Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 40

“Rinda ico wabikijwe”

“Rinda ico wabikijwe”

“Ewe Timoteyo, rinda ico wabikijwe.”​—1 TIM. 6:20.

URURIRIMBO RWA 29 Tubeho duhuza n’izina ryacu

INCAMAKE *

1-2. Twisunze 1 Timoteyo 6:20, ni ibiki Timoteyo yari yarahawe?

AKENSHI turabitsa abandi ibintu vyacu vy’agaciro. Nk’akarorero, turashobora kubitsa amahera yacu muri banki. Iyo tubigize tuba twiteze ko amahera yacu atazogira ingorane, ngo atakare canke ngo bayibe. Ivyo rero biradufasha gutahura ico bisobanura kubitsa uwundi muntu ikintu tubona ko ari ic’agaciro.

2 Soma 1 Timoteyo 6:20. Intumwa Paulo yaribukije Timoteyo ko yari yarahawe ikintu c’agaciro, na co akaba ari ubumenyi butagira amakosa bwerekeye umugambi Imana ifitiye abantu. Timoteyo kandi yari yaratewe agateka ko ‘kwamamaza rya jambo’ no “[gukora] igikorwa c’umwamamaji w’injili.” (2 Tim. 4:2, 5) Paulo rero yahimirije Timoteyo ngo arinde ivyo yari yarabikijwe. Nk’ukwo kwa Timoteyo, natwe twarabikijwe ibintu vy’agaciro. None ivyo bintu ni ibiki? Vyongeye, kubera iki dukwiye kuzigama ivyo bintu vy’agaciro Yehova yatubikije?

TWARABIKIJWE UKURI KW’AGACIRO

3-4. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bituma ukuri kwo muri Bibiliya kuba ukw’agaciro?

3 Yehova yaraduteye agateka ko kuturonsa ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri kw’agaciro dusanga mw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Ukwo kuri ni ukw’agaciro kubera yuko kutwereka ingene twogiranira ubucuti bwiza na Yehova, kukanatwereka icotuma tugira agahimbare nyakuri mu buzima. Iyo twakiriye ukwo kuri kandi tukabaho tukwisunga, turava mu buja bw’inyigisho z’ikinyoma be n’ingeso z’ubuhumbu.​—1 Kor. 6:9-11.

4 Ikindi gituma ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana kuba ukw’agaciro ni uko Yehova aguhishurira gusa abantu bicisha bugufi kandi bafise “agatima kabereye.” (Ivyak. 13:48) Abantu nk’abo usanga bemera umuhora Yehova akoresha mu guhishura ukuri muri iki gihe. (Mat. 11:25; 24:45) Nta muntu ashobora kwiyigisha ukwo kuri ari wenyene, kandi nta kindi kintu kinganya agaciro n’ukwo kuri.​—Imig. 3:13, 15.

5. Ni ikindi kintu ikihe Yehova yatujeje?

5 Yehova kandi yaratujeje ibanga ryo kwigisha abandi ukuri ku bimwerekeye be n’imigambi yiwe. (Mat. 24:14) Ubutumwa twamamaza ni ubw’agaciro kubera yuko bufasha abantu kuba mu bagize umuryango wa Yehova, bukabaha n’akaryo ko kuzoronka ubuzima budahera. (1 Tim. 4:16) Twaba tugira uruhara runiniya canke rutoyi muri ico gikorwa, tuba turiko turashigikira igikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose kiriko kirakorwa muri iki gihe. (1 Tim. 2:3, 4) Ese ukuntu ari agateka kubona turi abakozi bakorana n’Imana!​—1 Kor. 3:9.

NUGUMYE ICO WABIKIJWE

Timoteyo yategerezwa kuguma ashikamye mu kuri igihe abandi baguta (Raba ingingo ya 6)

6. Ni igiki cashikiye abantu bamwebamwe batabaye maso?

6 Abantu bamwebamwe bo mu gihe ca Timoteyo barananiwe guha agaciro agateka bari baratewe ko kuba abakozi bakorana n’Imana. Nk’akarorero, Dema yarahevye agateka yari yaratewe ko gukorana na Paulo kubera yakunze ivy’iyi si. (2 Tim. 4:10) Figelo na Herumojene na bo, biboneka ko bahevye gukorera Imana kubera ko batinya guhamwa nk’uko vyashikiye Paulo. (2 Tim. 1:15) Himenayo, Alegizandere na Fileto na bo, baratwawe n’ubuhuni maze barata ukuri. (1 Tim. 1:19, 20; 2 Tim. 2:16-18) Biboneka ko abo bose bari bafise ukwizera gukomeye, mugabo mu nyuma barananirwa kubona ibifise agaciro ivyo ari vyo.

