Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ububasha bwo kuramukanya

Ububasha bwo kuramukanya

“MWARAMUTSE! Amakuru?”

Nta gukeka ko umaze kuramutsa abandi muri ubwo buryo. Ushobora mbere kuba uca ubakora mu ntoke canke ukabagwa mu nda. Naho mu mihingo myinshi bafise imico n’indimi bitandukanye, intumbero nyamukuru yo kuramukanya usanga ari imwe. Nkako, iyo utaramukije abandi canke bakuramukije ntubishure, boshobora kubona ko utabakunda canke ko utagira urupfasoni.

Ariko rero si bose bakunda kuramutsa abandi. Hari abatinya kuramutsa abandi kubera bafise amasoni canke bisuzugura. Abandi usanga bibagora kuramutsa abo badasangiye ibara ry’urukoba, imico kama, canke ikibanza bafise mu kibano. Yamara naho wobwira umuntu akajambo gatoyi gusa ko kumuramutsa, birashobora kugira ikintu kinini bifashije.

Niwibaze rero uti: ‘Kuramutsa umuntu bimaze iki? Ijambo ry’Imana ritwigisha iki ku bijanye no kuramutsa abandi?’

NURAMUTSE “ABANTU B’UBURYO BWOSE”

Igihe intumwa Petero yaha ikaze mw’ishengero rya gikirisu Umunyamahanga wa mbere Koruneliyo, yavuze ko “Imana itagira nkunzi.” (Ivyak. 10:34) Mu nyuma, Petero yanditse ko Yehova “ashaka ko bose bashika ku kwigaya.” (2 Pet. 3:9) Hari aho woca uvuga ko ayo majambo yerekeye umuntu akiriko ariga ukuri. Mugabo Petero yarahimirije n’abakirisu ati: “Mutere iteka abantu b’uburyo bwose, mukunde umuryango wose w’abavukanyi.” (1 Pet. 2:17) Wumva none bitoba vyiza turamukije abandi tutaravye ibara ryabo ry’urukoba, imico yabo canke ico bari? Tubigize tuba tubagaragarije iteka n’urukundo.

Intumwa Paulo yahimirije abagize ishengero ati: “Muhane ikaze rero, nk’uko na Kristu yaduhaye ikaze.” (Rom. 15:7) Paulo yarashimitse cane ku bavukanyi bari bamubereye “imfashanyo ikomeza.” Ese ukuntu abavukanyi barushiriza gukenera ko tubakomeza muri iki gihe Shetani aguma yongereza ibitero agaba ku basavyi b’Imana!​—Kol. 4:11; Ivyah. 12:12, 17.

Uburorero dusanga mu Vyanditswe buratwereka ko kuramutsa abandi bibafasha no mu bundi buryo, uretse ko bituma bumva bisanze.

AKAMARO KO KURAMUTSA ABANDI

Igihe Yehova yagomba kwimurira ubuzima bw’Umwana wiwe mu nda ya Mariya, yararungitse umumarayika kubimumenyesha. Uwo mumarayika yatanguye ati: “Amahoro, wewe uwagiriwe ubutoni budasanzwe; Yehova ari kumwe nawe.” Mariya yaciye ‘ahagarika umutima rwose’ kuko atari azi igituma umumarayika yariko avugana na we. Nya mumarayika yarabibonye aca avuga ati: “Ntutinye, Mariya, kuko wagize ubutoni ku Mana.” Yaramusiguriye ko Imana yari ifise umugambi w’uko avyara Mesiya. Aho kuguma ahagaritse umutima, Mariya yaciye yishura n’ukugamburuka kwinshi ati: “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova! Nibimbere nk’uko ijambo ryawe rivuze.”​—Luka 1:26-38.

Naho uwo mumarayika yari afise agateka ko kuvugira Yehova, ntiyabonye ko arengeye kuvugana n’umuntu adatunganye. Yabanje mbere kumuramutsa. None ivyo bitwigisha iki? Turakwiye kwama twiteguriye kuramutsa abandi no kubaremesha. Amajambo makeyi gusa arashobora gutuma tubafasha maze bakumva ko vy’ukuri bafise ikibanza mu basavyi ba Yehova.

