Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 5

Kwitaba amakoraniro bihishura iki ku bitwerekeye?

Kwitaba amakoraniro bihishura iki ku bitwerekeye?

“Mugum[e] mutangaza urupfu rw’Umukama, kugeza ashitse.”​—1 KOR. 11:26.

URURIRIMBO RWA 18 Dukenguruke incungu

INCAMAKE *

1-2. (a) Yehova abona iki igihe abantu amamiliyoni bakoranye ku bw’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba? (Raba ishusho iri ku gipfukisho.) (b) Turimbura iki muri iki kiganiro?

YEHOVA abona iki igihe abantu amamiliyoni bakoranye hirya no hino kw’isi ku bw’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba? Ntabona gusa umugwi munini w’abantu, mugabo arabona umuntu wese ku giti ciwe. Nk’akarorero, arabona abatigera basiba buri mwaka. Bamwe muri bo boshobora kuba baza kandi bari mu ruhamo rukomeye. Abandi na bo naho batama baje ku yandi makoraniro, barabona ko Icibutso ari urubanza batosiba. Yehova arabona n’abitaba Icibutso ari bwo bwa mbere, kumbure kubera bashaka kubona ingene bigenda.

2 Nta nkeka ko Yehova ahimbarwa iyo abona abantu benshi bitaba Icibutso. (Luka 22:19) Yamara igihambaye kuri Yehova si igitigiri c’ababa baje. Araba canecane imvo zituma baza, kandi ni zo zihambaye kuri we. Muri iki kiganiro turaza kurimbura iki kibazo gihambaye: Kubera iki tutitaba gusa Icibutso kiba buri mwaka, ariko tukitaba n’amakoraniro ya buri ndwi Yehova ategurira abamukunda?

Hirya no hino kw’isi, abantu amamiliyoni barahabwa ikaze ku Mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba (Raba ingingo ya 1-2)

UKWICISHA BUGUFI KURATUMA TUYITABA

3-4. (a) Ni kubera iki twitaba amakoraniro? (b) Iyo twitavye amakoraniro tuba twerekanye iki? (c) Twisunze ibivugwa mu 1 Abakorinto 11:23-26, ni kubera iki tudakwiye gusiba Icibutso?

3 Impamvu nyamukuru ituma twitaba amakoraniro y’ishengero ni uko ari umuce w’ugusenga kwacu. Turayitaba kandi kugira twigishwe na Yehova. Abanyabwibone babona ko badakeneye kwigishwa ikintu na kimwe. (3 Yoh. 9) Ariko twebwe turashashaye kwigishwa na Yehova be n’ishirahamwe akoresha.​—Yes. 30:20; Yoh. 6:45.

4 Iyo twitavye amakoraniro tuba twerekanye ko twicisha bugufi, ni ukuvuga ko dufise umutima ukunze wo kwigishwa. Ku mugoroba w’Icibutso c’urupfu rwa Yezu, turitaba urwo rubanza rudasanzwe atari kubera gusa tubona ko bihambaye cane, mugabo kandi kubera tugamburuka twicishije bugufi itegeko rya Yezu rigira riti: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” (Soma 1 Abakorinto 11:23-26.) Iryo koraniro rirakomeza icizigiro cacu ca kazoza rikanatwibutsa ukuntu Yehova adukunda cane. Yamara Yehova arazi ko tudakeneye kuremeshwa no guhumurizwa rimwe gusa mu mwaka. Ni yo mpamvu adutegurira amakoraniro buri ndwi, akaduhimiriza kuyitaba. Ukwicisha bugufi kuratuma tugamburuka. Turamara amasaha atari make buri ndwi dutegura ayo makoraniro tukongera tukayitaba.

