Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si”

“Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si”

“Iki ni co canzanye mw’isi: ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri.”​—YOH. 18:37.

INDIRIMBO: 15, 74

1, 2. (a) Ni mu buryo ki isi irushiriza kwicamwo imice? (b) Muri iki kiganiro, turimbura ibibazo ibihe?

MUSHIKI wacu umwe wo mu bumanuko bw’Uburaya yigana ku bijanye na kahise kiwe ati: “Kuva mu bwana, nta kindi nabona atari akarenganyo. Naciye rero nzinukwa ivya politike vyo mu gihugu cacu, ntangura gushigikira ivyo benshi babona ko ari ivyiyumviro vy’intagondwa. Nkako, naramaze imyaka myinshi nkundana n’umuhungu yakorana na ba gaterabwoba.” Umuvukanyi umwe wo mu bumanuko bwa Afrika na we nyene yahoze ashigikira abitwaza igikenye. Avuga ati: “Nabona ko ubwoko bwacu buruta ubundi bwose, kandi narinjiye mu mugambwe. Wasanga baduhimiriza kwicisha amacumu abo tutavuga rumwe, mbere n’abo mu bwoko bwacu bashigikiye iyindi migambwe.” Mushiki wacu umwe aba mu Buraya bwo hagati agira ati: “Narinubana cane, nkaba naranka urunuka umuntu wese tudasangiye ubwenegihugu canke idini.”

2 Mw’isi ya kino gihe, abantu barushiriza kugira agatima nk’ako abo batatu bahoze bafise. Imigwi iharanira kwigenga yaragwiriye, indyane mu vya politike ziraba ndanse, kandi ba kavamahanga bararushiriza guhohoterwa mu bihugu vyinshi. Nk’uko Bibiliya yari yarabivuze, abantu b’uburyo bwose “[ntiba]shaka kwumvikana na gato” muri iyi misi ya nyuma. (2 Tim. 3:1, 3) None ko isi ibandanya kwicamwo imice, abakirisu bozigama gute ubumwe? Turimbuye ingene Yezu yavyifashemwo mu kinjana ca mbere, igihe igihugu cari mu ruhagarara rw’ivya politike, turashobora kuhigira vyinshi. Nimuze twihweze ibi bibazo nyamukuru bitatu: Kubera iki Yezu yanse kwisuka mu migwi y’ivya politike? Yerekanye gute ko abasavyi b’Imana bakwiye kutagira aho bahengamiye mu vya politike? Vyongeye, yatwigishije gute ko ata mvo n’imwe iriho yo gukoresha igikenye?

INGENE YEZU YABONA IMIGWI IHARANIRA UKWIGENGA

3, 4. (a) Abayuda bo mu gihe ca Yezu bari biteze iki mu vya politike? (b) Abigishwa ba Yezu babona gute ivyo bintu?

3 Abayuda benshi Yezu yabwira inkuru nziza bari bashashaye kwiganzura Uburoma. Abayuda b’ishaka rirenze barinjiza ivyo vyiyumviro mu bandi banyagihugu. Benshi muri izo ntagondwa bisunga ivyiyumviro vy’uwitwa Yuda Umunyagalilaya. Yiyita mesiya mu kinjana ca mbere kandi yarazimije benshi. Umuhinga mu vya kahise yitwa Josèphe avuga ko uwo Yuda “yagumuye abanyagihugu, akavuga ko abemera guha Abaroma ikibuguro bari abanyabwoba.” Abaroma bahavuye bica Yuda. (Ivyak. 5:37) Bamwe mu Bayuda b’ishaka rirenze baranakoresheje igikenye mu guharanira ivyiyumviro vyabo.

