Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nureke amategeko n’ingingo ngenderwako vy’Imana bimenyereze ijwi ryawe ryo mu mutima

Nureke amategeko n’ingingo ngenderwako vy’Imana bimenyereze ijwi ryawe ryo mu mutima

“Ivyibutsa vyawe [ni] ikintu nitwararika.”​—ZAB. 119:99.

INDIRIMBO: 127, 88

1. Kimwe mu bituma abantu baruta ibikoko ni ikihe?

KIMWE mu bituma abantu baruta ibikoko ni uko baremanywe ijwi ryo mu mutima. Ivyo ni ko biri kuva abantu batanguye kuba kw’isi. Igihe Adamu na Eva barenga kw’itegeko ry’Imana, baciye binyegeza. Ivyo birerekana ko ijwi ryabo ryo mu mutima ryariko rirabagiriza.

2. Ni gute ijwi ryacu ryo mu mutima ryogereranywa n’idirigisiyo y’ubwato? (Raba ishusho itangura.)

2 Abafise ijwi ryo mu mutima ritamenyerejwe neza twobagereranya n’ubwato bufise idirigisiyo idakora neza. Gufata urugendo mu bwato nk’ubwo vyoshobora guteza akaga, kuko imiyaga n’ibihuhusi vyoshobora kubutesha inzira bitagoranye. Mugabo igihe idirigisiyo ikora neza, irashobora gutuma umukapitene w’ubwato abutumbereza mu nzira nziza. Ijwi ryo mu mutima rikora neza rero rimeze nk’idirigisiyo iyobora umutima wacu. Ni ubushobozi mvukanwa budufasha gutandukanya iciza n’ikibi, bukatuyobora mu nzira nziza. Ariko kugira ijwi ryacu ryo mu mutima rituyobore neza, ribwirizwa kuba rikora neza.

3. Bigenda gute iyo ijwi ryo mu mutima ritamenyerejwe neza?

3 Igihe ijwi ryo mu mutima ry’umuntu ritamenyerejwe neza, ntirimubuza gukora ikibi. (1 Tim. 4:1, 2) Ryoshobora mbere kutwereka “ikibi ko ari ciza.” (Yes. 5:20) Yezu yagabishije abayoboke biwe ati: “Isaha iriko iragera aho umuntu wese azobica azokwiyumvira ko akoreye Imana igikorwa ceranda.” (Yoh. 16:2) Ukwo ni ko vyagenze ku bishe umwigishwa Sitefano n’abandi benshi. (Ivyak. 6:8, 12; 7:54-60) Abanyamadini b’ishaka rirenze bakora ubwicanyi nk’ubwo, baba bariko barenga ku mategeko y’Imana bavuga ko bakorera. (Kuv. 20:13) Biraboneka neza ko ijwi ryabo ryo mu mutima ribazimiza!

4. Twokora iki kugira twirinde ko ijwi ryacu ryo mu mutima rikora nabi?

4 Twokora iki none kugira twirinde ko ijwi ryacu ryo mu mutima rikora nabi? Amategeko n’ingingo ngenderwako dusanga mw’Ijambo ry’Imana ni “ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi.” (2 Tim. 3:16) Ku bw’ivyo, iyo twize Bibiliya n’umwete, tukazirikana ku vy’ivuga kandi tukabishira mu ngiro mu buzima bwacu, biratuma turushiriza kubona ibintu nk’uko Imana ibibona, maze ijwi ryacu ryo mu mutima rikatuyobora neza. Nimuze twihweze ukuntu amategeko ya Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe bidufasha kumenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima.

NUREKE AMATEGEKO Y’IMANA AKUMENYEREZE

5, 6. Twungukira gute ku gukurikiza amategeko y’Imana?

5 Kugira twungukire ku mategeko y’Imana, ntidukwiye gusa kuyasoma canke kuyamenya. Dutegerezwa kwiga kuyakunda no kuyubahiriza. Ijambo ry’Imana rigira riti: “Nimwanke ikibi, mukunde iciza.” (Am. 5:15) None ivyo neza na neza tubigira gute? Ikintu nyamukuru kibidufashamwo ni ukubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Tubitangire akarorero: Dufate ko bikugora gutora agatiro. Urituye muganga, maze arakubwiye ivyogufasha harimwo ibifungurwa, ukwinonora imitsi n’ibindi wokora. Umaze gukora ivyo yakubwiye, usanze bikugiriye akamaro. Nta gukeka ko wokengurukira cane uwo muganga kubera yagufashije.