5. Kubera iki abantu bicisha bugufi bitaba ubutumire Yehova abaha?

5 Buri mwaka, abantu benshi bicisha bugufi baremera ubutumire Yehova abaha bwo kwigishwa na we. (Yes. 50:4) Barahimbarwa no kwitaba Icibutso, bagaca batangura kwitaba n’ayandi makoraniro. (Zek. 8:20-23) Twe na bo turahimbarwa no kwigishwa be no kuyoborwa na Yehova, we ‘mufasha wacu akaba n’uwudukiza.’ (Zab. 40:17) Vy’ukuri, ntacoza kiduhimbara kuruta kwemera ubutumire bwo kwigishwa na Yehova be na Yezu, Umwana wiwe akunda cane.​—Mat. 17:5; 18:20; 28:20.

6. Ni gute kwicisha bugufi kwafashije umugabo umwe kwitaba Icibutso?

6 Buri mwaka turagira akigoro ko gutumira abantu benshi bashoboka ngo bitabe Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Abantu benshi bicisha bugufi baramaze kwungukira kuri ubwo butumire. Rimbura akarorero kamwe. Haraheze imyaka itari mike umugabo umwe aronse ubutumire bw’Icibutso. Ariko yabwiye umuvukanyi yabumuhaye yuko bitomukundiye ko abwitaba. Yamara ku mugoroba w’Icibutso, uwo muvukanyi yaratangaye abonye nya mugabo yinjiye mu Ngoro y’Ubwami. Uwo mugabo yarakozwe ku mutima n’igishika bamwakiranye ku buryo yaciye atangura kwitaba amakoraniro tugira buri ndwi. Nkako, muri uwo mwaka wose yasivye amakoraniro gatatu gusa. None ni igiki catumye avyakira neza gutyo? Yaricishije bugufi maze arahindura ivyiyumviro. Mu nyuma, wa muvukanyi yamutumiye yavuze ati: “Ni umuntu yicisha bugufi cane.” Nta nkeka ko Yehova yakwegereye uwo mugabo kugira amusenge, ubu akaba ari umuvukanyi yabatijwe.​—2 Sam. 22:28; Yoh. 6:44.

7. Ivyo twiga ku makoraniro n’ivyo dusoma muri Bibiliya bidufasha gute kwicisha bugufi?

7 Ivyo twiga ku makoraniro n’ivyo dusoma muri Bibiliya biradufasha kwicisha bugufi. Mu kiringo c’Icibutso, amakoraniro yacu akenshi yibanda ku karorero ka Yezu no ku kwicisha bugufi yagaragaje mu gutanga ubuzima bwiwe bwa ncungu. Mu misi y’imbere y’Icibutso na ho turahimirizwa gusoma inkuru zo muri Bibiliya zigana ibijanye n’urupfu rwa Yezu be n’izuka ryiwe. Ivyo twiga kuri ayo makoraniro n’ivyo dusoma muri izo nkuru za Bibiliya biratuma turushiriza gukenguruka incungu Yezu yatanze ku bwacu. Turumva dusunikiwe kwigana ukwicisha bugufi kwiwe no gukora ukugomba kwa Yehova, n’igihe biba bitoroshe.​—Luka 22:41, 42.

UMUTIMA RUGABO URADUFASHA KUYITABA

8. Yezu yagaragaje gute umutima rugabo?

8 Turigana Yezu kandi mu kugaragaza umutima rugabo. Zirikana umutima rugabo yagaragaje imbere y’uko apfa. Yari azi neza ko abansi biwe bari bimirije kumutetereza, kumukubita no kumwica. (Mat. 20:17-19) Naho ari ukwo, yari yiteguriye guhangana n’urupfu. Igihe kigeze, yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka bari kumwe i Getsemani ati: “Haguruke, tugende. Ehe nyene kungura aregereje.” (Mat. 26:36, 46) Igihe akagwi kitwaje ibirwanisho kaza kumufata, yaregeye imbere arabidondora, aca ategeka abo basoda ko boreka intumwa ziwe zikagenda. (Yoh. 18:3-8) Mbega umutima rugabo yagaragaje! Muri iki gihe, abakirisu barobanuwe be n’abo mu zindi ntama barihatira kwigana Yezu mu kugaragaza umutima rugabo. Uti gute?

