Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Nimureke umuco wanyu wake’ kugira Yehova aninahazwe

‘Nimureke umuco wanyu wake’ kugira Yehova aninahazwe

“Mureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu, kugira . . . baninahaze So.”​—MAT. 5:16.

INDIRIMBO: 77, 59

1. Ni ikintu kidasanzwe ikihe kidutera umunezero?

ESE ukuntu biteye umunezero kwumva ingene abasavyi ba Yehova bariko barongerekana! Mu mwaka uheze, twarayoboye inyigisho za Bibiliya zirenga 10.000.000. Ivyo birerekana neza ko abasavyi b’Imana bariko barareka umuco wabo ukaka. Vyongeye, nuzirikane abantu amamiliyoni bashimishijwe maze bakitaba Icibutso. Barashoboye kumenya ukuntu Imana yagaragaje urukundo rwayo mu kuduha incungu.​—1 Yoh. 4:9.

2, 3. (a) Ni intambamyi iyihe itatubuza ‘gukayangana nk’amatara’? (b) Muri iki kiganiro, turimbura iki?

2 Abasavyi ba Yehova hirya no hino kw’isi bavuga indimi zitandukanye. Ariko ico ntikitubuza gushemeza Umuvyeyi wacu Yehova, twunze ubumwe. (Ivyah. 7:9) Twaba tuvuga ururimi uruhe canke tuba hehe, turashobora gukayangana “nk’amatara mw’isi.”​—Flp. 2:15.

3 Kuba tubandanya kwongerekana, tukaguma twunze ubumwe kandi tukihatira kuguma turi maso, biratuma Yehova aninahazwa. Muri iki kiganiro, turarimbura ukuntu ivyo vyose tubishikako.​—Soma Matayo 5:14-16.

NUFASHE ABANDI KUMENYA YEHOVA

4, 5. (a) Uretse kwamamaza, dushobora gute kureka umuco wacu ukaka? (b) Ni ivyiza ibihe twironkera iyo tugaragaje umutima mwiza? (Raba ishusho itangura.)

4 Ikiganiro cavuga ngo “Umuco mu mwiza” co mu Munara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 1 Ruheshi 1925, cagize giti: “Nta n’umwe yoshobora kuba intahemuka ku Mukama muri iyi misi ya nyuma. . . mu gihe atoreka umuco wiwe ugakayangana.” Ico kiganiro congeyeko giti: “Ivyo ategerezwa kubikora mu kubwira inkuru nziza abantu bo kw’isi no mu kubaho yisunga ingingo ngenderwako za Yehova.” Ego cane, uburyo bumwe tureka umuco wacu ukaka ni mu kwamamaza inkuru nziza no mu guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Vyongeye, turashobora kuninahaza Yehova mu kwigenza rukirisu. Abo tubwira inkuru nziza be n’abahita baratwihweza. Iyo tubamwenyuriye kandi tukabaramutsa n’igishika, birabahishurira vyinshi ku bitwerekeye no ku vyerekeye Imana dusenga.

5 Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mwinjiye mu nzu, muramutse urwo rugo.” (Mat. 10:12) Mu karere Yezu n’intumwa bakunda kwamamazamwo, vyari ibisanzwe ko umuntu aha ikaze mu nzu yiwe abo atazi. Muri iki gihe si ko bikiri mu mihingo myinshi. Naho ari ukwo, iyo twifashe kigenzi igihe dusigura igitumye tubagendera, birakunze gutuma uwo tugendeye adahagarika umutima canke atsinda ishavu. Akenshi, kumwenyura ni bwo buryo bwiza bwo gutanguza ikiyago. Ivyo ni na ko biri igihe twamamaza ku mugaragaro dukoresheje ka kantu k’amapine. Igihe ugira uruhara muri uwo muce w’ubusuku, urabona ko abantu benshi bavyakira neza iyo ubamwenyuriye maze ukabaramutsa. Birashobora gutuma begera bagatora igisohokayandikiro. Igihe ubagaragarije umutima mwiza, birashobora no kugufasha gutanguza ikiyago.

