Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 3

Yehova Imana yawe araguha agaciro

Yehova Imana yawe araguha agaciro

Yaratwibutse igihe twari twacitse intege.”​ZAB. 136:23, nwt.

URURIRIMBO RWA 33 Terera umuzigo wawe kuri Yehova

INCAMAKE *

1-2. Abasavyi ba Yehova benshi bariko bashikirwa n’ibiki, kandi ivyo bibagirako ingaruka izihe?

ZIRIKANA kuri ibi bintu bitatu: Umuvukanyi akiri muto bamutoye indwara isinzikaza. Umuvukanyi arengeje imyaka 50 arakuwe mu kazi, kandi naho aguma agira akigoro gakomeye nta kandi kazi aronka. Mushiki wacu na we w’intahemuka yitereye mu myaka, asigaye atagishoboye gukora nk’ivyo yahora akora mu gikorwa ca Yehova.

2 Nimba muri ivyo bihejeje kuvugwa hari ikiriko kiragushikira, woshobora kwumva umenga nta co ukimaze. Ibintu nk’ivyo birashobora gutuma utakaza umunezero, ukiyanka, kandi bikonona ubucuti ufitaniye n’abandi.

3. Shetani n’abayoboke biwe babona gute ubuzima bw’abantu?

3 Iyi si ibona ubuzima bw’abantu nk’uko Shetani abubona. Shetani yamye afata abantu nk’abatagira agaciro. Abigiranye ububisha, yabwiye Eva ko aramutse agambarariye Imana yoronse umwidegemvyo, kandi yari azi neza ko vyomukwegeye urupfu. Kuva kera na rindi, Shetani yamye agira akosho mu vy’urudandaza rw’iyi si, ivya politike be n’ivy’idini. Ntibitangaje rero kubona abadandaza benshi, abanyapolitike be n’abakuru b’amadini bagaragaza agatima kiwe ko kudaha agaciro ubuzima bw’abantu.

4. Muri iki kiganiro turimbura iki?

4 Ariko Yehova wewe yipfuza ko twumva yuko turi n’agaciro, kandi aradufasha igihe dushikiwe n’ibintu vyotuma twumva ko ata co tumaze. (Zab. 136:23; Rom. 12:3) Muri iki kiganiro tugiye kurimbura ingene Yehova adufasha muri ibi bihe bikurikira: (1) Igihe turwaye, (2) igihe turi mu ngorane z’ivy’ubutunzi (3) igihe tubona ko ata co tukimaze mu gikorwa ca Yehova kubera ubusaza. Ariko rero, reka tubanze turabe ibitwemeza ko Yehova aha agaciro umwe wese muri twebwe.

YEHOVA ARADUHA AGACIRO

5. Ni igiki kikwemeza ko abantu bari n’agaciro kuri Yehova?

5 Naho twaremwe mu mukungugu, turarusha agaciro cane ivu. (Ita. 2:7) Rimbura ibintu bikeya gusa vyerekana ko turi n’agaciro kuri Yehova. Yehova yaremanye abantu ubushobozi bwo kwigana kamere ziwe. (Ita. 1:27) Gutyo, yaradushize hejuru y’ibindi biremwa vyose biboneka, atuzeza ibanga ryo kuganza isi be n’ibikoko.​—Zab. 8:4-8.

6. Ni ikindi kintu ikihe kitwemeza ko Yehova aha agaciro abantu badatunganye?

6 Mbere n’inyuma y’aho Adamu acumuriye, Yehova yagumye aha agaciro abantu. Araduha agaciro cane ku buryo yatanze Umwana wiwe akunda, ari we Yezu, kugira ngo aducungure. (1 Yoh. 4:9, 10) Iyo ncungu izotuma Yehova azura abapfuye bivuye ku gicumuro ca Adamu, baba “abagororotsi [canke] abatari abagororotsi.” (Ivyak. 24:15) Ijambo ryiwe rirerekana ko aduha agaciro naho twoba turwaye, dukenye canke twitereye mu myaka.​—Ivyak. 10:34, 35.

