Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 37

Igituma twoyobokera Yehova n’ingene twobigira

Igituma twoyobokera Yehova n’ingene twobigira

“None ntituzorushiriza kuyobokera Data?”​—HEB. 12:9.

URURIRIMBO RWA 9 Yehova ni Umwami wacu!

INCAMAKE *

1. Kubera iki dukwiye kuyobokera Yehova?

TURAKWIYE kuyobokera * Yehova kubera ko ari we yaturemye. Birumvikana rero ko afise uburenganzira bwo gushingira amategeko ivyo yaremye. (Ivyah. 4:11) Iyindi mvo ikwiye gutuma tumugamburukira, ni uko ategeka mu buryo bwiza cane. Kuva kera na rindi, abategetsi b’abantu baragize ubukuru n’ububasha ku bantu nka bo. Tubagereranije na Yehova, arabaheta bose mu kuba Umutegetsi w’inkerebutsi, akundana, w’imbabazi n’ikigongwe.​—Kuv. 34:6; Rom. 16:27; 1 Yoh. 4:8.

2. Ni imvo izihe dusanga mu Baheburayo 12:9-11 zotuma tuyobokera Yehova?

2 Yehova ntiyipfuza ko ahanini tumugamburukira kubera ko tumutinya, ahubwo yipfuza ko tubigira kubera ko tumukunda kandi tumubona nk’Umuvyeyi adukunda. Mw’ikete Paulo yandikiye Abaheburayo, yavuze ko dukwiye ‘kurushiriza kuyobokera Data,’ kuko adutoza indero ku bw’“inyungu yacu.”​—Soma Abaheburayo 12:9-11.

3. (a) Twerekana gute ko tuyobokera Yehova? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

3 Twerekana ko tuyobokera Yehova mu kwihatira kumugamburukira muri vyose no mu kurwanya icipfuzo co kwishimikiza ubwenge bwacu bwite. (Imig. 3:5) Uko turushiriza kumenya kamere ziwe nziza, ni ko birushiriza kutworohera kumuyobokera. Uti kubera iki? Kubera ko izo kamere zigaragarira mu vyo akora vyose. (Zab. 145:9) Uko turushiriza kwiga ibimwerekeye ni ko turushiriza kumukunda. Vyongeye, igihe dukunda Yehova nta mategeko umuyoro tuba dukeneye atwereka ico twokora n’ico tutokora. Turihatira kumwigana mu gukunda iciza no mu kwanka ikibi. (Zab. 97:10) Ariko rero, hari igihe kugamburukira Yehova biba urugamba. None biva kuki? Vyongeye, abakurambere bokwigira iki ku karorero ka Nehemiya? Ba sebibondo bokwigira iki ku karorero k’Umwami Dawidi? Ba inabibondo na bo bokwigira iki ku karorero ka Mariya nyina wa Yezu? Iki kiganiro kiratanga inyishu z’ivyo bibazo.

IMVO ZISHOBORA GUTUMA BITUGORA KUYOBOKERA YEHOVA

4-5. Twisunze Abaroma 7:21-23, kubera iki kuyobokera Yehova bishobora kutubera urugamba?

4 Kimwe mu bishobora gutuma kuyobokera Yehova bitubera urugamba, ni uko twese twarazwe igicumuro tukaba tudatunganye. Tuvukana rero agatima ko kugarariza. Igihe Adamu na Eva bagarariza Imana bakarya ku camwa yari yababujije, bari bahisemwo kwishingira amategeko. (Ita. 3:22) No muri kino gihe, abantu benshi barirengagiza Yehova bagahitamwo kwishingira amategeko agenga iciza n’ikibi.

5 Mbere na twebwe tuzi Yehova kandi tumukunda, ntivyama bitworohera kumuyobokera. Intumwa Paulo na we nyene vyaramushikiye. (Soma Abaroma 7:21-23.) Cokimwe na Paulo, twipfuza gukora ibigororotse mu nyonga z’Imana. Ariko dutegerezwa kwama turwanya icipfuzo co gukora ibintu bibi.

