Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 37

“Ntureke ukuboko kwawe ngo kuruhuke”

“Ntureke ukuboko kwawe ngo kuruhuke”

“Mu gitondo, biba imbuto yawe, kandi gushika ku mugoroba ntureke ukuboko kwawe ngo kuruhuke.”​—UMUS. 11:6.

URURIRIMBO RWA 68 Tubibe imbuto z’Ubwami

INCAMAKE *

1-2. Mu Musiguzi 11:6, herekeza gute ku gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami?

MU BIHUGU bimwebimwe, iyo abantu bumvise inkuru nziza bayakirana igishika. Usanga ari ico nyene baba bakeneye! Mu bindi bihugu na ho, usanga batitaho ivy’Imana canke Bibiliya. Aho iwanyu ho bite? Uko bavyakira kwose, Yehova yiteze ko tubandanya igikorwa co kwamamaza gushika avuze ko kirangiye.

2 Igihe Yehova yashinze nicagera, igikorwa co kwamamaza kizorangira, ‘maze iherezo rice riza.’ (Mat. 24:14, 36) None mu kurindira, twoshira mu ngiro gute aya majambo agira ati: “Ntureke ukuboko kwawe ngo kuruhuke”? *​—Soma Umusiguzi 11:6.

3. Turimbura iki muri iki kiganiro?

3 Ikiganiro giheruka caraciye irya n’ino ibintu bine dukwiye gukora kugira ngo tube “abarovyi b’abantu” babishoboye. (Mat. 4:19) Iki kiganiro, kiza guca irya n’ino uburyo butatu bwodufasha gukomeza umwiyemezo dufise wo kwamamaza naho ibintu vyoba vyifashe gute. Turaza kubona igituma bihambaye ko (1) tuguma twituniye ku gikorwa, (2) twihangana, (3) kandi tukaguma dukomeza ukwizera kwacu.

NUGUME WITUNIYE KU GIKORWA

4. Kubera iki dukwiye kuguma twituniye ku gikorwa Yehova yadushinze?

4 Yezu yaravuze ibintu vyoranze ko turi mu misi y’iherezo kandi vyogerageje gutuma abigishwa biwe batitunira ku gikorwa co kwamamaza. Yakebuye abigishwa biwe ati: “Mugume muri maso.” (Mat. 24:42) Muri iki gihe, hariho ibintu bisamaza bimeze nka bimwe vyabuza abantu bo mu gihe ca Nowa kwitaho imburi Nowa yatanga. (Mat. 24:37-39; 2 Pet. 2:5) Ku bw’ivyo rero, twipfuza kuguma twituniye ku gikorwa Yehova yadushinze.

5. Mu Vyakozwe 1:6-8, herekana ko igikorwa co kwamamaza cokozwe gushika hehe?

5 Muri iki gihe, turakeneye kwitwararika cane igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Yezu yaravuze ko ico gikorwa coshitse kure cane kandi kigakorwa igihe kirekire cane inyuma y’urupfu rwiwe. (Yoh. 14:12) Yezu amaze gupfa, bamwe mu bigishwa biwe barisubiriye kuroba. Amaze kuzuka na ho, yaratumye bamwe mu bigishwa biwe bafata amafi ku gitangaro. Afatiye kuri ico kintu, yarasubiriye kwereka abigishwa biwe ko kuba abarovyi b’abantu vyari bihambaye kuruta gukora ikindi gikorwa cose. (Yoh. 21:15-17) Gatoyi imbere y’uko aduga mw’ijuru, yarabwiye abigishwa biwe yuko igikorwa co kwamamaza yatanguje, cojabutse imbibe za Isirayeli kigashika kure cane. (Soma Ivyakozwe 1:6-8.) Haciye imyaka itari mike, Yezu yareretse intumwa Yohani ivyobaye mu kiringo c’“umusi w’Umukama.” * Mu vyo Yohani yeretswe, harimwo iki kintu giteye ubwoba: Yabonye “inkuru nziza y’ibihe bidahera” iriko iramamazwa “kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose,” ico gikorwa kikaba cari kiyobowe n’abamarayika. (Ivyah. 1:10; 14:6) Ivyo birerekana rero ko ico Yehova yipfuza muri iki gihe, ari uko tugira uruhara muri ico gikorwa gihambaye gushika kirangiye.