7. Ni ibindi bintu ibihe bitwemeza ko Yehova aha agaciro abasavyi biwe?

7 Hariho n’ibindi bintu bitwemeza ko Yehova aduha agaciro. Yaradukwegereye kuri we yongera arabona ingene twakira inkuru nziza. (Yoh. 6:44) Igihe twatangura kwiyegereza Yehova, na we yaciye atwiyegereza. (Yak. 4:8) Yehova kandi aragira akigoro agafata n’umwanya wo kutwigisha, ivyo bikaba vyerekana ko aduha agaciro. Arazi uko tumeze ubu, be n’ico dushobora kuvamwo. Vyongeye, aradutoza indero kubera ko adukunda. (Imig. 3:11, 12) Emwe, ivyo ni ibimenyamenya bikomeye vyerekena ko Yehova aduha agaciro.

8. Ibivugwa muri Zaburi 18:27-29 bishobora gutuma tubona gute ingorane zidushikira?

8 Naho hari ababona ko Umwami Dawidi ata co yari amaze, wewe yari azi ko Yehova amukunda akongera akamushigikira. Ivyo vyatuma Dawidi abona mu buryo bwiza ivyamushikira. (2 Sam. 16:5-7) Igihe ducitse intege canke turi mu ngorane, Yehova arashobora kudufasha kubona ibintu mu buryo bwiza, akadufasha no gutsinda intambamyi iyo ari yo yose. (Soma Zaburi 18:27-29.) Iyo dushigikiwe na Yehova, nta na kimwe cotubuza kumukorera dufise umunezero. (Rom. 8:31) Reka ubu na ho twihweze vya bintu bitatu vyodushikira, aho usanga canecane dukeneye kwibuka ko Yehova adukunda be n’uko aduha agaciro.

IGIHE TURWAYE

Igihe turwaye, gusoma amajambo yahumetswe na Yehova bizoturinda kubona nabi ibitwerekeye (Raba ingingo ya 9-12)

9. Indwara zishobora gutuma twiyumva gute?

9 Indwara zirashobora gutuma twihebura, tukumva umenga nta co tukimaze. Igihe abandi bamenye ko turwaye canke igihe bibaye ngombwa ko badufasha mu vyo tutacishoboza, twoshobora kwumva isoni. Mbere n’igihe boba batazi ko turwaye, twoshobora kwiyumvamwo isoni z’uko tutagishoboye gukora vyinshi nk’uko twahora. Muri ivyo bihe bitesha umutwe, Yehova araturemesha. Uti gute?

10. Twisunze Imigani 12:25, ni igiki codufasha igihe turwaye?

10 Igihe turwaye, “ijambo ryiza” rirashobora kuturemesha. (Soma Imigani 12:25.) Muri Bibiliya, Yehova yarandikishije amajambo meza atwibutsa ko turi n’agaciro kuri we naho twoba turwaye. (Zab. 31:19; 41:3) Nitwasoma ayo majambo yahumetswe n’Imana, mbere tukayasoma twisubiriza, Yehova azodufasha kutarengerwa n’umwiheburo tugira iyo turwaye.

11. Umuvukanyi umwe yafashijwe gute na Yehova?

11 Rimbura akarorero k’uwitwa Jorge. Igihe yari akiri muto, yarafashwe n’indwara itotevye kumusinzikaza, bikaba vyatumye yumva ko ata co akimaze. Avuga ati: “Sinigeze niyumvira ko iyo ndwara yotumye niyumva ukuraho canke ko yotumye abantu baza barandaba maze nkamaramara. Uko iyo ndwara yarushiriza gukomera, ni ko naguma niyumvira ingene ubuzima bwanje bwohindutse. Narataye umutwe, maze ndatakambira Yehova ngo amfashe.” None Yehova yamufashije gute? Jorge avuga ati: “Kubera ko ntari ngishoboye kugumiza umutima ku vyo naba ndiko ndasoma, hari abandemesheje kuza ndasoma imirongo mikeya yo mu Mazaburi yerekana ko Yehova yitwararika abasavyi biwe. Buri musi naguma nsubiramwo gusoma iyo mirongo, kandi yarandemesheje yongera irampumuriza. Inyuma y’aho, abandi barabonye ko nari ntanguye kuza ndamwenyura. Baranavuze yuko kuba nari nsigaye mfise umunezero vyabaremesha. Narabonye ko Yehova yari yishuye amasengesho yanje. Yari yamfashije guhindura uko nabona ibinyerekeye. Nari nsigaye nshira umutima ku vyo Ijambo ryiwe rivuga ku bijanye n’ukuntu ambona naho nari ndwaye.”