6. Umuvukanyi umwe n’umukenyezi wiwe bageze mu zabukuru barangura gute ubusuku?

6 Umuvukanyi umwe n’umugore wiwe bo mu Bwongereza bageze mu zabukuru, barafise ingorane z’amagara zituma bibagora kwamamaza inzu ku nzu. Bahisemwo rero kwamamariza imbere y’inzu yabo. Barashira ku meza ibitabu bishingiye kuri Bibiliya igihe abavyeyi baba baje gutora abana babo biga kw’ishure riri hafi yaho. Birashimishije kubona abavyeyi benshi baratoye igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1 n’ica 2, be n’utundi dutabu. Mushiki wacu umwe wo mw’ishengero ryabo yarifatanije na bo muri ico gikorwa. Umutima mwiza yagaragaza be n’akigoro k’uwo muvukanyi n’umugore wiwe vyaratumye umwe muri ba bavyeyi yemera kwiga Bibiliya.

7. Wofasha gute abahungiye mu karere iwanyu?

7 Muri iyi myaka, ibihugu vyinshi vyarakiriye abantu benshi bahunze. Wokora iki none kugira ubafashe kumenya Yehova n’umugambi afitiye abantu? Ubona gute utanguye kwiga kuramukanya mu rurimi rwabo? Ka gaporogarama JW Language karashobora kubigufashamwo. Vyongeye, ubona gute wize amungane makeyi wokoresha kugira utume bakwēgērwa? Woshobora rero guca uberekeza kuri jw.org, ukabereka amavidewo n’ibitabu biboneka mu rurimi rwabo.​—Gus. 10:19.

8, 9. (a) Ikoraniro ry’Ubuzima bwacu ridufasha gute? (b) Abavyeyi bofasha gute abana babo kugira uruhara mu makoraniro?

8 Yehova abigiranye urukundo, yaradushiriyeho ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu kugira turangure neza ubusuku bwo mu ndimiro. Ubuyobozi ngirakamaro tuhakura burafasha benshi muri twebwe kworoherwa igihe tugira amasubirayo be n’igihe tuyobora inyigisho za Bibiliya.

9 Abashasha benshi baratangara babonye abana bacu bagira uruhara mu makoraniro. Bavyeyi, nimufashe abana banyu bareke umuco wabo wake, mu kubigisha gutanga inyishu mu majambo yabo bwite. Hari abashimishijwe n’ukuri kubera ko bumvise abana baserura ukwizera kwabo mu majambo yoroshe kandi avuye ku mutima.​—1 Kor. 14:25.

NUREMESHE UBUMWE

10. Ugusenga kwo mu muryango kuwufasha gute kwunga ubumwe?

10 Ikindi codufasha kureka umuco wacu ukaka ni ukuremesha ubumwe mu muryango no mw’ishengero. Uburyo bumwe abavyeyi bobigira ni ukwama bagira Ugusenga kwo mu muryango. Benshi barafata umusi kanaka mu kwezi bakaraba ikiganiro co kuri Televiziyo ya JW. Igihe muhejeje kuraba ico kiganiro, mubona gute mufashe akanya mukarimbura ingene mwoshira mu ngiro ivyiyumviro bimwebimwe vyashikirijwe? Igihe abavyeyi bahagarikira ugusenga kwo mu muryango, bakwiye kwibuka ko ubuyobozi umwana muto akeneye bwoshobora kudasa n’ubwo umuyabaga akeneye. Nimwerekane ingene ivyo mwize vyoshirwa mu ngiro ku buryo umwe wese mu bagize umuryango ahungukira.​—Zab. 148:12, 13.

Kwitwararika abageze mu zabukuru biraremesha cane (Raba ingingo ya 11)

11-13. Twese dushobora gute kuremesha ubumwe mw’ishengero?

