Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 1

“Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe”

“Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe”

“Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe. Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri.”​—YES. 41:10.

URURIRIMBO RWA 7 Yehova we, uri inkomezi zacu!

INCAMAKE *

1-2. (a) Ibivugwa muri Yesaya 41:10 vyafashije gute mushiki wacu yitwa Yoshiko? (b) Kubera iki Yehova yazigamye ayo majambo?

MUSHIKI wacu w’umwizigirwa yitwa Yoshiko yarumvise ikintu kibabaje. Umuganga yamubwiye ko yari asigaranye amezi makeyi gusa yo kubaho. None Yoshiko yavyakiriye gute? Yaciye yibuka icanditswe yakunda cane ari co Yesaya 41:10. (Soma.) Yarabwiye atekanye uwo muganga ko ata bwoba yari afise kubera ko Yehova yari amufashe ukuboko. * Amajambo ahumuriza yo muri ico canditswe yarafashije uwo mushiki wacu kwizigira Yehova aherejeko. Ico canditswe nyene kirashobora kudufasha kuguma dutekanye igihe turi mu bigeragezo bikomeye. Kugira dutahure ingene codufasha, nimuze tubanze dusuzume icatumye Imana iha ubwo butumwa Yesaya.

2 Mu ntango, Yehova yasavye Yesaya kwandika ayo majambo kugira ahumurize Abayuda bohavuye bajanwa mu bunyagano i Babiloni. Ariko rero, ayo majambo yarazigamwe kugira azofashe abo Bayuda igihe bobaye bari mu bunyagano agafasha n’abandi basavyi b’Imana bose. (Yes. 40:8; Rom. 15:4) Ubu tubayeho mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” kandi turakeneye kuruta ikindi gihe cose iyo ndemesho yo mu gitabu ca Yesaya.​—2 Tim. 3:1.

3. (a) Ni imihango iyihe iboneka mu canditswe c’umwaka wa 2019 ari co Yesaya 41:10? (b) Kubera iki dukeneye iyo mihango?

3 Muri iki kiganiro, turaza gushimika ku mihango itatu ikomeza ukwizera Yehova yatanze muri Yesaya 41:10: (1) Yehova ari kumwe natwe, (2) ni Imana yacu, (3) azodufasha. Turakeneye iyo mihango * kuko dushikirwa n’ibigeragezo mu buzima, nka kumwe kwa Yoshiko. Turashikirwa kandi n’imikazo iva ku biba mw’isi. Bamwe muri twebwe mbere barahamwa n’intwaro zikomeye. Reka turimbure umwumwe muri iyo mihango.

“NDI KUMWE NAWE”

4. (a) Umuhango wa mbere tugiye kurimbura ni uwuhe? (Raba kandi akajambo k’epfo.) (b) Yehova aserura gute igishika adufitiye? (c) Ivyo avuga bigufasha gute?

4 Ubwa mbere, Yehova adukura amazinda ati: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe.” * Yehova aratwereka ko ari kumwe natwe mu kutwitwararika no mu kudukunda cane. Raba ukuntu aserura igishika cinshi adufitiye, ati: “Wabaye uw’agaciro mu maso yanje, wabonywe nk’uwuteye iteka, kandi jewe naragukunze.” (Yes. 43:4) Nta kintu na kimwe cotuma Yehova areka gukunda abamukorera. Ntashobora kuduhemukira na rimwe. (Yes. 54:10) Urukundo adukunda be n’ubucuti dufitaniye na we biratuma tugira umutima rugabo. Aradukingira muri iki gihe nk’uko yakingiye umugenzi wiwe Aburamu (Aburahamu). Yamubwiye ati: “Ntutinye Aburamu. Ndi inkinzo kuri wewe.”​—Ita. 15:1.

Tubifashijwemwo na Yehova, turashobora kwihanganira ibigeragezo vyose bidushikira bimeze nk’uruzi canke urubeya (Raba ingingo ya 5-6) *

5-6. (a) Ni igiki kitwereka ko Yehova yipfuza kudufasha mu bigeragezo bidushikira? (b) Twigira iki kuri Yoshiko?

5 Turazi ko Yehova yipfuza kudufasha mu bigeragezo bidushikira, kuko asezeranira abasavyi biwe ati: “Niwaca mu mazi, nzobana nawe; mu nzuzi na ho, ntizizokurengera. Niwaca mu muriro, ntuzobabuka, eka n’urubeya ntiruzoguturira.” (Yes. 43:2) None ayo majambo asobanura iki?

