Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 4

“Impwemu ubwayo irashinga intahe”

“Impwemu ubwayo irashinga intahe”

Impwemu ubwayo irashinga intahe hamwe n’impwemu yacu yuko turi abana b’Imana.”​ROM. 8:16.

URURIRIMBO RWA 25 Inyegu Imana yiharije

INCAMAKE *

Kuri Pentekoti, Yehova yarasutse impwemu nyeranda yiwe mu buryo butangaje ku murwi w’abakirisu nka 120 (Raba ingingo ya 1-2)

1-2. Ni ikintu gitangaje ikihe kiba ku musi wa Pentekoti yo mu 33?

NI KU wa mungu mu gitondo i Yeruzalemu. Ni mu mwaka wa 33, akaba ari umusi wa Pentekoti. Umurwi w’abigishwa nka 120 bakoraniye hamwe mu cumba kimwe co hejuru. (Ivyak. 1:13-15; 2:1) Imisi mikeya imbere y’aho, Yezu yari yabategetse kuguma i Yeruzalemu kubera ko boronse ingabire idasanzwe. (Ivyak. 1:4, 5) None hakurikira iki?

2 “Bukwi na bukwi haza urwamo ruvuye mw’ijuru rumeze nk’urw’umuyaga ukomeye uhuhuta.” Urwo rwamo rurakwira inzu yose. Haca hibonekeza “indimi zimeze nk’iz’umuriro” hejuru y’umutwe w’umwumwe wese muri abo bigishwa, maze bose “buzuzwa impwemu nyeranda.” (Ivyak. 2:2-4) Yehova arasuka impwemu yiwe kuri uwo murwi muri ubwo buryo butangaje. (Ivyak. 1:8) Ni bo ba mbere barobanujwe impwemu nyeranda, * bagahabwa icizigiro co gufadikanya na Yezu kuganza mw’ijuru.

BIGENDA GUTE IYO UMUNTU AROBANUWE?

3. Kubera iki abari ku musi mukuru wa Pentekoti batakekeranije ko barobanujwe impwemu nyeranda?

3 Iyo uza kuba muri abo bigishwa bari bakoraniye mu cumba co hejuru kuri uwo musi, ntiwokwigeze uvyibagira. Iyumvire nawe kubona ikintu kimeze nk’ururimi rw’umuriro ku mutwe wawe, ugaca utangura kuvuga izindi ndimi! (Ivyak. 2:5-12) Ntiwari kwirirwa urakekeranya ko warobanujwe impwemu nyeranda. None abarobanuzwa impwemu nyeranda bose boba barobanurwa muri ubwo buryo butangaje kandi mu gihe kimwe? Habe namba. Tuvyemezwa n’iki?

4. Abarobanuwe mu kinjana ca mbere bose boba barobanujwe impwemu mu gihe kimwe? Sigura.

4 Reka tubanze turimbure ibijanye n’igihe. Abo bakirisu nka 120 bari bagize uwo murwi, si bo bonyene barobanujwe impwemu nyeranda kuri uwo musi wa Pentekoti yo mu 33. Kuri uwo musi nyene, abandi nka 3.000 bahavuye baronka impwemu nyeranda Yezu yari yarasezeranye. Barobanujwe impwemu nyeranda babatijwe. (Ivyak. 2:37, 38, 41) Mugabo mu myaka yakurikiye, abakirisu barobanuwe si bose baronse impwemu nyeranda igihe babatizwa. Abasamariya baronse impwemu nyeranda haciye igihe babatijwe. (Ivyak. 8:14-17) Koroneliyo n’abo mu rugo rwiwe bobo barobanujwe impwemu nyeranda imbere y’uko babatizwa, ico kikaba cari ikintu c’imbonekarimwe.​—Ivyak. 10:44-48.

5. Twisunze 2 Abakorinto 1:21, 22, bigenda gute iyo umuntu arobanujwe impwemu nyeranda?

5 Reka ubu na ho turimbure ingene bigenda iyo umuntu arobanujwe impwemu nyeranda. Abarobanurwa bamwebamwe usanga bibagora gushoka bemera ko Yehova yabatoye. Boshobora kwibaza bati: ‘Kubera iki Imana yancaguye?’ Abandi na bo usanga batavyakira gutyo. Uko umuntu avyakira kwose, intumwa Paulo arasigura ingene bigenda ku barobanurwa bose. Agira ati: “Aho mumariye kwemera, mwaradomweko ikidodo * ca ya mpwemu nyeranda yari yarasezeranywe, ikaba ari icemeza twahawe hakiri kare c’intoranwa yacu.” (Ef. 1:13, 14) Yehova rero arakoresha impwemu yiwe nyeranda kugira akure amazinda abo bakirisu yuko yabatoye. Gutyo, impwemu nyeranda Yehova abaha ni “icemeza [canke ingwati canke umuhango]” c’uko muri kazoza bazobaho ibihe bidahera mw’ijuru, aho kuba kw’isi.​—Soma 2 Abakorinto 1:21, 22.