Umutima rugabo ugaragaza mu kwitaba amakoraniro uraremesha abandi (Raba ingingo ya 9) *

9. (a) Kubera iki twokenera umutima rugabo kugira twitabe amakoraniro tudahorereza? (b) Akarorero kacu karemesha gute abapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo?

9 Kugira twitabe amakoraniro tudahorereza, hari igihe twokenera kugaragaza umutima rugabo kubera ibihe bitoroshe tuba turimwo. Abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe baritaba amakoraniro naho baba batuntuye, bacitse intege canke bafise ingorane z’amagara. Abandi baritaba amakoraniro babigiranye umutima rugabo, naho baba bariko bahamwa n’incuti zabo canke abategetsi mu vy’intwaro. Ibaze nawe ukuntu akarorero kacu karemesha abavukanyi bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo. (Heb. 13:3) Igihe bumvise ko tubandanya gukorera Yehova no mu bihe vy’ingorane, birakomeza ukwizera kwabo, umutima rugabo wabo n’ukudahemuka kwabo. Intumwa Paulo ivyo yaravyiboneye. Igihe yari apfungiwe i Roma, yarahimbarwa igihe cose yumvise ko abavukanyi bariko basukurira Imana badahemuka. (Flp. 1:3-5, 12-14) Gatoyi imbere y’uko arekurwa canke inyuma yaho, yarandikiye ikete Abaheburayo. Yahimirije abo bakirisu b’intahemuka kwihata ‘urukundo rwabo rwa kivukanyi rukabandanya’ no kudaheba ugukoranira hamwe.​— Heb. 10:24, 25; 13:1.

10-11. (a) Ni bande dukwiye gutumira ku Cibutso? (b) Mu Banyefeso 1:7 haduha imvo izihe zo kubatumira?

10 Turagaragaza umutima rugabo igihe dutumiye incuti zacu, abo dukorana be n’ababanyi bacu ku Cibutso. Ni kubera iki none tubatumira? Tukenguruka cane ivyo Yehova na Yezu badukoreye ku buryo tutoreka gutumira abandi ngo bitabe Icibutso. Turipfuza ko na bo bamenya ingene bokwungukira ku “buntu ata wari abukwiriye” Yehova atugirira biciye ku ncungu.​—Soma Abanyefeso 1:7; Ivyah. 22:17.

11 Igihe tugize umutima rugabo tugakoranira hamwe, tuba tugaragaje n’iyindi kamere y’agaciro Imana n’Umwana wayo bagaragaje mu buryo budasanzwe.

URUKUNDO RURATUGOBERA KUYITABA

12. (a) Ni gute amakoraniro yacu atuma turushiriza gukunda Yehova na Yezu? (b) Mu 2 Abakorinto 5:14, 15 haturemesha gute kwigana Yezu?

12 Urwo dukunda Yehova na Yezu ruratugobera kwitaba amakoraniro. Ivyo twiga ku makoraniro na vyo bituma turushiriza gukunda Yehova n’Umwana wiwe. Ku makoraniro twama twibutswa ivyo badukoreye. (Rom. 5:8) Icibutso na co kiratwibutsa mu buryo budasanzwe ingene bakunda cane abantu bose, mbere n’abataratahura agaciro k’incungu. Kubera ko dukenguruka cane, turagerageza kwigana Yezu mu kuntu tubaho buri musi. (Soma 2 Abakorinto 5:14, 15.) Vyongeye, imitima yacu iradusunikira gushemeza Yehova kubera yaduhaye incungu. Uburyo bumwe tubigira ni mu gutanga inyishu zivuye ku mutima ku makoraniro yacu.