6. Ni igiki cotuma tuguma twituniye ku gikorwa co kwamamaza inkuru nziza?

6 Kuzirikana ku vyo Yehova ariko arakora kugira ngo adufashe, biratuma tuguma twituniye ku gikorwa co kwamamaza. Nk’akarorero, ariko araturonsa umukimba w’ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu biciye ku bitabu vyo mu mpapuro n’ivyo mu buhinga bwa none, ivyafashwe amajwi be n’amavidewo, no ku biganiro bica kuri ya televiziyo ya JW. Iyumvire nawe: Amakuru aboneka ku rubuga rwacu ari mu ndimi zirenga 1.000! (Mat. 24:45-47) Mu gihe iyi si yiciyemwo imice mu vya politike, mu vy’idini no mu vy’ubutunzi, abasavyi b’Imana barenga imiliyoni umunani bobo bagize umuryango ukwiye kw’isi yose wunze ubumwe vy’ukuri. Nk’akarorero, ku wa gatanu itariki 19 Ndamukiza 2019, Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose barifatanije mu kurimbura icanditswe c’umusi biciye kuri videwo. Kuri uwo musi ku mugoroba, isinzi ry’abantu 20.919.041 barakoraniye mu bibanza bitandukanye kugira ngo bahimbaze Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Iyo tuzirikanye ku gateka dufise ko kwibonera ivyo bintu bitangaje no kubigiramwo uruhara, biratuvyurira umutima wo kuguma twituniye ku gikorwa co kwamamaza Ubwami.

Yezu ntiyemeye ko hagira ikimubuza gushingira intahe ukuri (Raba ingingo ya 7)

7. Akarorero ka Yezu kadufasha gute kuguma twituniye ku gikorwa?

7 Ikindi kintu codufasha kuguma twituniye ku gikorwa co kwamamaza ni ukwigana akarorero ka Yezu. Ntiyaretse ngo hagire ikintu na kimwe kimubuza gushingira intahe ukuri. (Yoh. 18:37) Ntiyemeye inyosha mbi ya Shetani igihe yamuryosharyosha ngo amuhe “ubwami bwose bw’isi be n’ubwiza bwabwo.” Eka kandi n’igihe abantu bipfuza kumugira umwami yaravyanse. (Mat. 4:8, 9; Yoh. 6:15) Ntiyatwarwa n’agatima ko kurondera amatungo canke ngo aterwe ubwoba n’uruhamo rukaze. (Luka 9:58; Yoh. 8:59) Igihe duhanganye n’ibigerageza ukwizera kwacu, kwibuka impanuro intumwa Paulo yatanze, birashobora gutuma tuguma twituniye ku gikorwa. Yaremesheje abakirisu bagenziwe kwigana akarorero ka Yezu ‘kugira ntibaruhe ngo badendebukirwe.’​—Heb. 12:3.

NIWIHANGANE

8. Ukwihangana ni iki, kandi kubera iki gukenewe canecane muri iki gihe?

8 Ukwihangana ni ubushobozi bwo kurindira utekanye ko ibintu bihinduka. Turakeneye kwihangana twaba turindiranye igishika ko ikintu kibi turiko turacamwo kirangira, canke ko ikintu tumaze igihe kirekire twiteze kiranguka. Umuhanuzi Habakuki yari ashashaye kubona ububisha bwarangwa muri Yuda burangira. (Hab. 1:2) Abigishwa ba Yezu bari biteze ko Ubwami “bwagira bwibonekeze ako kanya nyene” maze bukabakura mu gahahazo k’Abaroma. (Luka 19:11) Turashashaye cane kubona igihe Ubwami bw’Imana buzokuraho ubukozi bw’ikibi maze hagaca haza isi nshasha irimwo ubugororotsi. (2 Pet. 3:13) Ariko rero, dutegerezwa kwihangana tukarindira igihe Yehova yashinze. Rimbura uburyo bumwebumwe Yehova atwigisha kwihangana.