7. Shetani akoresha amayeri ayahe mu kuturwanya?

7 Shetani agerageza gute gutuma dutakaza ivyo bintu vy’agaciro Yehova yatubikije? Raba amwe mu mayeri Shetani akoresha. Arakoresha ivyo kwisamaza be n’ibimenyeshamakuru kugira ngo aremeshe ingingo ngenderwako, ivyiyumviro be n’inyifato yibaza ko vyotuma dufata ukuri minenegwe. Aragerageza kudutera ubwoba biciye ku kosho k’urunganwe canke ku ruhamo kugira ngo duhagarike kwamamaza. Aragerageza kandi kuturyosharyosha kugira ngo twumvirize “ivyitwa ngo ni ‘ubumenyi’” bivugwa n’abahuni kugira ngo duhebe ukuri.​—1 Tim. 6:20, 21.

8. Ivyashikiye umuvukanyi yitwa Daniel bikwigisha iki?

8 Tutabaye maso, twoshobora guheba ukuri buhorobuhoro. Rimbura akarorero ka Daniel, * uwakunda gukina udukino twa videwo. Avuga ati: “Natanguye gukina udukino twa videwo mfise imyaka nka cumi. Mu ntango, nakina udukino umengo nta co dutwaye. Ariko buhorobuhoro naratanguye gukina udukino twarimwo ivy’ubukazi be n’ivy’ubupfumu.” Amaherezo yari asigaye akina utwo dukino amasaha nka 15 buri musi. Abandanya ati: “Mvugishije ukuri, nari nzi ko utwo dukino be n’umwanya namara ndiko ndadukina vyariko biranyigiza kure ya Yehova. Ariko rero, umutima wanje wari warakomantaye ku buryo nari nsigaye mbona ko ntariko ndarenga ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya.” Tutabaye maso mu vyo twisamazamwo, twoshobora gusanga tutakigumije cane ukuri. Ivyo bidushikiye, amaherezo twosanga twatakaje ibintu vy’agaciro Yehova yaduhaye.

INGENE DUSHOBORA KUGUMYA UKURI

9. Twisunze 1 Timoteyo 1:18, 19, Paulo yagereranije Timoteyo na nde?

9 Soma 1 Timoteyo 1:18, 19. Paulo yagereranije Timoteyo n’umusoda, aca amuremesha “kubandanya [a]rwana intambara nziza.” Iyo ntambara yari iyo mu buryo bw’impwemu. Ni mu buryo ubuhe none abakirisu bameze nk’abasoda bari mu ntambara? Vyongeye, kubera ko turi abasoda ba Kristu, ni kamere izihe dukwiye gutsimbataza? Nimuze turabe ivyigwa bitanu twigira kuri ako karorero Paulo yatanze. Ivyo vyigwa birashobora kudufasha kugumya ukuri.

10. Ukwihebera Imana ni iki, kandi ni kubera iki tugukeneye?

10 Niwihebere Imana. Umusoda mwiza ntahemuka. Ararwana yivuye inyuma kugira ngo akingire uwo akunda canke ikintu abona ko ari ic’agaciro. Paulo yaremesheje Timoteyo kwihebera Imana, ni ukuvuga kwumira ku Mana adahemuka. (1 Tim. 4:7) Uko turushiriza gukunda Imana no kuyihebera, ni ko turushiriza kugira icipfuzo co kugumya ukuri.​—1 Tim. 4:8-10; 6:6.

