Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 39

“Ngize ntya mbona isinzi rinini”

“Ngize ntya mbona isinzi rinini”

“Ngize ntya mbona isinzi rinini ata wari ashoboye guharura, . . . bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya wa Mwagazi w’intama.”​— IVYAH. 7:9.

URURIRIMBO RWA 60 Boshobora kurokoka

INCAMAKE *

1. Ivy’intumwa Yohani vyari vyifashe gute mu mpera z’ikinjana ca mbere?

MU MPERA z’ikinjana ca mbere, intumwa Yohani yari mu bihe bitoroshe. Yari ageze mu zabukuru, afungiwe mw’izinga Patimo, bikaba bishoboka ko ari we wenyene yari asigaye mu ntumwa. (Ivyah. 1:9) Yari azi yuko abahuni bariko barigisha ibinyoma, bagatuma abagize ishengero bicamwo ibice. Abakirisu b’ukuri wamengo bagiye kuzimangana.​—Yuda 4; Ivyah. 2:15, 20; 3:1, 17.

Intumwa Yohani yarabonye abagize “isinzi rinini” bambaye amakanzu yera bafise n’amashami y’ibigazi mu minwe (Raba ingingo ya 2)

2. Twisunze Ivyahishuwe 7:9-14, ni ibintu ibihe bishimishije Yohani yeretswe? (Raba ishusho iri ku gipfukisho.)

2 Muri ivyo bihe bitoroshe Yohani yarimwo, yareretswe ibintu bishimishije vyobaye. Muri iryo yerekwa, yarabonye abamarayika babwiwe kugumya imiyaga y’agatikizo ka ya makuba akomeye, gushika abagize umurwi w’abashumba b’Imana bamaze kudomwako ikimenyetso ca nyuma. (Ivyah. 7:1-3) Uwo murwi ugizwe n’abantu 144.000 bazofadikanya na Yezu kuganza mw’ijuru. (Luka 12:32; Ivyah. 7:4) Yohani yaciye abona uwundi murwi munini cane, ku buryo yakoresheje imvugo ngo “ngize ntya,” iyo na yo ikaba yerekana ko yari abonye ikindi kintu atari yiteze. None yabonye iki? Yabonye “isinzi rinini ata wari ashoboye guharura, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose, bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya wa Mwagazi w’intama.” (Soma Ivyahishuwe 7:9-14.) Iyumvire ukuntu Yohani ategerezwa kuba yarahimbawe cane no kumenya ibijanye n’abantu amasinzi bosenze Imana mu kuri.

3. (a) Kubera iki ivyo Yohani yeretswe bikwiye gukomeza ukwizera kwacu? (b) Tugiye kurimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 Nta gukeka ko ivyo Yohani yeretswe vyakomeje ukwizera kwiwe. Ese ukuntu bikwiye kurushiriza gukomeza n’ukwizera kwacu narirya tubayeho mu gihe c’iranguka ryavyo. Turibonera ingene abantu amamiliyoni bariko baratororokanywa, bano bakaba bizigiye kuzorokoka ya makuba akomeye maze bakiberaho ibihe bidahera kw’isi. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene mu myaka irenga 80 iheze Yehova yahishuriye abasavyi biwe ibijanye n’iryo sinzi rinini. Mu nyuma turarimbura ibintu bibiri bijanye n’iryo sinzi: (1) uko ringana (2) abarigize abo ari bo. Ivyo bintu birakwiye gukomeza ukwizera kw’abantu bose bizigira ko batewe agateka ko kuba mu bagize uwo murwi.

ABAGIZE ISINZI RININI BAZOBA HEHE?

4. Ni ukuri ukuhe kwo mu Vyanditswe abiyita abakirisu badatahura, ariko Abatohoji ba Bibiliya bari batandukaniye he na bo?