4 Uretse abo Bayuda b’intagondwa, abandi Bayuda bari barindiranye igishika Mesiya. Biyumvira ko uwo Mesiya yobakuye Abaroma kw’izosi, agatuma Isirayeli isubira kuba ihanga rikomeye. (Luka 2:38; 3:15) Benshi babona ko Mesiya yociye ashinga ubwami mu gihugu ca Isirayeli, gutyo Abayuda amamiliyoni bari basabagiye mu mahanga bagatahuka mu gihugu c’amavukiro. Niwibuke ko Yohani Umubatizi yigeze kubaza Yezu ati: “Woba uri Umwe ariko araza, canke twitege uwundi?” (Mat. 11:2, 3) Yohani ashobora kuba yashaka kumenya nimba ari uwundi yoje gushitsa ivyo Abayuda bari biteze. Na ba bigishwa babiri bahura na Yezu amaze kuzuka bari ku nzira ija i Emawusi, hari ivyo bari biteze ku bijanye na Mesiya bitarangutse. (Soma Luka 24:21.) Mu nyuma, n’intumwa za Yezu zamubajije ziti: “Mukama, iki gihe ni ho ugira usubize ubwami Isirayeli?”​—Ivyak. 1:6.

5. (a) Kubera iki Abanyagalilaya bashaka ko Yezu ababera umwami? (b) Yezu yakosoye gute ivyiyumviro vyabo?

5 Nta gukeka ko ivyo bari biteze kuri Mesiya ari vyo vyatumye Abanyagalilaya bipfuza ko Yezu yobabera umwami. Biyumvira ko Yezu yobabera indongozi nziza. Yari umuntu azi kuvuga, yarashobora gukiza abarwaye, akagaburira n’abashonje. Yezu amaze kugaburira abagabo 5.000, yarabonye umugambi abantu bari bafise. Bibiliya ivuga iti: “Yezu rero, amenya ko bagira baze kumufata ngo bamugire umwami, aca asubira ku musozi wenyene.” (Yoh. 6:10-15) Bukeye ari hakurya y’Ikiyaga ca Galilaya, bishoboka ko nya bantu bari baturuye. Yezu yaciye abasigurira icari camuzanye kw’isi. Ntiyari yazanywe no gufasha iryo hanga mu vy’umubiri, ahubwo yari yaje kurifasha mu vy’impwemu. Yababwiye ati: “Ntimukorere ibifungurwa bibora, ahubwo mukorere ibifungurwa bigumaho ku bw’ubuzima budahera.”​—Yoh. 6:25-27.

6. Yezu yerekanye gute ko atarondera kuba umutegetsi kw’isi? (Raba ishusho itangura ya 3.)

6 Imbere gato y’uko Yezu apfa, yarabonye ko bamwe mu bayoboke biwe bari biteze ko azoshinga ubwami i Yeruzalemu. Yaciye rero akosora ico ciyumviro cabo mu kubaha ikigereranyo c’imina. Ico kigereranyo cerekana ko Yezu, we “muntu . . . wo mu muryango uhambaye,” yofashe urugendo rwa kure, akaba yomazeyo igihe. (Luka 19:11-13, 15) Yezu kandi yarabwiye abategetsi b’Abaroma ko atisuka mu vya politike. Ponsiyo Pilato yabajije Yezu ati: “Wewe uri umwami w’Abayuda?” (Yoh. 18:33) Birashoboka ko Pilato yatinya yuko Yezu yogumuye abantu, ico kikaba ari co kintu nyamukuru camuraza ishinga ku ntwaro yiwe. Yezu yamwishuye ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.” (Yoh. 18:36) Ntiyari kwisuka mu vya politike, kubera yuko Ubwami bwiwe bwobaye ubwo mw’ijuru. Yabwiye Pilato rero ko icamuzanye kw’isi ari ‘ugushingira intahe ukuri.’​—Soma Yohani 18:37.

