Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 4

Ico imfungurwa zisanzwe zitwigisha ku bijanye n’Umwami wo mw’ijuru

Ico imfungurwa zisanzwe zitwigisha ku bijanye n’Umwami wo mw’ijuru

“Iki gisobanura umubiri wanje. . . . Iki gisobanura ‘amaraso yanje y’isezerano.’”​—MAT. 26:26-28.

URURIRIMBO RWA 16 Shemeza Ya ku bw’Umwana wiwe yarobanuwe

INCAMAKE *

1-2. (a) Kubera iki bidatangaje kubona Yezu yatweretse uburyo busanzwe bwo kwibuka urupfu rwiwe? (b) Ni kamere za Yezu izihe tugiye kurimbura?

WOBA ushobora kudondora ibihora bigirwa buri mwaka, igihe twibuka urupfu rwa Kristu? Nta gukeka ko nka twese twibuka ibintu nyamukuru bigirwa mu guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Uti kubera iki? Kubera ko izo mfungurwa zisanzwe cane. Yamara rero, urwo rubanza rurahambaye rwose. Twokwibaza rero duti: ‘Ni kubera iki none izo mfungurwa zisanzwe?’

2 Igihe Yezu yariko arangura ubusuku bwiwe kw’isi, vyari bizwi ko yigisha ukuri guhambaye mu buryo busanzwe, butomoye kandi bworoshe gutahura. (Mat. 7:28, 29) Muri ubwo buryo nyene, yaratweretse uburyo busanzwe yamara butekeye insobanuro ikomeye bwo kwibuka urupfu rwiwe. Nimuze dusuzume ibijanye n’izo mfungurwa z’Icibutso * be n’ibintu Yezu yavuze yongera arakora. Turaza kurushiriza gutahura ukwicisha bugufi kwa Yezu, umutima rugabo wiwe n’urukundo rwiwe, tubone n’ingene tworushiriza kumwigana.

YEZU ARICISHA BUGUFI

Umukate n’umuvinyu bikoreshwa ku Cibutso biratwibutsa ko Yezu yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu be n’uko ubu ari Umwami aganza mw’ijuru (Raba ingingo ya 3-5)

3. Nk’uko vyerekanwa muri Matayo 26:26-28, ni gute imfungurwa z’Icibutso Yezu yatanguje zari zisanzwe, kandi ibintu bibiri yakoresheje vyagereranya iki?

3 Yezu yatanguje Icibutso c’urupfu rwiwe ari kumwe n’intumwa ziwe 11 z’intahemuka. Yakoresheje ivyari vyasigaye ku mfungurwa za Pasika, maze aratanguza iryo himbaza risanzwe. (Soma Matayo 26:26-28.) Yakoresheje gusa umukate utarimwo umwambiro be n’umuvinyu bari basigaranye. Yabwiye intumwa ziwe ko ivyo bintu nyamukuru bibiri vyagereranya umubiri n’amaraso yiwe bitunganye, ivyo yari agiye gutanga ku bwabo. Intumwa zishobora kuba zitatangajwe no kubona Yezu yakoresheje ibintu bisanzwe kuri izo mfungurwa zihambaye. Uti kubera iki?

4. Impanuro Yezu yari yarahaye Marita idufasha gute gutahura igituma yakoresheje imfungurwa zisanzwe ku bw’Icibutso?

4 Rimbura ikintu hari haciye amezi kibaye, mu mwaka ugira gatatu w’ubusuku bwa Yezu. Igihe yagendera abagenzi biwe somambike ari bo Lazaro, Marita na Mariya, yaratanguye kwigisha. Marita ni ho yari ari, ariko yari yatwawe no kuronderera uwo mushitsi w’iteka ibifungurwa vyinshi. Yezu yarabibonye, aca aramukebura abigiranye umutima mwiza, aramwereka ko bitama ari ngombwa ngo umuntu ategure ibifungurwa bihanitse. (Luka 10:40-42) Mu nyuma, hasigaye amasaha makeyi gusa ngo Yezu atange incungu, yarashize mu ngiro iyo mpanuro ubwiwe yatanze: Yakoresheje imfungurwa zisanzwe ku bw’Icibutso. None ivyo bitwereka iki ku bijanye na Yezu?

