Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 1

‘Nimugende rero muhindure abantu abigishwa’

‘Nimugende rero muhindure abantu abigishwa’

ICANDITSWE C’UMWAKA WA 2020: “Nimugende rero muhindure abantu . . .  abigishwa, mubabatiza.”​—MAT. 28:19.

URURIRIMBO RWA 79 Nubigishe kuguma bashikamye

INCAMAKE *

1-2. Umumarayika abwira iki abakenyezi bagiye ku mva ya Yezu, kandi Yezu ubwiwe abaha ubuyobozi ubuhe?

NI MU bucagucagu, ku wa 16 Nisani mu mwaka wa 33. Umurwi w’abakenyezi b’abizigirwa batuntuye, ufashe urugendo ugana ku mva aho ikiziga ca Yezu kimaze amasaha arenga 36 gishinguwe. Bagiyeyo bafise intumbero yo gusiga ico kiziga ibimota be n’amavuta amota neza. Bashitseyo, baratangara basanze imva igaragara. Umumarayika aca amenyesha abo bakenyezi ko Yezu yazutse, agaca yongerako ati: “Arabitangira imbere kuja i Galilaya; ni ho muzomubonera.”​—Mat. 28:1-7; Luka 23:56; 24:10.

2 Nya bakenyezi bavuye aho ku mva, Yezu ubwiwe arabegera akabaha ubuyobozi bugira buti: “Nimugende muvyiganire bene wacu, kugira baje i Galilaya; ni ho bazombonera.” (Mat. 28:10) Yezu ategerezwa kuba afise ibintu bihambaye agomba kubwira abo bigishwa biwe, kuko iryo koraniro ari co kintu ca mbere atunganije inyuma y’aho azukiye.

IRYO TEGEKO RYAHAWE BA NDE?

Inyuma y’aho Yezu azukiye, yarabonanye n’intumwa ziwe n’abandi i Galilaya maze abategeka ‘kugenda guhindura abantu abigishwa’ (Raba ingingo ya 3-4)

3-4. Kubera iki twovuga ko itegeko dusanga muri Matayo 28:19, 20 ritahawe intumwa gusa? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

3 Soma Matayo 28:16-20. Kuri iryo koraniro, Yezu yaravuze igikorwa gihambaye abigishwa biwe boranguye mu kinjana ca mbere cose, kikaba ari na co turiko turarangura muri iki gihe. Yezu yavuze ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, . . . mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.”

4 Yezu yipfuza ko abigishwa biwe bose bamamaza. Iryo tegeko ntiyarihaye gusa za ntumwa ziwe 11 z’intahemuka. Ivyo tuvyemezwa n’iki? None igihe Yezu yatanga iryo bwirizwa ryo guhindura abantu abigishwa, intumwa zoba ari zo zonyene zari ng’aho ku musozi w’i Galilaya? Niwibuke ko wa mumarayika yabwiye ba bagore ati: [I Galilaya] ni ho muzomubonera.” Birumvikana rero ko ico gihe n’abo bagore b’abizigirwa ari ho bari. Ariko si ivyo gusa.

5. Twemezwa n’iki ko ibivugwa mu 1 Abakorinto 15:6 vyerekeza kuri rya koraniro ryabera i Galilaya?

5 Intumwa Paulo avuga ko Yezu “yiyeretse bene wacu barenga amajana atanu icarimwe.” (1 Kor. 15:6) None yabiyerekeye hehe? Hariho imvo zituma twemera ko ivyo Paulo yavuze vyerekeza kuri rya koraniro ryabera i Galilaya rivugwa muri Matayo ikigabane ca 28. Uti izo mvo ni izihe? Iya mbere, ni uko abenshi mu bigishwa ba Yezu bari Abanyagalilaya. Icari coroshe rero kwari uguhurira n’abantu benshi ku musozi i Galilaya, aho guhurira na bo mu nzu y’umuntu i Yeruzalemu. Iya kabiri, inyuma y’aho Yezu azukiye, yari yarabonaniye n’intumwa ziwe mu nzu y’umuntu i Yeruzalemu. Iyo rero ashaka guha intumwa gusa iryo tegeko ryo kwamamaza no guhindura abantu abigishwa, yari kuribahera i Yeruzalemu aho gusaba izo ntumwa na ba bagore hamwe n’abandi ngo bahurire na we i Galilaya.​—Luka 24:33, 36.