11 Abakiri bato bashobora gute kuremesha ubumwe mw’ishengero? Nimba uri umukirisu akiri muto, ubona gute wishingiye umugambi wo kwiyegereza abageze mu zabukuru? Nk’akarorero, woshobora kubasaba ubigiranye urupfasoni bakakwiganira ivyo biboneye mu myaka bamaze bakorera Yehova. Ivyo bizobaremesha na wewe bikuremeshe cane, gutyo murushirize kureka umuco w’ukuri wake. Vyongeye, twese turashobora kwishingira umugambi wo guha ikaze abaza ku makoraniro yacu. Tubigenjeje gutyo tuzorushiriza kuremesha ubumwe, bitume n’abashasha bipfuza kureka umuco wabo wake. Mu vyo twogira harimwo kubaramutsa tubamwenyurira igihe baje ku makoraniro, kumbure mbere tukicarana kugira tubafashe. Nubafashe kumenyana n’abandi bo mw’ishengero, gutyo bumve bisanze.

12 Nimba uhagarikiye ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro, urashobora gufasha cane abitereye mu myaka kugira uruhara mu ndimiro. Boba bafise icibare kibereye? Rimwe na rimwe, woshobora kugena uwukiri muto bakajana mu ndimiro kugira amwandaze. Woshobora kandi kugaragaza ko utahura ivyo abitereye mu myaka be n’abafise amagara make bashoboye gukora. Ego cane, niwitwararika abandi ukongera ukabatahura, bizofasha abato n’abakuze, abazi utuntu n’utundi na bashasha, kwamamaza n’umwete.​—Lew. 19:32.

13 Umwanditsi wa zaburi yikuguye ati: “Ese ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye ko abavukana babana mu bumwe!” (Soma Zaburi 133:1, 2.) Kubera ko Abisirayeli bagumye bifatanya mu gusenga Yehova, vyaratumye bungukira cane kuri bagenzi babo. Vyari bimeze nk’amavuta amota neza kandi aruhura. Ubona gute wiyemeje kugira akosho keza ku bandi, gutyo ukaremesha ubumwe mw’ishengero? Nimba ubigira, uri uwo gukezwa. Woba none ‘wokwaguka,’ ni ukuvuga ukarushiriza kubigira kandi ukama ubigira?​—2 Kor. 6:11-13.

14. Wokora iki kugira ureke umuco wake aho ubaye?

14 Worushiriza gute kureka umuco w’ukuri kwa Bibiliya ukaka mu babanyi bawe? Ibintu vyiza uvuga be n’ivyo ukora vyoshobora gutuma bakwēgērwa n’ukuri. Niwibaze uti: ‘Ababanyi bambona gute? Noba nguma ngirira isuku aho mba ku buryo hatuma ikibano kiboneka neza? Noba nibwiriza gufasha abandi?’ Igihe uyaga n’Ivyabona bagenzawe, ubona gute ubabajije ingene ubuntu n’inyifato nziza bagaragaza bikora ku mutima incuti zabo, ababanyi, abo bakorana canke bigana? Nta gukeka ko uzokwumva ivyabonywe vyinshi bishimishije.​—Ef. 5:9.

NUGUME URI MASO

15. Kubera iki bihambaye ko tuguma turi maso?

15 Nimba twipfuza ko umuco wacu uguma waka, turakwiye kumenya neza igihe tugezemwo. Yezu yahimirije kenshi abigishwa biwe ati: “Mugume muri maso.” (Mat. 24:42; 25:13; 26:41) Hamwe twokwiyumvira ko ya “makuba akomeye” akiri kure, ko kumbure azoshika tutakiriho, twoshobora guca tubona yuko kwamamaza bitihutirwa. (Mat. 24:21) Aho kureka umuco wacu ngo ukayangane mu babanyi, uzogenda uragabanuka, ugere n’aho uzima.