Igihe tuvuye ku kazi twasanzaye, vyoshobora gukenerwa ko twinanata kugira ngo twitabe ikoraniro. Mugabo iyo turyitavye turironkera ivyiza (Raba ingingo ya 11)

11. Kubera iki dukeneye kwicungera?

11 Niwame wicungera. Umusoda ategerezwa kwicungera nimba yipfuza kuguma yiteguriye urugamba. Timoteyo yagumye ahagaze neza mu vy’impwemu kubera ko yakurikije impanuro Paulo yamuhaye ahumekewe yo guhunga ivyipfuzo bibi, gukurikirana kamere zishimwa n’Imana, no kwifatanya n’abo basangiye ukwemera. (2 Tim. 2:22) Ivyo vyamusavye kwicungera. Na twebwe turakeneye kwicungera kugira dutsinde intambara yo kurwanya ivyipfuzo vy’umubiri. (Rom. 7:21-25) Vyongeye, turakeneye kwicungera kugira ngo tubandanye kugira akigoro ko kwiyambura wa muntu wa kera maze twambare mushasha. (Ef. 4:22, 24) Igihe na ho dutashe ku mugoroba twarushe cane, vyoshobora gukenerwa ko tugira akigoro ko kwitaba ikoraniro.​—Heb. 10:24, 25.

12. Ni ibiki bishobora kudufasha gukoresha neza Bibiliya?

12 Umusoda arakeneye kwimenyereza gukoresha ibirwanisho vyiwe. Arakeneye kwama abigenza gutyo kugira ngo abe umuhanga wo kubikoresha. Na twebwe turakeneye kuba abahanga mu gukoresha Ijambo ry’Imana. (2 Tim. 2:15) Bumwebumwe muri ubwo buhanga tubwigira ku makoraniro. Ariko nimba twipfuza kujijura abandi ko ukuri kwo muri Bibiliya ari ukw’agaciro koko, turakwiye kwama twiyigisha Bibiliya tudahorereza. Turakwiye gukoresha Ijambo ry’Imana kugira ngo dukomeze ukwizera kwacu. Ivyo birimwo n’ibindi uretse ugusoma Bibiliya gusa. Bisaba ko tuzirikana ku vyo dusoma, tukagira ubushakashatsi mu bitabu vyacu, kugira ngo dushobore gutahura neza Ivyanditswe no kubisigura neza. (1 Tim. 4:13-15) Aho ni ho tuzoshobora gukoresha Ijambo ry’Imana kugira ngo twigishe abandi. Igihe twigisha abandi na ho nyene, turakwiye gukora n’ibindi uretse kubasomera gusa icanditswe. Twipfuza kubafasha kugitahura no kubona ingene bogishira mu ngiro. Kwumira ku rutonde rwacu rwo kwama twiyigisha Bibiliya, birashobora gutuma turyohora ubuhanga bwacu bwo gukoresha Ijambo ry’Imana mu kwigisha abandi.​—2 Tim. 3:16, 17.

13. Twisunze Abaheburayo 5:14, kubera iki dukwiye kubona kure?

13 Nube umuntu abona kure. Umusoda ategerezwa kuba ashoboye kubona akaga imbere y’igihe maze akakirinda. Na twebwe dutegerezwa kumenya ibintu vyoduta mu kaga maze tukavyirinda. (Imig. 22:3; soma Abaheburayo 5:14.) Nk’akarorero, turakwiye guhitamwo neza ingene twisamaza n’ingene twiruhura. Ibiganiro be n’amasinema vyo kuri televiziyo akenshi usanga vyerekana ubuhumbu. Ivyo birababaza Imana, kandi amaherezo birakwegera umuntu akarambaraye. Ku bw’ivyo rero, turirinda ivyo kwisamaza vyoshobora gutuma urwo dukunda Imana rugenda ruragabanuka.​—Ef. 5:5, 6.

14. Kubona kure vyafashije gute Daniel?

14 Umwe Daniel twavuga, yaratanguye kubona ko gukina udukino twa videwo turimwo ubukazi n’ivy’ubupfumu birimwo akaga. Yaragize ubushakashatsi muri ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu (Watchtower Library), kugira ngo arondere amakuru yomufasha kuri iyo ngorane yiwe. None ivyo vyamumariye iki? Yaciye ahagarika gukina udukino twa videwo tutabereye. Yarikuye no ku rutonde rw’abaronka utwo dukino kuri internet, yongera arahagarika kwifatanya n’abakinyi batwo. Daniel avuga ati: “Aho gukina utwo dukino, naratanguye kuza ndasohoka hanze gukora ibindi bintu canke nkaja kwifatanya n’abagenzi bo mw’ishengero.” Ubu Daniel ni umutsimvyi akaba n’umukurambere.

