gatikizo kazoterwa n’uguhona kw’ibidukikije? Yamara rero, uko Bibiliya ivuga Harumagedoni, ni agakuru keza gakwiye gutuma duhimbarwa. (Ivyah. 1:3) Intambara ya Harumagedoni ntizoherengeteza umuryango w’abantu, ahubwo izowukiza. Uti gute?

2 Bibiliya yerekana ko intambara ya Harumagedoni izokiza umuryango w’abantu mu gukuraho intwaro z’abantu. Izowukiza kandi mu guhonya inkozi z’ikibi, irokore abagororotsi. Vyongeye, izokiza umuryango w’abantu mu gukingira umubumbe wacu ngo ntuhone. (Ivyah. 11:18) Kugira ngo turushirize kubitahura, nimuze turimbure ibibazo bine: Harumagedoni ni iki? Ni ibintu ibihe bizoba imbere y’uko ishika? Twokora iki ngo tuzobe mu bazorokoka Harumagedoni? Dushobora gute kuguma turi abizigirwa uko Harumagedoni yegereza?

HARUMAGEDONI NI IKI?

3. (a) Ijambo ‘Harumagedoni’ risobanura iki? (b) Twisunze Ivyahishuwe 16:14, 16, kubera iki twovuga ko Harumagedoni atari akarere kabaho?

3 Soma Ivyahishuwe 16:14, 16. Ijambo ‘Harumagedoni’ riboneka incuro imwe gusa mu Vyanditswe, rikaba rikomoka mu mvugo y’igiheburayo isobanura ngo “Umusozi wa Megido.” (Ivyah. 16:16, akajambo k’epfo.) Megido cari igisagara co muri Isirayeli ya kera. (Yos. 17:11) Ariko Harumagedoni ntiryerekeza ku karere nya karere ko kw’isi. Muri rusangi, ryerekeza ku kuntu “abami b’isi yose” bazokoranira hamwe kugira ngo barwanye Yehova. (Ivyah. 16:14) Ariko rero muri iki kiganiro, turakoresha kandi iryo jambo ‘Harumagedoni’ mu kwerekeza ku ntambara izoca ikurikira abami b’isi bakimara gukoranira hamwe. None twemezwa n’iki ko iryo jambo ryerekeza ku hantu h’ikigereranyo? Ubwa mbere, nta musozi nya musozi ubaho witwa Megido. Ubwa kabiri, akarere gakikuje Megido ni gato cane ku buryo katokwirwamwo “abami b’isi yose” n’ingabo zabo be n’ibirwanisho vyabo. Ubwa gatatu, nk’uko tuza kubibona muri iki kiganiro, intambara ya Harumagedoni izotangurana n’igitero “abami” b’isi bazogaba ku basavyi b’Imana bari hirya no hino kw’isi.

4. Kubera iki Imana isanisha intambara yayo ya nyuma ihambaye na Megido?

4 Kubera iki none iyo ntambara ya nyuma ihambaye Yehova ayisanisha na Megido? I Megido be no mu mwonga wari hafi yaho witwa Yezireyeli harabereye intambara nyinshi. Rimwe na rimwe, Yehova ubwiwe yarafasha muri izo ntambara. Nk’akarorero, Yehova akoresheje “amazi y’i Megido,” yarafashije wa mucamanza wa Isirayeli Baraki gutsinda ingabo z’Abanyakanani zari ziyobowe na Sisera. Baraki be n’umuhanuzikazi Debora barashimiye Yehova kuri iyo ntsinzi batahukanye ku gitangaro. Baririmvye bati: “Inyenyeri zarwanye ziri mw’ijuru, zirwanya Sisera. Uruzi rw’isumo Kishoni rwabatwaye.”​—Abac. 5:19-21.

5. Ni itandukaniro irihe rikomeye riri hagati y’intambara ya Harumagedoni be n’imwe Baraki yarwana?

5 Baraki na Debora basozereye urwo ruririmbo bavuga bati: “Abansi bawe bose nibayogere gutyo, ewe Yehova, abagukunda na bo babe nk’igihe izuba riseruka mu bushobozi bwaryo.” (Abac. 5:31) No kuri Harumagedoni abansi b’Imana bazoyogera, abakunda Imana na bo barokoke. Ariko rero, hagati y’izo ntambara zibiri hariho itandukaniro rikomeye. Kuri Harumagedoni, abasavyi b’Imana ntibazorwana. Mbere nta n’ibirwanisho bazofata. ‘Inkomezi zabo zizobonekera mu kuguma batekanye no mu kwizigira’ Yehova n’ingabo ziwe zo mw’ijuru.​—Yes. 30:15; Ivyah. 19:11-15.