Woba witwararika cane ingorane zo mw’isi canke Ubwami bw’Imana? (Raba ingingo ya 7)

7. Kubera iki bitama vyoroshe kwirinda kugira aho duhengamiye mu vya politike?

7 Nimba dutahura igikorwa twashinzwe nk’uko Yezu yatahura igikorwa ciwe, tuzokwirinda kugira aho duhengamiye mu vya politike, mbere no mu mutima wacu. Ivyo ntivyama vyoroshe. Umucungezi w’ingenzi umwe yavuze ati: “Abantu bo mu karere iwacu barushiriza kuba intagondwa. Agatima ko gukunda igihugu birenze kararushiriza kwigaragaza, kandi benshi biyumvira ko kwigenga mu vya politike ari vyo bizotuma ubuzima bwabo burushiriza kuba bwiza. Igishimishije, abavukanyi barazigama ubumwe bwabo mu kwibanda ku gikorwa co kwamamaza Ubwami. Barazi ko Imana ari yo izotorera umuti akarenganyo n’izindi ngorane ziduhanze.”

NI GUTE YEZU YAGUMYE ATA HO AHENGAMIYE?

8. Tanga akarorero k’ukuntu Abayuda bo mu kinjana ca mbere bacinyizwa.

8 Akenshi abantu baraja mu vya politike kubera akarenganyo babona. Mu gihe ca Yezu, amakori yaratuma haba uruhagarara mu vya politike. Nkako, Yuda wa Munyagalilaya yagararije Abaroma kubera ko bariko baragira rusansuma kugira biyemeze ko abantu bose bariha ikori. Abatwarwa b’inganji y’Uburoma, harimwo n’abariko barumviriza Yezu, babwirizwa kuriha amakori menshi, nk’akarorero ay’ubutaka canke ay’amazu. Vyongeye, abatozakori bararya ibiturire, bikaba vyarunyura ibintu. Rimwe na rimwe baraha ibiturire abategetsi kugira babemerere gukorera mu kibanza gituma bironkera amahera menshi. Wa mukuru w’abatozakori b’i Yeriko ari we Zakayo, yari yatungishijwe no kunyaga amahera abantu. (Luka 19:2, 8) Nta nkeka ko n’abandi babigenza gutyo nyene.

9, 10. (a) Abansi ba Yezu bagerageje gute kumuta mu mutego ngo yisuke mu kibazo ca politike? (b) Ukuntu Yezu yavyifashemwo bitwigisha iki? (Raba ishusho itangura ya 1.)

9 Abansi ba Yezu baragerageje kumuta mu mutego ngo yisuke mu bijanye no gutanga ikori. Ryari “ikori ry’umutwe,” ni ukuvuga idenariyo rimwe Abayuda bose babwirizwa gutanga. (Soma Matayo 22:16-18.) Iryo kori ryarabarya mu mutwe kuko ryabibutsa ko baganzwa n’Abaroma. “Abanywanyi b’umugambwe wa Herodi” babajije Yezu ico kibazo bizigiye ko hamwe yokwiyamiriza iryo kori, yociye yagirwa no kugarariza Inganji y’Uburoma. Iyo na ho avuga ko iryo kori ryari rikenewe, abayoboke biwe bari gushobora guca bamuva inyuma.

10 Yezu abigiranye ukwiyubara, yaririnze kugira aho ahagaze ku bijanye n’ico kibazo. Yavuze ati: “Nimwishure . . . Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.” (Mat. 22:21) Ego ni ko Yezu yari azi ko abatozakori barangwa no kurya ibiturire. Mugabo yaririnze ivyari kumusamaza bigatuma atitwararika ikintu cari gihambaye kuruta, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana, ari na bwo bwotoreye umuti ingorane zose. Gutyo, yarabereye akarorero abayoboke biwe bose. Bakwiye kwirinda kwisuka mu bibazo vya politike ivyo ari vyo vyose, n’igihe nyene iciyumviro kanaka coba gisa n’icumvikana. Abakirisu barondera Ubwami bw’Imana n’ubugororotsi bwabwo. Ku bw’ivyo, baririnda gushigikira canke kwiyamiriza ibikorwa bimwebimwe vy’akarenganyo.​—Mat. 6:33.