4 Muri rusangi, abiyita abakirisu ntibigisha ukuri kwo mu Vyanditswe kuvuga yuko umusi uri izina abantu bagamburuka bazoba kw’isi ibihe bidahera. (2 Kor. 4:3, 4) Muri iki gihe, menshi muri ayo madini yigisha ko abantu beza bose iyo bapfuye baca baja mw’ijuru. Ariko rero, ivyo biratandukanye n’ivyo wa murwi mutoyi w’Abatohoji ba Bibiliya bavuze, uwatanguye gusohora Umunara w’Inderetsi kuva mu 1879. Bobo baratahura ko Imana yotumye isi isubira kuba Iparadizo be n’uko abantu amamiliyoni bagamburuka bobaye ng’aha kw’isi aho kuba mw’ijuru. Ariko rero, vyasavye igihe kirekire kugira ngo batahure neza abo bantu bagamburuka abo ari bo.​—Mat. 6:10.

5. Abatohoji ba Bibiliya bemera iki ku bijanye na bamwe 144.000?

5 Abo Batohoji ba Bibiliya, bisunze Ivyanditswe baratahuye kandi ko hari abantu ‘boguzwe bakuwe mw’isi,’ kugira baje gufadikanya na Yezu kuganza mw’ijuru. (Ivyah. 14:3) Uwo murwi wogizwe n’abakirisu 144.000 b’abanyamwete kandi biyeguriye Imana, bayikoreye badahemuka bakiri kw’isi. Bite ho ku bijanye na rya sinzi rinini?

6. Abatohoji ba Bibiliya bemera iki ku bijanye na rya sinzi rinini?

6 Mu vyo Yohani yeretswe, yabonye iryo sinzi rinini “[ri]hagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya wa Mwagazi w’intama.” (Ivyah. 7:9) Ivyo vyatumye Abatohoji ba Bibiliya bashika ku ciyumviro c’uko iryo sinzi rinini ryobaye mw’ijuru cokimwe na bamwe 144.000. None nimba iyo mirwi yompi yogiye kuba mw’ijuru, yotandukaniye ku ki? Abatohoji ba Bibiliya biyumviriye yuko iryo sinzi rinini ryobaye rigizwe n’abakirisu batagamburukiye Imana bimwe bishitse bakiri kw’isi. Naho bobaye barigenjeje neza ku rugero kanaka, ngo hari ukuntu bamwe muri bo bobaye batavavanuye n’amadini y’ikinyoma. Abo Batohoji ba Bibiliya baciye bashika ku ciyumviro c’uko umwete abo bantu bagaragaje utobaye ukwiye ku buryo bafadikanya na Kristu kuganza. Kubera rero ko urwo bakunda Imana rutobaye rukomeye cane, bogiye mw’ijuru imbere y’intebe y’ubwami, ariko ntibokwicaye ku ntebe z’ubwami.

7. Abatohoji ba Bibiliya biyumvira ko ari bande bobaye kw’isi mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, kandi biyumvira iki ku bijanye n’abagabo b’abizigirwa ba kera?

7 None ni bande bobaye kw’isi? Abatohoji ba Bibiliya biyumvira yuko bamwe 144.000 be na rya sinzi rinini bamaze gutororokanirizwa mw’ijuru, hari abandi bantu amamiliyoni boronkejwe ubuzima kw’isi kugira binovore imihezagiro izozanwa na ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. Abatohoji ba Bibiliya ntibiyumvira yuko abo bantu amamiliyoni bokoreye Yehova imbere y’uko Ingoma ya Kristu itangura. Ahubwo riho, vyiyumvirwa yuko bokwigishijwe inzira za Yehova mu gihe c’iyo Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. Mu nyuma, abokurikije ingingo ngenderwako za Yehova botewe agateka ko kubaho ibihe bidahera kw’isi, abogararije na bo bakarandurwa. Abo Batohoji ba Bibiliya biyumvira kandi ko kumbure bamwebamwe mu bobaye “abaganwa” mw’isi mu gihe c’iyo Ngoma ya Kristu, bojanywe kuba mw’ijuru mu mpera z’iyo Ngoma. Muri abo hobaye harimwo abizigirwa bapfuye imbere ya Kristu bobaye bazutse.​—Zab. 45:16.

