UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Nzero 2020

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 2 Ntwarante–5 Ndamukiza 2020.

‘Nimugende rero muhindure abantu abigishwa’

Icanditswe c’umwaka wa 2020 kizodufasha kurushiriza kuryohora igikorwa cacu co guhindura abantu abigishwa.

Urashobora kubera abandi “imfashanyo ikomeza”

Rimbura kamere zitatu zishobora gutuma ubera abandi imfashanyo ikomeza.

Yehova Imana yawe araguha agaciro

Igihe ducitse intege bivuye ku ndwara, ku ngorane z’ivy’ubutunzi canke ku busaza, turakwiye guhera amazinda ko ata na kimwe coshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru.

“Impwemu ubwayo irashinga intahe”

Umuntu amenya gute ko yarobanujwe impwemu nyeranda? Bigenda gute iyo umuntu arobanuwe?

Turajana

Dukwiye kubona gute abazokwihereza ku bimenyetso kuri uwo mugoroba? Twoba dukwiye guhagarika umutima bishitse igitigiri c’abihereza ku bimenyetso kikabandanya kwiyongera?