9. Ni uburorero ubuhe bwerekana ko Yehova yihangana?

9 Yehova ni we Karorero ntangere mu bijanye no kwihangana. Yarahaye Nowa umwanya uhagije wo kwubaka ubwato, no kuba “umwamamaji w’ubugororotsi.” (2 Pet. 2:5; 1 Pet. 3:20) Yehova yarumvirije Aburahamu ku bibazo yagumye amubaza ku ngingo yari yafashe yo guhonya Sodomu na Gomora, ibisagara vyarangwamwo ububisha. (Ita. 18:20-33) Mu binjana n’ibindi, Yehova kandi yarihanganiye bimwe bidasanzwe ihanga rya Isirayeli ryari ryahemutse. (Neh. 9:30, 31) No muri iki gihe, turabona ingene Yehova yihangana kuko aha umwanya abantu bose bipfuza kumwiyegereza kugira ngo ‘bashike ku kwigaya.’ (2 Pet. 3:9; Yoh. 6:44; 1 Tim. 2:3, 4) Ako karorero Yehova aduha, karatuma tubandanya twihangana mu gikorwa turangura co kwamamaza no kwigisha. N’ikindi kandi, aratwigisha kwihangana biciye ku kigereranyo kimwe dusanga mw’Ijambo ryiwe.

Cokimwe n’umurimyi akora agatama mugabo yihangana, turarindira ico akigoro kacu kavamwo (Raba ingingo ya 10-11)

10. Twisunze Yakobo 5:7, 8, akarorero k’umurimyi katwigisha iki?

10 Soma Yakobo 5:7, 8Ako karorero k’umurimyi karatwigisha ingene twokwihangana. Ego ni ko ibiterwa bimwebimwe biranyaruka gukura. Ariko rero ibiterwa vyinshi, na canecane ibitanga ibifungurwa, birafata igihe kirekire kugira ngo vyere. Muri Isirayeli, ibiterwa vyamara nk’amezi atandatu kugira ngo vyere. Umurimyi yatera imbuto imvura itasuye, hanyuma akimbura mu mpeshi. (Mrk. 4:28) Vyoba vyiza natwe twiganye ukwihanga kw’umurimyi. Ariko rero ntivyama vyoroshe.

11. Kwihangana kuzodufasha gute mu gikorwa co mu ndimiro?

11 Abantu b’abanyagasembwa usanga bipfuza kuronka ubwo nyene ivyo babiriye akuya. Ariko rero nimba twipfuza ko umurima wacu wimbuka, dutegerezwa kwama tuwitwararika mu kuwurima, kuwutera, kuwubagara no mu kuwuvomera. Igikorwa co guhindura abantu abigishwa na co nyene gisaba kwamizako. Bifata igihe kugira ngo dufashe abo twigisha Bibiliya kurandurana n’imizi agatima ko kwinubana, be n’ukudaha agaciro ukuri. Kwihangana bizodufasha kudacika intege nibatavyakira neza. N’igihe mbere hari abavyakiriye neza, dutegerezwa kuguma twihanganye. Ntidushobora guhata uwo twigisha Bibiliya ngo agire ukwizera gukomeye. Mbere n’abigishwa ba Yezu, rimwe na rimwe ntibashoka batahura ivyo Yezu yaba ahejeje kubigisha. (Yoh. 14:9) Nimuze twame twibuka ko dushobora gutera no kuvomera, ariko ko Imana ari yo ikuza.​—1 Kor. 3:6.