6. Umukirisu yarobanuwe ategerezwa gukora iki kugira ngo azoronke impembo yiwe mw’ijuru?

6 None igihe umukirisu arobanuwe, bica bisobanura ko azoronka impera yo kuba mw’ijuru ata kabuza? Habe namba. Naho aba azi neza ko yatowe ngo azoje mw’ijuru, ategerezwa kwibuka aya majambo agira ati: “Bene wacu, murushirize gukora uko mushoboye kwose ngo mutume ihamagarwa ryanyu be n’itorwa ryanyu biba ibidakekeranywa kuri mwebwe; kuko nimwaguma mukora ivyo bintu mutazogenda muguye.” (2 Pet. 1:10) Naho igihe umukirisu arobanuwe aba aronse ihamagarwa ryo kuja mw’ijuru, aronka iyo mpembo ari uko gusa agumye ari intahemuka.​—Flp. 3:12-14; Heb. 3:1; Ivyah. 2:10.

UMUNTU AMENYA GUTE KO YAROBANUWE?

7. Abarobanuwe bamenya gute ko bahamagariwe ijuru?

7 None umuntu amenya gute ko yahamagariwe ijuru? Inyishu tuyisanga mu vyo Paulo yabwiye abantu b’i Roma “bahamagariwe kuba aberanda.” Yababwiye ati: “Kuko mutaronse impwemu y’ubushumba yongera guteza ubwoba, ahubwo mwaronse impwemu y’ukugirwa abana, biciye kuri nya mpwemu tukaba dusemerera duti: ‘Abba, Data!’ Impwemu ubwayo irashinga intahe hamwe n’impwemu yacu yuko turi abana b’Imana.” (Rom. 1:7; 8:15, 16) Biciye ku mpwemu nyeranda y’Imana rero, Imana irakura amazinda abarobanuwe ko bahamagariwe ijuru.​—1 Tes. 2:12.

8. Muri 1 Yohani 2:20, 27 herekana gute ko abakirisu barobanuwe badakenera uwundi muntu abemeza ko barobanuwe?

8 Abo Yehova aha ubwo butumire bwo kuzoja mw’ijuru, arabakura amakenga yose mu bwenge bwabo no mu mitima yabo. (Soma 1 Yoh. 2:20, 27.) Ego ni ko abakirisu barobanuwe barakenera kwigishwa na Yehova biciye kw’ishengero cokimwe n’abandi bose. Ariko rero, ntibakeneye uwundi muntu abemeza ko barobanuwe. Yehova aba yarabakuye amazinda ko barobanuwe akoresheje inguvu ikomeye kuruta izindi zose, ari yo mpwemu nyeranda.

‘BARONGERA KUVUKA’

9. Igihe umuntu arobanuwe, ni ihinduka irihe rimubako nk’uko bivugwa mu Banyefeso 1:18?

9 Abasavyi b’Imana batari bake vyobagora gutahura ibishikira umuntu iyo arobanuwe n’Imana. Ivyo ni ibisanzwe kuko ubwabo bataba bararobanuwe. Imana yaremye abantu ngo babe kw’isi, ntiyabaremye ngo babe mw’ijuru. (Ita. 1:28; Zab. 37:29) Naho ari ukwo, Yehova yarahisemwo bakeya ngo bazoje mw’ijuru. Igihe rero abarobanuje impwemu nyeranda, arahindura buhere icizigiro cabo n’ingene biyumvira, ku buryo basigara bashashaye kuzoba mw’ijuru.​—Soma Abanyefeso 1:18.

10. ‘Kwongera kuvuka’ bisobanura iki? (Raba akajambo k’epfo.)

10 Iyo abakirisu barobanujwe impwemu nyeranda, baba ‘bongeye kuvuka,’ canke baba bavutse baturutse hejuru. * Yezu na we nyene yarerekanye ko bidashoboka gusigurira neza umuntu atarobanuwe ingene ‘kwongera kuvuka’ canke ‘kuvyarwa n’impwemu’ bimeze.​—Yoh. 3:3-8.

