Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 38

“Nimuze kuri jewe, . . . nanje ndabaruhurira”

“Nimuze kuri jewe, . . . nanje ndabaruhurira”

“Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira.”​—MAT. 11:28.

URURIRIMBO RWA 17 “Ndabishaka”

INCAMAKE *

1. Twisunze Matayo 11:28-30, Yezu yatanze umuhango uwuhe?

YEZU yarahaye umuhango mwiza cane abantu isinzi bariko baramwumviriza. Yababwiye ati: “Nimuze kuri jewe . . . nanje ndabaruhurira.” (Soma Matayo 11:28-30.) Ako ntikari akarimi gusa. Nk’akarorero, nuzirikane ivyo yakoreye umukenyezi umwe yari asinzikajwe n’indwara ikomeye.

2. Yezu yakoreye iki umugore umwe yari arwaye?

2 Uwo mukenyezi yari yihebuye, akaba yari akeneye uwomukiza. Yari yarituye abaganga benshi, yizigiye ko bomufashije. Mugabo mu myaka 12 yari amaze yivuza, nta n’umwe yari bwamukize. Umuntu arwaye gutyo, Itegeko ryavuga ko ahumanye. (Lew. 15:25) Ni kwo kwumva ko Yezu yakiza abarwaye, aca aja rero kumuraba. Abonye Yezu, yapfuye gukora ku buyonga bw’impuzu yiwe yo hejuru, ubwo nyene aca arakira. Ariko Yezu ntiyamukijije iyo ndwara gusa, yaranamusubije iteka. Nk’akarorero, igihe yariko aramuvugisha yamwise ngo “mukobwa wanje,” iyo ikaba yari imvugo iranga urukundo n’icubahiro. Nta nkeka ko uwo mugore yumvise aruhuriwe kandi aremye.​—Luka 8:43-48.

3. Tugiye kurimbura ibibazo ibihe?

3 Urabona ko uwo mugore yagize akigoro, akagenda kuri Yezu. No muri iki gihe, na twe tubwirizwa kugira akigoro ko ‘kuja’ kuri Yezu. Ariko ‘abaja’ kuri we muri iki gihe, ntaca abakiza indwara ku gitangaro. Naho ari ukwo, aracatera abantu akamo ati: “Nimuze kuri jewe, . . . nanje ndabaruhurira.” Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura ibibazo bitanu: Ni mu buryo ki ‘tuja’ kuri Yezu? Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo: “Mwishireko ingǒgo yanje?” Ni ibiki tumwigirako? Kubera iki igikorwa yadushinze kiruhura? Vyongeye, twokora iki kugira tubandanye kuruhurirwa turi munsi y’ingogo yiwe?

“NIMUZE KURI JEWE”

4-5. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe ‘tuja’ kuri Yezu?

4 Uburyo bumwe ‘tuja’ kuri Yezu ni mu kwiga vyinshi bishoboka ku bijanye n’ivyo yavuze be n’ivyo yakoze. (Luka 1:1-4) Ivyo nta wobikorera uwundi. Ni ibanga ryega umwe wese ku giti ciwe. Vyongeye, ‘turaja’ kuri Yezu mu gufata ingingo yo kubatizwa tugacika abigishwa biwe.

5 Ubundi buryo ‘tuja’ kuri Yezu ni mu kwitura abakurambere igihe tuba dukeneye imfashanyo. Yezu arakoresha izo “ingabirano z’abagabo” mu kwitwararika intama ziwe. (Ef. 4:7, 8, 11; Yoh. 21:16; 1 Pet. 5:1-3) Dutegerezwa kugira akigoro ko kuja kubitura. Ntidukwiye kwitega ko basoma ibiri mitima yacu ngo bamenye ivyo dukeneye. Rimbura ivyavuzwe n’umuvukanyi yitwa Julian. Yavuze ati: “Igihe nagira mve mu murimo wo kuri Beteli kubera ingorane z’amagara, hari umugenzi yampanuye gusaba ko abakurambere bongendera bakandemesha. Mu ntango, nabona ko bidakenewe. Ariko nahavuye ndabisaba, kandi indemesho bampaye iri mu mihezagiro ikomeye nigeze kuronka.” Cokimwe n’abo bakurambere babiri bagendeye Julian, abakurambere b’abizigirwa barashobora kudufasha kumenya “umuzirikanyi wa Kristu,” ni ukuvuga, gutahura uko Kristu yiyumvira be n’uko abona ibintu, tukongera tukamwigana. (1 Kor. 2:16; 1 Pet. 2:21) Mu vy’ukuri, uwo ni umwe mu mihezagiro ikomeye bashobora kuturonsa.

“MWISHIREKO INGOGO YANJE”

6. Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo “mwishireko ingǒgo yanje”?

