Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 2

Urashobora kubera abandi “imfashanyo ikomeza”

Urashobora kubera abandi “imfashanyo ikomeza”

Abo ni bo bakozi bagenzanje ku bw’ubwami bw’Imana, kandi abo nyene bambereye imfashanyo ikomeza.’​KOL. 4:11.

URURIRIMBO RWA 90 Turemeshanye

INCAMAKE *

1. Abasavyi ba Yehova benshi b’intahemuka bariko bashikirwa n’ibintu ibihe bitesha umutwe?

HIRYA no hino kw’isi, abasavyi ba Yehova benshi bariko baraca mu bintu bitesha umutwe, eka mbere biteye umubabaro. Woba uvyibonera mw’ishengero urimwo? Hari abarwaye indwara ikomeye canke bakabura ababo. Abandi na bo baratuntuye kubera uwo mu muryango canke umugenzi somambike yataye ukuri. Hari n’abandi bari mu marushwa aterwa n’ivyago vy’ivyaduka. Abo bavukanyi na bashiki bacu bose barakeneye uruhoza. None twobafasha gute?

2. Kubera iki vyashika intumwa Paulo agakenera kuremeshwa?

2 Intumwa Paulo yaraciye mu ngorane z’urutavanako zageramiye ubuzima bwiwe. (2 Kor. 11:23-28) Yarahanganye kandi n’“ihwa mu mubiri,” bikaba bishoboka ko yari ingorane kanaka y’amagara. (2 Kor. 12:7) Yaragize n’umubabaro wo guhemukirwa na Dema, uwahora akorana na we, igihe yamuta “kubera yuko yakunze ivy’iki gihe.” (2 Tim. 4:10) Ego ni ko Paulo yari umukirisu yarobanujwe impwemu, w’umutima rugabo kandi yafasha abandi. Naho ari ukwo, na we nyene vyarashika agacika intege.​—Rom. 9:1, 2.

3. Yehova yaronkeje gute Paulo uruhoza n’imfashanyo yari akeneye?

3 Paulo yararonse uruhoza n’imfashanyo yari akeneye. Uti gute? Yehova yarakoresheje impwemu yiwe nyeranda kugira amukomeze. (2 Kor. 4:7; Flp. 4:13) Yaranamuremesheje biciye ku bakirisu bagenziwe. Paulo yavuze ko bamwe muri abo bakirisu bamubereye “imfashanyo ikomeza.” (Kol. 4:11) Yaravuze nka Arisitariko, Tikiko na Mariko. Baramukomeje bituma ashobora kwihangana. Ni kamere izihe none zatumye abo bakirisu batatu baba isoko ry’uruhoza? Twokwigana gute akarorero keza badusigiye mu bijanye no kuremeshanya?

NUBE INTAHEMUKA NKA ARISITARIKO

Cokimwe na Arisitariko, turashobora kubera abo dusangiye ukwizera abagenzi b’intahemuka mu kubama hafi ‘mu bihe vy’amarushwa’ (Raba ingingo ya 4-5) *

4. Arisitariko yabereye gute Paulo umugenzi w’intahemuka?

4 Arisitariko, akaba yari umukirisu w’i Tesalonika yaba i Makedoniya, yarabereye Paulo umugenzi w’intahemuka. Arisitariko atangura kuvugwa igihe Paulo yaja i Efeso mu rugendo rwiwe rwa gatatu rw’ubumisiyonari. Igihe yaherekeza Paulo yarafashwe n’akagwi k’abagumutsi. (Ivyak. 19:29) Amaze kurekurwa, aho gusubira inyuma ngo anyage amagara, yagumye yumiye kuri Paulo. Haciye amezi makeyi, igihe bari mu Bugiriki, Arisitariko yari akiri kumwe na Paulo naho ababarwanya baguma barondera kwica Paulo. (Ivyak. 20:2-4) Nko mu 58, igihe Paulo yarungikwa gupfungirwa i Roma, Arisitariko yaramuherekeje kuri urwo rugendo rurerure, kandi igihe ubwato bwasabira mu nzira bari kumwe. (Ivyak. 27:1, 2, 41) Bamaze gushika i Roma, biboneka ko yamaze igihe kanaka apfunganywe na Paulo. (Kol. 4:10) Iyumvire ukuntu Paulo yumvise aruhuriwe no kuba yari afise umugenzi nk’uwo w’intahemuka!

