Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Narahumurijwe mu ngorane zanje zose

Narahumurijwe mu ngorane zanje zose

Mu burengero bw’igihugu ubu citwa Pakistani, ku nkengera y’Uruzi Indusi, hari igisagara ca kera citwa Sukkur. Aho ni ho navukiye ku wa 9 Munyonyo 1929. Ico gihe, abavyeyi banje bararonse umugwi w’ibitabu vy’amabara akayangana, babihawe n’umumisiyonari yava mu Bwongereza. Ivyo bitabu bishingiye kuri Bibiliya vyaragize uruhara mu gutuma mba Icabona ca Yehova.

IVYO bitabu bavyita umunywamazi. Maze gukura ku buryo nshobora kuvyihweza, narabisanzemwo amashusho ahimbaye yatumye nzirikana cane. Kuva nkiri muto rero, naciye ngira inyota yo kumenya ibivugwa muri Bibiliya, nk’uko vyasigurwa muri ivyo bitabu.

Igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yari irembeje Ubuhindi, narashikiwe n’icago kidasanzwe. Abavyeyi banje baratandukanye, mu nyuma barahukana. Sinatahura ingene abantu babiri nakunda cane botandukana. Naravunitse umutima, numva umengo ndi akahebwe. Nari umwana w’ikinege, kandi vyasa n’aho nari nsigaye ata we ndirira.

Ico gihe, twe na mawe twaba i Karachi, ku mugwa mukuru. Umusi umwe, umutama w’umuganga yitwa Fred Hardaker, akaba yari Icabona ca Yehova, yaraje muhira. Yari asangiye ukwizera na wa mumisiyonari yaha ibitabu abavyeyi banje. Yarasavye mawe ko bokwigana Bibiliya. Mawe yaranse mugabo amubwira ko hari aho jewe nari gushimishwa. Mu ndwi ikurikira, naratanguye kwiga Bibiliya n’uwo muvukanyi Hardaker.

Inyuma y’indwi nka zingahe, naratanguye kwitaba amakoraniro yabera kw’ivuriro ry’umuvukanyi Hardaker. Hikoraniriza Ivyabona nka 12 bitereye mu myaka. Baranyiruye bongera baranyitwararika nk’umwana wabo. Ndibuka ingene bicara iruhande yanje, be n’ingene baca bugufi ku buryo tureha maze bakanyagisha nk’abagenzi b’ukuri, akaba ari vyo nari nkeneye ico gihe.

Bidatevye, umuvukanyi Hardaker yaransavye ko twojana mu ndimiro. Yaranyigishije gukoresha ifono kugira tuvuze insiguro ngufi zishingiye kuri Bibiliya zaba zarafashwe amajwi. Hari izo wasanga zitarya umunwa, maze abanyamihana bamwebamwe ntibazishime. Mugabo narashimishwa no kubwira abandi inkuru nziza. Narakunda cane ukuri kwo muri Bibiliya kandi nararyoherwa no kukubwira abandi.

Igihe abasoda b’Abayapani bariko bitegurira gutera Ubuhindi, abategetsi b’Ubwongereza baciye barushiriza guhama Ivyabona vya Yehova. Muri Mukakaro 1943, na jewe urwo ruhamo rwahavuye runshikako. Umuyobozi w’ishure, akaba yari umupasitori w’umwangilikani, yaranyirukanye ngo ndi umwana adashoboka. Yabwiye mawe ngo nariko mpa akarorero kabi abandi banyeshure kubera nifatanya n’Ivyabona vya Yehova. Mawe yaragize ubwoba aca arambuza gusubira kwifatanya na bo. Mu nyuma yarandungitse kwa dawe i Peshawar, igisagara kiri ku bilometero 1.370 mu buraruko. Kubera ko ntari nkironka ibifungurwa vy’impwemu be n’abavukanyi twifatanya, naciye mpororokerwa.

NSUBIRANA MU VY’IMPWEMU

Mu 1947, narasubiye i Karachi kurondera akazi. Igihe nariyo, naragiye kuri rya vuriro rya Hardaker, maze anyakirana igishika cinshi.

Kubera yiyumviriye ko nje kwivuza, yambajije ati: “Urwaye gute?”

Nanje nti: “Muganga, singwaye ku mubiri, ngwaye mu buryo bw’impwemu. Nipfuza kwiga Bibiliya.”

Aca ambaza ati: “Wipfuza gutangura ryari?”

Nsubizayo nti: “Ubu nyene, nimba bishoboka.”

