Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 38

Nukorane ubukerebutsi mu gihe c’amahoro

Nukorane ubukerebutsi mu gihe c’amahoro

“Igihugu [ntica]gira ikigihungabanya; ntihaba intambara yo kumurwanya muri iyo myaka, kuko Yehova yamuhaye akaruhuko.”​—2 NGO. 14:6.

URURIRIMBO RWA 60 Boshobora kurokoka

INCAMAKE *

1. Ni ryari wosanga bigoye gukorera Yehova?

WIBAZA ko ari ryari bigoye cane gukorera Yehova? Coba ari igihe umuntu ari mu bihe bitoroshe, canke ni igihe bisa n’uko ata kiriko kiramuhungabanya? Igihe turi mu ngorane biroroha cane ko twiheka kuri Yehova. Ariko none tuvyifatamwo gute igihe twumva ko dutekaniwe? Twoba tudasubira kubona ko gukorera Imana bihambaye? Ico nyene ni co Yehova yaburiye Abisirayeli ko bobayeko maso.​—Gus. 6:10-12.

Umwami Asa yararwanije ugusenga kw’ikinyoma yivuye inyuma (Raba ingingo ya 2) *

2. Umwami asa yatanze akarorero akahe?

2 Umwami Asa ni akarorero kadasanzwe k’umuntu yakoranye ubukerebutsi mu kwiheka kuri Yehova aherejeko. Ntiyakoreye Yehova mu gihe kigoye gusa, ariko yaramukoreye no mu gihe c’amahoro. Kuva mu ntango, “umutima wa Asa [wari] uwukwiye kuri Yehova.” (1 Abm. 15:14) Kimwe mu vyerekanye ko Asa yari yihebeye Yehova, ni uko yazimanganije ugusenga kw’ikinyoma muri Yuda. Bibiliya igira iti: “Araheza akuraho ibicaniro vy’ibinyamahanga n’ibibanza bikirurutse, amenagura inkingi nyeranda yongera yicira ibikingi vyeranda.” (2 Ngo. 14:3, 5) Mbere yarakuye na inakuru wiwe Mayaka mu kibanza co kuba umugore w’iteka muri ubwo bwami. Kubera iki? Kubera ko yaremesheje abantu gusenga ikigirwamana.​—1 Abm. 15:11-13.

3. Tuza kurimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 Uretse ko Asa yakuyeho ugusenga kw’ikinyoma, yarakoze n’ibindi. Yarasubijeho ugusenga gutyoroye, arafasha abantu bo mu bwami bwa Yuda kugaruka kuri Yehova. Yehova yararonkeje Asa be n’Abisirayeli igihe c’amahoro. * Ku ngoma ya Asa, ‘igihugu caramaze imyaka cumi kitagira ikigihungabanya.’ (2 Ngo. 14:1, 4, 6) Muri iki kiganiro, turaza kwihweza ingene Asa yakoresheje ico gihe c’amahoro. Ubukurikira, turarimbura ingene abakirisu bo mu kinjana ca mbere bakoresheje neza igihe c’amahoro nka Asa. Ubwa nyuma turaza kwishura iki kibazo: Nimba uba mu gihugu gitanga umwidegemvyo wo gusenga, wokoresha neza gute ico kiringo c’amahoro?

INGENE ASA YAKORESHEJE IGIHE C’AMAHORO

4. Twisunze 2 Ngoma 14:2, 6, 7, Asa yakoresheje gute igihe c’amahoro?

4 Soma 2 Ngoma 14:2, 6, 7Asa yabwiye abantu ko Yehova ari we yari “[yaba]haye akaruhuko impande zose.” Asa ntiyabona ko ico kiringo c’amahoro cari igihe co kwiraramira. Ahubwo riho, yaciye atangura kwubaka ibisagara, impome, iminara n’amarembo. Yabwiye abantu bo muri Yuda ati: “Igihugu kiracari icacu.” None aho yashaka kuvuga iki? Yashaka kuvuga ko abantu bashobora kwidegemvya muri ico gihugu Imana yari yabahaye, bakongera bakubaka ata bansi babarwanya. Yahimirije abantu gukoresha neza ico gihe c’amahoro.