16, 17. Wokora iki kugira ngo ugume ubona ko ibintu vyihutirwa?

16 Kubera ko ibihe bigoye turimwo birushiriza kumera nabi, twese turakwiye kuguma turi maso. Umusi wa Yehova ntuzocererwa namba. Aho nta wokekeranya. (Mat. 24:42-44) Imbere y’uko uwo musi ushika, nurindire wihanganye, urushirize kuba maso. Nusome Ijambo ry’Imana buri musi, kandi ugume urikanuye ku bw’amasengesho. (1 Pet. 4:7) Nugire ico wigiye ku bavukanyi na bashiki bacu bamaze imyaka bafise umunezero kubera bagumye bari maso kandi bakareka umuco wabo ukaka. Nk’akarorero, raba ibiri mu kiganiro kivuga ngo “Maze imyaka 70 mfashe impuzu y’Umuyuda” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2012, urupapuro rwa 18-21.

17 Nugume ukorera abandi ivyiza kandi wifatanye n’abakuremesha. Ivyo bizotuma ugira umunezero mwinshi, kandi ntuzomenya ingene umwanya waheze. (Ef. 5:16) Mu kinjana giheze, abavukanyi bacu barakoze birashimwa. Ariko ubu ho turiko dukora vyinshi kuruta, tubifashijwemwo na Yehova. Turiko turareka umuco wacu ukaka ku rugero ata wari gushobora kwiyumvira ko twoshikako.

Igihe abakurambere batugendeye cungere, turungukira ku bukerebutsi bwo mw’Ijambo ry’Imana (Raba ingingo ya 18, 19)

18, 19. Abakurambere b’ishengero bashobora gute kudufasha kuba maso no kugumana umwete? Tanga akarorero.

18 Kumenya ko agasembwa dufise katatubuza gukorera Yehova mu buryo ashima, birakomeza ukwizera kwacu. Ku bw’ivyo, nukengurukire Yehova kubona yaraduhaye “ingabirano z’abagabo,” ni ukuvuga abakurambere b’ishengero. (Soma Abanyefeso 4:8, 11, 12.) Ikindi gihe umukurambere niyakugendera, ntuze ubure kwungukira ku bukerebutsi bwiwe be n’impanuro azoguha.

19 Hari abakurambere babiri bo mu Bwongereza bitavye akamo k’umugabo n’umugore wiwe bari bafise ingorane. Umugore yabona umengo umugabo ntayobora neza urugo mu vy’impwemu. Umugabo yaremeye ko atari umwigisha mwiza be n’uko atatunganya ugusenga kwo mu muryango adahorereza. Abo bakurambere barabibukije akarorero k’ingene Yezu yitwararika abigishwa biwe be n’ivyo bari bakeneye. Basavye uwo mugabo kwigana Yezu, umugore na we bamuremesha kwihangana. Barabagiriye n’inama z’ingene bosenyera ku mugozi umwe, bakagira ugusenga kwo mu muryango bari kumwe n’abana babo babiri. (Ef. 5:21-29) Mu nyuma barakeje uwo mugabo ku twigoro yagize. Bamuremesheje kwumirako no gusaba impwemu nyeranda ngo imufashe guhagarikira neza urugo mu vy’impwemu. Kuba abo bakurambere baritwararitse uwo muryango bongera barawushigikira, vyarafashije abawugize kureka umuco wabo uraka.

20. Niwareka umuco wawe ukaka, bizovamwo iki?

20 Umwanditsi w’amazaburi yaririmvye ati: “Hahiriwe umuntu wese atinya Yehova, agendera mu nzira ziwe.” (Zab. 128:1) Na wewe uzorushiriza kugira agahimbare niwareka umuco wawe ukaka mu gufasha abandi kumenya Imana, mu kwigenza mu buryo buremesha ubumwe, no mu kuguma uri maso. Abandi bazobona ivyiza ukora, bitume benshi baninahaza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru.​—Mat. 5:16.