6 Naho Yehova adasezerana ko azoca akuraho ingorane zituma ubuzima buba ubugoye, ntazoreka ngo turengerwe n’ibibazo bimeze nk’“inzuzi” canke ngo ibigeragezo bimeze nk’“urubeya” bitume duhagarika kumukorera. Adusezeranira ko azoba ari kumwe natwe, akadufasha ‘guca’ muri izo ngorane. None Yehova azokora iki? Azodufasha gutekana kugira ntitumuhemukire, naho twoba duhanganye n’urupfu. (Yes. 41:13) Umwe Yoshiko twavuga yariboneye ko ivyo ari ukuri. Umukobwa wiwe avuga ati: “Twaratangazwa n’ukuntu mama yaguma atekanye. Twariboneye vy’ukuri ko Yehova yamuhaye amahoro yo mu mutima. Gushika apfuye, yagumye abwira abaganga n’abandi barwayi ivyerekeye Yehova n’imihango yiwe.” None twigira iki kuri Yoshiko? Nitwizigira umuhango Imana yaduhaye mu kuvuga ngo “nzobana nawe,” na twebwe tuzokwihanganira ibigeragezo tubigiranye umutima rugabo.

“NDI IMANA YAWE”

7-8. (a) Umuhango ugira kabiri tugiye kurimbura ni uwuhe, kandi usobanura iki? (b) Kubera iki Yehova yabwiye Abayuda bari mu bunyagano ngo ‘ntiberaguze’? (c) Ni amajambo ayahe dusanga muri Yesaya 46:3, 4 ategerezwa kuba yarahumurije abasavyi b’Imana?

7 Umuhango ugira kabiri ugira uti: “Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe.” None ukwo kuteraguza bisobanura iki? Ijambo ryo mu rurimi rw’intango ryakoreshejwe muri uwo murongo risobanura “kutaguma uraba irya n’ino kubera utinya ko hari ikintu cokugirira nabi” canke “kutaguma ukebaguzwa nka kurya kw’umuntu yataye umutwe,” ni ukuvuga kudahagarika umutima.

8 Kubera iki none Yehova yabwiye Abayuda bojanywe mu bunyagano i Babiloni ngo ‘ntiberaguze’? Ni kubera yari azi yuko abantu b’i Babiloni botekewe n’ubwoba. None ubwo bwoba bwotewe n’iki? Amaja mu mpera y’imyaka 70 Abayuda bomaze mu bunyagano, ingabo zikomeye z’Abamedi n’Abaperesi zoteye Babiloni. Yehova yokoresheje izo ngabo kugira akure abasavyi biwe mu bunyagano i Babiloni. (Yes. 41:2-4) Igihe Abanyababiloni be n’abo mu yandi mahanga y’ico gihe bamenya ko abansi babo begereje, baragerageje kwiremesha mu kubwirana bati: “Komera.” Vyongeye, baciye bahingura ibindi bigirwamana, bizigiye ko bizobakingira. (Yes. 41:5-7) Muri ico gihe nyene, Yehova yarahumurije Abayuda bari mu bunyagano ati: “Mugabo wewe ga Isirayeli, uri umusavyi wanje . . . Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe.” (Yes. 41:8-10) Urabona ko Yehova yavuze ati: “Ndi Imana yawe.” Biciye kuri ayo majambo, Yehova yarahumurije abasavyi biwe b’intahemuka ko atabibagiye: Yari akiri Imana yabo kandi na bo bari bakiri abasavyi biwe. Yababwiye ko ‘azobaterura yongere abarokore.’ Nta gukeka ko ayo majambo ahumuriza yakomeje abo Bayuda bari mu bunyagano.​—Soma Yesaya 46:3, 4.

9-10. Kubera iki tudakwiye gutinya? Tanga akarorero.

9 Ubu kuruta ikindi gihe cose, abantu badukikuje barahagaritswe umutima n’ukuntu ivyo kw’isi biguma vyunyuka. Ego ni ko na twebwe izo ngorane ziratugirako ingaruka. Ariko ntidukwiye kugira ubwoba kuko Yehova atubwira ati: “Ndi Imana yawe.” Kubera iki ayo majambo adufasha cane kuguma dutekanye?

