Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 35

Yehova araha agaciro abasavyi biwe bicisha bugufi

Yehova araha agaciro abasavyi biwe bicisha bugufi

“Yehova . . . arabona uwuciye bugufi.”​—ZAB. 138:6.

URURIRIMBO RWA 48 Tugendane na Yehova buri musi

INCAMAKE *

1. Yehova abona gute abantu bicisha bugufi? Sigura.

YEHOVA arakunda abantu bicisha bugufi. Abantu bicisha bugufi vy’ukuri ni bo gusa bashobora kugiranira na we ubucuti bwa hafi kandi burangwa igishika. Ariko “uwiduza amumenyera kure gusa.” (Zab. 138:6) Kubera ko twese twipfuza kwiyegereza Yehova no kumuhimbara, turafise imvo zumvikana zo kwiga kuba abantu bicisha bugufi.

2. Turimbura iki muri iki kiganiro?

2 Muri iki kiganiro, tuza kurimbura inyishu z’ibi bibazo bitatu: (1) Ukwicisha bugufi ni iki? (2) Kubera iki dukwiye kugaragaza iyo kamere? (3) Ni ibintu ibihe vyogerageza ukwicisha bugufi kwacu? Nk’uko tuza kubibona, iyo twicishije bugufi turanezereza Yehova kandi natwe bikatugirira akamaro.​—Imig. 27:11; Yes. 48:17.

UKWICISHA BUGUFI NI IKI?

3. Ukwicisha bugufi ni iki?

3 Ukwicisha bugufi ni ukwiyorosha mu muzirikanyi no kutagira ubwibone canke ukwiyemera. Bibiliya ivuga ko umuntu yicisha bugufi atahura ko Yehova Imana ahambaye kumuruta, kandi agatahura ikibanza abandi bafise. Aremera ko abandi bamuruta mu buryo bumwe canke mu bundi.​—Flp. 2:3, 4.

4-5. Kubera iki twovuga ko ukwicisha bugufi nyakuri kutagaragarira mu kuntu tuboneka inyuma?

4 Hari abantu usanga basa n’abicisha bugufi ariko atari ko biri. Boshobora kuba batekereza canke bubaha abandi kubera imico kama barerewemwo. Ariko imbere muri bo, boshobora kuba ari abantu bibona cane. Amaherezo, baragaragaza ico bari vy’ukuri.​—Luka 6:45.

5 Ku rundi ruhande, abantu bashwashwanutse kandi batarya umunwa ntibama ari abantu bibona. (Yoh. 1:46, 47) Ariko rero, abantu mwene abo barakwiye kuba maso kugira ntibahave bizigira ububangukirwe bwabo. Twaba turi abantu bavuga bisanzuye canke tutari bo, twese turakwiye kwihatira kuba abantu bicisha bugufi vy’ukuri.

Intumwa Paulo ntiyabona ko ahambaye kuruta abandi (Raba ingingo ya 6) *

6. Nk’uko bivugwa mu 1 Abakorinto 15:10, twokwigira iki ku karorero k’intumwa Paulo?

6 Rimbura akarorero k’intumwa Paulo. Yehova yaramukoresheje cane mu gushinga amashengero mu bisagara bitandukanye. Ashobora no kuba yararanguye vyinshi mu gikorwa co kwamamaza, kuruta izindi ntumwa za Yezu Kristu. Ariko ivyo ntivyatumye Paulo yishira hejuru y’izindi ntumwa. Yariyemereye yicishije bugufi ati: “Ndi uwo hanyuma y’izindi ntumwa, kandi simbereye no kwitwa intumwa, kuko nahamye ishengero ry’Imana.” (1 Kor. 15:9) Paulo yaciye avuga ko kuba yari afitaniye ubucuti bwiza na Yehova bitavuye ku kuba yari afise kamere zidasanzwe canke ku bikorwa yakoze, ahubwo ko vyavuye ku buntu ata wari abukwiriye Yehova yamugaragarije. (Soma 1 Abakorinto 15:10.) Ese ukuntu Paulo yagaragaje ukwicisha bugufi mw’ikete yandikiye Abakorinto, na canecane twibutse ko abagabo bamwebamwe bo muri iryo shengero bariko barondera kwerekana ko bamuruta!​—2 Kor. 10:10.