6. Muri Matayo 28:20 herekana gute ko itegeko ryo guhindura abantu abigishwa rituraba muri iki gihe, kandi turigamburuka ku rugero rungana iki?

6 Raba imvo ihambaye igira gatatu. Iryo tegeko Yezu yatanze ryo guhindura abantu abigishwa ntiryari ryerekeye abakirisu bo mu kinjana ca mbere gusa. Ivyo tuvyemezwa n’iki? Mu gusozera iryo tegeko, Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 28:20) Nk’uko Yezu yabivuze, ico gikorwa co guhindura abantu abigishwa kiriko kirakorwa ku rugero rutari bwaboneke. Iyumvire nawe: Buri mwaka, abantu nka 300.000 barabatizwa bakaba Ivyabona vya Yehova, gutyo bagacika abigishwa ba Kristu!

7. Tugiye kurimbura iki, kandi kubera iki?

7 Abenshi mu bo twigisha Bibiliya baratera imbere bakabatizwa. Ariko rero hariho n’abandi usanga biga badahorereza mugabo bakagonanwa gucika abigishwa ba Kristu. Usanga bakunda kwiga, ariko ntibatere imbere ngo babatizwe. Nimba hari uwo wigisha Bibiliya, nta nkeka ko wipfuza kumufasha gushira mu ngiro ivyo yiga maze agacika umwigishwa wa Kristu. Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura ingene twokora ku mutima uwo twigisha Bibiliya n’ingene twomufasha gutera imbere mu vy’impwemu. Kubera iki none bikenewe ko turimbura ico kintu? Kubera ko hogera igihe tugafata ingingo yo kubandanya tumwigisha canke tukabihagarika.

NUGERAGEZE GUSHIKIRA UMUTIMA

8. Kubera iki hari igihe bitoroha gufasha uwo twigisha Bibiliya gukunda Yehova?

8 Yehova yipfuza ko abantu bamukorera babitumwe n’urwo bamukunda. Intumbero yacu rero ni ugufasha abo twigisha kugira batahure ko Yehova abitwararika umwe wese ku giti ciwe be n’uko abakunda cane. Twipfuza kubafasha kubona Yehova nka ‘se.’ (Zab. 68:5) Nibatahura ko Yehova abakunda bizobakora ku mutima, bitume na bo barushiriza kumukunda. Bamwebamwe vyoshobora kubagora kubona Yehova nk’Umuvyeyi akundana bitumwe n’uko abavyeyi babo bwite bataba barabagaragarije urukundo n’igishika. (2 Tim. 3:1, 3) Igihe rero wigisha abantu nk’abo, nushimike kuri kamere nziza cane za Yehova. Nubafashe gutahura ko Imana yacu yuzuye urukundo yipfuza ko baronka ubuzima budahera kandi ko yiteguriye kubafasha kubushikira. None ni ibindi bintu ibihe twokora?

9-10. Ni ibitabu ibihe dukwiye gukoresha mu kwigisha abantu Bibiliya, kandi kubera iki?

9 Nukoreshe igitabu “Bibiliya itwigisha iki?” be n’igitabu “Nugume mu rukundo rw’Imana.” Ivyo bitabu ahanini bigenewe kudufasha gushikira umutima w’abo twigisha. Nk’akarorero, ikigabane ca 1 c’igitabu Bibiliya itwigisha iki? kirishura ibi bibazo: Imana yoba itubabaye?, Imana imererwa gute igihe abantu bari mu ngorane?, be n’ikivuga ngo Woba ushobora kuba umugenzi wa Yehova? Tuvuge iki ku gitabu Nugume mu rukundo rw’Imana? Ico gitabu gifasha uwo wigisha kubona ingene gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bishobora kumufasha kuryohora ubuzima bwiwe no kurushiriza kwiyegereza Yehova. Naho woba umaze kwigisha abantu benshi ivyo bitabu, urakwiye gutegura neza buri cigwa kugira ngo ugihuze n’ivyo uwo wigisha akeneye.