8. Ni imirwi itatu iyihe Abatohoji ba Bibiliya biyumvira ko ifise ikibanza mu mugambi w’Imana?

8 Abatohoji ba Bibiliya rero biyumvira ko hariho imirwi itatu: (1) bamwe 144.000 bofadikanije na Yezu kuganza mw’ijuru; (2) rya sinzi rinini rigizwe n’abakirisu batari bafise umwete mwinshi bohagaze imbere y’intebe ya Yezu mw’ijuru; be (3) n’amamiliyoni y’abantu bokwigishijwe inzira za Yehova ng’aha kw’isi, mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. * Ariko rero igihe kigeze, Yehova yaratumye umuco w’ukuri urushiriza kwaka maze baratahura neza ibijanye n’iryo sinzi rinini.​—Imig. 4:18.

UMUCO W’UKURI URUSHIRIZA GUKAYANGANA

Kw’ihwaniro ryabaye mu 1935, abantu benshi bafise icizigiro co kuba kw’isi barabatijwe (Raba ingingo ya 9)

9. (a) Ni mu buryo ki abagize isinzi rinini bohagaze “imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya wa Mwagazi w’intama”? (b) Kubera iki ukwo kuntu batahuye Ivyahishuwe 7:9 vyumvikana?

9 Mu 1935, isinzi rinini Yohani yeretswe ryaramenyekanye. Ivyabona vya Yehova bahavuye batahura yuko kugira rya sinzi rinini rihagarare “imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya wa Mwagazi w’intama,” atari ngombwa ngo ribe riri mw’ijuru. Ahubwo rihagarara imbere y’iyo ntebe mu buryo bw’ikigereranyo. Naho abagize isinzi rinini bobaye bari ng’aha kw’isi, bohagaze “imbere ya ya ntebe y’Ubwami” mu kwemera ubutegetsi bwa Yehova no mu kuyoboka ubusegaba bwiwe. (Yes. 66:1) Bohagaze kandi “imbere ya wa Mwagazi w’intama” mu kwizera inkuka y’incungu ya Yezu. Kanatsinda, no muri Matayo 25:31, 32 havuga ko “amahanga yose,” harimwo n’abanyakibi, ‘akoranirizwa imbere’ y’intebe ya Yezu y’ubwami y’ubuninahazwa. Birumvikana rero ko ayo mahanga yose adakoranirizwa mw’ijuru, mugabo ko ari ng’aha kw’isi. Ico kintu rero batahuye kirumvikana. Ivyo bica bidufasha gutahura igituma Bibiliya itavuga ko isinzi rinini rijanwa mw’ijuru. Umurwi umwe gusa ni wo ufise umuhango wo kuronka ubuzima budahera mw’ijuru, na wo ukaba ugizwe na bamwe 144.000 bazofadikanya na Yezu ‘kuganza isi.’​—Ivyah. 5:10.

10. Kubera iki vyobaye ngombwa ko abagize isinzi rinini bigishwa inzira za Yehova imbere y’uko Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi itangura?

10 Kuva mu 1935, Ivyabona vya Yehova baratahuye rero yuko isinzi rinini Yohani yeretswe rigizwe n’umurwi w’abakirisu b’abizigirwa bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi. Kugira ngo abagize iryo sinzi rinini barokoke ya makuba akomeye, botegerejwe kwigishwa inzira za Yehova imbere y’uko Ingoma ya Yezu y’imyaka igihumbi itangura. Botegerejwe kugaragaza ko bafise ukwizera gukomeye kugira ngo ‘bashobore gukira ibintu vyose bibwirizwa kuba,’ imbere y’uko Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi itangura.​—Luka 21:34-36.

11. Kubera iki hari Abatohoji ba Bibiliya biyumviriye yuko abantu bamwebamwe bojanywe mw’ijuru inyuma ya ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi?

11 Bite ho ku ciyumviro c’uko abantu bamwebamwe b’intangakarorero kw’isi bojanywe mw’ijuru inyuma y’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi? Ivyo vyavuzwe mu Munara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1913, bikaba vyari bishingiye kuri iki ciyumviro: ‘Kubera iki abagabo b’abizigirwa ba kera borazwe isi, mugabo abakirisu batabaye abizigirwa nka bo bakaronka impera y’ubuzima mw’ijuru?’ Mu vy’ukuri, ico ciyumviro cavuye ku bintu bibiri batahura ukutari kwo: (1) yuko isinzi rinini ryogiye kuba mw’ijuru be (2) n’uko isinzi rinini ryobaye rigizwe n’abakirisu badafise umwete mwinshi.