5. Kubera iki Asa yakomeje igisirikare ciwe?

5 Asa yarakoresheje kandi ico gihe c’amahoro mu gukomeza igisirikare ciwe. (2 Ngo. 14:8) None vyoba bisobanura ko atizigira Yehova? Habe namba. Ariko rero kubera ko Asa yari umwami, yari azi ko afise ibanga ryo gutegura abantu biwe ku bw’ivyago vyoshitse muri kazoza. Asa yari azi ko ico gihe c’amahoro Ubuyuda bwarimwo kitokwamyeho igihe cose. Kandi ni ko vyagenze.

INGENE ABAKIRISU BO MU KINJANA CA MBERE BAKORESHEJE IGIHE C’AMAHORO

6. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bakoresheje gute igihe c’amahoro?

6 Naho abakirisu bo mu kinjana ca mbere akenshi bahamwa, baranaronka ibiringo vy’amahoro. None abo bigishwa bakoresha gute ivyo biringo? Abo bagabo n’abagore b’intahemuka baca bamamaza inkuru nziza badahengeshanya. Ibivugwa mu Vyakozwe vyerekana ko “[ba]gendera mu gutinya Yehova.” Bagumye bamamaza inkuru nziza, ivyo bikaba vyatumye ‘baguma bagwira.’ Biragaragara rero ko Yehova yahezagira igikorwa cabo co kwamamaza bakorana umwete mu bihe vy’amahoro.​—Ivyak. 9:26-31.

7-8. Paulo be n’abandi bakirisu bakoze iki igihe baronka akaryo? Sigura.

7 Abigishwa bo mu kinjana ca mbere ntibagisha akaryo na kamwe ko gukwiragiza inkuru nziza. Rimbura aka karorero: Igihe intumwa Paulo yari i Efeso, maze akamenya ko yari yugururiwe umuryango munini uja ku gikorwa, yaciye akoresha ako karyo kugira yamamaze yongere ahindure abantu abigishwa muri ico gisagara.​—1 Kor. 16:8, 9.

8 Paulo be n’abandi bakirisu bararonse akandi karyo igihe ca kibazo co kugenyerwa catorerwa umuti mu 49. (Ivyak. 15:23-29) Amashengero amaze kumenyeshwa ingingo yari yafashwe, abigishwa baciye bakora bivuye inyuma mu kumenyesha “inkuru nziza y’ijambo rya Yehova.” (Ivyak. 15:30-35) None havuyemwo iki? Bibiliya ivuga iti: “Amashengero abandanya gukomezwa mu kwizera no kwongerekana mu gitigiri ku musi ku musi.”​—Ivyak. 16:4, 5.

INGENE DUKORESHA IBIHE VY’AMAHORO MURI IKI GIHE

9. Ibintu vyifashe gute mu bihugu vyinshi muri iki gihe, kandi ni igiki umwe wese yokwibaza?

9 Muri iki gihe, mu bihugu vyinshi turamamaza ata nkomanzi. Woba uba mu gihugu gitanga umwidegemvyo wo gusenga? Nimba ari ukwo biri niwibaze uti: ‘Ndiko nkoresha gute uwo mwidegemvyo?’ Muri iyi misi ya nyuma ihimbaye, ishirahamwe rya Yehova ryaratunganije isekeza rikomeye ryo kwamamaza no kwigisha, ritari bwigere rigirwa kw’isi. (Mrk 13:10) Abasavyi ba Yehova barafise ibintu vyinshi vyo gukora muri ico gikorwa.

Abenshi barironkeye ivyiza mu kuja kwamamaza mu kindi gihugu canke mu kubwira inkuru nziza abavuga urundi rurimi (Raba ingingo ya 10-12) *

10. Muri 2 Timoteyo 4:2 haduhimiriza gukora iki?

10 None wokoresha neza gute igihe c’amahoro? (Soma 2 Timoteyo 4:2.) Ubona gute usuzumye uko ivyawe vyifashe ukaraba nimba wewe canke uwo mu muryango wawe mwoshobora kurushiriza kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza, kumbure ugakora ubutsimvyi? Ubu si igihe co kwirundaniriza amatungo n’ibintu vy’umubiri kubera ko tutazorokokana na vyo mu gihe c’amakuba akomeye.​—Imig. 11:4; Mat. 6:31-33; 1 Yoh. 2:15-17.

11. Ni ibiki bamwebamwe bakoze kugira babwire inkuru nziza abantu benshi bashoboka?

11 Abamamaji benshi barize urundi rurimi kugira barukoreshe mu kwamamaza no mu kwigisha. Ishirahamwe rya Yehova rirabashigikira mu kubaronsa ibikoresho bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi nyinshi cane. Nk’akarorero, mu 2010 ibitabu vyacu vyaboneka mu ndimi nka 500. Muri iki gihe, ico gitigiri caraduze gishika ku ndimi zirenga 1.000!