Karl Klein, umuvukanyi yicisha bugufi yahoze mu Nama Nyobozi (Raba ingingo ya 7)

7. Abavukanyi bamwebamwe bo muri iki gihe bafise amabanga, berekanye gute ko bicisha bugufi? Tanga akarorero.

7 Abasavyi ba Yehova benshi bararemeshejwe n’inkuru y’ubuzima y’umuvukanyi Karl Klein, uwigeze kuba mu bagize Inama Nyobozi. Mu nkuru y’ubuzima yiwe, yariyemereye yicishije bugufi ubugoyagoye yagiye aragaragaza be n’ingorane zamushikiye. Nk’akarorero, mu myaka ya 1920, igihe yaja kwamamaza ku nzu n’inzu ari bwo bwa mbere, yarabonye ko ico gikorwa kigoye cane ku buryo yaciye amara nk’imyaka ibiri adasubiyeyo. Mu nyuma, igihe yari kuri Beteli, yaramaze igihe abikiye inzika umuvukanyi yari yamuhaye impanuro. Uretse ivyo, yararwaye akabonge, mugabo mu nyuma arakira. Ariko rero yari afise n’uduteka tudasanzwe. Iyumvire rero ingene umuvukanyi nk’uyo yari afise amabanga, vyamusavye kwicisha bugufi kugira ngo yemange ubugoyagoye bwiwe! Abavukanyi na bashiki bacu benshi baracibuka umuvukanyi Klein, hamwe n’inkuru y’ubuzima yiwe idakikiriza kandi ikora ku mutima. *

KUBERA IKI DUKWIYE KWICISHA BUGUFI?

8. Muri 1 Petero 5:6 hadufasha gute kubona ko kwicisha bugufi bihimbara Yehova?

8 Imvo nyamukuru ituma twicisha bugufi, ni uko bihimbara Yehova. Ivyo intumwa Petero yarabitomoye. (Soma 1 Petero 5:6.) Ku bijanye n’ivyo Petero yavuze, igitabu ‘Ingo unkurikire’ kigira giti: “Ubwibone bumeze nk’ubumara. Ingaruka zabwo zirashobora kuba mbi cane. Ni ingeso ishobora gutuma umuntu afise ububangukirwe bwinshi cane aba uwutaco amariye Imana. Ukwicisha bugufi kwokwo kurashobora gutuma mbere n’umuntu ata bubangukirwe na buke afise aba ngirakamaro cane kuri Yehova. . . . Imana yacu izohimbarwa no kuguha impera kubera wicisha bugufi.” * Hari ikindi kintu none coza kiturutira kunezereza umutima wa Yehova?​—Imig. 23:15.

9. Ni mu buryo ki kwicisha bugufi bituma abandi batwiyegereza?

9 Uretse ko kwicisha bugufi binezereza Yehova, na twebwe biratugirira akamaro kanini. Kwicisha bugufi biratuma abandi batwiyegereza. Kugira ngo tubitahure, nitwishire mu kibanza c’abandi. (Mat. 7:12) Ni bake muri twebwe bashima kwifatanya n’abantu bama bumira ku vyiyumviro vyabo, ntibemere ivy’abandi. Yamara rero, iyo twifatanije n’abo dusangiye ukwizera bafise ‘impuhwe, biyumvamwo abavukanyi, bafise ikibabarwe kandi bicisha bugufi,’ turumva turuhuriwe. (1 Pet. 3:8) Nimba dushima kwifatanya n’abantu nk’abo, birashoboka ko na bo nyene bazoshima kwifatanya natwe igihe cose tuzoba twicisha bugufi.

10. Ni mu buryo ki ukwicisha bugufi vyorosha ubuzima?

10 Vyongeye, kwicisha bugufi birorosha ubuzima. Tuvugishije ukuri, mu buzima twoshobora kubona ibintu bisa n’ibirimwo akarenganyo. Wa mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Narabonye abasuku ku mafarasi, mugabo abaganwa bakagendera hasi nk’abasuku.” (Umus. 10:7) Abantu bafise ububangukirwe budasanzwe usanga atari bo bama bavugangwa. Ariko abafise ububangukirwe buke, rimwe na rimwe baraterwa amashurwe. Naho ibintu vyifashe gutyo, Salomo yavuze ko vyoba vyiza umuntu yemeye uko ibintu biri mu buzima aho kurazwa ishinga n’ibitagenda neza. (Umus. 6:9) Nimba twicisha bugufi, bizotworohera kwemera ubuzima uko buri, aho kubona ko bukwiye kumera uko dushaka.