Paulo yaramenye abantu benshi mu mashengero yo hirya no hino muri Aziya Ntoyi n’i Buraya. Mu makete yanditse, yararamutsa benshi adomako. Raba nk’akarorero mu Baroma ikigabane ca 16. Paulo yararamukije abakirisu bagenziwe batari bake. Yaravuze “mushiki wacu” Foyibe, aca ahimiriza abavukanyi ati: “Mumuhe ikaze mu Mukama mu buryo bubereye aberanda, [kandi] mumusahirize mu kintu cose yobakenerako.” Paulo yararamukije Pirisika na Akwila, aca avuga ati: “Si jewe gusa ndabakengurukira, mugabo n’amashengero yose yo mu mahanga.” Yararamukije n’abandi batazwi cane muri iki gihe, nk’uwo yise ngo “umukundwa wanje Epeneto” hamwe na “Tirifena na Tirifoza, abagore bakora cane mu Mukama.” Ego cane, Paulo yararamutsa koko abavukanyi.​—Rom. 16:1-16.

Ibaze nawe ukuntu bagize akanyamuneza bumvise ko Paulo abazirikana. Emwe, urwo bamukunda n’urwo bakundana hagati yabo rutegerezwa kuba rwaciye rurushiriza gukomera! Vyongeye, izo ndamutso zirangwa urukundo zitegerezwa kuba zararemesheje abandi bakirisu bavyumvise, zirabafasha kuguma bashikamye mu kwizera. Vy’ukuri, kuramutsa abandi ubereka ko ubitwararitse kandi ubakeza, birakomeza ubucuti mufitaniye kandi birakomeza ubumwe mu basavyi b’Imana.

Igihe Paulo yashika i Puteyoli agiye i Roma, abakirisu baho baciye baza kumusanganira. Akibabona bari nka hariya, yaciye “akengurukira Imana, agira umutima rugabo.” (Ivyak. 28:13-15) Hari aho tuba dushoboye kumwenyurira abandi gusa canke kubagirira ikimenyetso c’ukuboko mu kubaramutsa. Ariko n’ivyo vyonyene vyoshobora guhumuriza umuntu kumbure ababaye canke yataye umutwe.

NI INTANGO NZIZA

Umwigishwa Yakobo vyarabaye ngombwa ko atanga impanuro zikomeye. Abakirisu bamwebamwe bariko bararenga ibigo mu buryo bw’impwemu mu kuba abagenzi b’isi. (Yak. 4:4) Ariko raba ingene Yakobo yatanguye ikete ryiwe.

Yavuze ati: “Jewe Yakobo, umushumba w’Imana n’uw’Umukama Yezu Kristu, ndandikiye mwebwe miryango cumi n’ibiri yasabagiye: Ndabaramukije!” (Yak. 1:1) Nta gukeka ko abo yandikiye vyaboroheye kwemera impanuro yabahaye kubera ko mu kubaramutsa yaberetse ko atabaruta imbere y’Imana. Ego cane, kuramutsa umuntu wicishije bugufi birashobora no gutuma biborohera kuganira ku bintu vy’inkoramutima.

Indamutso nziza naho yoba ari ngufi, ikwiye kuba ivuye ku mutima kandi ikaba iserura urukundo nyakuri. Ukwo ni ko bikwiye kugenda n’igihe womenga abandi ntibabibona. (Mat. 22:39) Igihe kimwe mushiki wacu wo muri Irlande yarashitse ku Ngoro y’Ubwami ikoraniro rigira ritangure. Igihe yariko arinjira yihuta, umuvukanyi umwe yarahindukiye, aramwenyura maze amubwira ati: “Amahoro. Urahawe ikaze.” Uwo mushiki wacu yaciye yicara ata co avuze.

Haciye indwi nka zingahe, wa mushiki wacu yaregereye wa muvukanyi amubwira ko hari haciye igihe afise ingorane zitoroshe i muhira. Yavuze ati: “Urya musi nari mbabaye cane ku buryo nahatswe gusiba kw’ikoraniro. Mu vyavuzwe kw’ikoraniro nta vyinshi nibuka, ariko ndibuka neza ingene wandamukije. Waratumye numva nisanze vy’ukuri. Warakoze cane.”

Uwo muvukanyi ntiyari azi ingene iyo ndamutso yiwe ngufi yagize ikintu kinini ifashije. Avuga ati: “Igihe yambwira ukuntu ayo majambo makeya gusa yamufashije, narahimbawe cane no kuba narayamubwiye. Vyatumye na jewe ndyoherwa.”

Salomo yanditse ati: “Terera umukate wawe ku buringanire bw’amazi, kuko inyuma y’imisi myinshi uzokwongera kuwuronka.” (Umus. 11:1) Kudafata minenerwe akamaro ko kuramutsa abandi, na canecane abakirisu bagenzi bacu, birabafasha na twebwe bikadufasha. Nimuze rero ntitwigere dufatira mu rwara ububasha bwo kuramukanya.