12. Abantu bungukira gute ku kwumva ubutumwa bw’Ubwami mu rurimi rwabo kavukire? Tanga akarorero.

12 Iyo abantu bumvise ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana mu rurimi rwabo kavukire bavyakira gute? Rimbura akarorero ka mushiki wacu umwe yungukiye kw’ihwaniro ry’akarere ryabereye i Memphis i Tennessee, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Iryo hwaniro ryabaye mu Kinyarwanda, ururimi ruvugwa ahanini mu Rwanda, muri Kongo (Kinshasa), no mu Buganda. Iryo hwaniro rirangiye, uwo mushiki wacu avuga ikinyarwanda yavuze ati: “Kuva nimukiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ubu hakaba haciye imyaka 17, ni bwo bwa mbere nshoboye gutahura neza inyigisho zashikirijwe kw’ihwaniro.” Biragaragara ko uwo mushiki wacu yaryohewe cane igihe yitaba ihwaniro mu rurimi rwiwe kavukire. Nimba uko ivyawe vyifashe vyogukundira, ubona wokwiga urundi rurimi kugira hagire abo ufasha mu karere iwanyu? Ubwo ntivyorushiriza kuba ibishimishije nimba mu cibare c’ishengero ryanyu harimwo aboroherwa no kuvuga urundi rurimi? Utwigoro ugira ntituzoba impfagusa.

13. Abavukanyi bacu bo mu Burusiya bakoresheje gute igihe c’amahoro?

13 Si mu bihugu vyose usanga abavukanyi bafise umwidegemvyo wo kwamamaza. Mu bihugu bimwebimwe intwaro zaraburabuje igikorwa cacu. Nk’akarorero, rimbura ivyashikiye abavukanyi bacu bo mu Burusiya. Inyuma y’imyaka mirongo bari mu ruhamo, bahavuye bemerwa n’amategeko muri Ntwarante mu 1991. Ico gihe mu Burusiya hari abamamaji b’Ubwami nka 16.000. Inyuma y’imyaka 20, igitigiri c’abamamaji caraduze kirarenga 160.000! Biragaragara ko abavukanyi bacu bakoresheje ubukerebutsi igihe bari bafise umwidegemvyo wo kwamamaza. Ariko rero ico gihe c’agahengwe nticabandanije. Naho ari ukwo, ayo mahinduka ntiyagabanije umwete wabo wo guteza imbere ugusenga kw’ukuri. Barabandanya gukorera Yehova bakoresheje uburyo bwose bushoboka.

IGIHE C’AMAHORO NTIKIZOKWAMAHO

Umwami Asa amaze gusenga abigiranye ubwira, Yehova yaratumye Yuda itsinda ingabo nyinshi (Raba ingingo ya 14-15)

14-15. Yehova yakoresheje gute ububasha bwiwe mu gufasha Asa?

14 Mu gihe ca Asa, igihe c’amahoro cahavuye kirangira. Baratewe n’ingabo zikomeye z’Abanyetiyopiya zangana n’umuliyoni. Uwari aziyoboye ari we Zera, yari yizigiye ko we n’ingabo ziwe botsinze Yuda. Ariko Umwami Asa wewe yari yizigiye Yehova Imana aho kwizigira igitigiri c’ingabo. Asa yasenze ati: “Dufashe, ewe Yehova Mana yacu, kuko ari wewe twishimikije, kandi mw’izina ryawe ni ho tuje kurwanya iri sinzi.”​—2 Ngo. 14:11.

15 Naho ingabo z’Abanyetiyopiya zaruta hafi incuro zibiri ingabo za Asa, Asa yari azi ko Yehova afise ubushobozi bwo gukiza abasavyi biwe. Kandi Yehova ntiyamumaramaje. Ingabo z’Abanyetiyopiya zaraneshejwe bimwe vy’akamaramaza.​—2 Ngo. 14:8-13.

16. Twemezwa n’iki yuko igihe c’amahoro kizorangira?

16 Naho tutazi ido n’ido ibizoshikira umwe wese ku giti ciwe, turazi ko igihe c’amahoro abasavyi b’Imana bafise kitazobandanya. Kanatsinda, Yezu yaravuze yuko mu misi ya nyuma abigishwa biwe ‘bokwanswe n’amahanga yose.’ (Mat. 24:9) Intumwa Paulo na we nyene yavuze ko “abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana bifatanije na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa.” 2 Tim. 3:12) Shetani afise “ishavu ryinshi,” kandi twoba twihenze hamwe twokwiyumvira yuko uburake bwiwe butazodushikako.​—Ivyah. 12:12.