11. Ivyiyumviro vy’umuntu bihinduka gute igihe arobanuwe?

11 None igihe abakirisu barobanuwe, ivyiyumviro vyabo bihinduka gute? Imbere yuko Yehova abarobanura, wasanga bikundira cane icizigiro bari bafise co kuba kw’isi ibihe bidahera. Bari bashashaye cane kubona igihe Yehova azokuraho ubukozi bw’ikibi bwose maze agahindura isi ikaba iparadizo. Kumbure wasanga biha ishusho bariko baraha ikaze incuti canke umugenzi yazutse. Ariko bamaze kurobanurwa, ivyiyumviro vyabo vyaciye bihinduka. None vyavuye ku ki? Si ukuvuga ko icizigiro co kuba kw’isi kitari kikibahimbara. Ntibahinduye ivyiyumviro kubera badundumiwe canke barengewe n’ingorane. Ntibiyumvisemwo bukwi na bukwi ko kuba kw’isi ibihe bidahera vyobarambiye. Ahubwo, Yehova akoresheje impwemu yiwe nyeranda, yarahinduye ukuntu biyumvira be n’icizigiro bahoze bikundira.

12. Twisunze 1 Petero 1:3, 4, abakirisu barobanuwe babona gute icizigiro cabo?

12 Uwarobanuwe yoshobora kwumva umengo ntiyari abereye ako gateka kadasanzwe. Naho ari ukwo, ntiyigera akekeranya ko Yehova yamutoye. Iyo yiyumviriye ko azoba mw’ijuru ararengerwa n’umunezero kandi agakengurukira Imana cane.​—Soma 1 Petero 1:3, 4.

13. Abarobanuwe babona gute ubuzima babayemwo kw’isi?

13 None ivyo vyoba bisobanura ko abarobanuwe bipfuza gupfa? Intumwa Paulo yarishuye ico kibazo. Imibiri yabo yayigereranije n’urusago, aca avuga ati: “Nkako, twebwe abari muri uru rusago turaniha, tukaremerwa; kuko ico dushaka atari ukurwambura, ahubwo ni ukwambara rwa rundi, ngo igipfa kimirwe n’ubuzima.” (2 Kor. 5:4) Abo bakirisu ntibarambiwe n’ubuzima ku buryo bipfuza gupfa ningoga. Ahubwo riho, barinovora ubuzima kandi umusi umwumwe wose bipfuza kuwukoresha mu gukorera Yehova bari kumwe n’incuti n’abagenzi. Ariko rero mu vyo bakora vyose, bamiza ku muzirikanyi icizigiro ciza cane bafise ku bijanye na kazoza.​—1 Kor. 15:53; 2 Pet. 1:4; 1 Yoh. 3:2, 3; Ivyah. 20:6.

YEHOVA YOBA YARAKUROBANUYE?

14. Ni ibiki biterekana ko umuntu yarobanujwe impwemu nyeranda?

14 Kumbure uriko uribaza nimba wararobanujwe impwemu nyeranda. Nimba uriko uravyibaza, zirikana kuri ibi bibazo bihambaye: Woba ufise icipfuzo gikomeye co gukora ivyo Yehova agomba? Woba ubona ko ufise umwete udasanzwe mu gikorwa co kwamamaza? Woba wiyigisha Ijambo ry’Imana n’umwete kugira ngo utahure “ibintu vyimbitse vy’Imana?” (1 Kor. 2:10) Woba ubona ko Yehova aguhezagira cane mu gikorwa co mu ndimiro? Woba ufise icipfuzo gikomeye co gufasha abandi mu vy’impwemu? Woba ufise ibimenyamenya vy’ukuntu Yehova yagufashije mu buzima mu buryo butandukanye? Nimba wishuye ngo ‘ego cane’ kuri ivyo bibazo, vyoba none vyerekana ko wahamagariwe ijuru? Habe namba. Uti kubera iki? Kubera ko vyoshika abasavyi b’Imana bose bakiyumva gutyo, baba bararobanuwe canke batarobanuwe. Vyongeye, Yehova abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda, arashobora guha abasavyi biwe bose ububasha bumwe, ataravye icizigiro bafise. Mu vy’ukuri, nimba ukiriko uribaza ko woba wararobanujwe impwemu nyeranda, ico ubwaco ni icerekana ko utarobanuwe. Abo Yehova yahamagariye ijuru ntibirirwa baribaza nimba bararobanuwe canke batarobanuwe. Barabizi neza.