10 Bite ho nka hamwe uwo wigisha yipfuje ko muganira ku ciyumviro kiri mu gitabu tudasanzwe dukoresha mu kwigisha Bibiliya? Kumbure womuremesha kucisomera kugira ngo mubandanye mwiga mu gitabu musanzwe mukoresha muri ivyo bibiri duhejeje kuvuga.

Nimusenge imbere yo kwiga (Raba ingingo ya 11)

11. Dukwiye gutangura ryari kuza turatura isengesho igihe twigisha umuntu, kandi wocira gute inzira ico ciyumviro?

11 Nimusenge imbere yo kwiga. Muri rusangi, ni vyiza ko vuba bishoboka mutangura kuza muratura isengesho imbere yo kwiga be n’inyuma yaho, canecane mumaze indwi nka zingahe mwiga mudahorereza. Turakwiye gufasha uwo twigisha kumenya ko tudashobora gutahura Ijambo ry’Imana tutabifashijwemwo n’impwemu yayo. Hari abamamaji bacira inzira ibijanye n’isengesho mu gusoma Yakobo 1:5, ahagira hati: “Nimba rero hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi, nagume abusaba Imana.” Baca babaza uwo bigisha bati: “None twosaba gute Imana ubukerebutsi?” Nta nkeka ko aca yishura ko dukwiye kuyisenga.

12. Wokoresha gute Zaburi 139:2-4 kugira ngo ufashe uwo wigisha kuryohora amasengesho yiwe?

12 Numwigishe gusenga. Mubwire ko Yehova yipfuza kwumviriza amasengesho amutura bivuye ku mutima. Musigurire ko amasengesho dutura twiherereye, dushobora gusukira Yehova ibiri ku mutima vyose, tukamubwira ivyo tutobwira umuntu uwo ari we wese. Kanatsinda, Yehova asanzwe azi ivyiyumviro biri ibwina mu mutima wacu. (Soma Zaburi 139:2-4.) Turashobora kandi kuremesha uwo twigisha gusaba Imana ngo imufashe guhindura ivyiyumviro bitabereye n’ingeso mbi yoba afise. Nk’akarorero, dufate ko umuntu amaze igihe kitari gito yiga Bibiliya mugabo akaba aciyumvamwo umusi mukuru kanaka ukomoka mu bapagani. Arazi ko uwo musi utabereye, mugabo akaba agikunda ibintu bimwebimwe bijanye na wo. Numuremeshe kubwira Yehova adomako ibikimugora, amusabe no kumufasha gukunda ivyo Imana ikunda.​—Zab. 97:10.

Numutumire ku makoraniro vuba bishoboka (Raba ingingo ya 13)

13. (a) Kubera iki dukwiye gutumira abo twigisha Bibiliya kwitaba amakoraniro vuba bishoboka? (b) Twofasha gute uwo twigisha Bibiliya kuzokwumva yisanze niyaza ku Ngoro y’Ubwami?

13 Numutumire ku makoraniro vuba bishoboka. Ivyo yumvira ku makoraniro be n’ivyo abona birashobora kumukora ku mutima, bigatuma atera imbere. Numwereke ya videwo ivuga ngo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga, uce umutumira muzojane. Nimba bishoboka, numubwire ko uzomwunguruza. Vyongeye, nuze urasaba abamamaji batandukanye mujane kuri iyo nyigisho. Ivyo bizotuma uwo wigisha amenyana n’abandi bagize ishengero, maze niyitaba amakoraniro bize bitume yumva yisanze.