IBINTU BISHOBORA KUGEZA UKWICISHA BUGUFI KWACU

Mu gihe nk’iki, ni gute ukwicisha bugufi kwacu gushobora kugeragezwa? (Raba ingingo ya 11-12) *

11. Dukwiye kuvyakira gute igihe duhawe impanuro?

11 Buri musi, turaronka uturyo two kwerekana ko twicisha bugufi. Rimbura uburorero bumwebumwe. Igihe duhawe impanuro. Vyoba vyiza twibutse ko kugira ngo umuntu afate umwanya wo kudukebura, bishoboka ko tuba twakoze ikosa rikomeye kuruta uko twabiziga. Mu bihe nk’ivyo, twoshobora gusanga ikintu ca mbere dukoze ari ukutemera iyo mpanuro. Twoshobora gusuzugura uwayiduhaye canke uburyo yayiduhaye. Mugabo nimba twicisha bugufi, tuzokwemera gukeburwa.

12. Twisunze Imigani 27:5, 6, kubera iki dukwiye gushimira uwuduhaye impanuro? Tanga akarorero.

12 Umuntu yicisha bugufi arashima iyo ahawe impanuro. Tubitangire akarorero: Dufate ko uri kw’ikoraniro, maze ukaba uhejeje kuganira n’abo musangiye ukwizera batari bake. Umwe muri bo aciye akwihereranya akakubwira ko hari udufungurwa twagufashe ku menyo. Birumvikana ko uca wumva umaramaye. Ariko none ntiwomushimira kubona abikumenyesheje? Nta nkeka ko wokwicuza kubona ata wabikubwiye hakiri kare. Na twebwe rero, tubigiranye ukwicisha bugufi turakwiye gushimira umuvukanyi yagize umutima rugabo wo kuduha impanuro igihe twari tuyikeneye. Dukwiye kumubona nk’umugenzi, aho kumubona nk’umwansi.​—Soma Imigani 27:5, 6; Gal. 4:16.

Kubera iki dukeneye kwicisha bugufi igihe abandi batewe uduteka? (Raba ingingo ya 13-14) *

13. Twokwerekana gute ko twicisha bugufi igihe abandi batewe uduteka?

13 Igihe abandi batewe uduteka. Umukurambere yitwa Jason avuga ati: “Igihe abandi batewe uduteka, birashika nkibaza igituma atari jewe ndadutewe.” Vyoba biragushikira nawe? Mu bisanzwe, kwipfuza ‘gushikira’ uduteka twiyongereye si bibi. (1 Tim. 3:1) Ariko rero, turakwiye gucungera ivyiyumviro vyacu. Tutabaye maso, twoshobora kugira ubwibone mu mutima. Nk’akarorero, umuvukanyi yotangura kwiyumvira ko ari we ashoboye gukora neza igikorwa kanaka kuruta abandi. Canke mushiki wacu yokwibwira ati: ‘Umugabo wanje ni we abishoboye kuruta naka na naka.’ Mugabo nimba twicisha bugufi vy’ukuri, tuzokwirinda agatima nk’ako k’ubwibone.

14. Ni icigwa ikihe dukura ku kuntu Musa yavyakiriye igihe abandi baterwa uduteka?

14 Turashobora gukura icigwa ku kuntu Musa yavyakiriye igihe abandi baterwa uduteka. Yarakunda cane ibanga yari ajejwe ryo kuyobora ihanga rya Isirayeli. None igihe Yehova yahitamwo abandi ngo bafashe Musa ico gikorwa, yavyakiriye gute? Ntiyaciye agira ishari. (Guh. 11:24-29) Musa abigiranye ukwicisha bugufi, yaremeye ko abandi bamufasha ibikorwa bimwebimwe bijanye no gucira imanza abantu. (Kuv. 18:13-24) Ivyo vyatuma igikorwa co gucira imanza Abisirayeli kinyaruka. Musa rero yashize imbere ineza y’abandi aho gushira imbere amabanga yari afise. Ese ukuntu yatubereye akarorero keza! Ivyo biratwibutsa ko ico Yehova araba kugira ngo adukoreshe, ari ukwicisha bugufi aho kuraba ububangukirwe dufise. Naho “Yehova ari hejuru, . . . arabona uwuciye bugufi.”​—Zab. 138:6.