6-7. Ikintu kigira kabiri gishobora gutuma kuyobokera Yehova bitubera urugamba ni ikihe? Tanga akarorero.

6 Ikindi kintu gishobora gutuma kuyobokera Yehova bitubera urugamba, ni akosho tugirwako n’ikibano twakuriyemwo. Ivyiyumviro vyinshi vy’abantu usanga biteye kubiri n’inzira za Yehova, tukaba rero dutegerezwa kwama turwana urugamba kugira ntitwiyumvire nka bo. Reka turabe akarorero kamwe gusa.

7 Mu mihingo imwimwe, usanga abakiri bato baremeshwa kubaho biruka inyuma y’amahera. Ivyo ni vyo vyashikiye mushiki wacu yitwa Mary *. Imbere y’uko amenya Yehova, yarize kw’ishure rimwe mu mashure akomeye cane mu gihugu cabo. Abagize umuryango wiwe bahavuye bamuremera ngo akore akazi kotumye ahembwa amahera menshi kandi akubahwa. Na we nyene ntivyamugwa nabi. Ariko rero amaze kumenya Yehova no kumukunda, yaciye ahindura imigambi. Naho ari ukwo, avuga ati: “Hari igihe ndonka uturyo twotuma ninjiza amahera menshi ariko nkabona ko vyohava bibangamira umurimo ndangurira Yehova. Bivanye n’uko narezwe, kutugisha ntibishoka binyorohera. Mbanza gutakambira Yehova ngo amfashe kunanira icipfuzo cotuma nemera akazi kotuma ntabandanya kumukorera.”​—Mat. 6:24.

8. Tugiye kurimbura iki?

8 Nk’uko tubibonye, kuyobokera Yehova biratugirira akamaro. Ariko rero abafise ubukuru kanaka, nk’abakurambere, ba sebibondo na ba inabibondo, barafise iyindi mvo yotuma bayobokera Imana. Iyo na yo ni uko bashobora gutuma abandi bavyungukirako. Nimuze turimbure uburorero bumwebumwe bwo muri Bibiliya, butwereka ingene twokoresha ubukuru bwacu mu buryo buhimbara Yehova.

IVYO ABAKURAMBERE BOKWIGIRA KURI NEHEMIYA

Abakurambere barifatanya n’abandi mu bikorwa vyo ku Ngoro y’Ubwami, nka kumwe Nehemiya yifatanya n’abandi mu bikorwa vyo gusanura impome za Yeruzalemu (Raba ingingo ya 9-11) *

9. Nehemiya yahanganye n’ibintu bitoroshe ibihe?

9 Yehova yarajeje abakurambere ibanga rihambaye ryo kuragira intama ziwe. (1 Pet. 5:2) Abakurambere barashobora kugira ico bigiye ku kuntu Nehemiya yafashe abasavyi ba Yehova. Kubera ko Nehemiya yari buramatari wa Yuda, yari afise ubukuru bukomeye. (Neh. 1:11; 2:7, 8; 5:14) Iyumvire ibintu bitoroshe yahanganye na vyo. Yasanze Abayuda barahumanije urusengero kandi batakironsa Abalewi ibintu vy’umubiri bari bakeneye nk’uko vyasabwa n’Itegeko. Abo Bayuda barahonyanga amategeko yagenga Isabato, kandi hari n’abagabo bari barabiriye abanyamahangakazi. Buramatari Nehemiya yategerezwa gutunganya ivyo bintu bitoroshe.​—Neh. 13:4-30.

10. Nehemiya yafashe gute abasavyi ba Yehova?

10 Nehemiya ntiyakoresheje nabi ubukuru yari afise mu gushingira abasavyi b’Imana amategeko yiwe. Ahubwo yarasenze Yehova abigiranye ubwira ngo amuyobore, yongera arigisha Abayuda itegeko rya Yehova. (Neh. 1:4-10; 13:1-3) Vyongeye, abigiranye ukwicisha bugufi yarifatanije na benewabo mu bikorwa, mbere arabafasha gusanura impome za Yeruzalemu.​—Neh. 4:15.