12. Igihe urwaye, wokora iki ngo Yehova agufashe?

12 Nimba urwaye, numenye neza ko Yehova azi ingorane urimwo. Numutakambire agufashe kuza urabona ibikwerekeye mu buryo bwiza. Nuce usoma Bibiliya kugira ngo uremeshwe n’amajambo meza Yehova yandikishije ku bwawe. Niwibande ku mirongo yerekana ingene Yehova aha agaciro cane abasavyi biwe. Ubigenjeje gutyo, uzokwibonera ingene Yehova agirira neza abantu bose bamukorera badahemuka.​—Zab. 84:11.

IGIHE TURI MU NGORANE Z’IVY’UBUTUNZI

Kwibuka ko Yehova asezerana kuturonsa ivyo dukenera bizodufasha igihe tuzoba twabuze akazi (Raba ingingo ya 13-15)

13. Igihe serugo atakaje akazi, ashobora kwumva amerewe gute?

13 Serugo uwo ari we wese aripfuza kuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye. Ariko dufate ko umuvukanyi atakaje akazi ku mvo zitamuvuyeko. Ararondeye akandi abigiranye umwete ariko ntakaronke. Ivyo vyoshobora gutuma yumva umenga nta co amaze. None kuguma yibuka ivyo Yehova asezerana vyomufasha gute?

14. Ni imvo izihe zituma Yehova ashitsa ivyo asezerana?

14 Yehova yama ashitsa ivyo asezerana. (Yos. 21:45; 23:14) Ivyo abitumwa n’imvo zitandukanye. Ubwa mbere, ni uko bigira ico bikoze kw’izina ryiwe, ni ukuvuga ku kuntu azwi. Yehova yasezeranye ko azokwitwararika abasavyi biwe b’intahemuka, kandi abona ko ategerezwa kubishitsa. (Zab. 31:1-3) N’ikindi kandi, Yehova arazi ko twebwe abo mu muryango wiwe twocika intege hamwe atokwitwararika kuturonsa ivyo dukeneye. Adusezeranira kuturonsa ivyo dukenera ku mubiri no mu vy’impwemu, kandi nta na kimwe comubuza gushitsa uwo muhango.​—Mat. 6:30-33; 24:45.

15. (a) Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bashikiwe n’ingorane iyihe? (b) Ibivugwa muri Zaburi 37:18, 19 biduhumuriza gute?

15 Kuguma twibuka igituma Yehova ashitsa ivyo asezerana, biratuma twihanganira ingorane z’ivy’ubutunzi dutekanye. Rimbura akarorero k’abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Igihe ishengero ry’i Yeruzalemu ryahamwa bimwe bikomeye, ‘bose barasanzaye kiretse intumwa.’ (Ivyak. 8:1) Ivyo vyarateje ingorane mu vy’ubutunzi. Biboneka ko abo bakirisu bataye izabo be n’ubuzi bakora. Ariko Yehova ntiyabahevye, kandi na bo nyene ntibatakaje umunezero. (Ivyak. 8:4; Heb. 13:5, 6; Yak. 1:2, 3) Nk’uko nyene Yehova yafashije abo bakirisu b’intahemuka, ni ko natwe azodufasha.​—Soma Zaburi 37:18, 19.