15. Kubera iki inkuru z’ikinyoma ziteye akaga?

15 Cokimwe na Timoteyo, na twebwe turakwiye kubona ko amakuru akwiragizwa n’abahuni ateye akaga. (1 Tim. 4:1, 7; 2 Tim. 2:16) Nk’akarorero, boshobora gukwiragiza inkuru z’ikinyoma ku bijanye n’abavukanyi bacu canke bakatuvyuramwo inkeka ku bijanye no kwizigira ishirahamwe rya Yehova. Mwene ayo makuru y’ikinyoma, arashobora gutuma ukwizera kwacu kugoyagoya. Turakwiye kwirinda guhendwa n’ayo makuru atari yo. Uti kubera iki? Kubera ko inkuru nk’izo zikwiragizwa n’abantu “bononekaye mu muzirikanyi [kandi batagira] ukuri.” Baba bafise intumbero yo kuvyura “ibibazo be n’impari.” (1 Tim. 6:4, 5) Baba bashaka ko twemera ibinyoma vyabo, tugaca tureka kwizigira abavukanyi bacu.

16. Ni ibisamaza ibihe dukwiye kwirinda?

16 Niwirinde ibisamaza. “Bwa musoda mwiza wa Kristu Yezu,” Timoteyo yategerezwa kugumiza umutima ku gikorwa yari yarashizwe, aho gusamazwa no kwiruka inyuma y’ibintu vy’umubiri. (2 Tim. 2:3, 4) Cokimwe na Timoteyo, turakwiye kwirinda gusamazwa n’icipfuzo co kwirundaniriza ibintu vy’umubiri. “Ububasha buhendana bw’ubutunzi” burashobora kunyoha urukundo dukunda Yehova, urwo dukunda Ijambo ryiwe, be n’icipfuzo dufise co kuribwira abandi. (Mat. 13:22) Turakwiye kuguma tworoheje ubuzima, kandi tugakoresha umwanya wacu n’inguvu zacu mu ‘kuguma tubanza kurondera Ubwami.’​—Mat. 6:22-25, 33.

17-18. Twokora iki kugira ngo twirinde ivyotugirira nabi mu vy’impwemu?

17 Niwitegurire kugira ico ukoze udatebaganye. Umusoda arakenera gutegekanya imbere y’igihe ingene yokwikingira. Nimba twipfuza kuzigama ivyo Yehova yatubikije, turakeneye kugira ico dukoze tudatebaganye igihe tubonye akaga. None ni igiki codufasha kubigenza gutyo? Turakeneye gutegekanya imbere y’igihe ingene twovyifatamwo tubonye akaga.

18 Tubitangire akarorero: Igihe abantu bitavye ibirori kanaka, akenshi imbere y’uko bitangura barabasaba kuraba umuryango uri hafi yabo bosohokanamwo. Kubera iki? Kugira ngo bashobore gusohoka ningoga hamwe hotera akaga. Muri ubwo buryo nyene, turashobora kwimenyereza imbere y’igihe kugira ngo tumenye ico twokwita umuryango twosohokanamwo hamwe twobona bukwi na bukwi amashusho y’ibiterasoni, ay’ubukazi, canke ibiganiro vy’abahuni igihe turiko rurakoresha internet, canke igihe turiko turaraba isinema canke ikiganiro kuri televiziyo. Hamwe twokwitegurira ivyoshobora gushika, twoshobora kugira ico dukoze tudatebaganye kugira ngo twirinde ivyotugirira nabi mu vy’impwemu, maze tugume dutyoroye mu maso ya Yehova.​—Zab. 101:3; 1 Tim. 4:12.

19. Ni ivyiza ibihe tuzokwironkera nitwazigama ibintu vy’agaciro Yehova yaduhaye?

19 Dutegerezwa kuzigama ibintu vy’agaciro Yehova yaduhaye, na vyo akaba ari ukuri kw’agaciro kwo muri Bibiliya be n’agateka twatewe ko kukwigisha abandi. Nitwabigenza gutyo, tuzogira ijwi ryo mu mutima ryiza, twumve ko hari ico tumaze mu buzima, twongere tugire umunezero wo gufasha abandi kumenya Yehova. Yehova abidufashijemwo, tuzoshobora kuzigama ivyo twabikijwe.​—1 Tim. 6:12, 19.

URURIRIMBO RWA 127 Umuntu nkwiye kuba

^ ing. 5 Twaratewe agateka kadasanzwe ko kumenya ukuri no kukwigisha abandi. Iki kiganiro kiraza kudufasha kubona ingene twogumya ako gateka kugira ntikigere kaduca mu myanya y’intoke.

^ ing. 8 Si ko asanzwe yitwa.