13. Twokwerekana gute ko dukunda cane Yehova n’Umwana wiwe? Sigura.

13 Turashobora kwerekana ko dukunda cane Yehova n’Umwana wiwe mu kwemera kugira ivyo duhevye ku bwabo. Akenshi kwitaba amakoraniro bisaba ko twemera kugira ivyo duhevye. Mu mashengero menshi, ikoraniro ryo mu ndwi hagati rikunze kugirwa ku mugoroba aho benshi dushobora kuba turushe. Irindi koraniro na ryo rigirwa mu mpera z’indwi aho abandi bantu baba baruhutse. Yehova yoba abona ko twitaba amakoraniro n’igihe tuba turushe? Arabibona nyene. Mbere uko turushiriza kugaragaza urwo dukunda Yehova kandi tutorohewe, na we ararushiriza kubishima.​—Mrk. 12:41-44.

14. Yezu yadusigiye akarorero gute mu kugaragaza urukundo ruzira ubwikunzi?

14 Yezu yaradusigiye akarorero mu kugaragaza urukundo ruzira ubwikunzi. Yari yiteguriye gupfira abigishwa biwe no kubaho buri musi ashira imbere ivyo bakeneye. Nk’akarorero, yarateramana na bo n’igihe yaba arushe canke atuntuye. (Luka 22:39-46) Vyongeye, yashira imbere gukorera abandi aho kurondera gukorerwa na bo. (Mat. 20:28) Igihe urwo dukunda Yehova n’abavukanyi bacu rukomeye gutyo, duca dukora ibishoboka vyose ngo twitabe Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba be n’ayandi makoraniro yose y’ishengero.

15. Ni bande canecane twipfuza gufasha?

15 Turi mu muryango umwe rudende w’abakirisu b’ukuri kandi turahimbarwa no kumara umwanya munini ushoboka dutumira abandi ngo bifatanye natwe. Yamara rero, twipfuza canecane gufasha “incuti zacu mu kwizera” usanga zarahororokewe. (Gal. 6:10) Igihe tubaremesha kwitaba amakoraniro na canecane Icibutso, tuba tugaragaje ko tubakunda. Cokimwe na Yehova be na Yezu, turahimbarwa cane igihe uwahororokewe agarutse kuri Yehova, Umuvyeyi akaba n’Umwungere wacu adukunda.​—Mat. 18:14.

16. (a) Tworemeshanya gute, kandi amakoraniro yacu adufasha gute? (b) Kubera iki ubu ari ikiringo ciza co kwibuka amajambo ya Yezu dusanga muri Yohani 3:16?

16 Mu ndwi ziri imbere, uratumira abantu benshi bashoboka ku Cibutso kizoba ku wa gatanu ku mugoroba, itariki 19 Ndamukiza 2019. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Woba uzobatumira?”) Muri uwu mwaka wose rero, ese tworemeshanya mu kwitaba tudahorereza amakoraniro yose Yehova adutegurira. Uko iherezo ry’iyi si ryegereza, turakeneye ko amakoraniro yacu adufasha kugumana ukwicisha bugufi, umutima rugabo n’urukundo. (1 Tes. 5:8-11) Nimuze tugaragaze n’umutima wacu wose ukuntu dukenguruka urukundo rukomeye Yehova n’Umwana wiwe batugaragarije!​—Soma Yohani 3:16.

URURIRIMBO RWA 126 Guma uri maso, ushikame, ukomere

^ ing. 5 Icibutso c’urupfu rwa Yezu tuzogira ku wa gatanu itariki 19 Ndamukiza 2019 ku mugoroba, rizoba ari ikoraniro ridasanzwe mu mwaka wose. Ni igiki none kidusunikira kwitaba iryo koraniro? Ni kubera ko twipfuza guhimbara Yehova. Muri iki kiganiro, turaza kwihweza ico kwitaba Icibutso be n’amakoraniro ya buri ndwi bihishura ku bitwerekeye.

^ ing. 52 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi apfunzwe ahorwa ukwizera kwiwe ariko aremeshwa n’agakete umuryango wiwe wamwandikiye. Biramwereka ko bamuzirikana, kandi arahimbarwa no kumenya ko abagize umuryango wiwe baguma ari intahemuka kuri Yehova naho aho baba hari intureka.