6 Igihe Yezu yavuga ngo “mwishireko ingǒgo yanje,” ashobora kuba yashaka kuvuga ngo “nimwemere ubukuru bwanje.” Ashobora kandi kuba yashaka kuvuga ngo “nimuze dufadikanye ingogo, maze dukorere Yehova turi kumwe.” Ico yashaka kuvuga cose, iyo ngogo yerekeza ku kugira ico dukoze.

7. Twisunze Matayo 28:18-20, ni igikorwa ikihe twashinzwe, kandi ni igiki dukwiye kwemera tudakeka?

7 Iyo tweguriye Yehova ubuzima bwacu kandi tukabatizwa, tuba twitabiriye ako kamo ka Yezu. Ako kamo kagenewe bose, akaba ari co gituma Yezu atazokwigera yanka kwakira uwo ari we wese yipfuza gukorera Imana abikuye ku mutima. (Yoh. 6:37, 38) Abayoboke ba Kristu bose baratewe agateka ko kugira uruhara mu gikorwa Yehova yashinze Yezu ngo akiyobore. Turakwiye kwemera tudakeka ko Yezu azokwama ari kumwe natwe ngo adufashe muri ico gikorwa.​—Soma Matayo 28:18-20.

“MUNYIGIREKO”

Nuruhurire abandi cokimwe na Yezu (Raba ingingo ya 8-11) *

8-9. Kubera iki wasanga abantu baciye bugufi bakunda cane Yezu, kandi ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

8 Abantu baciye bugufi wasanga bakunda cane Yezu. (Mat. 19:13, 14; Luka 7:37, 38) Kubera iki? Rimbura ingene Yezu yari atandukanye n’Abafarizayo. Izo ndongozi z’idini ntizagira urukundo kandi zaribona. (Mat. 12:9-14) Yezu wewe yarakundana kandi akicisha bugufi. Abafarizayo barahahamira ubukuru kandi bakishimira ikibanza bari bafise mu kibano. Ariko Yezu yariyamirije agatima ko guhahamira ubukuru, yongera aremesha abigishwa biwe kwicisha bugufi no gusukurira abandi. (Mat. 23:2, 6-11) Abafarizayo baracinyiza abandi bakoresheje iterabwoba. (Yoh. 9:13, 22) Yezu wewe yararuhurira abandi biciye ku bikorwa biranga urukundo n’amajambo aranga ubuntu.

9 Woba nawe wigana Yezu muri ivyo? Niwibaze uti: ‘Abandi boba babona ko ndi umuntu yitonda kandi yicisha bugufi? Noba nemera n’umutima ukunze gukorera abandi ibikorwa biciye bugufi? Noba ngaragariza ubuntu abandi?’

10. Yezu yatuma abakorana na we bumva bamerewe gute?

10 Yezu yaratuma abakorana na we bumva bisanze, kandi agahimbarwa no kubamenyereza. (Luka 10:1, 19-21) Yarababaza utubazo, kuko yipfuza kumenya ivyo biyumvira. (Mat. 16:13-16) Abigishwa biwe baramerewe neza nka kurya kw’igiterwa cavomerewe neza. Barafashe nka nkama ivyigwa Yezu yabigishije, maze barama ibikorwa vyiza.

Nutume abandi bakwiyegereza, ubabere n’umugenzi

Nube umunyamwete mu ndimiro

Niwicishe bugufi kandi ukunde ibikorwa *

11. Dukwiye kwibaza ibibazo ibihe?

11 Nimba ufise ubukuru ku bandi, niwibaze uti: ‘Iyo ndi kumwe n’abandi ku kazi canke muhira, noba ntuma bumva bisanze? Noba ntuma harangwa amahoro? Noba ntuma biborohera kumbaza utubazo? Noba numviriza ivyiyumviro vyabo?’ Ese tutokwigera tumera nk’Abafarizayo bashavurira abababaza ibibazo, kandi bagatoteza abashikiriza iciyumviro gitandukanye n’icabo.​—Mrk. 3:1-6; Yoh. 9:29-34.

“MUZOKWUMVA MURUHURIWE”

12-14. Kubera iki igikorwa Yezu yadushinze kiruhura?

12 Kubera iki gukora igikorwa Yezu yadushinze bituruhurira? Biterwa n’imvo nyinshi. Ariko reka turimbure nkeya gusa.

13 Dufise abungere beza cane. Yehova wa Mwungere wacu Ruheta, si intashima kandi ntadufata nabi. Arakenguruka ivyo tumukorera. (Heb. 6:10) Vyongeye, araturonsa inkomezi dukeneye kugira ngo turangure igikorwa yadushinze. (2 Kor. 4:7; Gal. 6:5) N’Umwami wacu Yezu, aratubera akarorero. (Yoh. 13:15) Abakurambere baturagira na bo nyene baragerageza kwigana Yezu wa “mwungere mukuru.” (Heb. 13:20; 1 Pet. 5:2) Baratugaburira kandi bakadukingira babigiranye ubuntu n’umutima rugabo, bakongera bakaturemesha.