11. Uburyo bwiza bwo kurwanya akarenganyo ni ubuhe?

11 Benshi mu Vyabona vya Yehova barikuyemwo ivyiyumviro vya politike bigeze kuba bafise. Mushiki wacu umwe wo mu Bwongereza avuga ati: “Inyuma y’aho ndangirije ivyigwa bijanye n’imibano kuri kaminuza, naciye ngira ivyiyumviro bikaze mu vya politike. Nashaka guharanira uburenganzira bw’abirabure, kuko twari twararenganijwe cane. Naho nari umuntu azi kujijura abandi, naguma numva ata kigenda. Sinatahura ko kugira akarenganyo gafatiye kw’ibara ry’urukoba karanduranwe n’imizi vyabwirizwa gutangurira mu mitima y’abantu. Igihe natangura kwiga Bibiliya hoho, naratahuye ko nategerezwa gutangura kukarandura mu mutima wanje bwite. Wanashaka, umuvukanyikazi w’umuzungu ni we yabimfashijemwo yihanganye. Ubu ndi umutsimvyi asanzwe mw’ishengero ry’ururimi rw’ibimenyetso, kandi ndihatira gushikira abantu b’uburyo bwose.”

“SUBIZA INKOTA YAWE MU KIBANZA CAYO”

12. Ni “umwambiro” nyabaki Yezu yabwiye abigishwa biwe kwirinda?

12 Mu gihe ca Yezu, idini ryarivanga cane mu vya politike. Igitabu kimwe (Daily Life in Palestine at the Time of Christ) kivuga ko utudumbi tw’amadini Abayuda bari bigabaguyemwo twari tumeze nk’imigambwe. Ni co gituma Yezu yagabishije abigishwa biwe ati: “Mugume murikanuye, mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo n’umwambiro wa Herodi.” (Mrk. 8:15) Mu kuvuga Herodi, Yezu ashobora kuba yariko yerekeza ku banywanyi b’umugambwe wa Herodi. Abo Bafarizayo na bo bari bashigikiye ko Abayuda bikurako intwaro y’Abaroma. Mu kwigana iyo nkuru nyene, Matayo yerekana ko Yezu yanavuze ibijanye n’Abasadukayo. Bobo ntibashaka ko ibintu bihinduka. Benshi muri bo bari bafise ibiti mu ntwaro y’Abaroma. Yezu rero yaraburiye abigishwa biwe ashimitse ngo birinde inyigisho, ari wo mwambiro, iyo migwi itatu yakwiragiza. (Mat. 16:6, 12) Wanashaka, Yezu yavuze ivyo ata gihe kinini kihaciye abantu bashatse kumugira umwami.

13, 14. (a) Ni gute ibibazo vya politike n’ivy’idini vyatumye haba ububisha n’akarenganyo? (b) Kubera iki umuntu atoca akora ububisha ngo ni uko arenganijwe? (Raba ishusho itangura ya 2.)

13 Iyo amadini yisutse mu vya politike, harashobora kwaduka ububisha bitagoranye. Yezu yabwiye abigishwa biwe ko bategerezwa kuguma ata ho bahengamiye mu gihe nk’ico. Ivyo ni vyo vyatumye abakuru b’abaherezi be n’Abafarizayo bagira umugambi wo kwica Yezu. Batinya ko abantu bomwumviriza bagaca bareka kubayobokera, bigatuma batakaza ububasha bari bafise mu vya politike no mu vy’idini. Bavuze bati: “Nitwamureka gutyo, bazomwizera bose, kandi Abaroma bazoza bakureho ahantu hacu n’ihanga ryacu.” (Yoh. 11:48) Umuherezi mukuru Kayifa yaciye rero aja imbere abandi mu kugira umugambi wo kwica Yezu.​—Yoh. 11:49-53; 18:14.