Twaciye tumara uwo mugoroba wose twiga Bibiliya. Numvise nsubiranye kandi ndemeshejwe kubera nari nsubiye kubonana n’Ivyabona vya Yehova. Mawe yaragerageje kumbuza kwifatanya na bo, ariko ico gihe nari niyemeje gukorera Yehova. Ku wa 31 Myandagaro 1947, narerekanye ko niyeguriye Yehova mu kubatizwa. Bidatevye, naratanguye ubutsimvyi busanzwe mfise imyaka 17.

UBUTSIMVYI BWANDONKEJE UMUNEZERO

Natanguye gukorera ubutsimvyi i Quetta, akarere kahozemwo ikambi y’ingabo z’Ubwongereza. Mu 1947, Ubuhindi bwaragabuwe buvamwo Ubuhindi na Pakistani. * Ivyo vyatumye haba intureka mu banyagihugu ifatiye ku madini, abantu imiliyoni nka 14 baca barashwiragira bimwe vy’akatabonetse. Abisilamu bo mu Buhindi bagiye muri Pakistani, Abahindu n’Abasiki bo muri Pakistani na bo baja mu Buhindi. Mu gihe c’ako kajagari, naruriye igariyamoshi yankuye i Karachi yuzuye no ku bunwa gushika i Quetta, ndaheza ngira hafi urugendo rwose nifadikije icuma hanze kuri iyo gariyamoshi.

Ndi kw’iteraniro ry’umuzunguruko mu Buhindi mu 1948

Ng’aho i Quetta nahasanze George Singh, akaba yari umutsimvyi adasanzwe w’imyaka nka 25. Yarampaye ikinga rishaje nagenderako muri ako karere k’imisozi. Akenshi namamaza ndi jenyene. Inyuma y’amezi atandatu nari mfise inyigisho za Bibiliya 17 kandi bamwe muri bo baraje mu kuri. Umwe muri bo yari intwazangabo yitwa Sadiq Masih. Twe na George yaradufashije guhindura ibisohokayandikiro bimwebimwe mu rurimi rwitwa Urdu, ari na rwo kavukire muri Pakistani. Sadiq yahavuye aba umwamamaji w’umunyamwete.

Ngiye kw’Ishure rya Gileyadi mu bwato Queen Elizabeth

Mu nyuma narasubiye i Karachi, nca nkorana n’abamisiyonari bari baherutse kuva kw’Ishure rya Gileyadi ari bo Henry Finch n’umukenyezi wiwe Harry Forrest. Emwe, baramenyereje vyinshi mu vya gitewokarasi! Umusi umwe narajanye n’umuvukanyi Finch kwamamaza mu buraruko bwa Pakistani. Tugeze mu micamo y’imisozi miremire, twahasanze abantu benshi baciye bugufi bavuga rwa rurimi rwitwa Urdu, bari banyotewe ukuri kwo muri Bibiliya. Inyuma y’imyaka ibiri, na jewe naritavye Ishure rya Gileyadi. Ngarutse muri Pakistani, naciye mba umusubirizi w’umucungezi w’umuzunguruko. Naba mu nzu y’abamisiyonari i Lahore n’abandi bavukanyi batatu b’abamisiyonari.

NCIKA INTEGE MU NYUMA NDASUBIRANA

Ikibabaje, mu 1954 haradutse ukutumvikana mu bamisiyonari twabana. Kubera ko nari navyisutsemwo, narahawe impanuro ikomeye. Naravunitse umutima, numva umengo nta co nkimaze mu vy’impwemu. Naciye nsubira i Karachi, mu nyuma na ho nja i Londres mu Bwongereza kugira ndabe ko nosubirana mu vy’impwemu.

Aho i Londres, nari mw’ishengero ryarimwo Abanyabeteli batari bake. Pryce Hughes ni we yari ahagarikiye ishami, kandi yari yimereye neza. Yaranyitwararitse abigiranye urukundo. Umusi umwe, yaranyiganiye ingene umuvukanyi Joseph Rutherford, uwari ahagarikiye igikorwa co kwamamaza kw’isi yose, yigeze kumuha impanuro ikomeye. Agerageje kwisigura, umuvukanyi Rutherford yaciye amuhambarira cane. Naratangajwe n’ingene umuvukanyi Hughes yabinyiganiye amwenyura. Yambwiye ko naho mu ntango vyamubabaje, yahavuye abona ko iyo mpanuro ikomeye yari ayikeneye be n’uko Yehova yari amweretse ko amukunda. (Heb. 12:6) Ivyo yambwiye vyarankoze ku mutima vyongera biratuma nsubira gukorera Yehova nezerewe.

Muri ico gihe nyene, mawe yarimukiye i Londres, kandi yaremeye kwigishwa Bibiliya n’umuvukanyi John Barr, uwahavuye aba mu bagize Inama Nyobozi. Ntiyatevye gutera imbere, aca abatizwa mu 1957. Mu nyuma naramenye ko na dawe yize Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, imbere y’uko apfa.