6. Ni ibiki Yehova yoshobora gukoresha mu guhonya abansi biwe kuri Harumagedoni?

6 None Imana izohonya gute abansi bayo kuri Harumagedoni? Yoshobora gukoresha ibintu bitandukanye. Nk’akarorero, yokoresha nyamugigima, urubura canke imiravyo. (Yobu 38:22, 23; Ezk. 38:19-22) Yoshobora no gutuma ubwabo basubiranamwo. (2 Ngo. 20:17, 22, 23) Vyongeye, yokoresha abamarayika mu guhonya inkozi z’ikibi. (Yes. 37:36) Ico Imana izokoresha cose, izotahukana intsinzi. Izoyogeza abansi bayo bose, ariko abagororotsi izobarokora.​—Imig. 3:25, 26.

NI IBINTU IBIHE BIZOBA IMBERE Y’UKO HARUMAGEDONI ISHIKA?

7-8. (a) Twisunze 1 Abatesalonika 5:1-6, ni itangazo irihe indongozi z’isi zizotanga? (b) Kubera iki iryo tangazo rizoba ari ikinyoma giteye akaga?

7 Imbere y’uko “umusi wa Yehova” ushika, hazotangazwa “amahoro n’umutekano.” (Soma 1 Abatesalonika 5:1-6.) “Umusi wa Yehova” uvugwa mu 1 Batesalonika 5:2, werekeza ku “makuba akomeye.” (Ivyah. 7:14) None tuzomenya gute ko ayo makuba akomeye agira atangure? Bibiliya ivuga ko hari itangazo ridasanzwe rizoshikirizwa. Iryo tangazo rizoba ari ikimenyetso kibura amakuba akomeye.

8 Rizoba ari rya tangazo ry’“amahoro n’umutekano.” Kubera iki none abategetsi b’isi bazoritangaza? Nta vyo tuzi. Indongozi z’amadini zoba zizokwifatanya na bo? Birashoboka. Ariko rero, iryo tangazo rizoba ari ikindi kinyoma gihumetswe n’amadayimoni. Ico kinyoma kizoba giteye akaga, na canecane kubera ko kizotuma abantu bijajara ngo hari amahoro, mu gihe hazoba hagira hatere amakuba atigeze kubaho kuva isi yaremwa. Emwe, “agatikizo ka bukwi na bukwi kazoza kuri bo ako kanya nyene nk’uko ububabare bw’ibise buza ku mugore yibungenze.” None tuvuge iki ku basavyi ba Yehova b’intahemuka? Naho umusi wa Yehova uzotangura ku gihe batiteze, uzosanga bawiteguriye.

9. Imana izohonya gute iyi si ya Shetani?

9 Yehova ntazokuriraho rimwe isi yose ya Shetani nk’uko vyagenze mu gihe ca Nowa. Ahubwo, azobigira mu biringo bibiri nyamukuru. Ubwa mbere, azohonya Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Ubwa kabiri, kuri Harumagedoni, azoca ahonya imice isigaye y’isi ya Shetani, ushizemwo ivya politike, ivya gisirikare be n’ivy’urudandazwa. Nimuze turimbure twitonze ibijanye n’ivyo biringo bibiri nyamukuru.

10. Twisunze Ivyahishuwe 17:1, 6 na 18:24, kubera iki Yehova azohonya Babiloni Akomeye?

10 ‘Gucira urubanza wa mumaraya akomeye.’ (Soma Ivyahishuwe 17:1, 6; 18:24.) Babiloni Akomeye yarasize iceyi kinini izina ry’Imana. Yarigishije ibinyoma ku bijanye n’Imana. Yarakoze ubusambanyi mu vy’impwemu mu kwifatanya n’abategetsi b’isi. Yarakoresheje ubukuru n’ububasha bwiwe mu kwikwegerako ubutunzi bw’abanywanyi biwe. Vyongeye, yarasheshe amaraso menshi, ushizemwo n’ay’abasavyi b’Imana. (Ivyah. 19:2) None Yehova azohonya gute Babiloni Akomeye?

11. “Igikoko c’ibara ry’agahama” kigereranya iki, kandi kizogira uruhara nyabaki mu gushitsa ivy’Imana igomba ku bijanye na Babiloni Akomeye?