15. Abavukanyi batari bake bashikiwe n’amahinduka ayahe?

15 Igihe dushikiwe n’amahinduka. Muri iyi myaka iheze, abavukanyi na bashiki bacu bamaze imyaka myinshi bakorera Yehova barashikiwe n’amahinduka mu gikorwa barangura. Nk’akarorero, mu 2014 igikorwa c’abacungezi b’intara n’abakenyezi babo carahagaze, maze bashingwa uwundi murimo w’igihe cose. Kuva muri uwo mwaka nyene, iyo umucungezi w’umuzunguruko ashikanye imyaka 70 y’amavuko aca ahagarika iryo banga. Umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere na we iyo ashikanye imyaka 80, aca ahagarika iryo banga. Uretse ivyo, mu myaka nk’ingahe iheze Abanyabeteli benshi bararungitswe gukorera mu ndimiro. Abandi na bo, barahagaritse umurimo udasanzwe w’igihe cose kubera ingorane z’amagara, amabanga yo mu muryango canke izindi mvo.

16. Abavukanyi na bashiki bacu berekanye gute ko bicisha bugufi igihe umurimo wabo wahinduka?

16 Abo bavukanyi na bashiki bacu ntivyaboroheye kumenyera ayo mahinduka. Bigaragara ko bari basanzwe bikundira umurimo barangura, uwo benshi muri bo bari bamazemwo imyaka itari mike. Hari abababaye kubona batashoboye kubandanya umurimo biyumvamwo cane. Ariko mu nyuma baramenyereye. None babishobojwe n’iki? Ahanini ni uko bakunda Yehova. Bari bazi ko biyeguriye Imana, batiyeguriye igikorwa canke agateka kanaka. (Kol. 3:23) Barahimbarwa no kubandanya bakorera Yehova bicishije bugufi aho bari hose. ‘Baraterera amaganya yabo yose kuri we, kuko bazi ko abababara.’​—1 Pet. 5:6, 7.

17. Kubera iki dukenguruka kubona Ijambo ry’Imana rituremesha kwicisha bugufi?

17 Ntidukenguruka none kubona Ijambo ry’Imana rituremesha kwicisha bugufi? Iyo tugaragaje iyo kamere nziza igitangaza, biratugirira akamaro bikakagirira n’abandi. Biratuma tuvyifatamwo neza mu ngorane zidushikira mu buzima. N’ikiruta vyose, biratuma twiyegereza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Ese ukuntu bidukora ku mutima kumenya ko naho Yehova “akirurutse kandi ari hejuru,” akunda abasavyi biwe bicisha bugufi kandi akabaha agaciro!​—Yes. 57:15.

URURIRIMBO RWA 45 Ivyo umutima wanje uzirikana

^ ing. 5 Imwe muri kamere zihambaye cane dukeneye kugaragaza ni ukwicisha bugufi. None ukwicisha bugufi ni iki? Kubera iki dukwiye kwicisha bugufi? Ibintu bidushikira mu buzima bishobora gute kugeza ukwicisha bugufi kwacu? Iki kiganiro kiraduha inyishu z’ivyo bibazo bihambaye.

^ ing. 7 Raba ikiganiro kivuga ngo “Yehova yarangiriye neza,” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Rusama 1985.

^ ing. 53 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Intumwa Paulo ari ku muhana w’umuvukanyi maze akifatanya n’abandi yicishije bugufi, ushizemwo n’abakiri bato.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi arakiriza yompi impanuro ishingiye kuri Bibiliya ahawe n’umuvukanyi akiri muto.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi yitereye mu myaka ntagirira ishari umuvukanyi akiri muto afise amabanga mw’ishengero.