Mu 1958, narubakanye na Lene, akaba yari mushiki wacu aturuka muri Danemarke yaba i Londres. Haciye umwaka, twaribarutse agakobwa tukita Jane, mu nyuma turibaruka abandi bana bane. Vyongeye, naratewe uduteka tw’umurimo mw’ishengero rya Fulham. Ariko rero Lene yahavuye akikwa n’amagara, bica biba ngombwa ko twimukira mu karere gashushe. Mu 1967, twaciye twimukira i Adelaide muri Ostraliya.

ICAGO CATUVUNYE UMUTIMA

Ishengero twarimwo i Adelaide ryari rifise abakirisu barobanuwe 12 bitereye mu myaka. Baratuja imbere mu kwamamaza n’umwete. Ntitwatevye gusubira kugira utumenyero twiza two mu vy’impwemu.

Mu 1979, twaribarutse umwana agira gatanu, tumwita Daniel. Yavukanye indwara ikomeye ifatira mu tugingo ngengakamere yitwa trisomie, * kandi batubwiye ko yociye apfa bidatevye. N’ubu biracangora kudondora umubabaro twagize. Twarakoze ibishoboka vyose kugira twitwararike ivyo yari akeneye, tutirengagije abandi bana bacu bane. Vyarashika Daniel akabenjuka yabuze ogisijeni kubera umutima wiwe wari ufise intoboro zibiri, tugaca tumwirukangana kwa muganga. Ariko naho yari magaramake, yari aciye ubwenge akagira n’igikundiro. Vyongeye, yarakunda cane Yehova. Igihe twaba turiko turasenga imbere yo gufungura yaca afatanya utuboko, akunama, hanyuma akavuga n’umutima wiwe wose ngo “Amen!” Aho gusa ni ho yabona gufungura.

Igihe Daniel kari gafise imyaka ine, karafashwe n’indwara yo mu bwoko bwa kanseri (leucémie). Twe na Lene twarasanzaye ku mubiri no mutima. Nari hafi gusara. Yamara igihe twari mu mwiheburo ntangere, umucungezi wacu w’umuzunguruko Neville Bromwich yaraje i muhira. Yaratugumbiriye, amosozi yuzuye amaso. Twese twaciye turira. Amajambo yiwe y’urukundo n’impuhwe yaraturemesheje bimwe bitovugwa. Yatashe isaha indwi z’ijoro. Inyuma y’aho, Daniel yaciye apfa. Kumubura ni co kintu caduteye intuntu kuruta ibindi vyose mu buzima. Mugabo twaravyihanganiye, kubera tuzi ko ata kintu na kimwe gishobora gutandukanya Daniel n’urukundo rwa Yehova, naho rwoba urupfu. (Rom. 8:38, 39) Ese ukuntu dushashaye kuba kumwe na we igihe azoba yazutse mw’isi nshasha y’Imana!​—Yoh. 5:28, 29.

NDAHIMBARWA NO GUFASHA ABANDI

Muri iki gihe, naho maze gufatwa kabiri n’indwara ikomeye yonona ubwonko nkarusimba, ndacari umukurambere. Ivyanshikiye vyaranyigishije kwumvira abandi impuhwe, canecane abari mu ngorane. Ndihatira kutabacira urubanza, ahubwo nkibaza nti: ‘Ivyo baciyemwo bigira ico bikoze gute ku kuntu biyumva no ku kuntu biyumvira? Nobereka gute ko ndabitaho? Nobaremesha gute gukora ivyo Yehova agomba?’ Ndakunda cane kugendera cungere abagize ishengero. Iyo ndemesheje abandi nkongera nkabaruhurira mu vy’impwemu, na jewe nca numva ndemye kandi nduhuriwe.

Ndacahimbarwa no kugendera abandi cungere

Numva merewe nk’umwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe, [Yehova yaciye akuyakuya] umutima wanje.” (Zab. 94:19) Yarambaye hafi igihe nari mu ngorane zo mu muryango, igihe bariko bangwanya kubera ivyo nemera, igihe nari nacitse intege be n’igihe nari nishwe n’intuntu. Vy’ukuri, Yehova yarambereye Umuvyeyi nyawe!

^ ing. 19 Mu ntango, igihugu ca Pakistani cari kigizwe na Pakistani yo mu Burengero (icitwa Pakistani ubu) hamwe na Pakistani yo mu Buseruko (icitwa Bangladeshi ubu).

^ ing. 29 Raba ikiganiro kivuga ngo “Kurera umwana arwaye trisomie: Ingorane be n’ivyiza bivamwo” muri Be maso! (mu gifaransa) yo muri Ruheshi 2011.