5. Izo mfungurwa zisanzwe zerekana iki ku bijanye na Yezu, kandi ivyo bihuje gute n’ibivugwa mu Bafilipi 2:5-8?

5 Yezu yaragaragaje ukwicisha bugufi mu vyo yavuze n’ivyo yakoze vyose. Ntibitangaje rero kubona yaragaragaje ukwicisha bugufi gukomeye muri iryo joro rya nyuma ry’ubuzima bwiwe bwo kw’isi. (Mat. 11:29) Yari azi ko agiye gutanga ikimazi kiruta ibindi vyose be n’uko Yehova yomuzuye akamuha ikibanza kininahaye mw’ijuru. Naho ari ukwo, ntiyishize hejuru ngo asabe ko baza baribuka urupfu rwiwe mu buryo buhanitse. Ahubwo riho, yabwiye abigishwa biwe ko rimwe mu mwaka boza baramwibuka biciye kuri izo mfungurwa zisanzwe. (Yoh. 13:15; 1 Kor. 11:23-25) Izo mfungurwa zisanzwe yamara zihambaye zirerekana ko Yezu ata bwibone yari afise. Turahimbarwa kubona ukwicisha bugufi ari imwe muri kamere zihambaye ziranga Umwami wacu wo mw’ijuru.​—Soma Abafilipi 2:5-8.

6. Twokwigana gute ukwicisha bugufi kwa Yezu igihe duhanganye n’ibigeragezo?

6 Twokwigana gute ukwicisha bugufi kwa Yezu? Twobigira mu gushira inyungu z’abandi imbere y’izacu. (Flp. 2:3, 4) Ibuka rya joro rya nyuma Yezu yamaze kw’isi. Naho yari azi ko agira yicwe urupfu rubabaje, yari arajwe ishinga cane n’intumwa ziwe z’intahemuka, kuko zobabajwe cane n’urupfu rwiwe bidatevye. Ni co gituma yamaze ijoro ryiwe rya nyuma abigisha, abaremesha yongera abahumuriza. (Yoh. 14:25-31) Yezu abigiranye ukwicisha bugufi, yaritwararitse cane ineza y’abandi kuruta iyiwe. Ese ukuntu ari akarorero keza yadusigiye!

YEZU ARAFISE UMUTIMA RUGABO

7. Yezu yagaragaje gute umutima rugabo udasanzwe agiheza gutanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba?

7 Yezu agiheza gutanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, yaragaragaje umutima rugabo udasanzwe. Uti gute? Yaremeye gukora ivyo Se agomba, naho yari azi ko vyosavye yuko yicwa yagirizwa ukurogota, kikaba cari ikintu c’agaterasoni. (Mat. 26:65, 66; Luka 22:41, 42) Yagumye ari intahemuka kugira atere iteka izina rya Yehova, ashigikire ubusegaba bwiwe yongere aronse abantu bigaya akaryo ko kuronka ubuzima budahera. Muri ico gihe nyene, yarafashije abayoboke biwe kwitegurira ivyari bigiye kubashikira.

8. (a) Yezu yabwiye iki intumwa ziwe z’intahemuka? (b) Haciye imyaka Yezu apfuye, abigishwa biwe biganye gute umutima rugabo yagaragaje?

8 Vyongeye, Yezu yaragaragaje umutima rugabo mu kutareka amaganya yari afise ngo amubuze kwitwararika ivyo intumwa ziwe z’intahemuka zari zikeneye. Izo mfungurwa zisanzwe yatanguje amaze gutaramura Yuda, zokwibukije abayoboke biwe borobanuwe ivyiza boronse kubera amaraso yiwe yasheshwe no kubera bari mw’isezerano rishasha. (1 Kor. 10:16, 17) Kugira Yezu abafashe kuba ababereye iryo hamagarwa ryo mw’ijuru, yarababwiye ivyo we na Se babitezeko. (Yoh. 15:12-15) Yezu kandi yarabwiye intumwa ziwe ibigeragezo vyozishikiye. Afatiye ku karorero kiwe, yaciye abahimiriza ati: “Nimugire umutima rugabo!” (Yoh. 16:1-4a, 33) Haciye imyaka itari mike, abigishwa ba Yezu bari bacigana umutima wiwe wo kwitanga bongera bagaragaza umutima rugabo. Baremera gushikirwa n’ingorane kugira bashigikirane mu bigeragezo bitandukanye.​—Heb. 10:33, 34.

9. Twokwigana gute umutima rugabo wa Yezu?

9 No muri kino gihe, turigana umutima rugabo wa Yezu. Nk’akarorero, bisaba umutima rugabo kugira dushigikire abavukanyi bacu bariko bahamwa bahorwa ukwizera kwabo. Rimwe na rimwe, abavukanyi bacu barapfungwa ata co bazira. Iyo ivyo bishitse, dutegerezwa gukora ivyo dushoboye vyose ngo tubafashe, harimwo no kubaburanira canke kubibuka mu masengesho yacu. (Flp. 1:14; Heb. 13:19) Ubundi buryo tugaragaza umutima rugabo ni mu kubandanya twamamaza n’“ubutinyutsi.” (Ivyak. 14:3) Nka kumwe kwa Yezu, twiyemeje kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami, naho abantu boturwanya canke bakaduhama. Ariko rero, vyoshobora gushika tukabura umutima rugabo. None twoca dukora iki?