14 Kayifa yararungitse abasoda gufata Yezu bikinze agahumbezi. Yezu yari azi uwo mugambi wabo ugayitse. Ni co gituma mu gihe c’imfungurwa za nyuma yasangiye n’intumwa ziwe, yababwiye kwitwaza inkota. Inkota zibiri zari zihagije kugira abigishe icigwa gihambaye. (Luka 22:36-38) Muri iryo joro nyene, Petero yarakubise inkota umwe mu bari baje gufata Yezu. Nta gukeka ko yari ashavujwe n’ako karenganyo ko gufata Yezu mw’ijoro. (Yoh. 18:10) Mugabo Yezu yaciye abwira Petero ati: “Subiza inkota yawe mu kibanza cayo, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota.” (Mat. 26:52, 53) Ico cigwa gihambaye cari gihuye n’ivyo Yezu yari yavuze mw’isengesho yari yatuye ku mugoroba w’uwo musi, asaba ko abigishwa biwe batoba ab’isi. (Soma Yohani 17:16.) Kurwanya akarenganyo bari bakwiye kubirekera Imana.

15, 16. (a) Ijambo ry’Imana ryafashije gute abakirisu kwirinda indyane? (b) Ni ubudasa ubuhe Yehova abona iyo yihweje isi ya kino gihe?

15 Umwe mushiki wacu wo mu bumanuko bw’Uburaya twavuga mu ntango, yaratahuye ico cigwa. Avuga ati: “Narabonye ko igikenye atari co kizana ubutungane. Akenshi nasanze abitwaza igikenye baruhira gupfa. Abandi benshi na bo usanga barashishwe. Narahimbawe cane igihe niga Bibiliya, nkamenya ko Imana yonyene ari yo ishobora kuzana ubutungane nyakuri kw’isi. Ubu maze imyaka 25 ari bwo butumwa namamaza.” Wa muvukanyi wo mu bumanuko bwa Afrika na we, ubu aho kwitwaza icumu yitwaza “inkota y’impwemu,” ni ukuvuga Ijambo ry’Imana, akaba abwira abandi ubutumwa bw’amahoro, ataravye ubwoko bwabo. (Ef. 6:17) Umwe mushiki wacu wo mu Buraya bwo hagati amaze kuba Icabona ca Yehova, yahavuye yubakana n’umuvukanyi wo mu bwoko yahoze yanka urunuka. Abo batatu bose bagize ivyo bahinduye kubera bipfuje kumera nka Kristu.

16 Ese ukuntu ayo mahinduka akora ku mutima! Bibiliya igereranya abantu bo mw’isi n’ikiyaga gisebagirika, kitagira amahoro. (Yes. 17:12; 57:20, 21; Ivyah. 13:1) Naho ibibazo vya politike bidurumbanya abantu, bikabacamwo imice kandi bigatuma haba ububisha butagira ishingiro, twebwe twigumanira amahoro n’ubumwe. Igihe rero Yehova yihweje iyi si yiciyemwo imice, ategerezwa kuba ahimbarwa cane no kubona ubumwe burangwa mu basavyi biwe.​—Soma Zefaniya 3:17.

17. (a) Ni bintu bitatu ibihe twokora kugira dutsimbataze ubumwe? (b) Ni ibiki tuzoca irya n’ino mu kiganiro gikurikira?

17 Twabonye ko dushobora gutsimbataza ubumwe mu gukora ibi bintu bitatu: (1) Kwizigira ko Ubwami bwo mw’ijuru ari bwo buzokuraho akarenganyo, (2) kwirinda kugira aho duhengamiye mu bibazo vya politike, (3) kwirinda ububisha. Ariko rero, vyoshika ukwinubana kukabangamira ubumwe bwacu. Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino ukuntu twohangana n’iyo ngorane, nk’uko abakirisu babigize mu kinjana ca mbere.