5. Twisunze Imigani 17:17, wokwerekana gute ko uri umugenzi adahemuka?

5 Nk’ukwo kwa Arisitariko, turashobora kubera abo dusangiye ukwizera abagenzi b’intahemuka, atari mu bihe vyiza gusa ariko no ‘mu bihe vy’amarushwa.’ (Soma Imigani 17:17.) Mbere n’inyuma yo gushikirwa n’ingorane, uwo dusangiye ukwizera yoshobora kuba agikeneye uruhoza. Uwitwa Frances, * abavyeyi biwe bompi bakaba bahitanywe na kanseri mu kiringo c’amezi atatu, avuga ati: “Ivyago bikomeye biratugirako ingaruka igihe kirekire. Ndashimira cane abagenzi b’intahemuka baguma bibuka ko ngifise umubabaro, naho haciye igihe kinini abavyeyi banje bapfuye.”

6. Nimba turi intahemuka tuzokora iki?

6 Abagenzi b’intahemuka baritanga kugira bafashe abo basangiye ukwizera. Nk’akarorero, umuvukanyi yitwa Peter baramutoye indwara yica ningoga. Umukenyezi wiwe Kathryn avuga ati: “Hari umugabo n’umugore wiwe turi kumwe mw’ishengero batujanye aho Peter yari kugirishiriza ibipimo. Tukimara kuronka inyishu, baciye biyemeza kuzoguma badushigikira muri ico gihe kitoroshe, kandi baratubaye hafi igihe cose twaba tubakeneye.” Ese ukuntu biremesha kugira abagenzi nyakuri bashobora kudufasha kwihanganira ingorane!

NUBE UMWIZIGIRWA NKA TIKIKO

Cokimwe na Tikiko, turashobora kubera abandi abagenzi b’abizigirwa igihe bari mu ngorane (Raba ingingo ya 7-9) *

7-8. Twisunze Abakolosayi 4:7-9, Tikiko yerekanye gute ko ari umwizigirwa?

7 Tikiko, akaba yari umukirisu yaba mu ntara ya Aziya yatwarwa n’Uburoma, yarabereye Paulo umugenzi w’umwizigirwa. (Ivyak. 20:4) Nko mu 55, Paulo yaratunganije ivyo kwegeranya imfashanyo zo kugarukira ku bakirisu b’i Yudaya, kandi iryo banga rihambaye ashobora kuba yarishinze Tikiko. (2 Kor. 8:18-20) Mu nyuma, igihe Paulo yapfungirwa i Roma ari bwo bwa mbere, yaza ararungikana ubutumwa Tikiko. Yaramurungikanye amakete be n’ubutumwa vyari bigenewe kuremesha amashengero yo muri Aziya.​—Kol. 4:7-9.

8 Tikiko yagumye ari umwizigirwa kuri Paulo. (Tito 3:12) Ico gihe, si abakirisu bose bari abizigirwa nka Tikiko. Nko mu 65, igihe Paulo yapfungwa ubwa kabiri, yavuze ko abakirisu benshi bo mu ntara ya Aziya birinze kwifatanya na we, kumbure kubera ko batinya ababarwanya. (2 Tim. 1:15) Ariko rero Tikiko yaramubaye hafi, kandi Paulo yaramushinze n’irindi banga. (2 Tim. 4:12) Nta gukeka ko Paulo yakenguruka kuba yari afise umugenzi mwiza nk’uwo.

9. Twokwigana gute Tikiko?

9 Turashobora kwigana Tikiko mu kuba abagenzi b’abizigirwa. Nk’akarorero, ntitwiyemeza gusa gufasha abavukanyi bari mu nkenero, ariko kandi turashitsa ivyo twasezeranye kugira tubafashe. (Mat. 5:37; Luka 16:10) Igihe abo bavukanyi bazi ko turi abizigirwa, barumva baremye. Uti kubera iki? Mushiki wacu umwe avuga ati: “Ntushuha umutwe wibaza nimba uwagusezeraniye kugufasha azohaseruka ku gihe nyene yiyemeje.”

10. Twisunze Imigani 18:24, ni nde yobera uruhoza abashikiwe n’ivyago n’abavunitse umutima?

10 Abashikiwe n’ivyago canke abavunitse umutima, akenshi bararema iyo bituye umugenzi bizigira. (Soma Imigani 18:24.) Inyuma y’aho uwitwa Bijay avunikiye umutima kubera umuhungu wiwe yari yaciwe, yavuze ati: “Nari nkeneye umuntu w’umwizigirwa noyagira ukuntu merewe.” Uwitwa Carlos na we, yaratakaje amabanga yari afise mw’ishengero kubera amakosa yakoze. Avuga ati: “Nari nkeneye umuntu noyagira ivyanje vyose ntatinya ko yonegura.” Carlos yaciye yitura abakurambere maze baramufasha gutorera umuti ingorane yari afise. Yaranaremeshejwe no kumenya ko batomumeneye ibanga.