6 Muri ubwo buryo nyene, Umuremyi wacu yaraduhaye amategeko adukingira ingaruka z’igicumuro, maze tukagira ubuzima bwiza. Ibaze nawe ukuntu twungukira ku gukurikiza amategeko yo muri Bibiliya ajanye no kwirinda ububeshi, uruyeri, ubusuma, ubuhumbu, ububisha n’ubupfumu. (Soma Imigani 6:16-19; Ivyah. 21:8) Iyo twiboneye ivyiza biva ku gukora ibintu nk’uko Yehova abishaka, bica bituma turushiriza kumukunda be n’amategeko yiwe.

7. Gusoma inkuru z’abantu bavugwa muri Bibiliya no kuzizirikanako, bidufasha kugira iki?

7 Igishimishije, si ngombwa ngo twige tubanje kwibonerako. Turashobora kwigira ku makosa y’abantu bavugwa mw’Ijambo ry’Imana. Mu Migani 1:5 hagira hati: “Umuntu w’inkerebutsi azokwumviriza aronke inyigisho yiyongereye.” Vy’ukuri, Imana iratwigisha mu buryo bwiza kuruta ubundi bwose igihe dusoma inkuru z’abantu babayeho koko bavugwa muri Bibiliya tukongera tukazizirikanako. Nk’akarorero, ibaze intuntu Umwami Dawidi yagize amaze kurenga kw’itegeko rya Yehova, akarenga ibigo na Batisheba. (2 Sam. 12:7-14) Igihe turiko turasoma iyo nkuru twongera tuyizirikanako, twoshobora kwibaza duti: ‘Umwami Dawidi yari gushobora gute kwirinda intuntu yagize kubera yarenze ibigo na Batisheba? Hamwe noshikirwa n’ikintu nk’ico, ubwo noronka inkomezi zo kucirinda? Noba nohunga nka Yozefu, canke nogwa mu mutego nka Dawidi?’ (Ita. 39:11-15) Tuzirikanye ku ngaruka mbi z’igicumuro, biratuma turushiriza ‘kwanka ikibi.’

8, 9. (a) Ijwi ryacu ryo mu mutima rimaze iki? (b) Ingingo ngenderwako za Yehova zikorana gute n’ijwi ryacu ryo mu mutima?

8 Twoshobora kwirinda ibintu Imana yanka. Mugabo hariho ibindi bintu canke imice y’ubuzima Ivyanditswe bidatangako amategeko adomako. Mu bintu nk’ivyo, twomenya gute ivyo Imana ishima kandi ibona ko bibereye? Aho rero ni ho ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya rica rikora.

9 Yehova abigiranye urukundo, yaraduhaye ingingo ngenderwako ziyobora ijwi ryacu ryo mu mutima. Yavuze ati: “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo.” (Yes. 48:17, 18) Iyo dukoresheje ubwenge bwacu n’umutima wacu mu kuzirikana ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, tuba turiko turakosora ijwi ryacu ryo mu mutima, turiyobora twongera turimenyereza. Ivyo biraheza bikadufasha gufata ingingo nziza.

NUREKE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA ZIKUYOBORE

10. Ingingo ngenderwako ni iki, kandi Yezu yazikoresheje neza gute?

10 Ingingo ngenderwako ni ukuri kw’ishimikiro kuyobora ivyiyumviro vyacu, kukadufasha gufata ingingo nziza. Gutahura ingingo ngenderwako za Yehova birimwo kumenya neza ivyiyumviro vyiwe be n’igituma adushiriraho amategeko amwamwe. Mu gihe c’ubusuku bwiwe, Yezu yarigishije ukuri kw’ishimikiro kugira afashe abigishwa biwe kumenya ingaruka ziva ku nyifato canke ibikorwa kanaka. Nk’akarorero, yavuze ko ishavu rishobora gutuma umuntu akora ibara be n’uko ivyipfuzo bibi bishobora gutuma arenga ibigo. (Mat. 5:21, 22, 27, 28) Kugira tumenyereze ijwi ryacu ryo mu mutima, dukwiye kureka ingingo ngenderwako z’Imana zikatuyobora, gutyo tukayininahaza.​—1 Kor. 10:31.