12-13. Baba abarobanuwe canke abagize isinzi rinini, bazi iki ku bijanye n’impera yabo?

12 Ariko rero nk’uko twabibonye, kuva mu 1935 Ivyabona vya Yehova baratahuye yuko abazorokoka Harumagedoni ari rya sinzi rinini Yohani yabona. Bazorokoka “ya makuba akomeye” bari ng’aha kw’isi, kandi “ba[zo]guma basemerera n’ijwi rirenga, bati: ‘Ubukiriro tubukesha Imana yacu yicaye kuri irya ntebe y’ubwami, be n’urya Mwagazi w’intama.’” (Ivyah. 7:10, 14) N’ikindi kandi, Ivyanditswe bivuga yuko abazukira ubuzima bwo mw’ijuru bafise icizigiro “ciza kuruta” ic’abagabo b’abizigirwa ba kera. (Heb. 11:40) Ivyabona vya Yehova bamaze gutahura ukwo kuri, baciye rero batangura gutera akamo abantu babigiranye igishika ngo bakorere Yehova bizigiye kubaho ibihe bidahera kw’isi.

13 Abagize isinzi rinini barahimbarirwa icizigiro cabo. Baratahura ko Yehova ari we ahitamwo aho abasavyi biwe b’intahemuka bazomukorera bari, haba mw’ijuru canke kw’isi. Baba abarobanuwe canke abagize isinzi rinini, barazi yuko impera yabo bayikesha gusa ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova biciye ku ncungu ya Yezu Kristu.​—Rom. 3:24.

NI ISINZI RININI

14. Kubera iki inyuma ya 1935 abenshi bibajije ingene ubuhanuzi bwerekeye isinzi rinini bworangutse?

14 Aho abasavyi ba Yehova bamariye gutahura ukwo kuri mu 1935, abenshi bagumye bibaza ingene abantu bafise icizigiro co kuba kw’isi bobaye isinzi rinini. Nk’akarorero, uwitwa Ronald Parkin yari afise imyaka 12 igihe abagize isinzi rinini bamenyekana neza abo ari bo. Avuga ati: “Ico gihe, kw’isi yose hari abamamaji nka 56.000, kandi kumbure hafi nka bose bari abarobanuwe. Rero abagize isinzi rinini ntivyaboneka ko ari isinzi.”

15. Rya sinzi rinini ryagiye riratororokanywa gute?

15 Ariko mu myaka yakurikiye, abamisiyonari bararungitswe mu bihugu vyinshi maze igitigiri c’Ivyabona vya Yehova gica kiraduga bwampi. Mu 1968 na ho, haciye hatangura porogarama yo kwigisha abantu Bibiliya hakoreshejwe igitabu Ukuri kujana mu buzima budahera. Ukuntu casigura ukuri kwo muri Bibiliya mu buryo bworoshe, vyararushirije gukwegera abantu bicisha bugufi. Mu myaka ine yakurikiye, abantu barenga ibihumbi 500 barabatijwe baraba abigishwa bashasha. Uko Ekleziya gatolika yagenda iratakaza ububasha muri Amerika y’Epfo no mu bindi bihugu, igikorwa cacu na co kikaronka umwidegemvyo mu Buraya bwo mu buseruko no mu mihingo imwimwe ya Afrika, ni ko abandi bantu amamiliyoni bagenda barabatizwa. (Yes. 60:22) Muri iyi myaka iheze, ishirahamwe rya Yehova ryarasohoye ibindi bikoresho kirumara bigenewe gufasha abantu kwiga Bibiliya. Biragaragara rero ko rya sinzi rinini ryatororokanijwe, ubu rikaba rigizwe n’abantu barenga imiliyoni umunani.