17. Ni mu buryo ubuhe ukwizera kwacu kwogeragezwa?

17 Vuba twese tuzoshikirwa n’ibigerageza ukudahemuka kwacu. Isi igiye gushikirwa n’“amakuba akomeye atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu.” (Mat. 24:21) Muri ico gihe, abo mu miryango yacu boshobora kuzoturwanya, igikorwa cacu na co kigahagarikwa. (Mat. 10:35, 36) Woba none uzomera nka Asa, ukizigira ko Yehova azogufasha akongera akagukingira?

18. Twisunze Abaheburayo 10:38, 39, ni igiki codufasha kwitegurira igihe amahoro azoba yarangiye?

18 Yehova aramaze igihe adutegura mu buryo bw’impwemu ku bw’ibiraririye gushika. Ariko arakoresha wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” kugira ngo aturonse ‘ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ku gihe kibereye’ maze tugume dushikamye mu kwizera. (Mat. 24:45) Ariko rero, umwe wese ategerezwa kurangura uruhara rumwega kugira ngo arushirize kwizera Yehova.​—Soma Abaheburayo 10:38, 39.

19-20. Twisunze 1 Ngoma 28:9, ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza, kandi kubera iki dukwiye kuvyibaza?

19 Cokimwe n’Umwami Asa, turakwiye “kurondera Yehova.” (2 Ngo. 14:4; 15:1, 2) Ukwo kurondera Yehova tugutangura mu kwiga ibimwerekeye no mu kubatizwa. Turakora ibishoboka vyose kugira dukomeze urukundo dukunda Yehova. Mu kwisuzuma ko turiko turabigira twokwibaza duti: ‘Noba nama nitaba amakoraniro?’ Iyo twitavye amakoraniro ategurwa n’ishirahamwe rya Yehova, turaruhurirwa mu buryo bw’impwemu tukongera tukaremeshwa n’abavukanyi. (Mat. 11:28) Twoshobora kandi kwibaza duti: ‘Noba nama niyigisha?’ Nimba ubana n’umuryango wawe, mwoba mwama mufata umwanya wo kugira ugusenga kwo mu muryango buri ndwi? Nimba wibana na ho, woba na ho nyene ufata uwo mwanya nk’aho woba uba mu muryango? Vyongeye, woba ugira uruhara uko ushoboye kwose mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa?

20 Kubera iki dukwiye kwibaza ivyo bibazo? Bibiliya ivuga ko Yehova asuzuma ivyiyumviro vyacu be n’ibiri mu mitima yacu, akaba ari co gituma natwe dukwiye kwisuzuma. (Soma 1 Ngoma 28:9.) Dusanze hari ivyo dukeneye guhindura mu bijanye n’imigambi yacu, inyifato yacu, ivyiyumviro vyacu, dukwiye guca dusaba Yehova ngo adufashe kugira ayo mahinduka. Ubu ni co gihe co kwitegurira ibigeragezo biri imbere. Ntiwemere rero ko hagira ikintu na kimwe kikubuza gukoresha neza igihe c’amahoro!

URURIRIMBO RWA 62 Rwa ruririmbo rushasha

^ ing. 5 Woba uba mu gihugu aho ugusenga Yehova kutaburabuzwa? Nimba ari uko biri, uriko ukoresha gute ico kiringo c’amahoro? Iki kiganiro kiraza kugufasha kubona ingene wokwigana Umwami Asa wa Yuda be n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Barakoresheje neza umwanya mu gihe c’agahengwe.

^ ing. 3 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Ijambo “amahoro” ntiryerekeza gusa ku gihe ata ntambara iriho. Mu giheburayo iryo jambo ririmwo kandi iciyumviro co kugira amagara meza, ugutekanirwa no kumererwa neza.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umwami Asa yarakuye inakuru mu kibanza c’iteka kubera ko yashigikiye ugusenga kw’ikinyoma. Abantu b’abizigirwa bari bashigikiye Asa bariganye akarorero kiwe maze baramenagura ibigirwamana.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umugabo n’umugore b’abanyamwete bariko barorosha ubuzima kugira ngo baje gukorera ahakenewe abamamaji kuruta.