14 Dufise abagenzi beza cane. Nta bandi bantu bakora bahuje inama kandi bakundana nka twebwe. Zirikana gato: Turafise agateka ko gukorana n’abantu bigenza runtu ku rwego rwo hejuru, ariko batibona ubugororotsi. Bafise ubuhanga budasanzwe ariko bakifata ruto, kandi bakabona ko abandi babaruta. Ntibatubona nk’abo basangiye igikorwa gusa, ariko kandi batubona nk’abagenzi. Vyongeye, urwo badukunda rurakomeye cane ku buryo biteguriye no kutwigura.

15. Dukwiye kubona gute igikorwa turangura?

15 Dufise igikorwa ciza cane. Turigisha abandi ukuri kwerekeye Yehova tukongera tugashira ahabona ibinyoma vya Shetani. (Yoh. 8:44) Shetani aracinyiza abantu mu kubaremeka umuzigo badashobora. Nk’akarorero, yipfuza ko twemera ko Yehova adashobora kutubabarira ibicumuro vyacu kandi ko atadukunda. Ariko ico ni ikinyoma cambaye ubusa, kigenewe kuduca intege. Iyo ‘tugiye’ kuri Kristu, turababarirwa ibicumuro vyacu. Vyongeye, turazi neza ko twese Yehova adukunda cane. (Rom. 8:32, 38, 39) Ese ukuntu biteye umunezero gufasha abantu kwiga kwiheka kuri Yehova no kwibonera ingene bagira amahinduka mu buzima!

NUBANDANYE KURUHURIRWA URI MUNSI Y’INGOGO YA YEZU

16. Umutwaro Yezu adusaba gutwara utandukanye gute n’iyindi mitwaro tubwirizwa kwikorera?

16 Umutwaro Yezu adusaba gutwara uratandukanye n’iyindi mitwaro yose tubwirizwa kwikorera. Nk’akarorero, abenshi iyo bavuye ku kazi k’umubiri, bataha bumva basanzaye kandi bataryohewe. Ariko iyo tumaze umwanya dukorera Yehova na Kristu, turumva umunezero mwinshi. Ku mugoroba, twoshobora kuva ku bikorwa twumva turushe, ariko tugaca twihata tukaja kw’ikoraniro. Mugabo akenshi, tuva kuri iryo koraniro twumva turuhuriwe kandi twagaruye agatege. Ni na ko bigenda iyo twihase tukaja kwamamaza canke tukiyigisha Bibiliya. Ivyiza twironkera usanga biruta kure n’iyo akigoro tuba twagize.

17. Dukwiye gutahura iki, kandi ni igiki dukwiye kubako maso?

17 Turakwiye gutahura ko umwe wese afise inguvu ku rugero rwiwe, akaba ari co gituma dukwiye kuba maso ku vyo dukora. Nk’akarorero, twoshobora gutakaza inguvu zacu twirundaniriza ibintu vy’umubiri. Rimbura ivyo Yezu yabwiye umusore umwe w’umutunzi yamubajije ati: “Ni igiki ntegerezwa gukora ngo nze ntorane ubuzima budahera?” Uwo musore yari asanzwe akurikiza Itegeko. Vyongeye, ategerezwa kuba yari ameze neza kuko Injili ya Mariko itomora ko Yezu ‘yumvise amukunze.’ Yezu yaciye amutera akamo ati: “Genda, ugurishe ivyo ufise vyose . . . maze uze unkurikire.” Uwo musore vyaramubabaje cane, kandi biboneka ko atashatse kuvirira “ibintu vyinshi” yari atunze. (Mrk. 10:17-22) Ku bw’ivyo, yaranse kwakira ingogo ya Yezu maze abandanya gushumbira “Ubutunzi.” (Mat. 6:24) Iyaba wewe wari guhitamwo iki?