Yehova yarakoresheje impwemu yiwe nyeranda mu guha Aburahamu, Sara, Dawidi na Yohani Umubatizi ububasha bwo gukora ibintu bidasanzwe, mugabo ntiyakoresheje iyo mpwemu mu kubarobanura ngo bazoje mw’ijuru (Raba ingingo ya 15-16) *

15. Tuzi gute ko atari abaronse impwemu y’Imana bose bahamagariwe ijuru?

15 Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abagabo bari bafise ukwizera baronse impwemu nyeranda, mugabo bakaba batari bafise icizigiro co kuba mw’ijuru. Dawidi yarayoborwa n’impwemu nyeranda. (1 Sam. 16:13) Impwemu nyeranda yaramufashije gutahura ibintu vyimbitse vyerekeye Yehova, yongera iramuyobora mu kwandika ibihimba bimwebimwe vya Bibiliya. (Mrk. 12:36) Naho ari ukwo, intumwa Petero yavuze ko Dawidi ‘ataduze mw’ijuru.’ (Ivyak. 2:34) Yohani umubatizi na we nyene ‘yarujujwe impwemu nyeranda.’ (Luka 1:13-16) Yezu yaravuze ko ata waruta Yohani umubatizi, ariko aca yongerako ko atobaye mu botoranye Ubwami bwo mw’ijuru. (Mat. 11:10, 11) Naho Yehova yakoresheje impwemu yiwe nyeranda mu guha abo bagabo ububasha bwo gukora ibintu bidasanzwe, ntiyakoresheje iyo mpwemu mu kubarobanura ngo bazoje mw’ijuru. None vyoba bisobanura ko bari bafise ukwizera guke tubagereranije n’abahamagariwe ijuru? Habe namba. Bisobanura gusa ko Yehova azobazura bakiberaho mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.​—Yoh. 5:28, 29; Ivyak. 24:15.

16. Abasavyi b’Imana benshi biteze impera iyihe?

16 Abasavyi b’Imana benshi bari kw’isi muri iki gihe ntibafise icizigiro co kuzoja mw’ijuru. Cokimwe na Aburahamu, Sara, Dawidi, Yohani Umubatizi n’abandi bagabo n’abagore benshi bo mu bihe vya Bibiliya, abo basavyi b’Imana bo muri iki gihe biteganye igishika igihe bazoba kw’isi batwarwa n’Ubwami bw’Imana.​—Heb. 11:10.

17. Tuzorimbura ibibazo ibihe mu kiganiro gikurikira?

17 Kubera ko hari abarobanuwe tukiri kumwe ng’aha kw’isi, twoshobora kwibaza ibibazo bimwebimwe. (Ivyah. 12:17) Nk’akarorero, abarobanuwe bakwiye kubona gute ibiberekeye? Nimba mw’ishengero turimwo hari uwutanguye gufata ku bimenyetso mu gihe c’Icibutso, dukwiye kumufata gute? Bite ho hamwe igitigiri c’abavuga ko barobanuwe coguma ciyongera? Twoba dukwiye guhagarika umutima? Ivyo bibazo tuzobirimbura mu kiganiro gikurikira.

^ ing. 5 Kuva kuri Pentekoti yo mu 33, Yehova yarahaye abakirisu bamwebamwe icizigiro kidasanzwe co kuzofadikanya n’Umwana wiwe kuganza mw’ijuru. None abo bakirisu bamenya gute ko batewe ako gateka keza igitangaza? Vyongeye, bigenda gute iyo umuntu arobanuwe? Iki kiganiro gishingiye ku casohotse mu Munara wo muri Nzero 2016, kiraza kwishura ivyo bibazo vy’inkoramutima.

^ ing. 2 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Kurobanuzwa impwemu nyeranda: Yehova arakoresha impwemu yiwe nyeranda mu gucagura uwo mu bazofadikanya na Yezu kuganza mw’ijuru. Yehova abicishije ku mpwemu yiwe, araha uwo muntu umuhango ku bwa kazoza, canke “icemeza.” (Ef. 1:13, 14) Abo bakirisu barashobora kuvuga yuko impwemu nyeranda ‘ibashingira intahe,’ canke ibakura amazinda ko impera yabo iri mw’ijuru.​—Rom. 8:16.

^ ing. 5 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Ikidodo. Ico kidodo kiba ntabanduka gatoyi imbere y’uko umuntu apfa ari umwizigirwa canke gatoyi imbere y’uko ya makuba akomeye atangura.​—Ef. 4:30; Ivyah. 7:2-4; raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo muri Ndamukiza 2016.

^ ing. 10 Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’ico bisobanura ‘kwongera kuvuka,’ raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 2009, rup. 3-12.

URURIRIMBO RWA 27 Ihishurwa ry’abana b’Imana

^ ing. 57 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Twaba dupfunzwe tuzira ukwizera kwacu canke dufise umwidegemvyo wo kwamamaza no kwigisha ukuri, turiteganye igishika igihe tuzoba kw’isi dutwarwa n’Ubwami bw’Imana.