11 Yehova azohonya uwo “mumaraya akomeye” akoresheje “igikoko c’ibara ry’agahama” be n’“amahembe cumi” yaco. Ico gikoko kigereranya ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ayo mahembe cumi agereranya intwaro zo muri kino gihe zishigikira iryo shirahamwe. Ku gihe cashinzwe n’Imana, izo ntwaro be n’iryo shirahamwe bizohindukirira Babiloni. ‘Bizomutikiza bimusige ari gusa’ mu kumukoba ubutunzi bwiwe no mu gushira ahabona ububi bwiwe. (Ivyah. 17:3, 16) Ako gatikizo ka bukwi na bukwi, akazomera nk’aho kabaye ku musi umwe, kazotuma abari bamushigikiye bumirwa, kuko amaze igihe kinini yihaya ngo: “Nicaye nk’umwamikazi, kandi sindi umupfakazi, kandi sinzokwigera mbona ikigandaro.”​—Ivyah. 18:7, 8.

12. Ni igiki Yehova atazokwemerera amahanga gukora, kandi kubera iki?

12 Imana ntizokwemera ko amahanga ahonya abasavyi bayo, kubera ko bahimbarwa no kwitirirwa izina ryayo, bakaba kandi baragamburutse itegeko ryayo ribasaba kuva muri Babiloni Akomeye. (Ivyak. 15:16, 17; Ivyah. 18:4) Vyongeye barakoze uko bashoboye kwose barafasha abandi kuvayo. Abasavyi ba Yehova rero ‘ntibazoronka ku vyago vyiwe.’ Naho ari ukwo, ukwizera kwabo kuzogeragezwa.

Abasavyi b’Imana aho bazoba bari hose nibaterwa, bazokwizigira Imana (Raba ingingo ya 13) *

13. (a) Gogi ni nde? (b) Twisunze Ezekiyeli 38:2, 8, 9, ni igiki kizotuma intambara ya Harumagedoni itangura?

13 Igitero ca Gogi. (Soma Ezekiyeli 38:2, 8, 9.) Amadini y’ikinyoma yose amaze gutikizwa, abasavyi b’Imana ni bo bonyene bazosigara bahangamye nka kurya kw’igiti carokotse igihuhusi gikomeye. Ivyo bizotuma Shetani arakara. Azoserura ishavu ryiwe mu gukwiragiza ‘amajambo y’amahumekano ahumanye,’ ni ukuvuga amajambo y’ikinyoma y’amadayimoni’ azotuma amahanga agira urunani rwo kurwanya abasavyi ba Yehova. (Ivyah. 16:13, 14) Urwo runani rwitwa “Gogi wo mu gihugu ca Magogi.” Ayo mahanga niyagaba igitero ku basavyi b’Imana, intambara ya Harumagedoni izoca itangura.​—Ivyah. 16:16.

14. Gogi w’i Magogi azotahura iki?

14 Gogi azokwizigira “ukuboko [kwiwe] kw’abantu buntu,” ni ukuvuga ingabo ziwe. (2 Ngo. 32:8) Ariko twebwe tuzokwizigira Yehova Imana yacu, ivyo bikazotuma amahanga atubona nk’ibijuju. Kubera iki? Kubera ko naho Babiloni Akomeye yari umunyabubasha, imana ziwe zitazoba zaramurokoye mu vyara vya ca “gikoko” na ya “mahembe cumi” yaco. (Ivyah. 17:16) Gogi rero azobona ko azotsinda bitamugoye. Azotera abasavyi ba Yehova nka kurya kw’“ibicu bipfuka igihugu.” (Ezk. 38:16) Ariko ntazoteba kubona ko rutitaha. Azotahura ko ariko arwanya Yehova, nka kumwe vyagendera Farawo ku kiyaga gitukura.​—Kuv. 14:1-4; Ezk. 38:3, 4, 18, 21-23.

15. Kristu azosozera gute intambara ya Harumagedoni?

15 Kristu n’ingabo ziwe zo mw’ijuru bazorwanira abasavyi b’Imana, batikize n’ingabo za Gogi. (Ivyah. 19:11, 14, 15) Tuvuge iki kuri wa mwansi mukuru wa Yehova ari we Shetani, uwuzoba yahenze amahanga agateza Harumagedoni? Yezu azomuterera mu nyenga hamwe n’amadayimoni yiwe, aho bazomara imyaka igihumbi baboshwe.​—Ivyah. 20:1-3.

WOKORA IKI NGO UZOROKOKE HARUMAGEDONI?

16. (a) Twerekana gute ko ‘tuzi Imana’? (b) Kumenya Yehova bizodufasha iki kuri Harumagedoni?