11. Twisunze 1 Abatesalonika 2:7, 8, abakurambere bakwiye gufata gute abagize ishengero?

11 Naho abakurambere batohangana n’ingorane nk’izo mu gihe ca Nehemiya, barashobora kumwigana mu buryo butari buke. Nk’akarorero, barakora cane kugira ngo bafashe abavukanyi na bashiki bacu. Vyongeye, ubukuru bafise ntibutuma babona ko bari hejuru y’abandi. Ahubwo, bafatana ikibabarwe abagize ishengero. (Soma 1 Abatesalonika 2:7, 8.) Ukwicisha bugufi kwabo be n’urukundo rukomeye bakunda abavukanyi babo, bituma babayagisha babigiranye ubuntu. Umukurambere umwe azi utuntu n’utundi yitwa Andrew, avuga ati: “Muri rusangi, nasanze abavukanyi na bashiki bacu biyumvamwo umukurambere abagaragariza ubuntu n’igishika. Izo kamere zituma abagize ishengero basenyera ku mugozi umwe n’abakurambere.” Uwundi mukurambere w’inararibonye yitwa Tony, agira ati: “Ndagerageza gushira mu ngiro impanuro iri mu Bafilipi 2:3, nkama nihatira kubona ko abandi banduta. Ivyo bituma nirinda kubacinyiza.”

12. Kubera iki bihambaye ko abakurambere bicisha bugufi?

12 Abakurambere bakwiye kwigana ukwicisha bugufi kwa Yehova. Naho Yehova ari we Segaba w’ibiriho vyose, “arimanura” kugira ngo “[aduze] umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu.” (Zab. 18:35; 113:6, 7) Nkako, Yehova aranka abibona.​—Imig. 16:5.

13. Kubera iki umukurambere akwiye ‘kujiginyika ururimi rwiwe’?

13 Umukurambere ayobokera Yehova arakwiye ‘kujiginyika ururimi rwiwe,’ ahandiho yohava yishura nabi uwutomugaragariza icubahiro. (Yak. 1:26; Gal. 5:14, 15) Umwe Andrew twavuga, agira ati: “Vyarashika nkumva umengo nokwishura nabi umuvukanyi canke mushiki wacu nabona ko atanyubashe. Ariko igihe nazirikana ku burorero bw’abagabo b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya, vyaramfashije kubona igituma bihambaye kuba umuntu yicisha bugufi kandi atekereza.” Iyo abakurambere bagaragarije urukundo abagize ishengero canke abakurambere bagenzi babo kandi bakabayagisha neza, baba berekanye ko bayobokera Yehova.​—Kol. 4:6.

IVYO BA SEBIBONDO BASHOBORA KWIGIRA KU MWAMI DAWIDI

14. Ni ibanga irihe Imana yashinze ba serugo, kandi abitezeko iki?

14 Imana yashinze serugo ibanga ryo kuba umutwe w’umuryango, ikaba rero yiteze ko amenyereza abana biwe kandi akabatoza indero. (1 Kor. 11:3; Ef. 6:4) Ariko rero ubukuru serugo afise buri n’aho bugarukira. Ari n’ico abazwa na Yehova, umwe umuryango uwo ari wo wose ukesha izina ryawo. (Ef. 3:14, 15) Ba serugo berekana ko bayobokera Yehova mu gukoresha ubukuru bafise mu buryo bumuhimbara. Barashobora kugira ivyo bigiye ku vyashikiye Umwami Dawidi.