Umukirisu ahumuye aritwararika ijwi ryo mu mutima ry’abandi (Raba ingingo ya 11, 12)

11. Abantu boshobora gute kugira amajwi yo mu mutima atandukanye?

11 Ku bintu bimwebimwe, abakirisu babiri bafise ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya boshobora kugira amahitamwo atandukanye. Dufate nk’akarorero ibijanye n’inzoga. Bibiliya ntitubuza kunywa ku rugero. Ariko rero, iratugabisha ku bijanye no kunywa cane hamwe no kuborerwa. (Imig. 20:1; 1 Tim. 3:8) None ivyo vyoba bisobanura ko ata kindi umukirisu yorimbura ngo ni uko gusa atigera arenza urugero mu kunywa? Habe namba. Naho umukirisu yoba afise ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi, ategerezwa kwitwararika n’ijwi ryo mu mutima ry’abandi.

12. Amajambo yo mu Baroma 14:21 yodufasha gute kwubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’abandi?

12 Ku bijanye no kwitwararika ijwi ryo mu mutima ry’abandi, Paulo yanditse ati: “Ni vyiza kutarya inyama canke kutanywa umuvinyu canke kudakora ikintu na kimwe gitsitaza mwene wanyu.” (Rom. 14:21) Woba wokwemera guheba ibintu ufitiye uburenganzira kugira wirinde gutsitaza umuvukanyi afise ijwi ryo mu mutima ritandukanye n’iryawe? Nta nkeka ko wobigira. Hariho nk’abavukanyi bari imborerwa imbere yo kumenya ukuri, ariko ubu bakaba bafashe ingingo yo kwirinda inzoga. Urumva rero ko ata n’umwe muri twebwe yoshima gutuma basubira kugwa muri iyo ngeso yobashikana habi. (1 Kor. 6:9, 10) Ni co gituma bitoba biranga urukundo twakiriye umuvukanyi, tugaca tumuhatira kunywa yavyanse.

13. Timoteyo yadusigiye gute akarorero mu bijanye no guteza imbere ivyungura Ubwami?

13 Igihe Timoteyo yari mu gukwiza imyaka 20 canke ayirengeje gato, yaremeye kugenyerwa naho vyababaza cane, kugira yirinde gutsitaza Abayuda yari agiye kubwira inkuru nziza. Timoteyo yabona ibintu cokimwe n’intumwa Paulo. (Ivyak. 16:3; 1 Kor. 9:19-23) Woba nawe wokwemera kugira ivyo uhevye ku bw’ineza y’abandi?

“DUTERE TUJA IMBERE TUGANA KU BUHUMURE”

14, 15. (a) Kugira tube abahumuye bisaba iki? (b) Kugaragariza abandi urukundo bifitaniye isano gute no kuba abahumuye?

14 Abakirisu bose bakwiye ‘kurengana inyigisho y’intango yerekeye Kristu’ maze ‘bagatera baja imbere bagana ku buhumure.’ (Heb. 6:1) Ivyo ntivyizana. Turakeneye ‘gutera tuja imbere,’ ni ukuvuga kuguma twihata. Kugira tube abahumuye bisaba ko twongereza ubumenyi n’ubukerebutsi bwacu. Ni co gituma twama turemeshwa gusoma Bibiliya buri musi. (Zab. 1:1-3) Woba umaze kwishingira uwo mugambi? Kubigira vyoshobora kugufasha kurushiriza gutahura amategeko n’ingingo ngenderwako vya Yehova.

