Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

Ni ibintu bine ibihe vyodufasha kuryohora uburyo turirimba?

Twohagarara neza maze tugataramura igitabu cacu c’indirimbo. Turakwiye no guhema neza. Vyongeye, twoteranura iminwa hanyuma tukaririmba n’ijwi ryumvikana.​—w17.11, rup. 5.

Ni igiki kidukora ku mutima ku bijanye n’aho ibisagara vy’ubuhungiro vyo muri Isirayeli vyari be n’amabarabara yaho?

Muri ico gihugu hariho ibisagara bitandatu vy’ubuhungiro, hakaba n’amabarabara ameze neza yajayo. Uwurondera ubuhungiro rero yarashikayo ningoga kandi bitamugoye.​—w17.11, rup. 14.

Kubera iki incungu ari yo ngabire y’Imana iruta izindi zose?

Irahuje n’icipfuzo dusanganywe co kubandanya kubaho, ikaturonsa n’ivyo dusanzwe dukeneye kugira dukire igicumuro n’urupfu. Kubera ko Imana yakunze cane abakomoka kuri Adamu, yaraturungikiye Yezu mu gihe twari tukiri abacumuzi.​—wp17.6, rup. 6-7.

Ni igiki cerekana ko Zaburi ya 118:22 yerekeza kw’izuka rya Yezu?

Abayuda baranse kwemera ko Yezu yari Mesiya, maze baramwica. Kugira acike “umutwe w’imfuruka,” yategerezwa kuzuka.​—w17.12, rup. 9-10.

Abo Mesiya yokomotseko bose boba bategerezwa kuba imfura?

Abo Yezu yakomotseko bamwebamwe bari imfura, ariko si bose. Nk’akarorero, Mesiya yakomotse kuri Dawidi naho nyene Dawidi atari imfura ya Yese.​—w17.12, rup. 14-15.

Bibiliya irimwo impanuro zimwezimwe izihe mu vy’amagara?

Mu gihe c’Itegeko, abafise indwara zimwezimwe zandukira babashira ukwabo. Abantu bategerezwa gukaraba bahejeje gukora ku kiziga. Itegeko ryasaba abantu gufurira umwanda mukuru. Umwana w’umuhungu yategerezwa kugenyerwa amaze imisi umunani avutse, bikaba vyari vyiza kuko amaraso yaba afise ubushobozi bwo kuvura buri ku rugero rwiza.​—wp18.1, rup. 7.

Kubera iki atari bibi kwikunda ku rugero rubereye?

Dutegerezwa gukunda bagenzi bacu nk’uko twikunda. (Mrk. 12:31) Abagabo babwirizwa “gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite.” (Ef. 5:28) Ariko rero kwikunda birashobora kuba bibi cane.​—w18.01, rup. 23.

Twokora iki kugira dutere imbere mu vy’impwemu?

Twokwiga Ijambo ry’Imana, tukarizirikanako kandi tugashira mu ngiro ivyo twiga. Dutegerezwa no kureka impwemu nyeranda ikayobora umuzirikanyi wacu n’umutima wacu kandi tukemera gufashwa n’abandi tubigiranye ugukenguruka.​—w18.02, rup. 26.

Kubera iki kuragurira ku nyenyeri no kuvuga ibizoba atari vyo bitumenyesha kazoza?

Hariho imvo nyinshi, mugabo imvo nyamukuru ni uko ivyo vyompi Bibiliya ivyiyamiriza.​—wp18.2, rup. 4-5.

Igihe twemeye ubutumire, dukwiye kububona gute?

Nimba twemeye ubutumire, turakwiye kugerageza kutihindukiza mw’ijambo. (Zab. 15:4) Ntidukwiye gupfa gusiba. Hari aho uwadutumiye yoba yagize utwigoro mu kudutegurira ibifungurwa.​—w18.03, rup. 18.

Ni ibiki abagabo bagenywe bokwigira kuri Timoteyo?

Timoteyo yaritwararika cane abantu kandi agashira imbere ivy’impwemu. Yarakora cane mu murimo mweranda kandi agashira mu ngiro ivyo yiga. Yaguma yimenyereza, akiheka no ku mpwemu ya Yehova. Abakurambere be n’abandi bomwigana.​—w18.04, rup. 13-14.