10 Rimbura aka karorero: Abantu babiri ari bo Jim na Ben bafashe urugendo mw’ibisi. Ibarabara rimeze nabi kandi rirahanamye, nya bisi ikaba iriko iricekagura cane. Igihe iyo bisi ihatswe guhenuka, bagiye bumva umushoferi avuze ati: “Mwigumye kuko tuza kumara umwanya duca ahantu hagoye.” Jim aciye agira ubwoba bwinshi. Ariko wa mushoferi yongerako ati: “Ntimuhagarike umutima. Ni jewe ndabibabwiye.” Jim aciye azunza umutwe avuga ati: “None ivyo avuze bidufasha iki?” Yamara rero yitegereje Ben, abona wewe adahagaritse umutima na gato. Aciye amubaza ati: “None ko wewe utekanye cane?” Ben aritwengera, akavuga ati: “Kubera nzi neza uwo mushoferi. Erega ni dawe.” Ben aciye yongerako ati: “Reka ndakwiganire ibimwerekeye. Ndazi neza ko niwamumenya ukamenya n’ubuhinga afise, na wewe uca utekana.”

11. Ni ivyigwa ibihe dukura ku karorero ka ba bantu babiri bari muri bisi?

11 Ni ivyigwa ibihe dukura muri ako karorero? Nk’ukwo kwa Ben, turatekanye kubera tuzi neza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova. Turazi ko azotuyobora neza mu ngorane zimeze nk’igihuhusi turiko turacamwo muri iyi misi ya nyuma. (Yes. 35:4) Kubera ko twizigira Yehova, tuguma dutekanye n’igihe abandi baba batekewe n’ubwoba. (Yes. 30:15) Vyongeye cokimwe na Ben, turafasha bagenzi bacu kwizigira Imana. Gutyo, na bo nyene barashobora kwemera badakeka ko Yehova azobashigikira, naho boshikirwa n’ingorane zimeze gute.

“NZOGUKOMEZA. NZOGUFASHA VY’UKURI”

12. (a) Umuhango ugira gatatu tugiye kurimbura ni uwuhe? (b) Ivyerekeye “ukuboko” kwa Yehova bitwibutsa iki?

12 Rimbura umuhango ugira gatatu. Ugira uti: “Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri.” Yesaya yari yamaze kuvuga ingene Yehova yokomeje abasavyi biwe, ati: “Yehova ubwiwe azoza nk’umunyenkomezi, kandi ukuboko kwiwe kuzomuganzira.” (Yes. 40:10) Akenshi Bibiliya irakoresha ijambo “ukuboko” mu buryo bw’ikigereranyo mu kwerekeza ku bubasha. Ayo majambo rero ngo “ukuboko kwiwe kuzomuganzira” aratwibutsa ko Yehova ari Umwami w’ububasha. Yarakoresheje inkomezi ziwe zitananirwa kugira ashigikire yongere akingire abasavyi biwe muri kahise, kandi n’ubu arabandanya gukomeza no gukingira abamwizigira.​—Gus. 1:30, 31; Yes. 43:10.

Ko dukingiwe n’ukuboko kw’inkomezi kwa Yehova, nta kirwanisho kizogira ico gishitseko (Raba ingingo ya 12-16) *

13. (a) Ni ryari canecane Yehova ashitsa umuhango yaduhaye wo kudukomeza? (b) Yehova yavuze amajambo ayahe adukura amazinda kandi akaduhumuriza?

13 Igihe canecane abansi bariko baraduhama, Yehova arashitsa umuhango yatanze ati: “Nzogukomeza.” Muri kino gihe mu mihingo imwimwe y’isi, abansi bacu nta kwo batagira ngo bahagarike igikorwa turangura co kwamamaza canke ishirahamwe ryacu. Naho ari ukwo, ivyo bitero ntibiduhagarika umutima cane. Yehova yaravuze amajambo adukomeza kandi akaduhumuriza. Yadusezeraniye ati: “Ikirwanisho ico ari co cose kizocurirwa kukurwanya ntikizororanirwa.” (Yes. 54:17) Ayo majambo aratwibutsa ibintu bitatu bihambaye.

14. Kubera iki tudatangazwa n’uko abansi b’Imana batugabako ibitero?

14 Ica mbere, turiteze ko bazotwanka kubera ko turi abayoboke ba Kristu. (Mat. 10:22) Yezu yari yaravuze ko abigishwa biwe bohamwe bikomeye mu misi ya nyuma. (Mat. 24:9; Yoh. 15:20) Ica kabiri, ubuhanuzi bwa Yesaya buratuburira ko abansi bacu batazotwanka gusa, ahubwo ko bazoturwanya bakoresheje ibirwanisho bitandukanye. Muri ivyo birwanisho harimwo uruhendo, ibinyoma vyeruye n’uruhamo rukaze. (Mat. 5:11) Yehova ntazobuza abansi bacu gukoresha ivyo birwanisho mu kuturwanya. (Ef. 6:12; Ivyah. 12:17) Ariko ntidukwiye gutinya. Uti kubera iki?