12. Twokwerekana gute ko twihangana igihe tubwira inkuru nziza incuti zacu tudasangiye ukwizera?

12 Igihe dushobora gusanga vyatugoye kwihangana ni igihe tubwira inkuru nziza incuti zacu tudasangiye ukwizera. Impanuro dusanga mu Musiguzi 3:1, 7 irashobora kudufasha. Havuga yuko hari “igihe co kunuma n’igihe co kuvuga.” Turakwiye gutuma inyifato yacu nziza ishinga intahe ata co tuvuze, ariko kandi tukama twiteguriye kubabwira inkuru nziza igihe cose akaryo kabonetse. (1 Pet. 3:1, 2) Igihe twamamaza tukongera tukigisha tubigiranye umwete, turihanganira abantu bose ushizemwo abo mu miryango yacu.

13-14. Ni uburorero bumwebumwe ubuhe twokwigana bw’abantu bagaragaje ukwihangana?

13 Ku bijanye n’ukwihangana, turashobora kandi kugira ico twigiye ku bantu b’intahemuka bavugwa muri Bibiliya, be n’abo mu gihe ca none. Naho Habakuki yari ashashaye kubona ubukozi bw’ikibi burangira, yavuganye ukujijuka ati: “Nzoguma mpagaze ku kirindiro canje.” (Hab. 2:1) Intumwa Paulo na we nyene yarerekanye icipfuzo kivuye ku mutima yari afise co “kurangiza” igikorwa ciwe. Naho ari ukwo, yarabandanije “gushingira intahe inogangije inkuru nziza” abigiranye ukwihangana.​—Ivyak. 20:24.

14 Rimbura akarorero k’umugabo n’umugore basohotse Ishure rya Gileyadi maze bakarungikwa mu gihugu ciganziwe n’idini ritari iry’abakirisu, hakaba harangwayo Ivyabona vya Yehova bakeya. Abantu benshi baho ntibemera kwiga Bibiliya. Ariko abo biganye barungitswe gukorera mu bindi bihugu, baguma babarungikira amakuru ababwira yuko bayobora inyigisho za Bibiliya nyinshi kandi zitera imbere. Naho iterambere ry’aho hantu ryikwega, uwo mugore n’umugabo barabandanije igikorwa bihanganye. Inyuma y’imyaka umunani bakorera muri ako karere vyasa n’uko katimbuka, barahimbawe no kubona umwe mu bo bigisha Bibiliya abatizwa. None ubwo burorero bwa kera be n’ubw’ubu buhuriye kuki? Abo bizigirwa bose ntibabaye ibinebwe canke ngo bareke ukuboko kwabo ngo kuruhuke. Kandi Yehova yarahezagiye ukwihangana kwabo. Nimuze natwe twigane abo bantu “batorana ya mihango biciye ku kwizera n’ukwihangana.”​—Heb. 6:10-12.

NUGUMANE UKWIZERA GUKOMEYE

15. Ni ikintu ikihe gituma ukwizera kwacu gukomeza umwiyemezo dufise wo kwamamaza?

15 Turizera ubutumwa twamamaza, akaba ari co gituma tugira umwete wo kububwira abantu benshi bashoboka. Turizigira ivyo Imana yasezeranye mw’Ijambo ryayo. (Zab. 119:42; Yes. 40:8) Twariboneye iranguka ry’ubuhanuzi muri iki gihe. Twariboneye ingene abantu bahinduka bakamera neza iyo batanguye gushira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya. Ivyo bimenyamenya vyose biratuma turushiriza kujijuka yuko inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, ari ubutumwa abantu bose bakeneye kwumva.

16. Twisunze Zaburi 46:1-3, kwizera Yehova na Yezu bikomeza gute umwiyemezo dufise wo kwamamaza?

16 Turizera kandi Yehova we Sôko ry’ubutumwa twamamaza, tukizera na Yezu uwo yimitse kugira ngo abe Umwami w’Ubwami bwiwe. (Yoh. 14:1) Naho twoshikirwa n’iki, Yehova azokwama ari ubuhungiro bwacu n’inkomezi zacu. (Soma Zaburi 46:1-3.) N’ikindi kandi, turemera yuko Yezu ariko arayobora igikorwa co kwamamaza ari mw’ijuru, akoresheje ububasha Yehova yamuhaye.​—Mat. 28:18-20.