IGIHE HARI IVYO TUTAGISHOBOYE KUBERA UBUSAZA

Gushira umutima ku vyo dushoboye gukora, mbere no mu busaza, bizodukura amazinda ko Yehova aduha agaciro kandi ashima igikorwa tumurangurira tudahemuka (Raba ingingo ya 16-18)

16. Ni igiki cotuma twiyumvira ko Yehova atagishima ivyo tumukorera?

16 Uko twiterera mu myaka, ni ko twoshobora kwumva umenga nta vyinshi twokorera Yehova. Ivyo bishobora kuba vyarashikiye n’Umwami Dawidi igihe yariko arasaza. (Zab. 71:9) None mu bihe nk’ivyo Yehova ashobora kudufasha gute?

17. Ivyashikiye mushiki wacu yitwa Jheri bitwigisha iki?

17 Rimbura ivyashikiye mushiki wacu yitwa Jheri. Yaratumiwe ku Ngoro y’Ubwami mu vyigwa bijanye no kubungabunga inyubakwa zikoreshwa mu gusenga Yehova, ariko we ntiyabona ko yovyitaba. Yavuze ati: “Ndisaziye, ndi umupfakazi, kandi nta na kimwe nzi cotuma Yehova ankoresha muri ico gikorwa. Nta co nkimaze.” Buca ivyo vyigwa bitangura, yaratakambiye Yehova amubwira ivy’ico kibazo. Bukeye, ashitse ku Ngoro y’Ubwami, yaguma yibaza nimba vy’ukuri yari abereye kuja muri ivyo vyigwa. Umwe mu batanze ivyo vyigwa, yavuze ko ikintu nyamukuru gisabwa ari umutima ukunze wo kwemera kwigishwa na Yehova. Jheri avuga ati: “Naciye nibwira nti: ‘Ivyo vyo ndabishoboye!’ Narakoroye amosozi kuko nari mbonye ko Yehova yari yishuye isengesho ryanje. Yariko aranyereka ko mfise ikintu c’agaciro nomuha kandi ko yipfuza kunyigisha!” Jheri atereje amaso inyuma, avuga ati: “Natanguye ivyo vyigwa mpagaritse umutima, ncitse intege kandi nihebuye. Ariko vyarangiye numva ndemye, mpumurijwe kandi numva ko hari ico maze!”

18. Bibiliya yerekana gute ko Yehova aguma aha agaciro ivyo tumukorera naho twoba twitereye mu myaka?

18 Uko twiterera mu myaka, twoshira amazinda ko kwa Yehova ata wubura ico akora. (Zab. 92:12-15) Yezu yaratwigishije ko Yehova akenguruka ivyo dushoboye gukora vyose mu gikorwa ciwe, naho vyoba ari bike. (Luka 21:2-4) Ku bw’ivyo, nushire umutima ku vyo ushoboye gukora. Nk’akarorero, woshobora kubwira abandi ivyerekeye Yehova, gusengera abavukanyi no kuremesha abandi ngo bagume ari intahemuka. Ivyo urangura si vyo bituma Yehova abona ko uri umukozi akorana na we, ahubwo ni ukuba umugamburukira n’umutima ukunze.​—1 Kor. 3:5-9.

19. Mu Baroma 8:38, 39 haturemesha gute?

19 Ese ukuntu dukenguruka kuba dusenga Yehova, Imana iha agaciro vy’ukuri abayikorera! Yaturemye kugira dukore ivyo agomba, kandi kuba tumusenga mu buryo yemera ni vyo bituma twumva ko turi n’ico tumaze vy’ukuri. (Ivyah. 4:11) Naho abantu b’iyi si bobona ko ata co tumaze, Yehova we si ko atubona. (Heb. 11:16, 38) Igihe rero ducitse intege bivuye ku ndwara, ku ngorane z’ivy’ubutunzi canke ku busaza, nimuze twame twibuka yuko ata na kimwe coshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru.​—Soma Abaroma 8:38, 39.

^ ing. 5 Woba warashikiwe n’ibintu vyatumye wumva ko ata co umaze? Iki kiganiro kiraza kukwibutsa ko Yehova aguha agaciro cane. Uraza kubona ingene woguma wumva ko hari ico umaze naho woshikirwa n’iki.

URURIRIMBO RWA 30 Dawe, Imana yanje, umugenzi wanje