NUMUFASHE GUTERA IMBERE MU VY’IMPWEMU

14. Ni igiki cotuma uwo twigisha Bibiliya arushiriza gutera imbere mu vy’impwemu?

14 Intumbero yacu ni ugufasha abo twigisha Bibiliya gutera imbere mu vy’impwemu. (Ef. 4:13) Igihe umuntu yemeye kwiga Bibiliya, ahanini aba ashashaye kubona ingene bizomugirira akamaro ku giti ciwe. Ariko rero uko arushiriza gukunda Yehova, ni ko atangura kuzirikana ingene yofasha abandi, ushizemwo abagize ishengero. (Mat. 22:37-39) Igihe rero ubona ko bibereye, ntiwitinye kumubwira agateka twatewe ko gutanga intererano zo gushigikira igikorwa c’Ubwami.

Numwigishe uko yovyifatamwo igihe hadutse ingorane (Raba ingingo ya 15)

15. Twofasha gute uwo twigisha Bibiliya kuvyifatamwo neza igihe hadutse ingorane?

15 Numwigishe uko yovyifatamwo igihe hadutse ingorane. Nk’akarorero, dufate ko uwo wigisha Bibiliya amaze kuba umwamamaji atarabatizwa. Akubwiye ko hari uwo mw’ishengero yamubabaje. Aho kugira aho uhengamiye, ubona gute umusiguriye ico Ivyanditswe bimusaba gukora? Yoshobora kubabarira uwo muvukanyi, canke na ho nimba abona ko atovyirengagiza, akamwegera abigiranye ubuntu n’urukundo mu ntumbero yo ‘kugarura uwo mwene wabo.’ (Gereranya na Matayo 18:15.) Numufashe gutegura ivyo yovuga. Numwereke ingene yogira ubushakashatsi akoresheje ka ga porogarama ka JW Library®, Igitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova be na jw.org® kugira amenye ico yokora. Uko arushiriza kumenyerezwa imbere y’uko abatizwa, ni ko azorushiriza kwumvikana n’abandi mw’ishengero niyamara kubatizwa.

16. Gutumira abandi bamamaji ngo mujane kuyobora inyigisho bishobora kugira akamaro akahe?

16 Nutumire abandi bo mw’ishengero mujane kuri iyo nyigisho, canke umucungezi w’umuzunguruko igihe yabagendeye. Uti kubera iki? Uretse za mvo twavuga, abandi bamamaji boshobora kumufasha mu mice wosanga itokworohera kumufasha. Nk’akarorero, dufate ko uwo wigisha amaze kugerageza guheba itabi incuro nyinshi mugabo bikamunanira. Nusabe Icabona yashoboye gutsinda iyo ngeso inyuma y’incuro nyinshi abigerageza, mujane kuri iyo nyigisho. Yoshobora guha uwo mwigishwa impanuro zomubera ngirakamaro. Nimba na ho wumva ubuyega bwo kuyobora iyo nyigisho uri kumwe n’umwamamaji azi utuntu n’utundi, numusabe abe ari we ayiyobora muri uwo mwanya. Igihe cose habonetse akaryo, nutume uwo wigisha yungukira ku bandi bamamaji. Urama wibuka ko intumbero yacu ari ugufasha umutohoji wa Bibiliya gutera imbere mu vy’impwemu.

WOBA UKWIYE GUHAGARIKA KUMWIGISHA?

17-18. Ukwiye kurimbura ibiki imbere yo gufata ingingo yo guhagarika kwigisha umuntu?

17 Nimba uwo wigisha atariko aragira iterambere riboneka, hazogera igihe wibaze uti: ‘Noba nkwiye guhagarika kumwigisha?’ Imbere yo gufata iyo ngingo, urakwiye kurimbura ubushobozi bwiwe. Abantu ntibatera imbere kumwe, hari abo usanga iterambere ryabo rifata igihe. Niwibaze rero uti: ‘Yoba ariko aragira iterambere rihuje n’uko ivyiwe vyifashe?’ ‘Yoba ariko aragerageza “kwubahiriza” ivyo ariko ariga, ari kwo kubishira mu ngiro?’ (Mat. 28:20) Naho umwigishwa yoba ariko atera imbere buhorobuhoro, akwiye kugaragaza ko aguma atera intambwe.