18. Dukwiye kuza turakora iki, kandi kubera iki?

18 Vyoba vyiza tugiye turafata akanya tugasuzuma ivyo dushira imbere mu buzima. Uti kubera iki? Kugira ngo twiyemeze ko turiko turakoresha neza inguvu zacu. Rimbura ivyo umusore umwe yitwa Mark yavuze. Yavuze ati: “Naramaze imyaka itari mike nibaza ko mbayeho noroheje ubuzima. Naho nari umutsimvyi, nama niyumvira amahera be n’ingene norushiriza kubaho neza. Nahavuye ndondera kumenya icatuma numva ntahimbarwa. Nasanze ahanini vyavana n’uko nariko nshira imbere inyungu zanje, Yehova na we nkamuha inguvu n’umwanya naba nasigaje.” Mark yarahinduye ivyiyumviro be n’ukuntu yari abayeho, kugira ngo arushirize gukora vyinshi mu murimo wa Yehova. Avuga ati: “Birashika ngahagarika umutima ku bijanye n’amahera, ariko mfashijwe na Yehova be na Kristu, naratsinze ivyambera intambamyi.”

19. Kubera iki bihambaye kubona ibintu mu buryo bwiza?

19 Tuzobandanya kuronkera ukuruhurirwa munsi y’ingogo ya Yezu nitwakora ibintu bitatu. Ica mbere: Kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza. Igikorwa dukora ni ica Yehova, akaba ari co gituma dukwiye kugikora nk’uko abidusaba. Twebwe turi abakozi, Yehova na we akaba Databuja. (Luka 17:10) Hamwe twokora igikorwa ciwe nk’uko tuvyumva, twohava dutuma kitugora. Mbere n’impfizi y’inka ikomeye cane, hamwe yoguma igerageza kuja iyo yishakiye no kwiyambura ingogo shebuja yayambitse, ntiyobura kuruha mbere no gukomereka igakomereka. Ariko dukurikije ubuyobozi Yehova aduha, turashobora gukora ibintu bidasanzwe kandi tugatsinda intambamyi iyo ari yo yose. Niwibuke ko ata n’umwe ashobora kubuza ko umugambi wiwe uranguka.​—Rom. 8:31; 1 Yoh. 4:4.

20. Dukwiye kwishirako ingogo ya Yezu tubitumwe n’iki?

20 Ica kabiri: Gukorana imvo nziza. Ico twipfuza ni ukuninahaza Umuvyeyi wacu munyarukundo Yehova. Mu kinjana ca mbere, abakoze babitumwe n’umwina canke ubwikunzi, ntibatevye gutakaza umunezero maze baca baraheba ingogo ya Yezu. (Yoh. 6:25-27, 51, 60, 66; Flp. 3:18, 19) Ariko abakoze babitumwe n’urwo bakunda Imana na bagenzi babo, barahimbawe no kwishirako iyo ngogo mu buzima bwabo bwose bamaze kw’isi, bafise icizigiro co kuzofadikanya na Kristu kuganza mw’ijuru. Na twebwe, nitwishirako ingogo ya Yezu tubitumwe n’imvo nziza, tuzoguma duhimbawe.

21. Twisunze Matayo 6:31-33, dukwiye kwizigira ko Yehova azodukorera iki?

21 Ica gatatu: Kugumana icizigiro. Twahisemwo kubaho twitanga no gukora cane. Yezu yaratuburiye ko twohamwe. Naho ari ukwo, turizigira ko Yehova azoturonsa inkomezi zo kwihanganira ikigeragezo ico ari co cose. Uko turushiriza kwihangana, ni ko turushiriza gushikama. (Yak. 1:2-4) Turizigira kandi ko Yehova azoguma aturonsa ivyo dukeneye, ko Yezu azoguma atuyobora be n’uko abavukanyi bacu bazoguma baturemesha. (Soma Matayo 6:31-33; Yoh. 10:14; 1 Tes. 5:11) None wumva tubuze iki?

22. Ni igiki dukenguruka?

22 Wa mugore Yezu yakiza, yaciye aruhurirwa kuri urya musi nyene. Ariko rero, yobandanije kuruhurirwa ibihe bidahera ari uko gusa acitse umwigishwa adahemuka wa Kristu. Wibaza none ko yahisemwo iki? Nimba yarahisemwo kwemera ingogo ya Yezu, iyumvire impera yironkeye, na yo akaba ari ugukorana na Yezu mw’ijuru. Ivyo yoba yarahevye vyose kugira ngo akurikire Kristu, nta ho bihuriye n’uwo muhezagiro. Twaba rero dufise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’ijuru canke kw’isi, turakenguruka cane kuba twaremeye akamo Yezu yaduteye ati: “Nimuze kuri jewe!”

URURIRIMBO RWA 13 Kristu, Karorero kacu

^ ing. 5 Yezu aradutera akamo ngo tuje kuri we. None kwitabira ako kamo bisaba iki? Iki kiganiro kirishura ico kibazo, congere kitwibutse ingene gukorana na Kristu bishobora kuturuhurira.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Yezu yararuhuriye abandi mu buryo butandukanye.

^ ing. 66 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Nka kumwe kwa Yezu, umuvukanyi ariko araruhurira abandi mu buryo butandukanye.