BAVA MU MAHANGA YOSE

16. Isinzi rinini ritororokanywa rikurwa hehe?

16 Igihe Yohani yandika ivyo yeretswe, yavuze ko isinzi rinini ryovuye “mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose.” Umuhanuzi Zekariya na we nyene yari yaravuze ikintu nk’ico. Yanditse ati: “Muri iyo misi, abantu cumi bo mu ndimi zose z’amahanga bazofata koko impuzu y’Umuyuda, bavuge bati: ‘Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.’”​—Zek. 8:23.

17. Abantu bo mu mahanga yose no mu ndimi zose bariko bafashwa gute?

17 Ivyabona vya Yehova baratahura ko kugira ngo abantu bo mu ndimi zose batororokanywe, inkuru nziza itegerezwa kwamamazwa mu ndimi nyinshi. Turamaze imyaka irenga 130 dusohora ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Ariko ubu hoho turiko tubihindura ku rugero rw’akataraboneka, mu ndimi amajana. Mu vy’ukuri, muri iki gihe Yehova ariko arakora igitangaro mu gutororokanya rya sinzi rinini arikuye mu mahanga yose. Kuba ibifungurwa vy’impwemu biriko birushiriza kuboneka mu ndimi nyinshi, bituma abagize isinzi rinini basenga Yehova bunze ubumwe, naho bava mu mahanga atandukanye. Vyongeye, Ivyabona barazwi ko bamamaza babigiranye umwete be nuko bakundana cane. Ese ukuntu ivyo bikomeza ukwizera!​—Mat. 24:14; Yoh. 13:35.

IRYO YEREKWA RITWEREKEYE GUTE?

18. (a) Twisunze Yesaya 46:10, 11, kubera iki tudatangazwa no kubona Yehova yarashikije bwa buhanuzi bwerekeye isinzi rinini? (b) Kubera iki abafise icizigiro co kuba kw’isi batabona ko hari ico bahomvye?

18 Ese ukuntu duhimbarwa cane n’ubwo buhanuzi bujanye na rya sinzi rinini! Kubona Yehova yarabushikije muri ubwo buryo budasanzwe, ntibidutangaza na gato. (Soma Yesaya 46:10, 11.) Abagize isinzi rinini barakenguruka cane icizigiro Yehova yabahaye. Ntibabona ko hari ico bahomvye ngo ni uko impwemu y’Imana itabarobanuye ngo baje gukorana na Yezu mw’ijuru. Ivyanditswe biravuga abagabo n’abagore bayobowe n’impwemu nyeranda mu buryo bukomeye. Ariko ntibari mu murwi wa bamwe 144.000. Umwe muri bo ni Yohani umubatizi. (Mat. 11:11) Uwundi ni Dawidi. (Ivyak. 2:34) Abo bagabo be n’abandi benshi, bazozukira kuba mw’Iparadizo ng’aha kw’isi. Abo bose, hamwe n’abagize rya sinzi rinini, bazoronka akaryo ko kwerekana ko ari intahemuka kuri Yehova no ku butegetsi bwiwe.

19. Gutahura ivyo Yohani yeretswe ku bijanye na rya sinzi rinini, bikwiye gutuma dukora iki?

19 Kuva isi yakabaho, Imana ntiyari bwigere ituma abantu amamiliyoni bo mu mahanga yose bunga ubumwe. Twaba dufise icizigiro co kuzoba mw’ijuru canke kw’isi, turakwiye gufasha abantu benshi bashoboka kugira ngo na bo babe muri rya sinzi rinini ry’“izindi ntama.” (Yoh. 10:16) Vuba, Imana igiye kuzana ya makuba akomeye azokuraho intwaro be n’amadini bimaze igihe bihahaza abantu. Mbega agateka kadasanzwe abagize iryo sinzi rinini bose batewe! Bazokorera Yehova ibihe bidahera bibereye ng’aha kw’isi.​—Ivyah. 7:14.

URURIRIMBO RWA 139 Niwibone mw’isi nshasha

^ ing. 5 Iki kiganiro kiraza guca irya n’ino ivyo Yohani yeretswe ku bijanye n’“isinzi rinini” ryotororokanijwe. Nta gukeka ko ivyo biza gukomeza ukwizera kw’abatewe agateka ko kuba muri uwo murwi.

^ ing. 8 Raba igitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu, rup. 159-163.