18 Bite hoho, hamwe yomara igihe kinini yiga mugabo ukabona ko adaha agaciro ivyo yiga? Dufate akarorero: Uwo wigisha yararangije igitabu Bibiliya itwigisha iki?, kumbure akaba yaratanguye n’igitabu Nugume mu rukundo rw’Imana, ariko akaba ataritaba ikoraniro na rimwe, icibagiwe coco ni Icibutso. Vyongeye, akenshi aranka ko mwiga ku bw’imvo zidafashe. Igihe ibintu vyifashe gutyo, murakwiye kuganira ata gaca ku ruhande. *

19. Ni akabazo akahe wobaza umuntu asa n’uwudaha agaciro ivyo yiga muri Bibiliya, kandi inyishu aguha yogufasha gute?

19 Woshobora kumubaza uti: ‘Ni igiki ahanini wibaza ko kizokubera intambamyi kugira ngo ube Icabona ca Yehova?’ Hari aho yokwishura ati: ‘Kwiga Bibiliya ndabikunda, mugabo sinzokwigera mba Icabona ca Yehova.’ Nimba amaze igihe yiga Bibiliya mugabo akaba abona ibintu gutyo, wumva vyoba bimaze iki kubandanya mwiga? Ku rundi ruhande, yoshobora kukubwira ikintu atari bwigere akubwira kimubuza gutera imbere. Nk’akarorero, yoshobora kuba yiyumvira ko atazokwigera yamamaza inzu ku nzu. Umenye ico kintu, woshobora guca ubona ingene womufasha neza.

Ntute umwanya uyobora inyigisho idatera imbere (Raba ingingo ya 20)

20. Gutahura ibivugwa mu Vyakozwe 13:48 bishobora gute kudufasha kumenya nimba twobandanya kwigisha umuntu Bibiliya canke twobihagarika?

20 Ikibabaje, bamwebamwe mu bo twigisha bameze nk’Abisirayeli bo mu gihe ca Ezekiyeli. Ku biberekeye, Yehova yabwiye Ezekiyeli ati: “Raba! Kuri bo uri nk’ururirimbo rw’urukundo rw’akanyengetera, nk’uwuri n’akajwi keza avuza neza igicurarangisho c’imirya. Ntibazobura kwumva amajambo yawe, mugabo nta n’umwe ayashira mu ngiro.” (Ezk. 33:32) Hari aho vyotugora kubwira umuntu ko duhagaritse kwiga na we. Ariko rero, “igihe gisigaye ni kigufi.” (1 Kor. 7:29) Aho guta umwanya turongora inyigisho idatera imbere, turakwiye nyabuna kurondera abagaragaza ko “bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera.”​—Soma Ivyakozwe 13:48.

Mu cibare cawe, hoshobora kuba hariho abandi bariko barasenga Imana ngo ibafashe (Raba ingingo ya 20)

21. Icanditswe c’umwaka wa 2020 ni ikihe, kandi ni kubera iki kibereye?

21 Mu mwaka wa 2020, icanditswe c’umwaka kizodufasha kurushiriza kuryohora igikorwa cacu co guhindura abantu abigishwa. Kirimwo amwe mu majambo Yezu yavugiye muri rya koraniro ry’intibagirwa ryabera ku musozi w’i Galilaya, ayagira ati: “Nimugende rero muhindure abantu . . .  abigishwa, mubabatiza.”​Mat. 28:19.

Twipfuza kuguma turyohora igikorwa cacu co guhindura abantu abigishwa kandi tugafasha abo twigisha Bibiliya gushika babatijwe (Raba ingingo ya 21)

URURIRIMBO RWA 70 Turondere ababereye

^ ing. 5 Icanditswe c’umwaka wa 2020 kituremesha ‘guhindura abantu abigishwa.’ Iryo tegeko riraba abasavyi ba Yehova bose. None twofasha gute abo twigisha Bibiliya gucika abigishwa ba Kristu? Iki kiganiro kiratwereka ivyo twokora kugira tubafashe kurushiriza kwiyegereza Yehova. Turaza no kubona ivyodufasha kumenya nimba twobandanya kwiga n’umuntu canke twohagarika.

^ ing. 18 Raba ividewo ivuga ngo Guhagarika inyigisho za Bibiliya zidatera imbere iri kuri televiziyo ya JW®.