10. Mu kiringo c’Icibutso dukwiye gukora iki, kandi kubera iki?

10 Turashobora gukomeza umutima rugabo wacu mu kuzirikana ku cizigiro turonswa n’incungu ya Kristu. (Yoh. 3:16; Ef. 1:7) Mu kiringo c’Icibutso turaronka akaryo kadasanzwe ko kurushiriza gukenguruka incungu. Muri ico kiringo, nimuze tugume dusoma igisomwa ca Bibiliya c’Icibutso twongere tuzirikane ku bintu vyabaye gushika Yezu apfuye n’inyuma yaho. Nitwakoranira hamwe rero ku bw’Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba, tuzorushiriza gutahura insobanuro y’ibimenyetso vy’Icibutso be n’incungu ntangere bigereranya. Igihe dutahuye ivyo Yezu na Yehova badukoreye be n’ukuntu twe n’abacu tuvyungukirako, icizigiro cacu kirakomera, tukaronka n’inguvu zo kwihangana tubigiranye umutima rugabo gushika kw’iherezo.​—Heb. 12:3.

11-12. Ni ibiki tumaze kubona gushika aha?

11 Gushika aha twabonye ko Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba zitwibutsa incungu y’agaciro Yezu yatanze be na kamere ziwe zihambaye ari zo ukwicisha bugufi n’umutima rugabo. Ese ukuntu dukenguruka kubona uwo Muherezi Mukuru wacu wo mw’ijuru Yezu, we atakamba ku bwacu, abandanya kugaragaza izo kamere! (Heb. 7:24, 25) Kugira twerekane ko dukenguruka bivuye ku mutima, dutegerezwa kwama twibuka urupfu rwiwe nk’uko yabitegetse. (Luka 22:19, 20) Ivyo tubigira ku musi uhurirana n’itariki 14 Nisani, rikaba ari igenekerezo rihambaye kuruta ayandi yose mu mwaka.

12 Ibigize izo Mfungurwa z’Umukama zisanzwe zo ku mugoroba biratwereka iyindi kamere yatumye Yezu adupfira. Igihe yari kw’isi, yaragaragaje cane iyo kamere. None ni iyihe?

YEZU ARAFISE URUKUNDO

13. Ibivugwa muri Yohani 15:9 no muri 1 Yohani 4:8-10 bidondora gute urukundo Yehova na Yezu bagaragaje, kandi ni bande barwungukirako?

13 Mu vyo Yezu yakoze vyose, yaragaragaje mu buryo butagira agahaze urukundo rukomeye Yehova adufitiye. (Soma Yohani 15:9; 1 Yohani 4:8-10.) Ikiruta vyose, Yezu yaremeye abikunze gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu. Twaba abarobanuwe canke abo mu “zindi ntama,” turungukira ku rukundo Yehova n’Umwana wiwe batugaragarije biciye kuri iyo ncungu. (Yoh. 10:16; 1 Yoh. 2:2) Rimbura kandi ivyakoreshejwe kuri izo mfungurwa z’Icibutso. Birahishura urukundo rwa Yezu be n’ukuntu yitwararika abigishwa biwe. Uti gute?

Yezu abigiranye urukundo yaratanguje Icibutso gisanzwe ku buryo gishobora guhimbazwa mu binjana n’ibindi kandi ibintu vyifashe ugutandukanye (Raba ingingo ya 14-16) *

14. Yezu yagaragarije gute urukundo abigishwa biwe?

14 Yezu yagaragarije urukundo abayoboke biwe barobanujwe impwemu mu gutanguza imfungurwa zisanzwe bogiye barahimbaza, aho kugira ibirori bihanitse. Uko igihe cogiye kirahaca, abo bayoboke biwe barobanuwe bogiye baribuka urupfu rwiwe buri mwaka ivyabo vyifashe ugutandukanye, bamwebamwe mbere bari mw’ibohero. (Ivyah. 2:10) None boba barashoboye kugamburukira Yezu? Cane nyene!

15-16. Bamwebamwe bashoboye gute guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba bari mu bihe bigoye?