16 Twaba tumaze igihe mu kuri canke turi bashasha, kugira ngo tuzorokoke Harumagedoni, dutegerezwa kwerekana ko ‘tuzi Imana’ kandi ko “[tugamburuka] inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu.” (2 Tes. 1:7-9) Twerekana ko ‘tuzi Imana’ igihe tuzi ivyo ikunda, ivyo yanka be n’ingingo ngenderwako zayo. Twerekana kandi ko tuyizi mu kuyikunda, mu kuyigamburukira no mu kuyihebera yonyene. (1 Yoh. 2:3-5; 5:3) Iyo twerekanye ko tuyizi, turaterwa iteka ryo ‘kumenywa na yo,’ ivyo bikaba bizotuma turokoka Harumagedoni. (1 Kor. 8:3) Kubera iki? Kubera ko ‘kumenywa na yo’ bisobanura kwemerwa na yo.

17. Kugamburuka “inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu” bisigura iki?

17 Mu “nkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu” harimwo ibintu vyose Yezu yigishije dusanga mw’Ijambo ry’Imana. Tugamburuka iyo nkuru nziza mu kubaho tuyisunga mu buzima bwacu. Ivyo birimwo gushira imbere ivyungura Ubwami, kubaho twisunga ingingo ngenderwako z’Imana zigororotse no gutangaza ivyerekeye Ubwami. (Mat. 6:33; 24:14) Birimwo kandi gushigikira benewabo na Kristu barobanuwe mu gikorwa gihambaye bajejwe co kwamamaza no guhindura abantu abigisha.​—Mat. 25:31-40.

18. Ni mu buryo ki benewabo na Kristu barobanujwe impwemu bazokwishura ivyiza bagiriwe?

18 Vuba, abasavyi b’Imana barobanuwe bazokwishura ivyiza bagiriwe n’abo mu “zindi ntama.” (Yoh. 10:16) Uti gute? Imbere y’uko intambara ya Harumagedoni itangura, bamwe ibihumbi 144.000 bose bazoba baramaze kuzukira ijuru, ari ibiremwa vy’impwemu bidashobora gupfa. Bazoba rero bari mu ngabo zo mw’ijuru zizohonya Gogi, zikarokora “isinzi rinini” rigizwe n’abantu bameze nk’intama. (Ivyah. 2:26, 27; 7:9, 10) Ese ukuntu abagize isinzi rinini bazohimbarwa cane no kuba barashigikiye abasavyi ba Yehova barobanuwe igihe bari bakiri kw’isi!

DUSHOBORA GUTE KUGUMA TURI ABIZIGIRWA UKO IHEREZO RYEGEREZA?

19-20. Naho twifitiye ingorane, dushobora gute kuguma turi abizigirwa uko Harumagedoni yegereza?

19 Muri iyi misi ya nyuma itoroshe, abasavyi ba Yehova benshi bariko barashikirwa n’ingorane. Naho ari ukwo, turashobora kwihangana tubigiranye umunezero. (Yak. 1:2-4) Ikintu nyamukuru kizodufasha ni ukuguma dusenga tubikuye ku mutima. (Luka 21:36) Dutegerezwa kandi kubaho duhuza n’amasengesho yacu, mu kwiga Ijambo ry’Imana buri musi no mu kurizirikanako, tudasize inyuma ubuhanuzi bushimishije bujanye n’ivyimirije kuba. (Zab. 77:12) Ivyo nitwabigira kandi tukagira uruhara mu gikorwa co mu ndimiro, bizokomeza ukwizera kwacu n’icizigiro cacu.

20 Iyumvire umunezero uzogira Babiloni Akomeye amaze gukurwaho, Harumagedoni na yo ikarangira! N’igihambaye kuruta, iyumvire ukuntu uzohimbarwa cane igihe izina ry’Imana n’ubusegaba bwayo bizoba vyemejwe burundu! (Ezk. 38:23) Vyemere, Harumagedoni ni agakuru keza ku bantu bazi Imana, bagamburukira Umwana wayo kandi bihangana gushika kw’iherezo.​—Mat. 24:13.

URURIRIMBO RWA 143 Guma ku kivi, uri maso, urindiriye

^ ing. 5 Abasavyi ba Yehova bamaze igihe kirekire barindiriye Harumagedoni. Muri iki kiganiro, tuza kurimbura ico ari co Harumagedoni, ibintu bizoba imbere y’uko ishika be n’ingene twoguma turi abizigirwa uko iherezo ryegereza.

^ ing. 71 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Ibintu bikomeye bigiye kuba. (1) Tuzoja mu ndimiro igihe cose bizoba bigishoboka, (2) tugume twiyigisha, kandi (3) tugume twizigiye gukingirwa n’Imana.

^ ing. 85 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abapolisi bagiye kwinjira ku nguvu mu nzu y’abakirisu bizigiye ko Yezu n’abamarayika biwe babona ibiriko biraba.