11. Twobera abandi gute abagenzi b’abizigirwa?

11 Kugira tubere abandi abagenzi b’abizigirwa, bisaba ko tuba abantu bihangana. Igihe umugabo w’uwitwa Zhanna yamuta, uwo mukenyezi yararuhuriwe igihe yayagira abagenzi biwe somambike ukuntu yumva amerewe. Avuga ati: “Baranteze ugutwi bihanganye naho nshobora kuba naguma nsubiramwo ivyo navuga.” Na wewe woshobora kubera abandi umugenzi mwiza, hamwe woza urabatega ugutwi witonze.

NUKORERE ABANDI NKA MARIKO

Ibikorwa birangwa ubuntu Mariko yakoze vyarafashije Paulo kwihangana, na twebwe turashobora gufasha abavukanyi bacu mu bihe vy’ivyago (Raba ingingo ya 12-14) *

12. Mariko yari nde, kandi yagaragaje gute umutima wo kwitanga?

12 Mariko yari umukirisu w’Umuyuda yava i Yeruzalemu. Incuti yiwe Barunaba yari umumisiyonari azwi cane. (Kol. 4:10) Naho biboneka ko umuryango wa Mariko wari utunze cane, ivy’umubiri si vyo yashira imbere. Mu buzima bwiwe bwose, yaragaragaje umutima wo kwitanga. Yarahimbarwa no gukorera abandi. Nk’akarorero, mu bihe bimwebimwe yarajana n’intumwa Paulo ahandi na ho akajana n’intumwa Petero, kumbure akaza arabafasha mu vyo baba bakeneye ku mubiri igihe baba bariko bararangura ibikorwa bashinzwe. (Ivyak. 13:2-5; 1 Pet. 5:13) Paulo yavuze ko Mariko yari ‘umukozi mugenziwe ku bw’ubwami bw’Imana,’ kandi ko yamubereye “imfashanyo ikomeza.”​—Kol. 4:10, 11.

13. Muri 2 Timoteyo 4:11 herekana gute ko Paulo yakenguruka igikorwa Mariko yaranguye adahemuka?

13 Mariko yarabaye umwe mu bagenzi somambike ba Paulo. Nk’akarorero, nko mu 65 igihe Paulo yari apfungiwe i Roma ari bwo bwa nyuma, yarandikiye Timoteyo ikete rigira kabiri. Muri iryo kete, yasavye Timoteyo kumusanga i Roma ajanye na Mariko. (2 Tim. 4:11) Nta nkeka ko Paulo yakenguruka igikorwa Mariko yari yararanguye adahemuka, akaba ari co gituma yasavye ko yoja kumuraba muri ivyo bihe bitoroshe. Mariko yarafashije Paulo mu buryo buboneka, kumbure mu kumuronsa ibifungurwa canke ivyo yakoresha mu kwandika. Indemesho be n’ugushigikirwa Paulo yaronse, bishobora kuba vyaratumye yihanganira imisi y’imbere yuko yicwa.

14-15. Muri Matayo 7:12 hatwigisha iki ku bijanye no gufasha abandi mu vyo bakeneye?

14 Soma Matayo 7:12. Igihe turi mu bihe bigoye, turakengurikira cane abaduserukako bakadufasha. Uwitwa Ryan, akaba yabuze se wiwe ahitanywe n’isanganya rikomeye, avuga ati: “Iyo uri mu ngorane, hari ibintu vyinshi wari usanzwe ukora usanga utagishoboye gukora. Iyo hagize uwugira ico agufashije naho coba ari gito, birakuremesha cane.”

15 Tubaye abantu bihweza kandi bitwararika abandi, twoshobora kubona ivyo bakeneye ko tubafasha. Nk’akarorero, hari mushiki wacu yitwararitse ibijanye no gutwara kwa muganga umwe Peter na Kathryn twavuga. Kubera ko yaba Peter canke Kathryn ata wari agishoboye gutwara umuduga, uwo mushiki wacu yaragize urutonde rwatuma abo mw’ishengero bavyipfuza baza barakuranwa kubajana kwa muganga. None ivyo vyavuyemwo iki? Kathryn avuga ati: “Twumvise umenga badukuyeko umuzigo uremereye.” Ntukigere rero ufatira mu rwara ingene ibikorwa biranga ubuntu ukorera abandi bishobora kubaremesha, naho vyoba ari ibikorwa bisanzwe.