Amasengesho serugo atura akwiye kwerekana ko yicisha bugufi (Raba ingingo ya 15-16) *

15. Kubera iki Umwami Dawidi abera akarorero keza ba serugo?

15 Yehova ntiyashinze Dawidi ibanga ryo kuyobora urugo rwiwe gusa, ahubwo yamushinze no kuyobora ihanga ryose rya Israyeli. Kubera ko Dawidi yari umwami, yari afise ububasha bwinshi. Vyarashitse arakoresha nabi ubwo bubasha mu gukora amakosa akomeye. (2 Sam. 11:14, 15) Ariko yarerekanye ko ayobokera Yehova mu kwemera gukosorwa. Yarasukiye Yehova ivyari biri ku mutima wiwe, arihatira no kugamburuka impanuro za Yehova. (Zab. 51:1-4) Ikigeretseko, yaricisha bugufi cane ku buryo yakiriza yompi impanuro yahabwa n’abagabo, tutibagiye n’izo yahabwa n’abagore. (1 Sam. 19:11, 12; 25:32, 33) Dawidi yarakuye icigwa ku makosa yakoze, maze ashira imbere gukorera Yehova mu buzima bwiwe.

16. Ni ivyigwa ibihe ba sebibondo bakura kuri Dawidi?

16 Ng’ibi ivyigwa bikeya gusa ba sebibondo bashobora kwigira ku Mwami Dawidi: Nimwirinde gukoresha nabi ubukuru Yehova yabahaye. Nimwemere amakosa mukora, kandi mwakirize yompi impanuro muhabwa n’abandi. Nimwabigira, abagize imiryango yanyu bazobubaha kubera mwicisha bugufi. Igihe musenga Yehova muri kumwe n’imiryango yanyu, nimumubwire ibibahagaritse umutima, gutyo bumve ingene mumwizigira muherejeko. Ikiruta vyose, nimwame mushira imbere gukorera Yehova. (Gus. 6:6-9) Akarorero keza mutanga, ni kimwe mu bintu vy’agaciro muha abagize imiryango yanyu.

IVYO BA INABIBONDO BOKWIGIRA KURI MARIYA

17. Yehova yahaye inabibondo uruhara uruhe?

17 Yehova yarahaye inabibondo uruhara ruteye iteka mu muryango, amuha n’ubukuru kanaka ku bana biwe. (Imig. 6:20) Nkako, ivyo nyina w’abana avuga be n’ivyo akora, birashobora kubagirako akosho ubuzima bwabo bwose. (Imig. 22:6) Reka turabe ivyo ba inabibondo bokwigira kuri Mariya nyina wa Yezu.

18-19. Ni ivyigwa ibihe ba inabibondo bokwigira kuri Mariya?

18 Mariya yari azi neza Ivyanditswe. Yarubaha cane Yehova kandi yari afitaniye na we ubucuti bwiza. Yarayobokeye Yehova n’umutima ukunze, naho ivyo yamusavye vyari guhindura ubuzima bwiwe bwose.​—Luka 1:35-38, 46-55.

Igihe inabibondo arushe canke ashavuye, birakenerwa ko agira akigoro kadasanzwe kugira ngo agaragarize urukundo abo mu muryango wiwe (Raba ingingo ya 19) *

19 Yemwe ba inarugo, murashobora kwigana Mariya mu buryo butari buke. Muti ubuhe? Ubwa mbere, murashobora kuzigama ubucuti mufitaniye na Yehova biciye ku kwiyigisha Bibiliya no ku masengesho mutura ku giti canyu. Ubwa kabiri, murashobora kugira umutima ukunze wo kugira ivyo muhinduye mu buzima bwanyu kugira muhimbare Yehova. Nk’akarorero, mushobora kuba mwarezwe n’abavyeyi bakaza ishavu kandi bakankamira abana babo. Mushobora rero kuba mwakuze mwiyumvira ko indero itangwa ukwo nyene. Naho mumaze kumenya ingene Yehova yipfuza ko murera abana banyu, vyoshobora kubagora kuguma mutekanye no kubihanganira, na canecane iyo babagambarariye mwiruhiye. (Ef. 4:31) Mu bihe nk’ivyo, muba mukeneye kurushiriza kwitura Yehova mw’isengesho. Inabibondo yitwa Lydia, avuga ati: “Igihe umuhungu wanje yaba angambarariye, hari aho nabanza gusenga cane kugira ngo simvugane ishavu. Vyarashika mbere ngahagarika ijambo naba ndiko ndamubwira, ngasengera mu mutima kugira Yehova amfashe. Gusenga vyaratuma numva nturuye.”​—Zab. 37:5.