15 Itegeko risumba ayandi ku bakirisu ni rya tegeko ry’urukundo. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yoh. 13:35) Umwigishwa Yakobo yavuze ko urukundo ari “itegeko ry’i bwami.” (Yak. 2:8) Paulo na we yavuze ati: “Urukundo . . . ni ryo ranguka ry’itegeko.” (Rom. 13:10) Ukwo kuntu Bibiliya ishimika ku rukundo ntibitangaje kuko ivuga yuko “Imana ari urukundo.” (1 Yoh. 4:8) Urukundo rw’Imana ntirugarukira ku nyiyumvo gusa. Yohani yanditse ati: “Iki ni co urukundo rw’Imana rwerekaniweko mu bitwerekeye, kuko Imana yatumye Umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo turonke ubuzima biciye muri we.” (1 Yoh. 4:9) Ego cane, urukundo rw’Imana rwaratumye igira ico ikoze. Urugero tugezako mu kwerekana ko dukunda Yehova n’Umwana wiwe, abavukanyi bacu be n’abandi bantu ni rwo rwerekana aho ubuhumure bwacu bugera.​—Mat. 22:37-39.

Igihe tuzirikana ku ngingo ngenderwako z’Imana, ijwi ryacu ryo mu mutima rirarushiriza kutuyobora neza (Raba ingingo ya 16)

16. Kubera iki turushiriza guha agaciro ingingo ngenderwako, uko dutera imbere tugana ku buhumure?

16 Uko utera ugana ku buhumure, uzorushiriza guha agaciro ingingo ngenderwako. Uti kubera iki? Kubera yuko amategeko usanga adomako, mu gihe ingingo ngenderwako zoshobora gukora ku bintu bitandukanye. Nk’akarorero, umwana muto usanga adatahura akaga ko kwifatanya n’abagenzi babi. (1 Kor. 15:33) Umuvyeyi abona kure rero aca amushingira amategeko kugira amukingire. Mugabo uko uwo mwana akura, ni ko ububasha bwiwe bwo kwiyumvira bwongerekana, maze agashobora kuzirikana ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ku bw’ivyo, arashobora kugenda arushiriza guhitamwo neza abagenzi. (Soma 1 Abakorinto 13:11; 14:20.) Igihe tuzirikana ku ngingo ngenderwako z’Imana, ijwi ryacu ryo mu mutima rirarushiriza kutuyobora neza ryisunze ivyiyumviro vy’Imana.

17. Kubera iki twovuga ko dufise ibikenewe kugira dufate ingingo nziza?

17 Woba ufise ibikenewe vyose kugira ufate ingingo zihimbara Yehova? Cane nyene. Niwakoresha neza amategeko n’ingingo ngenderwako dusanga mw’Ijambo ry’Imana, uzoba “uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.” (2 Tim. 3:16, 17) Nurondere rero ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe kugira “[utahure] ukugomba kwa Yehova ukwo ari kwo.” (Ef. 5:17) Niwungukire ku bikoresho bidufasha kwiga, nka rya ronderero ry’ibitabu vyacu (Index de publications des Témoins de Jéhovah), ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova, ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu (Watchtower Library), ca CEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET na ka gaporogarama JW Library. Ivyo bikoresho biradufasha cane igihe twiyigisha canke igihe tugira inyigisho y’umuryango.

IJWI RYO MU MUTIMA RYAMENYEREJWE NA BIBILIYA RIRAVAMWO IVYIZA

18. Ni ivyiza ibihe turonka igihe twisunga amategeko ya Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe?

18 Kugamburuka amategeko n’ingingo ngenderwako vya Yehova biravamwo ivyiza. Muri Zaburi 119:97-100 hagira hati: “Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe! Ni ryo nitwararika bukarinda bwira. Ibwirizwa ryawe ringira inkerebutsi kuruta abansi banje, kuko ari rwanje gushika igihe kitagira urugero. Nsigaye ndusha abigisha banje bose ugutahura kwimbitse, kuko ivyibutsa vyawe ari ikintu nitwararika. Nkorana ugutegera kuruta abagabo b’inararibonye, kuko nubahirije amateka yawe.” Turarushiriza gukorana ubukerebutsi, ugutahura kwimbitse n’ugutegera igihe dufata umwanya wo ‘kwitwararika’ amategeko y’Imana n’ingingo ngenderwako zayo. Twihase turashobora gushikira “urugero rw’igihagararo rw’ukunengesera kwa Kristu,” igihe tureka amategeko n’ingingo ngenderwako vy’Imana bikamenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima.​—Ef. 4:13.