16. Twigira iki kuri Mariko mu bijanye no kuremesha abandi?

16 Uwo mwigishwa Mariko wo mu kinjana ca mbere yari umukirisu w’umunyamwete. Yari afise amabanga akomeye mu gikorwa ca Yehova, ushizemwo no kwandika Injili yitirirwa izina ryiwe. Naho ari ukwo, yarafashe umwanya wo kuremesha Paulo, kandi Paulo ntiyagize isoni zo kumusaba ngo amufashe. Uwitwa Angela, akaba yarabuze uwo mu muryango wiwe ahitanywe n’urupfu rubabaje, yarakengurukiye abitanze nk’ukwo kwa Mariko bakamuremesha. Avuga ati: “Igihe abagenzi bipfuza kugufasha vy’ukuri, biroroha ko ubitura. Ntibatinya canke ngo bagonanwe kugira ico bafashije.” Umwe wese rero yokwibaza ati: ‘Noba nzwi ko ndi umuntu yitanga mu kuremesha abo dusangiye ukwizera?’

NIWIYEMEZE KUREMESHA ABANDI

17. Kuzirikana ku bivugwa mu 2 Abakorinto 1:3, 4 bituvyurira gute umutima wo guhoza abandi?

17 Biroroshe ko tubona abo dusangiye ukwizera bakeneye uruhoza. Twoshobora no kubaremesha dukoresheje ivyiyumviro abandi bakoresheje igihe baturemesha. Mushiki wacu yitwa Nino, akaba yarabuze inakuru, avuga ati: “Yehova arashobora kudukoresha mu kuremesha abandi igihe tumwemereye ko adukoresha.” (Soma 2 Abakorinto 1:3, 4.) Umwe Frances twavuga kare, agira ati: “Ibivugwa mu 2 Abakorinto 1:4 ni ukuri nk’ukurima. Turashobora guhoza abandi dukoresheje indemesho natwe twaronse.”

18. (a) Kubera iki hari abotinya kuremesha abandi? (b) Twokora iki kugira dushobore kuremesha abandi? Tanga akarorero.

18 Turakwiye kugerageza kurengera ubwoba tukagira ico dufashije abandi. Nk’akarorero, twoshobora gutinya ko tutoronka ico tubwira uwuri mu ngorane canke ntitubone ico twomufasha. Umukurambere yitwa Paul aribuka utwigoro abavukanyi bamwebamwe bagize igihe se yapfa. Avuga ati: “Narabona ko batinya kunyegera ngo banyagishe. Barabura ico bombwira. Naho ari ukwo, ndacakenguruka umutima bagize wo kunserukako ngo bandemeshe.” Inyuma y’aho hatereye nyamugigima ikomeye, umuvukanyi yitwa Tajon na we nyene yavuze ati: “Mvugishije ukuri, sinibuka ubutumwa bwose abantu banyandikiye inyuma y’iyo nyamugigima, mugabo ico nibuka ni uko bitwararitse cane kumenya ko nkiriho.” Hamwe twokwerekana ko twitwararika abandi twoshobora kubaremesha mu buryo kirumara.

19. Kubera iki wiyemeje kubera abandi “imfashanyo ikomeza”?

19 Uko turushiriza kwegereza iherezo ry’iyi si, ni ko ibintu bizorushiriza kuyangara, ubuzima na bwo burushirize kugora. (2 Tim. 3:13) Vyongeye, tuzoguma dukenera kuremeshwa kubera ingorane zidushikira bivuye ku caha twarazwe be n’agasembwa. Kimwe mu bintu vyatumye intumwa Paulo yihangana adahemuka gushika ku rupfu, ni indemesho yahawe n’abakirisu bagenziwe. Ese rero twoba intahemuka nka Arisitariko, abizigirwa nka Tikiko, n’abitanga bagakorera abandi nka Mariko. Gutyo, tuzofasha abavukanyi bacu kuguma bashikamye mu kwizera.​—1 Tes. 3:2, 3.

^ ing. 5 Intumwa Paulo yaraciye mu ngorane nyinshi. Muri ivyo bihe bitoroshe, hari abo basangiye ukwizera bamubereye isoko ry’uruhoza. Tugiye kurimbura kamere zitatu zatumye abo bavukanyi bashobora gukomeza abandi. Turaraba n’ingene twobigana mu buryo butomoye.

^ ing. 5 Muri iki kiganiro bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

URURIRIMBO RWA 111 Imvo zituma tunezerwa

^ ing. 56 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Arisitariko na Paulo bari kumwe igihe ubwato bwabasabirako

^ ing. 58 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Paulo yarikora kuri Tikiko mu kurungikira amakete amashengero

^ ing. 60 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mariko yarasahiriza Paulo mu vyo yari akeneye.