20. Ni ingorane iyihe ihanze ba inabibondo bamwebamwe, kandi boyitsinda gute?

20 Iyindi ngorane usanga ihanze ba inabibondo bamwebamwe, ni ukutereka abana babo ko babakunda. (Tito 2:3, 4) Hari abakuriye mu ngo aho usanga ata gishika carangwa hagati y’abavyeyi n’abana babo. Nimba wakuriye mu rugo nk’urwo, si ngombwa ngo nawe uce ukora amakosa abavyeyi bawe bakoze. Inabibondo ayobokera Yehova, yoshobora kwiga kugaragariza urukundo abana biwe. Ego ni ko birashobora kutamworohera guhindura ingene yiyumvira, ingene yiyumva be n’ukuntu akora ibintu. Ariko rero, ayo mahinduka arashobora kuyagira, kandi ivyo vyomugirira akamaro n’umuryango wiwe.

NUGUME UYOBOKERA YEHOVA

21-22. Twisunze Yesaya 65:13, 14, kuyobokera Yehova bivamwo ivyiza ibihe?

21 Umwami Dawidi yari azi ko kuyobokera Yehova bivamwo ivyiza. Yanditse ati: “Amateka ava kuri Yehova aragororotse, atuma umutima unezerwa; ibwirizwa rya Yehova ntiryanduye, rikayanganisha amaso. Vyongeye, umusavyi wawe yaburiwe na zo; kuzubahiriza birimwo impera nini.” (Zab. 19:8, 11) Muri iki gihe, turabona itandukaniro riri hagati y’abayobokera Yehova be n’abatera akagere impanuro ziwe. Abamuyobokera bariha “akamo k’umunezero kubera bamerewe neza ku mutima.”​—Soma Yesaya 65:13, 14.

22 Igihe abakurambere, ba sebibondo na ba inabibondo bayobokeye Yehova n’umutima ukunze, ubuzima bwabo buramera neza, imiryango yabo na yo igahimbarwa, n’ishengero ryose rikarushiriza kwunga ubumwe. N’ikiruta vyose, baranezereza umutima wa Yehova. (Imig. 27:11) Hari ikindi none ga yemwe coduhimbara kuruta ico?

URURIRIMBO RWA 123 Tugamburuke ubuyobozi tudahemuka

^ ing. 5 Muri iki kiganiro, turarimbura igituma dukwiye kuyobokera Yehova. Turarimbura kandi ivyo abakurambere, ba sebibondo na ba inabibondo, ni ukuvuga abo bose bafise ubukuru kanaka, bokwigira ku karorero ka buramatari Nehemiya, ku Mwami Dawidi no kuri Mariya nyina wa Yezu.

^ ing. 1 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Abantu badafise umutima wo kugamburuka, usanga baterekwa ijambo kuyoboka. Ariko rero, abasavyi b’Imana bayigamburukira babikunze, akaba ari co gituma bahimbarwa no kuyiyobokera.

^ ing. 7 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umukurambere ariko afadikanya n’umuhungu wiwe ibikorwa vyo kubungabunga Ingoro y’Ubwami, nka kumwe Nehemiya yifatanya n’abandi mu gusanura impome za Yeruzalemu.

^ ing. 64 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Sebibondo ariko araserukira umuryango wiwe mu gutura Yehova isengesho rivuye ku mutima.

^ ing. 66 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Agahungu kamaze amasaha n’ayandi gakina udukino twa videwo, magingo kataranaheza udukorwa tw’i muhira canke two kw’ishure. Naho nyina wako avuye ku kazi arushe, ariko aragakosora atabigiranye ishavu canke gukankama.