17. Tanga akarorero kerekana igituma dukwiye kuguma twamamaza.

17 Ukwizera kuratuma twizigira ko Yehova ahezagira utwigoro twacu, rimwe na rimwe mu buryo tutaba tuvyiteze. (Umus. 11:6) Nk’akarorero, buri musi abantu ibihumbi n’ibihumbi baraca iruhande y’aho tuba turiko turamamariza ku mugaragaro. None ubwo buryo bwo kwamamaza bwoba buvamwo ivyiza? Cane nyene. Igikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2014, caravuze ibijanye n’umunyeshure umwe wo kuri kaminuza yipfuje kwandika ikiganiro ku Vyabona vya Yehova. Naho bitakunze ko abona ahari Ingoro y’Ubwami, yarabonye abavukanyi bariko baramamaza ku mugaragaro kw’ishure iwabo, kandi yararonse n’amakuru yoshira mu kiganiro ciwe. Mu nyuma yarabatijwe araba Icabona ca Yehova, ubu akaba ari umutsimvyi asanzwe. Amakuru nk’ayo aratuvyurira umutima wo kuguma twamamaza, kuko yerekana ko hariho abantu bagikeneye kwumva inkuru nziza y’Ubwami.

NIWIYEMEZE KUTAREKA UKUBOKO KWAWE NGO KURUHUKE

18. Twemezwa n’iki ko igikorwa co kwamamaza kizorangira ku gihe Yehova ashaka?

18 Turizigira ko igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami kizohagarara igihe cashingiwe kigeze. Rimbura ivyabaye mu gihe ca Nowa. Yehova yarerekanye ko ari Ruheta mu kwubahiriza umwanya. Yehova yashinze umusi Umwuzure wotanguriyeko hagisigaye imyaka nka 120. Haciye imyaka mirongo, Yehova yaciye ashinga Nowa igikorwa co kwubaka ubwato. Nowa yamaze kumbure imyaka 40 canke 50 aguma akora ico gikorwa kitoroshe imbere y’uko Umwuzure utangura. Naho abantu batamwumviriza, yagumye ababurira gushika Yehova avuze ko hageze kwinjiza ibikoko mu bwato. Igihe cashinzwe rero kigeze, ‘Yehova yaciye yugara umuryango.’​—Ita. 6:3; 7:1, 2, 16.

19. Ni igiki twokwitega nimba tutareka ukuboko kwacu ngo kuruhuke?

19 Vuba Yehova agiye kuzohagarika igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Iyi si ya Shetani agiye ‘kuyugarirako umuryango,’ ace azana isi nshasha igororotse. Mu kurindira ico gihe, nimuze twigane Nowa, Habakuki, n’abandi bataretse ukuboko kwabo ngo kuruhuke. Nimuze tugume twituniye ku gikorwa, twihangane, kandi tugume turushiriza kwizera Yehova n’ivyo yasezeranye.

URURIRIMBO RWA 75 “Ndi hano! Ntuma!”

^ ing. 5 Ikiganiro giheruka, cararemesheje abatohoji ba Bibiliya bateye imbere kwitabira akamo Yezu adutera ko kuba abarovyi b’abantu. Iki kiganiro kiraca irya n’ino uburyo butatu bwofasha abamamaji bose, baba bashasha canke abamaze igihe, gukomeza umwiyemezo wabo wo kubandanya igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami gushika Yehova avuze ko kirangiye.

^ ing. 2 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Muri iki kiganiro, imvugo ngo “ntureke ukuboko kwawe ngo kuruhuke” isigura ko dukwiye kwiyemeza kuguma dukora igikorwa co kwamamaza inkuru nziza gushika Yehova avuze ko kirangiye.

^ ing. 5 “Umusi w’Umukama” watanguye igihe Yezu yimikwa mu 1914 ukaba uzobandanya gushika ku mpera y’Ingoma yiwe y’imyaka igihumbi.