15 Gushika no muri iki gihe, abakirisu b’ukuri bamye bibuka urupfu rwa Yezu. Barakurikije uko bashoboye kwose akarorero Yezu yatanze ku Mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, rimwe na rimwe bari mu bihe bitoroshe. Raba uburorero bukurikira. Igihe umuvukanyi Harold King yari apfungiwe mu gasho ka wenyene mu Bushinwa, yaratetse umutwe kugira ahimbaze Icibutso. Yarateguye mu mpisho ibimenyetso akoresheje ivyo yari ashoboye kuronka. Vyongeye, yaragerageje guharura yitonze kugira amenye itariki y’Icibutso. Nya tariki igeze, yararirimvye, arasenga yongera arashikiriza insiguro ishingiye kuri Bibiliya ari wenyene mu gasho.

16 Raba akandi karorero. Umugwi wa bashiki bacu bari bapfungiwe mw’ibohero ry’Abanazi mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, baremeye gushira ubuzima bwabo mu kaga barahimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Kubera ko izo mfungurwa zisanzwe, barashoboye guhimbaza Icibutso mu mpisho. Bavuze bati: “Twarahagaze tugize umuzingi, duca dushira ibimenyetso hagati yacu ku kantu kameze nk’akameza twari twashasheko igitambara cera. Twari twacanye ibuji kuko kwatsa itara vyari gutuma bamenya ivyo turiko turagira. . . . Twarasubiye guserurira Umuvyeyi wacu umwiyemezo twari dufise wo gukoresha inguvu zacu zose mu kweza izina ryiwe ryeranda.” Mbega ukwizera kudasanzwe bagaragaje! Vyongeye, ese urukundo Yezu yagaragaje mu gutuma dushobora guhimbaza Icibutso naho twoba turi mu bihe bigoye!

17. Ni ibibazo ibihe twokwibaza?

17 Uko Icibutso cegereza, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Norushiriza gute kwigana Yezu mu kugaragaza urukundo? Noba nitwararika ivyo abo dusangiye ukwizera bakeneye kuruta ivyanje bwite? Noba nitega ku bavukanyi na bashiki bacu ibirenze ivyo bashoboye, canke ndatahura ko hari ivyo badashoboye?’ Ese twokwama twigana Yezu, tukagaragaza “impuhwe.”​—1 Pet. 3:8.

NIWAME WIBUKA IVYO VYIGWA

18-19. (a) Ni igiki dushobora kwemera tudakeka? (b) Wiyemeje gukora iki?

18 Itegeko ryo guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Kristu nta gihe kinini risigaje. Yezu ‘niyashika’ mu gihe ca ya makuba akomeye, azokoraniriza mw’ijuru “abatowe” bazoba basigaye, kandi guhimbaza Icibutso bizoba bihagaze.​—1 Kor. 11:26; Mat. 24:31.

19 N’igihe Icibutso kitazoba kigihimbazwa, turashobora kwemera tudakeka ko abasavyi ba Yehova bazokwibukana akamwemwe izo mfungurwa zisanzwe yamara zishira ahabona ukwicisha bugufi, umutima rugabo n’urukundo bikomeye kuruta ibindi vyose. Ico gihe, nta gukeka ko abahimbaje izo mfungurwa zihambaye cane bazokwiganira ivyazo abazoba bariho bose. Ariko kugira twungukire kuri izo mfungurwa ubu, dutegerezwa kugira umwiyemezo wo kwigana ukwicisha bugufi kwa Yezu, umutima rugabo wiwe n’urukundo rwiwe. Nitwabigira, nta nkeka ko Yehova azoduha impera.​—2 Pet. 1:10, 11.

URURIRIMBO RWA 13 Kristu, Karorero kacu

^ ing. 5 Twimirije kwitaba Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba kugira twibuke urupfu rwa Yezu Kristu. Izo mfungurwa zisanzwe ziratwigisha vyinshi ku bijanye n’ukwicisha bugufi kwa Yezu, umutima rugabo wiwe n’urukundo rwiwe. Muri iki kiganiro, turarimbura ingene twokwigana kamere nziza cane yagaragaje.

^ ing. 2 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Icibutso ni urubanza rwo kwibuka ikintu kidasanzwe cabaye canke umuntu ahambaye.

^ ing. 56 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abasavyi b’Imana b’abizigirwa bariko bahimbaza Icibutso mu kinjana ca mbere; nko mu 1880; mw’ibohero ry’Abanazi be no muri iki gihe mu Ngoro y’Ubwami ibayabaye kandi itagira impome yo mu gihugu gishushe co muri Amerika y’Epfo.