15-16. (a) Ikintu ca gatatu dukwiye kwibuka ni ikihe, kandi gishigikiwe gute n’ibivugwa muri Yesaya 25:4, 5? (b) Muri Yesaya 41:11, 12 hadondora gute iherezo ry’abaturwanya?

15 Rimbura ikintu kigira gatatu dukwiye kwibuka. Yehova yavuze ko ‘ata kirwanisho cacuriwe kuturwanya kizororanirwa.’ Nka kurya nyene uruhome rudukingira ikirura c’imvura, Yehova aradukingira “uguhuhuta kw’impemu z’abatwaza umukazo.” (Soma Yesaya 25:4, 5.) Ikibi cose abansi bacu bodukorera ni ic’igihe gito.​—Yes. 65:17.

16 Yehova aratuma turushiriza kumwizigira mu kutubwira ido n’ido ibizoshikira ‘abaturungurira.’ (Soma Yesaya 41:11, 12.) Naho abansi bacu boturwanya gute canke intambara turimwo igakomera gute, iherezo ni rya rindi nyene: Abansi b’Imana “bazocika nk’ubusa, bayogere.”

INGENE TWORUSHIRIZA KWIZIGIRA YEHOVA

Turarushiriza kwizigira Yehova igihe twama dusoma ibimwerekeye muri Bibiliya (Raba ingingo ya 17-18) *

17-18. (a) Gusoma Bibiliya bidufasha gute kurushiriza kwizigira Imana? Tanga akarorero. (b) Kuzirikana ku canditswe c’umwaka wa 2019 bidufasha gute?

17 Turarushiriza kwizigira Yehova igihe twongereje ubumenyi dufise ku bimwerekeye. Uburyo bumwe gusa bwo kumenya Imana neza ni ugusoma Bibiliya tuvyitondeye, maze tukazirikana ku vyo dusoma. Bibiliya irimwo inkuru zo kwizigirwa z’ingene Yehova yakingiye abasavyi biwe muri kahise. Izo nkuru ziratwereka neza ko atwitwararika no muri iki gihe.

18 Rimbura imvugo ngereranyo Yesaya akoresha mu kwerekana ingene Yehova adukingira. Avuga ko Yehova ari umwungere, abasavyi ba Yehova na bo bakaba imyagazi y’intama. Avuga ku bijanye na Yehova ati: “Azokwegeranya imyagazi y’intama n’ukuboko kwiwe; azoyitwara mu gikiriza ciwe.” (Yes. 40:11) Igihe tuzi ko Yehova adukikuje amaboko yiwe y’inkomezi, duca twumva ko dukingiwe kandi tugatekana. Kugira ngo umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge adufashe kuguma dutekanye naho dushikirwa n’ingorane, yahisemwo Yesaya 41:10 ngo abe ari co kiba icanditswe c’umwaka wa 2019. Kigira giti: “Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe.” Nuzirikane kuri ayo majambo ahumuriza. Ivyo bizogukomeza niwashikirwa n’ingorane.

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza

^ ing. 5 Icanditswe c’umwaka wa 2019 kiratwereka imvo zitatu zotuma tuguma dutekanye no mu gihe mw’isi canke mu buzima bwacu twoba turiko turashikirwa n’ibintu bibabaje. Iki kiganiro kiraza guca irya n’ino izo mvo, congere kidufashe kudahagarika umutima cane no kwizigira Yehova. Nuzirikane ku canditswe c’umwaka. Nugifate ku mutwe nimba ubishoboye. Ivyo bizogufasha niwashikirwa n’ingorane.

^ ing. 3 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Umuhango ni amajambo y’ukwizigirwa canke isezerano ry’uko ikintu kizoranguka ata kabuza. Imihango Yehova aduha irashobora gutuma ingorane zodushikira mu buzima zitaduhagarika umutima cane.

^ ing. 4 Ijambo “Ntutinye” riboneka incuro zitatu, muri Yesaya 41:10, 13 na 14. Iyo mirongo nyene irashimika cane ku vyo Yehova ubwiwe akora. Ivyo biratwereka iki kintu gihambaye: Igihe twizigiye Yehova ni ho gusa tudahagarika umutima cane.

^ ing. 52 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abagize umuryango bariko bashikirwa n’ingorane ku kazi, mu bijanye n’amagara, mu ndimiro no kw’ishure.

^ ing. 54 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abapolisi binjiye ku nguvu mu nzu Ivyabona bariko bagiriramwo amakoraniro, ariko abavukanyi na bashiki bacu baguma batekanye.

^ ing. 56 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Kwama tugira ugusenga kwo mu muryango biraduha inguvu zo kwihangana.